Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IMANA IBONA GUTE ITABI?

Akaranda gakwiye kw’isi yose

Akaranda gakwiye kw’isi yose

Itabi ni umwicanyi aguma yiha inkumbi.

  • Ryishe abantu 100.000.000 mu kinjana giheze.

  • Ryica abantu nka 6.000.000 buri mwaka.

  • Ryica nk’abantu batandatu kw’isegonda.

Nta n’icerekana ko ibintu bigiye guhinduka.

Abahinga bavuga ko abantu badahinduye ingendo, abicwa n’itabi ku mwaka bashobora kuzoduga bakarenga 8.000.000 mu 2030. Bavuga kandi ko itabi rizoba rimaze guhitana abantu 1.000.000.000 mu mpera z’ikinjana ca 21.

Ababangamiwe n’itabi si abarinywa gusa. Harimwo kandi imiryango yasizwe n’abo ryahitanye, usanga barembejwe n’intuntu be n’ubukene, tutibagiye abantu 600.000 batanywa itabi, bahitanwa buri mwaka n’umwotsi w’itabi abandi banywa. Itabi riragira ingaruka ku bantu bose kubera ko risaba ko hakoreshwa uburyo bwinshi mu kuvuza abarwaye.

Ako karanda ntikameze nk’indwara z’ibiza zituma abaganga biruka kugira bazironderere umuti. Umuti wako uriho vy’ukuri kandi urazwi. Muganga Margaret Chan, akaba ari umuyobozi mukuru mw’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, yavuze ati: “Akaranda k’itabi nta kindi kigatera atari abantu, kandi karashobora gutuzwa hamwe amaleta n’abanyagihugu boja hamwe bakagahagurukira.”

Urugamba rwo kurwanya kw’isi yose iyo ngorane ibangamiye amagara ntirwari bwigere rushika aho rugeze ubu. Guhera muri Myandagaro 2012, ibihugu nka 175 vyaremeye gufata ingingo zo gutuma abanywa itabi bagabanuka. * Ariko rero, hariho ibintu bikomeye bituma ako karanda kaguma kiha inkumbi. Buri mwaka, amahinguriro y’itabi arakoresha imiliyaridi n’imiliyaridi z’amadolari mu kuryamamaza kugira aronke abaguzi bashasha, na canecane abagore n’urwaruka rukigera mu bigero bo mu bihugu biri mu nzira y’amajambere. Kuba itabi ryizizira abantu biratuma rishobora kuzoguma rihitana abantu benshi mu bashika umuliyaridi bamaze kuba abaja baryo. Igihe abarinywa batoriheba, abo rihitana bazokwiyongera cane mu myaka mirongo ine iri imbere.

Ukuntu ryamamazwa n’ukuntu ryizizira uwurinywa bituma benshi bibananira kuriheba kandi bavyipfuza. Ivyo ni vyo vyashikiye umugore yitwa Naoko. Yatanguye kunywa itabi mu buyabaga. Afatiye ku kuntu kurinywa vyerekanwa mu bimenyeshamakuru, yaca yumva ko ari igihangange. Naho yari yarabonye ukuntu abavyeyi biwe bicwa na kanseri yo mu mahaha, yabandanije kurinywa mbere n’igihe yari areze udukobwa twiwe tubiri. Yiyemerera ati: “Naratinya kurwara kanseri yo mu mahaha kandi nararazwa ishinga n’amagara y’abana banje, ariko vyaranse ko ndariheba. Nabona ko ntokwigera mpeba kunywa itabi.”

Yamara rero, Naoko yahavuye ariheba. Icamuvyuriye umutima wo guheba itabi ni na co cafashije abantu amamiliyoni kuryirinda. Ico kintu ni ikihe? Bandanya usoma urakibona.

^ par. 11 Muri izo ngingo harimwo kwigisha abantu ibijanye n’akaga k’itabi, ugushingira amategeko abarihingura n’abaridandaza, kuduza amatagisi atozwa kw’itabi no gushiraho imigambi yo gufasha abantu kuriheba.