Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | NI NDE ASHOBORA KUMENYA IVYA KAZOZA?

Bike vyarashitse, vyinshi ntivyashika

Bike vyarashitse, vyinshi ntivyashika

Woba woshima kumenya kazoza kawe? Ico ni ikintu kiraje ishinga benshi. Abantu benshi baravuga ibizoba muri kazoza, ariko ntivyama bigenda uko babivuze. Ng’ubu uburorero bumwebumwe:

  • ABAHINGA MU VYA SIYANSI barakoresha ivyuma bihanitse n’amahera menshi kugira bavuge ibintu bitandukanye bizoba, nk’ukuntu ugutosekara kw’ibidukikije kuzobangamira isi be n’uko imvura izogwa canke itazogwa.

  • ABAHINGA MU VYO KWIHWEZA IBINTU baravuga ingene ibintu bizogenda mu vy’urudandaza no mu vya politike. Uwitwa Warren Buffett, akaba ari umwe mu bantu batunze kuruta abandi kw’isi, yariswe kamenyi kubera ukuntu urudandaza rwiwe rwaroraniwe. Uwundi muhinga mu vyo kwihweza ibintu yitwa Nate Silver yarafatiye ku bitigiri vyegeranijwe, aravuga ingene ibintu vyose bizogenda, uhereye mu vya politike ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika gushika ku bazoronka udushimwe dutangwa n’ikigo gitunganya amasenema c’i Hollywood.

  • IVYANDIKANO VYA KERA bimwebimwe bifatwa nk’ibivuga ibizoba. Hari ababona ibiba muri kino gihe ko ari iranguka ry’ibintu bidasobanutse vyanditswe mu kinjana ca 16 n’uwitwa Michel de Notredame (Nostradamus). Urukurikirane rw’imyaka rw’ikirangamisi c’Abamaya rwarangiye ku wa 21 Kigarama 2012, hari abavuze ko rwari rwarerekanye ko hobayeho ivyago bikomeye.

  • INDONGOZI Z’AMADINI hari igihe zivuga ivyago bizoba kw’isi yose kugira ziburire abantu maze zironkere abayoboke. Umuhanuzi avuga ivy’umuhero yitwa Harold Camping be n’abigishwa biwe baramamaje cane ko isi yari gutikizwa mu 2011. None isi ubona hari aho yagiye?

  • BA KAMENYI bavuga ko bafise ububasha budasanzwe bwo kuvuga ivya kazoza. Uwitwa Edgar Cayce na Jeane Dixon bompi baravuze ata kwihenda ibintu bimwebimwe vyobaye mu kinjana ca 20. Ariko kandi baravuze ibintu vyinshi bitarangutse. Nk’akarorero, Dixon yaravuze ivy’Intambara ya gatatu y’isi yose yokwadutse mu 1958, Cayce na we avuga yuko hagati mu myaka ya 1970 igisagara ca New York cari kudwibira mw’ibahari.

Hoba vy’ukuri hariho uburyo twokwizigira bwo kumenya ivya kazoza? Ni vyiza ko wibaza ico kibazo. Hamwe woba ushoboye kumenya ivyimirije kuba, vyoshobora kugira ico bihinduye ku buzima bwawe.