Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dukwiye “kwishura umuntu wese” gute?

Dukwiye “kwishura umuntu wese” gute?

“Imvugo yanyu yamane igikundiro, . . . kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese.”KOL. 4:6.

1, 2. (a) Niwigane ikintu cerekana akamaro ko kubaza ibibazo bitowe neza. (Raba ifoto itangura.) (b) Kubera iki tudakwiye guterwa ubwoba n’ibibazo bitoroshe kwishura?

HARACIYE imyaka nk’ingahe, mushiki wacu umwe yariko aganira kuri Bibiliya n’umugabo wiwe atizera. Yari yahoze asenga mw’idini rimwe ry’abiyita abakirisu ariko atabifisemwo umwete. Muri ico kiganiro uwo mugabo wiwe yamubwiye ko yemera Ubutatu. Kubera ko uwo mushiki wacu yabonye ko ashobora kuba adatahura neza ico inyigisho y’Ubutatu isobanura, yamubajije abigiranye ubugenge ati: “Woba wemera ko Imana ari Imana, Yezu akaba Imana, n’impwemu nyeranda ikaba Imana; mugabo hakaba hatari Imana zitatu ahubwo ari imwe?” Uwo mugabo yishuye atangaye ati: “Oya, ivyo nta vyo nemera!” Baciye bagiranira ikiganiro kiryoshe ku bijanye n’ukuntu Imana imeze vy’ukuri.

2 Ico kintu kirerekana akamaro ko kubaza ibibazo birimwo ubugenge kandi bitowe neza. Kirashira ahabona kandi iki ciyumviro gihambaye: Ntidukwiye guterwa ubwoba n’ibibazo bitoroshe kwishura nk’Ubutatu, umuriro udahera canke ko hoba hariho Umuremyi. Twihetse kuri Yehova no ku kumenyerezwa aturonsa, akenshi turashobora gutanga inyishu zijijura,  zishika ku mutima abatwumviriza. (Kol. 4:6) Nimuze turimbure ingene abamamaji babishoboye bavyifatamwo igihe havyutse ivyo bibazo. Tugira turabe ingene (1) twobaza ibibazo bituma umuntu aserura iryo agona, (2) twofasha abandi kuzirikana ku Vyanditswe, n’ingene (3) twokoresha ibigereranyo kugira dutomore iciyumviro.

NUBAZE IBIBAZO BITUMA UMUNTU ASERURA IRYO AGONA

3, 4. Kubera iki bihambaye gukoresha ibibazo kugira tumenye ivyo umuntu yemera? Tanga akarorero.

3 Ibibazo birashobora kudufasha kumenya ivyo umuntu yemera. Kubera iki ivyo bihambaye? Mu Migani 18:13 havuga hati: “Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva, ivyo bimubera ubupfu n’agateterwe.” Ego cane, imbere y’uko dutangura gusuzuma ico Bibiliya ivuga ku kibazo kanaka, turakwiye kubanza kugerageza kumenya ivyo uwutwumviriza yemera vy’ukuri. Ahandiho, twoshobora gusanga dutaye umwanya turiko tubeshuza iciyumviro atari asanzwe yemera!1 Kor. 9:26.

4 Dufate ko turiko tuganira n’umuntu ibijanye n’umuriro udahera. Si bose bemera ko umuriro udahera ari ikibanza co kubabarizwamwo. Hari abemera ko umuriro udahera ugereranya kuba umuntu yaratandukanijwe n’Imana. Twoshobora rero kuvuga duti: “Ko abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’umuriro udahera, wewe uwutahura gute?” Tumaze kwumva inyishu atanga, tuba dushoboye rero kumufasha gutahura ico Bibiliya ibivugako.

5. Ni gute ibibazo bishobora kudufasha kumenya igituma umuntu yemera ibintu binaka?

5 Ibibazo birimwo ubugenge birashobora kandi kudufasha kumenya igituma umuntu yemera ibintu binaka. Nk’akarorero, twokora iki hamwe mu busuku twohura n’umuntu avuga ko atemera Imana? Biroroshe guca twiyumvira ko yohejwe n’ivyiyumviro vy’isi, nka ya nyigisho y’ihindagurika. (Zab. 10:4) Ariko rero, hari abantu batacizera Imana kubera biboneye canke bashikiwe n’imibabaro ikomeye. Vyoshobora kubagora gutahura ingene Umuremyi munyarukundo yoreka ivyo bintu bikaba. Ku bw’ivyo, nimba umunyamuhana akekeranya ko Imana ibaho, twoshobora kumubaza duti: “Woba ari ko wamye ubona ibintu?” Nimba ahakanye, twoshobora kumubaza ko hoba hari ikintu catumye akekeranya ko Imana ibaho. Inyishu atanga yoshobora kutwereka uburyo bwiza bwo kumufasha mu vy’impwemu.Soma Imigani 20:5.

6. Dukwiye gukora iki tumaze kubaza ikibazo?

6 Tumaze kubaza ikibazo, turakeneye vy’ukuri kwumviriza inyishu nya muntu atanga kandi tukamwereka ko tumutahura. Nk’akarorero, umuntu yoshobora kutubwira ko icago kanaka ari co catumye akekeranya ko hariho Umuremyi yuzuye urukundo. Imbere yo kumuha ibimenyamenya vy’uko Imana iriho, vyoba vyiza tumutahuye tukamwereka ko atari bibi kwibaza igituma dushikirwa n’imibabaro. (Hab. 1:2, 3) Twihanganye tukongera tukamugaragariza urukundo vyoshobora gutuma yipfuza kumenya ibindi. *

NUFASHE ABANDI KUZIRIKANA KU VYANDITSWE

Ukuroranirwa mu busuku ahanini biva ku ki?(Raba ingingo ya 7)

7. Ukuroranirwa mu busuku ahanini biva ku ki?

7 Reka ubu na ho turabe ingene twofasha abandi kuzirikana ku Vyanditswe. Bibiliya ni co gikoresho nyamukuru dukoresha mu busuku. Iradufasha kuba “[aba]bishoboye neza, [b]afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.” (2 Tim. 3:16, 17) Ukuroranirwa mu busuku ahanini ntibiva ku gitigiri c’ivyanditswe dusoma, ahubwo biva ku kuntu tuzirikana ku  vyanditswe dusoma n’ingene tubisigura. (Soma Ivyakozwe 17:2, 3.) Kugira tubitahure, reka turimbure uburorero butatu.

8, 9. (a) Ni uburyo ubuhe twokoresha mu gufasha kuzirikana umuntu yemera ko Yezu angana n’Imana? (b) Ni ubundi buryo ubuhe wasanze ari ngirakamaro?

8 Akarorero ka 1: Igihe turi mu busuku, duhuye n’umuntu yemera ko Yezu angana n’Imana. Ni ivyanditswe ibihe twokoresha kugira tumufashe kuzirikana? Twoshobora gusaba uwo muntu ngo asome muri Yohani 6:38, aho Yezu yavuze ati: “Namanutse mva mw’ijuru atari ukugira ngo nkore ukugomba kwanje, mugabo ngo nkore ukugomba kw’uwandungitse.” Tumaze gusoma uwo murongo, twoshobora kubaza uwo muntu duti: “Nimba Yezu ari Imana, ni nde yamurungitse? None ntiwumva ko yoba ari Uwuruta Yezu? Nakare, uwatumwe ntaruta uwamutumye.”

9 Twoshobora kandi gusoma Abafilipi 2:9, aho intumwa Paulo adondora ivyo Imana yakoze Yezu amaze gupfa hanyuma akazuka. Uwo murongo uvuga ko ‘Imana yadugije Yezu imushira mu kibanza co hejuru cane, imuha n’umutima ukunze izina riri hejuru y’ayandi mazina yose.’ Mu gufasha uwo muntu kuzirikana kuri ico canditswe, twoshobora kumubaza duti: “Nimba Yezu yangana n’Imana imbere y’uko apfa maze mu nyuma ikamuduza ikamushira mu kibanza co hejuru kuruta, ntiwumva none ko Yezu yoba yaciye aja hejuru y’Imana? Hari uwoshobora kuruta Imana?” Nimba uwo muntu yubaha Ijambo ry’Imana kandi akaba atagira uburyarya, ivyo vyoshobora gutuma asubira kwihweza neza ico kibazo.Ivyak. 17:11.

10. (a) Ni gute twofasha kuzirikana umuntu yemera umuriro udahera? (b) Ni uburyo bwo kuzirikana ubuhe wasanze ari ngirakamaro ku bijanye n’umuriro udahera?

10 Akarorero ka 2: Umunyamuhana akunda gusenga cane biramugora kwemera ko abantu babi batazobabarizwa ibihe vyose mu muriro udahera. Ashobora kuba yemera umuriro udahera kubera yipfuza ko inkozi z’ibibi zihanirwa ibibi zakoze. Umuntu mwene uwo twomufasha gute kuzirikana? Ubwa mbere, twomusubiriza umutima mu nda ko abantu babi bazohanwa ata kabuza. (2 Tes. 1:9) Twoshobora guca tumusaba agasoma Itanguriro 2:16, 17, aherekana ko impembo y’icaha ari urupfu. Twomusigurira ko abantu bose bavuka ari abacumuzi kubera igicumuro ca Adamu. (Rom. 5:12) Twoshobora kumwereka ko Imana itigeze ivuga ivyo gutanga igihano c’umuriro udahera. Twoca tumubaza duti: “Iyaba Adamu na Eva bari mu kaga ko kubabazwa ibihe bidahera, ubwo ntivyari kuba biranga ubutungane Imana ibaburiye hakiri kare?” Twoshobora guca dusoma Itanguriro 3:19, aherekana urubanza  baciriwe bamaze gucumura ariko hakaba hatavuga ibijanye n’umuriro udahera. Ahubwo Adamu yabwiwe ko yosubiye mu mukungugu. Twoshobora guca tumubaza duti: “Wumva vyari kuba biranga ubutungane iyo Imana ibwira Adamu ko yosubiye mu mukungugu yakuwemwo kandi vy’ukuri yari kuja mu muriro udahera?” Nimba uwo muntu atumira ku vyiyumviro vyiwe, ikibazo nk’ico coshobora gutuma arushiriza kuzirikana kuri ico ciyumviro.

11. (a) Ni uburyo ubuhe twokoresha mu gufasha kuzirikana umuntu yemera ko abeza bose baja mw’ijuru? (b) Ni uburyo bwo kuzirikana ubuhe wasanze ari ngirakamaro ku bijanye n’ikibazo co kuja mw’ijuru?

11 Akarorero ka 3: Igihe turi mu busuku, duhuye n’umuntu yemera ko abeza bose baja mw’ijuru. Ico ciyumviro coshobora kugira ico gikoze ku kuntu atahura Bibiliya. Nk’akarorero, dufate ko turiko turarimburira hamwe ibivugwa mu Vyahishuwe 21:4. (Soma.) Uwo muntu yoshobora kwiyumvira ko imihezagiro ivugwa muri uwo murongo yerekeza ku buzima bwo mw’ijuru. Twomufasha gute kuzirikana? Aho gukoresha ibindi vyanditswe, twoshobora gushimika ku kintu kivugwa muri ico canditswe nyene. Kivuga ko ‘urupfu rutazoba rukiriho.’ Twoshobora kumubaza nimba yemera ko kugira uvuge ko ikintu kitakiriho, gitegerezwa kuba cari kiriho. Hari aho yovyemera. Twoca tumwereka ko ata rupfu rwigeze ruba mw’ijuru; aha kw’isi gusa ni ho abantu bapfa. Birumvikana rero ko mu Vyahishuwe 21:4 hategerezwa kuba herekeza ku mihezagiro yo muri kazoza izoba iri ng’aha kw’isi.Zab. 37:29.

NUKORESHE IBIGERERANYO KUGIRA UTOMORE ICIYUMVIRO

12. Ni kubera iki Yezu yakoresha ibigereranyo?

12 Uretse ibibazo, Yezu yarakoresha ibigereranyo mu gikorwa co kwamamaza. (Soma Matayo 13:34, 35.) Ibigereranyo yakoresha vyarahishura umutima abamwumviriza baba bafise. (Mat. 13:10-15) Ibigereranyo kandi vyaratuma inyigisho za Yezu ziryoha kandi zikoroha kwibuka. None twokoresha gute ibigereranyo igihe twigisha?

13. Ni ikigereranyo ikihe twokoresha mu kwerekana ko Imana iruta Yezu?

13 Akenshi ni vyiza gukoresha ibigereranyo vyoroshe. Nk’akarorero, igihe turiko turerekana ko Imana iruta Yezu, twoshobora kuvyifatamwo gutya. Twoshobora kuvuga ko Imana na Yezu bakoresheje imvugo zo mu muryango mu kudondora ubucuti bafitaniye. Imana yavuze ko Yezu ari Umwana wayo, Yezu na we avuga ko Imana ari Se. (Luka 3:21, 22; Yoh. 14:28) Twoshobora guca tubaza nya muntu duti: “Hamwe woba ushaka kunyereka ko abantu babiri bangana, wovuga ko bapfana iki?” Yoshobora kuvuga ko bavukana, canke mbere ari amahasa. Avuze gutyo, twoshobora kumubwira ko ico kigereranyo cumvikana cane. Twoca rero tumubaza duti: “Nimba jewe na wewe vyatworoheye guca dutora ico kigereranyo, none Yezu wa Mwigisha ahambaye, ntiyari kuba yaragikoresheje? Ariko yavuze ko Imana ari Se wiwe. Yezu rero yashaka kwerekana ko Imana imurusha imyaka n’ububasha.”

14. Ni ikigereranyo ikihe cerekana ko bitoba vyumvikana ko Imana izeza Shetani igikorwa co kubabariza abantu mu muriro udahera?

14 Ehe akandi karorero. Hari abemera ko Shetani ari we Imana yajeje umuriro udahera. Ikigereranyo coshobora gufasha umuvyeyi gutahura ko bitoba vyumvikana ko Imana izeza Shetani igikorwa co kubabariza abantu mu muriro udahera. Twoshobora kumubwira duti: “Dufate ko umwana wawe yagararije agakora ibibi vyinshi. Wokora iki?” Kumbure uwo muvyeyi yoshobora kuvuga ko yomuhanura. Yoshobora kuguma agerageza gufasha uwo mwana wiwe ngo areke gukora ibibi. (Imig. 22:15) Twoshobora rero  guca tubaza uwo muvyeyi ico yokora hamwe uwo mwana yonanirana. Abavyeyi nka bose bovuga ko hogera igihe ata kindi coba gisigaye atari ukumuhana. Twoshobora guca tumubaza duti: “Wokora iki nka hamwe womenya ko umuntu mubi ari we yoheje umwana wawe ngo agararize bigeze iyo?” Nta gukeka ko uwo muvyeyi yoshavurira uwo muntu. Kugira dutomore iciyumviro kiri muri ico kigereranyo, twoshobora kumubaza duti: “Umaze kumenya ko hari umuntu mubi yoheje umwana wawe, ubwo wosaba uwo muntu ngo amuguhanire?” Nta nkeka ko inyishu yoba oya. Biratomoye rero ko Imana itosaba Shetani ngo ahane abantu we nyene yoheje ngo bakore ibibi!

NUBONE IBINTU MU BURYO BUBEREYE

15, 16. (a) Ni kubera iki tutokwitega ko umuntu wese tubwiye ubutumwa bw’Ubwami azobwemera? (b) Twoba tubwirizwa kuba abahanga kugira tube abigisha beza? Sigura. (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Igikoresho kidufasha kwishura.”)

15 Turatahura yuko atari abantu bose bazokwemera ubutumwa bw’Ubwami tubabwira. (Mat. 10:11-14) Ivyo ni ko bimeze naho twokoresha ibibazo vyiza gute, uburyo bwo kuzirikana bwiza bushoboka, n’ibigereranyo vyiza cane. Nakare, abantu bake ni bo bemeye inyigisho za Yezu naho yari Umwigisha ahambaye kuruta abandi bose babayeho kw’isi!—Yoh. 6: 66; 7: 45-48.

16 Yamara rero, naho twoba twumva ko tutari abahanga, turashobora kwererwa mu busuku turangura. (Soma Ivyakozwe 4:13.) Ijambo ry’Imana riraduha imvo yumvikana yo kwemera ko “abo bose . . . bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera” bazokwakira inkuru nziza. (Ivyak. 13:48) Nimuze rero tugume tubona ibintu mu buryo bubereye, haba ku bitwerekeye canke ku bo tubwira inkuru nziza y’Ubwami. Ese twokwungukira bimwe bishitse ku kumenyerezwa Yehova aturonsa, twizigiye ko kuzodufasha kukongera kugafasha n’abatwumviriza. (1 Tim. 4:16) Yehova arashobora kudufasha kumenya ingene dukwiye “kwishura umuntu wese.” Nk’uko tuzobibona, uburyo bumwe budufasha kwererwa mu busuku ni ugukurikiza rya Tegeko ry’agakura.

^ par. 6 Raba ikiganiro kivuga ngo “Vyoba bishoboka ko umuntu yizera yuko hariho Umuremyi?” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2009.