Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ni nde ashobora kumenya ivya kazoza?

Ni nde ashobora kumenya ivya kazoza?

Twese turiyumvira ivya kazoza. Turibaza ingene ubuzima bwacu n’ubw’abacu buzomera. Turibaza ibibazo nk’ibi: ‘Abana banje boba bazoba mw’isi nziza kuruta? Isi yoba izohitanwa n’icago c’icaduka? Hoba hari ico nohindura ubu kugira kazoza kanje karushirize kuba keza?’ Ibibazo nk’ivyo biri mu bitugize kuko tuvukana icipfuzo co guhumurizwa, gukurwa amazinda, gutekanirwa no kubona hariho urutonde. Nka hamwe womenya neza ibijanye na kazoza, woshobora guca witegura mu vy’umubiri no mu mutima.

None kazoza kakubikiye iki? Hoba hari uwushobora kubimenya? Bimwe mu vyo abahinga bavuze ku vyerekeye kazoza vyarashitse, ariko vyinshi muri vyo ntivyashitse. Mugabo bivugwa ko Imana ishoboye kuvuga ibizoba kandi ntiyihende. Ijambo ryayo rivuga riti: “Ndi Umwe kuva mu ntango ahishura iherezo, kuva kera agahishura ibintu bitarakorwa.” (Yesaya 46:10) None ivyo yavuze vyarangutse ku rugero rungana iki?

IVYO IMANA IVUZE VYOSE BIRASHIKA

Kubera iki ukwiye kwitwararika kumenya nimba ivyo Imana yavuze kera vyarashitse? None nka hamwe umuntu yomara igihe kinini aza aravuga buri musi ata kwihenda ingene ikirere kizoba cifashe, ntivyogutangaza? Woshobora guca utega yompi ivyo yavuze ku bijanye n’ingene ikirere kizoba cifashe ku musi ukurikira. Mu buryo nk’ubwo nyene, nka hamwe womenya ko Imana yavuze ibizoba kandi ntiyihende namba, nta gukeka ko woca ushima kumenya ivyo ivuga ku bijanye na kazoza.

Uruhome rwasubiye kwubakwa mu bisigarira vya Ninewe ya kera

IGISAGARA GIHAMBAYE KIZOTIKIZWA:

Nk’akarorero, coba vy’ukuri ari ikintu kidasanzwe umuntu avuze ata kwihenda ko igisagara gihambaye kandi kimaze ibinjana vyinshi gikomeye, kigiye gusenyuka. Imana ibicishije kuri umwe mu bayivugira, yaravuze ko ikintu nk’ico nyene coshitse: Ninewe yosanganguwe. (Zefaniya 2:13-15) Abahinga mu vya kahise babivuzeko  iki? Mu kinjana c’indwi Imbere ya Kristu, haheze nk’imyaka 15 Imana ivuze ico kintu, Abanyababiloni n’Abamedi barateye Ninewe barayisenyura. Vyongeye, Imana yari yaravuze idomako yuko Ninewe yogizwe “igiharabuga, akarere kagadutse nk’agahinga.” None ivyo vyoba vyarashitse? Ego cane. Naho ico gisagara n’ibigwati bigikikuje bishobora kuba vyangana n’ibilometero kwadarato 518, abagiteye nta kigongwe bakigiriye maze ngo bagikoreshe, nk’uko umuntu yari kuvyitega. Ahubwo riho, baragitikije. Hoba hari umuhinga mu vy’ukwihweza ivya politike yari gushobora kuvuga ukuraho ata kwihenda ko ivyo bintu bizoba?

AMAGUFA Y’ABANTU AZOTURIRWA:

Ni nde ga yemwe yoshobora kuvuga adomako izina ry’umuntu azoturira amagufa y’abantu ku gicaniro, akavuga umuryango azokomokamwo n’izina ry’igisagara ico gicaniro kizoba kirimwo, akabivuga imyaka 300 imbere y’uko biba? Bishitse ivyo bintu bidasanzwe bikaba, nta gukeka ko vyotuma nyene kubivuga amenyekana cane. Hari uwavugira Imana yamenyesheje ati: “Umuhungu agiye kuvukira inzu ya Dawidi, izina ryiwe rikaba ari Yosiya . .  . , [azoturirira] n’amagufa y’abantu” ku gicaniro mu gisagara ca Beteli. (1 Abami 13:1, 2) Haheze ibinjana nka bitatu, umwami yitwa Yosiya, iryo rikaba ari izina rifiswe na bake muri Bibiliya, yaravutse mu muryango wa Dawidi. Neza na neza nk’uko vyari vyaravuzwe, Yosiya yaratumye ‘gukura amagufa mu mva maze ayaturirira ku gicaniro’ cari i Beteli. (2 Abami 23:14-16) Ni nde yari kuvuga ibintu vy’ido n’ido nk’ivyo imbere y’uko biba, atayobowe n’inguvu zirengeye umuntu?

Abahanuzi bo muri Bibiliya bari baravuze ko Babiloni yotemvye, kandi vyarabaye mu buryo butangaje

INGANJI IZOKURWAHO:

Ntiwobura kwumirwa hagize uwuvuga ata kwihenda izina ry’umuntu azotunganya itembagazwa ry’ubutegetsi bukomeye kw’isi, akanakubwira ubuhanga budasanzwe azokoresha, akabikubwira hagisigaye igihe kirekire ngo uwo muntu avuke. Imana yaramenyesheje ko umugabo yitwa Kuro yoteye ihanga akaryigarurira. Uwo Kuro kandi yobohoje Abayuda bagizwe inyagano akanashigikira isanurwa ry’urusengero rwabo rweranda. Vyongeye, Imana yari yaravuze ko bumwe mu buhanga bwo kurwana Kuro yokoresheje ari ugukamya inzuzi, iravuga n’uko amarembo yogumye yuguruye, bigaca bimworohera kuhigarurira. (Yesaya 44:27–45:2) Ivyo bintu  vyinshi vy’ido n’ido Imana yari yaravuze vyoba vyarashitse ata gahaze? Abahinga mu vya kahise baremeza ko vy’ukuri Kuro yigaruriye iryo hanga, ari ryo Babiloni. Ingabo ziwe zakoresheje ubuhinga butangaje bwo gukevya amwe mu mazi yari ahakikuje, gutyo ziba zirakamije inzuzi. Vyongeye, izo ngabo zinjiye mu gisagara ziciye mu marembo Abanyababiloni bari basize yuguruye. Kuro yaciye rero abohoza Abayuda yongera atangaza ko bashobora gusubira kwubaka urusengero rwabo rw’i Yeruzalemu. Ico cari ikintu gitangaje kubera ko Kuro atasenga Imana y’Abayuda. (Ezira 1:1-3) None ni nde uretse Imana yari gushobora kuvuga ido n’ido ry’ivyo bintu bitari bwabe?

Tuvuze uburorero butatu gusa bwerekana ukuntu Imana yavuze ibizoba kandi birashika. Ariko si ivyo vyonyene. Indongozi y’Abayuda Yosuwa yaravuze ikintu cari kizwi cane n’abantu benshi bariko baramwumviriza, ati: “Murazi neza n’imitima yanyu yose n’ubuzima bwanyu bwose yuko ata jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse. Yose yararangutse ku bwanyu. Nta jambo na rimwe muri yo ritashitse.” (Yosuwa 23:1, 2, 14) Abo Yosuwa yariko arabwira ntibari guhakana ko ivyo Imana yasezeranye be n’ivyo yari yaravuze vyari vyarangutse. Ariko none Imana ibishitsa gute? Inzira z’Imana n’iz’abantu ziratandukanye cane rwose. Birahambaye ko umenya ico kintu kubera yuko hari ibintu bikomeye Imana yavuze vyerekeye kazoza ka vuba bitazobura kugira ico bihinduye kuri wewe.

IVYO IMANA IVUGA KO BIZOBA BIRATANDUKANYE N’IVYO ABANTU BAVUGA

Igihe abantu bavuga ibizoba, akenshi bisunga ibintu bimwebimwe nk’ubushakashatsi mu vya siyansi, ukwihweza amakuru bafise n’ingene ibintu vyifashe, canke mbere bakisunga ivyo bita ngo ni uguhishurirwa. Bamaze kuvuga ibizoba, akatari gake nta kindi bakora atari ukwicara bakarindira kugira barabe ibizoshika.Imigani 27:1.

Imana ntimeze nk’abantu kuko yo izi vyose. Iratahura rwose ukuntu abantu baremwe n’impengamiro bafise; igihe rero ibishatse, irashobora kubona neza na neza ivyo abantu canke amahanga bazokora. Ariko rero si ivyo gusa. Imana irashobora no kwifatira ibintu mu minwe kandi igahindura ukuntu vyifashe kugira bigende nk’uko ishaka. Ivuga iti: “Ijambo ryanje riva mu kanwa kanje . . . ntirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo, . . . kandi ata kabuza rizororanirwa.” (Yesaya 55:11) Ni nk’aho rero Imana bishika ikavuga ibizoba ishaka gusa kutumenyesha ivyo izokora. Iragira ico ikoze kugira ngo ivyo yavuze biranguke ata gahaze.

KAZOZA KAWE

Hoba hari amakuru yo kwizigirwa avuga ivya kazoza kawe n’abawe? Hamwe womenya imbere y’igihe ko hari igihuhusi cimirije, woshobora guca ugira ico ukoze ngo wikingire. Urashobora kubigenza ukwo nyene ku bijanye n’ivyo Bibiliya ivuga ko bizoba. Imana yaravuze ko hari amahinduka akomeye yimirije kuba kw’isi yose. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyo Imana yahishuye ku bijanye na kazoza.”) Ivyo bintu biratandukanye cane n’ivyo abitwa abahinga bavuga ko bizoba.

Reka tubivuge muri ubu buryo: Ivy’iyi si muri rusangi ni nk’inkuru yanditse ahantu. Iyo nkuru urashobora kuyisoma ukamenya ingene izorangira. Imana ivuga iti: “Ndi Umwe kuva mu ntango ahishura iherezo, . . . Umwe avuga ati: ‘Impanuro yanje izorama, kandi ibimpimbara vyose nzobikora.’ ” (Yesaya 46:10) Wewe n’umuryango wawe murashobora kwironkera kazoza keza igitangaza. Nusabe Ivyabona vya Yehova bakubwire ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ivyimirije kuba. Ivyabona vya Yehova si ba kamenyi; eka kandi ntibavuga ko berekwa canke ko bafise ubushobozi budasanzwe bwo kumenya ibizoba. Bisubiye nta bubasha budasanzwe bafise bwo kuvuga ibizoba. Ni abatohoji ba Bibiliya bashobora kukwereka ibintu vyiza Imana iriko iratunganya ku bwa kazoza kawe.