Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Hariho akazi kenshi mu gikorwa c’iyimbura”

“Hariho akazi kenshi mu gikorwa c’iyimbura”

George Young yashitse i Rio de Janeiro muri Ntwarante 1923

NI MU mwaka wa 1923. Ingoro y’ibiteramo bigiramwo ibijanye n’ivyese be n’umuziki y’i São Paulo iruzuye no ku bunwa! Woba ushobora kwumva ijwi rishikamye rya George Young? Insiguro yiwe iriko irahindurwa mu giportigale. Abantu 585 bose bari ng’aho bariko baratega ugutwi bitonze. Ivyanditswe vyo muri Bibiliya y’igiportigale biza birerekanwa ku cuma cerekana amasanamu. Mu gusozera neza cane, amakopi ijana y’agatabu Abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa! aratangwa mu giportigale, mu congereza, mu kidagi no mu gitaliyano. Iyo nsiguro irakora ku mutima abantu! Iyo nkuru iramamara hose. Haciye imisi ibiri, iyo ngoro irasubira kwuzura abantu baje gukurikira iyindi nsiguro. Ariko none ni igiki catumye ivyo biba?

Mu 1867, Sarah Bellona Ferguson n’umuryango wiwe barimukiye muri Brezile bavuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu 1899, Sarah yarabonye ko yubuye ukuri aho amariye gusoma ibisohokayandikiro bimwebimwe bishingiye kuri Bibiliya musaza we mutoyi yazanye muri Brezile avuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Kubera ko yakunda cane gusoma, yaciye yiyandikisha kugira aze araronka Umunara w’Inderetsi mu congereza. Yarahimbarwa cane n’ubutumwa bwo muri Bibiliya, akaba yaciye yandikira umuvukanyi C. T. Russell, avuga ko ubwiwe ari “ikimenyamenya kizima cerekana ko ata muntu ari kure cane ku buryo ubutumwa butomushikira.”

Abazima boba bashobora kuvugana n’abapfuye? (mu giportigale)

Sarah Ferguson yarakoze uko ashoboye kwose kugira abwire abandi ukuri kwo muri Bibiliya, ariko akenshi yaribaza uwomufashije we n’umuryango wiwe, hamwe n’abandi bantu bose bameze neza bo muri Brezile. Mu 1912, Beteli y’i Brooklyn yaramumenyesheje ko hari umuntu yariko araza i São Paulo azanye udupapuro ibihumbi tw’inkuru nziza tuvuga ngo Abapfuye bari hehe? mu giportigale. Mu 1915 yavuze ko yamye atangazwa n’uko Abatohoji ba Bibiliya benshi bari biteze kujanwa mw’ijuru vuba. Mu guserura iryo agona, yanditse ati: “None bizogendera gute Brezile na Amerika y’Epfo yose? . . . Uravye ukuntu Amerika y’Epfo ari igihimba kinini c’isi, biroroshe  guca ubona ko hariho akazi kenshi mu gikorwa c’iyimbura.” Ego cane, hokozwe akazi kenshi mu gikorwa c’iyimbura!

Nko mu 1920, abasore umunani bo muri Brezile batwara ubwato baritavye amakoraniro amwamwe y’ishengero mu gisagara ca New York igihe ubwato bwabo bw’intambara bwariko burasanurwa. Bamaze gusubira i Rio de Janeiro, barabwiye abandi icizigiro co muri Bibiliya bari baherutse kuronka. Hadaciye na kabiri, muri Ntwarante 1923 George Young, uwari umusuku w’ingenzi, ni ukuvuga umucungezi w’ingenzi, yarashitse i Rio de Janeiro, aho yasanze abantu bashimishwa. Yaratunganije ivy’uko ibitabu bitari bike bihindurwa mu giportigale. Mu nyuma umuvukanyi Young yaragiye i São Paulo, kikaba cari igisagara kirimwo abantu bashika 600.000. Ashitseyo yarashikirije insiguro yongera aratanga udutabu Abantu amamiliyoni, nk’uko vyavuzwe mu ntango z’iki kiganiro. Yavuze ati: “Kubera ko nari umwe, nikora gusa ku matangazo yo mu binyamakuru.” Yongeyeko yuko “izo ari zo nsiguro z’icese za mbere zatangajwe mu nsiguro zatanzwe bihagarikiwe na I.B.S.A. muri Brezile.” *

Mu gihe c’insiguro z’umuvukanyi Young, ivyanditswe vyaza birerekanwa ku cuma cerekana amasanamu

Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 15 Kigarama 1923 wavuze ibikurikira ku biraba igihugu ca Brezile: “Twibutse ko igikorwa catanguye ng’aho ku wa 1 Ruheshi be n’uko ata gisohokayandikiro na kimwe cariho ico gihe, biratangaje uravye ukuntu Umukama yahezagiye igikorwa.” Iyo raporo ibandanya yerekana ko insiguro z’icese umuvukanyi Young yashikirije i São Paulo zari 2 mu nsiguro 21 zatanzwe kuva ku wa 1 Ruheshi gushika ku wa 30 Nyakanga, zikaba zakurikiwe n’abantu 3.600. Buhorobuhoro, ubutumwa bw’Ubwami bwariko burakwiragira i Rio de Janeiro. Mu mezi makeyi gusa, ibisohokayandikiro birenga 7.000 mu giportigale vyari bimaze gutangwa! Vyongeye, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi mu giportigale cari catanguye gusohoka uhereye ku nomero ya Munyonyo-Kigarama 1923.

Sarah Bellona Ferguson, ni we wa mbere yiyandikishije ngo aze araronka Umunara w’Inderetsi mu congereza muri Brezile

George Young yaragendeye Sarah Ferguson. Uwo Munara w’Inderetsi ubandanya wigana uti: “Uwo mushiki wacu yaraje muri salo, amara akanya adakurako umunwa. Yarafashe ukuboko umuvukanyi Young, aguma amuraba mu maso yatamariwe, vyakabaye kera amubwira ati: ‘Aha vy’ukuri mpagararanye n’umusuku w’ingenzi?’ ” Bidatevye, we hamwe n’abana biwe barabatijwe. Kukaba nkako, yari amaze imyaka 25 arindiriye kubatizwa! Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 1924 wavuze ko abantu 50 babatijwe muri Brezile, benshi muri bo bakaba baba i Rio de Janeiro.

Ubu, inyuma y’imyaka 90, ntibikenewe ko twirirwa turabaza duti: “None bizogendera gute Brezile na Amerika y’Epfo yose?” Ivyabona vya Yehova barenga 760.000 bariko baramamaza inkuru nziza muri Brezile. Kandi muri Amerika y’Epfo yose, ubutumwa bw’Ubwami buriko buramamazwa mu giportigale, igisupanyoli no mu zindi ndimi nyinshi kavukire. Sarah Ferguson ntiyihenze igihe yavuga mu 1915 ko “hariho akazi kenshi mu gikorwa c’iyimbura.”—Vyakuwe mu bushinguro bwacu bwo muri Brezile.

^ par. 6 I.B.S.A. ni impfunyapfunyo y’icongereza isobanura ngo Ishirahamwe rikwiye kw’isi yose ry’Abatohoji ba Bibiliya.