Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe”

“Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe”

“Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.”MAT. 22:37.

1. Kubera iki Imana n’Umwana wayo barushirije gukundana?

YEZU KRISTU Umwana wa Yehova yavuze ati: ‘Ndakunda Data.’ (Yoh. 14:31) Yavuze kandi ati: ‘Se ariyumvamwo Umwana.’ (Yoh. 5:20) Ivyo ntibikwiye kudutangaza. Nakare, mu myaka idaharurika Yezu yamaze imbere y’uko aza kw’isi, yari “umukozi w’umuhanga” w’Imana. (Imig. 8:30) Uko Yehova na Yezu bakorana, uwo Mwana yarize vyinshi ku bijanye na kamere za Se, kandi yari afise imvo zidaharurika zo kumukunda. Nkako, biboneka yuko gukorana cane vyatumye barushiriza gukundana.

2. (a) Gukunda umuntu bisobanura iki? (b) Ni ibibazo ibihe tugira twihweze?

2 Gukunda umuntu bisobanura kumwiyumvamwo cane. Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yaririmvye ati: “Nzokwiyumvamwo, ewe Yehova, wewe nkomezi zanje.” (Zab. 18:1) Ukwo ni ko dukwiye kwiyumvamwo Imana, kuko itwiyumvamwo. Igihe tugamburukira Yehova, na we aradukunda. (Soma Gusubira mu vyagezwe 7:12, 13.) Ariko none, twoba vy’ukuri dushobora gukunda Imana kandi tudashobora kuyibona? Gukunda Yehova bisobanura iki? Kubera iki dukwiye kumukunda? Twokwerekana gute ko dukunda Imana?

 IGITUMA DUSHOBORA GUKUNDA IMANA

3, 4. Kubera iki dushobora gukunda Yehova?

3 “Imana ni Impwemu”; ntidushobora rero kuyibona. (Yoh. 4:24) Naho ari ukwo, turashobora gukunda Yehova, kandi Ivyanditswe bidutegeka kumukunda. Nk’akarorero, Musa yabwiye Abisirayeli ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’inguvu zawe zose.”Gus. 6:5.

4 Kubera iki dushobora gukunda Imana cane? Kubera ko yaturemanye inkenero y’ivy’impwemu n’ubushobozi bwo gukunda. Twironkeje neza ivyo dukeneye mu vy’impwemu, urukundo dukunda Yehova rurongerekana, tukagira n’imvo yumvikana yo guhimbarwa. Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.” (Mat. 5:3) Ku bijanye n’ico bamwe bita icipfuzo mvukanwa abantu bafise co gusenga, hari umwanditsi w’igitabu yavuze ati: “Turakwiye kugira akoba, gutangara no kugira icubahiro kigera kure iyo tubonye ingene abantu bo kw’isi yose barondera ikinyabuzima kirengeye vyose kandi bakacemera.”—Igitabu Umuntu si ikiremwa cigenga (mu congereza), canditswe na Abraham C. Morrison.

5. Ni igiki kitwereka ko kurondera Imana atari uguta umwanya?

5 Kurondera Imana kwoba ari uguta umwanya? Oya, kubera ko yipfuza ko tuyironka. Intumwa Paulo yaratomoye ico kintu igihe yashinga intahe ku mugwi w’abantu wari ukoraniye i Areyopago. Ivyo vyabereye aho umuntu yashobora kubona urusengero Paritenoni rwari rweguriwe ikimanakazi c’Abanyatene ba kera citwa Atena, ico babona ko kibakingira. Niwihe ishusho ari ho uri igihe Paulo ariko aravuga ko “Imana yakoze isi n’ibintu vyose biri muri yo” maze agaca asigura ko “[ita]ba mu nsengero zakozwe n’amaboko y’abantu.” Iyo ntumwa ica ivuga ko Imana “yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe, ngo babe ku buringanire bwose bw’isi, ishinga ibihe n’imbibe z’aho abantu baba, kugira ngo barondere Imana, nimba bokabakaba bayirondera kandi bakayironka koko, naho vy’ukuri itari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyak. 17:24-27) Egome, abantu barashobora kuronka Imana. Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni indwi n’igice ‘barayironse vy’ukuri’ kandi barayikunda koko.

ICO GUKUNDA IMANA BISOBANURA

6. Yezu yerekanye ko “ibwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere” ari irihe?

6 Dukwiye gukunda Yehova tubikuye ku mutima. Yezu yaratomoye ico kintu igihe Umufarizayo umwe yamubaza ati: “Mwigisha, ibwirizwa risumba ayandi mw’Itegeko ni irihe?” Yezu yamwishuye ati: “ ‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.’ Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere.”Mat. 22:34-38.

7. Bisobanura iki gukunda Imana (a) n’ ‘umutima wacu wose’? (b) n’ ‘ubuzima bwacu bwose’? (c) n’ ‘umuzirikanyi wacu wose’?

7 Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko dutegerezwa gukunda Imana n’ ‘umutima wacu wose’? Yashaka kuvuga ko dutegerezwa gukunda Yehova n’umutima wacu wose w’ikigereranyo, uno ukaba ugizwe n’ivyipfuzo vyacu be n’inyiyumvo zacu. Dutegerezwa kandi kumukunda n’ ‘ubuzima bwacu bwose,’ ni ukuvuga uko turi kwose ushizemwo n’ivyo dukora vyose mu buzima bwacu. Vyongeye, dutegerezwa gukunda Imana n’ ‘umuzirikanyi wacu wose,’ ni ukuvuga ubwenge bwacu bwose. Muri make, dutegerezwa gukunda Yehova bimwe bishitse, tutiziganya.

8. Gukunda Imana bimwe bishitse bituma dukora iki?

8 Nimba dukunda Imana n’umutima wacu wose n’ubuzima bwacu bwose be n’umuzirikanyi wacu wose, turiga dushirutse ubute Ijambo ryayo, tugakora duhuza n’imigambi yayo, kandi tukamamaza n’umwete inkuru nziza y’Ubwami. (Mat. 24:14; Rom. 12:1, 2) Urukundo nyakuri dukunda Yehova ruratuma turushiriza kumwiyegereza. (Yak. 4:8) Ni ivy’ukuri ko tudashobora kudondagura  imvo zose zotuma dukunda Imana. Ariko reka twihweze nkeyi muri zo.

IGITUMA DUKWIYE GUKUNDA YEHOVA

9. Ni imvo iyihe ituma ukunda Yehova we Muremyi wacu akaba na we aturonsa ivyo dukeneye?

9 Yehova ni Umuremyi wacu akaba na we aturonsa ivyo dukeneye. Paulo yavuze ati: “Muri yo [ni] ho dufise ubuzima, tukagendagenda kandi tukaba turiho.” (Ivyak. 17:28) Yehova yaraduhaye isi y’akaroruhore twiberako. (Zab. 115:16) Araturonsa kandi ibifungurwa be n’ibindi bintu dukeneye kugira tubeho. Ni co gituma Paulo yabwiye abantu basenga ibigirwamana b’i Lusitira yuko “Imana nzima . . . itaretse ngo igume itagira ikiyishingira intahe mu kuba yarakoze ivyiza, ikabaha imvura iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, ikanengesereza imitima [yabo] ibifungurwa be n’urweze.” (Ivyak. 14:15-17) Iyo none si imvo yotuma dukunda Umuremyi wacu Ahambaye akaba na we aturonsa ivyo dukeneye abigiranye urukundo?—Umus. 12:1.

10. Dukwiye kwiyumva gute ku bijanye n’intunganyo Imana yashizeho yo gukuraho igicumuro n’urupfu?

10 Imana yaratumye bishoboka ko dukurwako igicumuro n’urupfu twarazwe na Adamu. (Rom. 5:12) Nkako, “Imana irashimagiza urukundo rwayo bwite kuri twebwe, kuko Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi.” (Rom. 5:8) Nta gukeka ko umutima wacu unengesereye urukundo dukunda Yehova, kuko yatumye bishoboka ko tubabarirwa ibicumuro vyacu nimba twigaya kandi tukizera inkuka y’incungu ya Yezu.Yoh. 3:16.

11, 12. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Yehova yaduhaye icizigiro?

11 Yehova ‘aratanga icizigiro kitwuzuza akanyamuneza n’amahoro.’ (Rom. 15:13) Icizigiro Imana itanga kiratuma twihanganira ibigerageza ukwizera. Abarobanuwe berekana ko ari ‘abizigirwa gushika ku rupfu bazohabwa urugori rw’ubuzima.’ (Ivyah. 2:10) Abafise icizigiro co kuba kw’isi bagumana ugutungana kwabo bazokwironkera imihezagiro y’ibihe bidahera muri ya Paradizo yasezeranywe izoba ikwiye kw’isi yose. (Luka 23:43) Iyo tuzirikanye iyo mihango, duca twiyumva gute? Ntitwumva none twuzuye akanyamuneza n’amahoro kandi tukumva dukunze wa Mutanzi w’ “ingabirano nziza yose be n’impano yose itagira akanenge”?—Yak. 1:17.

12 Imana yaraduhaye icizigiro ceza umutima c’izuka. (Ivyak. 24:15) Ni ivy’ukuri ko tubabara cane iyo uwacu apfuye, ariko icizigiro c’izuka kiratuma ‘tutagira agahinda nk’uko abandi bakagira, bamwe badafise icizigiro.’ (1 Tes. 4:13) Kubera urukundo Yehova Imana afise, arashashaye kuzura abapfuye, na canecane abantu b’abizigirwa, nka wa mugororotsi Yobu. (Yobu 14:15) Iyumvire ukuntu bizoba biteye umunezero abapfuye nibazuka tugasubira kubonana hano kw’isi. Emwe, turakunda cane Dawe wa twese wo mw’ijuru, we yaduhaye icizigiro c’izuka.

13. Ni igiki kitwereka ko Imana itwitaho koko?

13 Yehova aratubabaye koko. (Soma Zaburi 34:6, 18, 19; 1 Petero 5:6, 7.) Kubera ko tuzi yuko Imana yacu y’urukundo yama yiteguriye gufasha abatayihemukira, twumva dutekaniwe kuko turi mu bagize “umukuku wo mu buragiriro [bwayo].” (Zab. 79:13) Vyongeye, urukundo Imana idukunda ruzogaragarira mu vyo izodukorera biciye ku Bwami burongowe na Mesiya. Wa Mwami Imana yagenye ari we Yezu Kristu niyamara gukura kuri iyi si amabi, agahahazo n’ububisha, abantu bagamburuka bazokwironkera amahoro n’ugusagamba vyamaho. (Zab. 72:7, 12-14, 16) Ntiwemera none yuko ivyo vyizigiro biduha imvo yo gukunda n’umutima wacu wose n’ubuzima bwacu bwose n’inkomezi zacu zose be n’umuzirikanyi wacu wose Imana yacu itwitaho?—Luka 10:27.

14. Ni agateka ntangere akahe Imana yaduteye?

14 Yehova yaraduteye agateka ntangere ko kumukorera turi Ivyabona vyiwe. (Yes. 43:10-12) Turakunda Imana kubera ko yaduhaye ako karyo ko gushigikira ubusegaba bwayo no kubwira abantu icizigiro nyakuri muri iyi si idurumbanye. N’ikindi kandi, turashobora kuvugana ukwizera n’ubujijutsi kubera ko dutangaza inkuru nziza ishingiye kw’Ijambo rya ya Mana y’ukuri, yo yama  ishitsa imihango yayo itanga icizigiro. (Soma Yosuwa 21:45; 23:14.) Tuvugishije ukuri, imihezagiro twironkera be n’imvo dufise zo gukunda Yehova twobidondagura bukadukerako. Ariko none, twokwerekana gute ko tumukunda?

INGENE TWOKWEREKANA KO DUKUNDA IMANA

15. Kwiga Ijambo ry’Imana no kurishira mu ngiro bishobora gute kudufasha?

15 Twige Ijambo ry’Imana dushirutse ubute kandi turishire mu ngiro. Tubigenjeje gutyo tuba twerekanye ko dukunda Yehova kandi ko twipfuza vy’ukuri ko Ijambo ryiwe riba “umuco w’ibarabara rya[cu].” (Zab. 119:105) Nimba turi mu ngorane, turashobora guhumurizwa n’aya majambo aranga urukundo adukura amazinda agira ati: “Umutima umenaguritse kandi ujanjaguritse, ewe Mana, ntuzowusuzugura.” “Ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, ewe Yehova, bwagumye bunshigikiye. Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe, ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje.” (Zab. 51:17; 94:18, 19) Yehova arumvira impuhwe abari mu mubabaro, kandi na Yezu araterwa ikigongwe n’abantu. (Yes. 49:13; Mat. 15:32) Kwiga Bibiliya bituma turushiriza kubona ko Yehova atwitwararikana urukundo, ku buryo duca twumva tumukunze cane.

16. Gusenga tudahorereza bishobora gute gutuma urukundo dukunda Imana rwongerekana?

16 Dusenge Imana tudahorereza. Amasengesho dutura aratuma turushiriza kwiyegereza umwe ‘yumva amasengesho.’ (Zab. 65:2) Igihe tubonye ko Imana iriko yishura amasengesho yacu, urukundo tuyikunda rurongerekana. Nk’akarorero, twoshobora kubona yuko itareka ngo tugeragezwe ibirenze ivyo dushobora kwihanganira. (1 Kor. 10:13) Dufise amaganya maze tukitura Yehova tumutakambira n’ubwira, twoshobora kugira “amahoro y’Imana” atagira uko yovugwa. (Flp. 4:6, 7) Rimwe na rimwe, twoshobora gutura isengesho mu gacerere nka kumwe kwa Nehemiya maze tukabona ko ririko ririshurwa. (Neh. 2:1-6) Uko ‘dushishikara gusenga’ maze tukabona ko Yehova yishura ugutakamba kwacu, urukundo tumukunda rurongerekana kandi tukarushiriza kwizigira ko azodufasha kwihanganira n’ibindi bintu bigerageza ukwizera.Rom. 12:12.

17. Nimba dukunda Imana, tuzobona gute ukwitaba amakoraniro?

17 Tugire akamenyero ko kwitaba amakoraniro, amateraniro, n’amahwaniro ya gikirisu.  (Heb. 10:24, 25) Abisirayeli barakoranira hamwe ngo bumvirize bongere bige ivyerekeye Yehova kugira bamutinye kandi bashitse Itegeko ryiwe. (Gus. 31:12) Gukora ivyo Imana igomba si umuzigo nimba tuyikunda vy’ukuri. (Soma 1 Yohani 5:3.) Nimuze rero ntitwigere tureka ngo hagire ikintu na kimwe gituma dufata minenegwe ukwitaba amakoraniro. Nta gukeka ko tutipfuza ko hagira ikintu na kimwe gituma dutakaza rwa rukundo rwa mbere twakunda Yehova.Ivyah. 2:4.

18. Urukundo dukunda Imana rutuma dukora iki ku bijanye n’inkuru nziza?

18 Tubwire abandi “ukuri kw’inkuru nziza” tubigiranye umwete. (Gal. 2:5) Urukundo dukunda Imana rutuma tuvuga ivyerekeye Ubwami bwa Mesiya burongowe n’Umwana wayo ikunda cane, uno kuri Harumagedoni akaba ‘azogendera kw’ifarasi aburanira ukuri.’ (Zab. 45:4; Ivyah. 16:14, 16) Biratera umunezero vy’ukuri kugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa mu kubafasha kwiga ivyerekeye urukundo rw’Imana be n’isi nshasha yasezeranye.Mat. 28:19, 20.

19. Kubera iki dukwiye gukenguruka intunganyo Yehova yashizeho yo kuragira ubusho bwiwe?

19 Twerekane ko dukenguruka intunganyo Imana yashizeho yo kurangira ubusho bwayo. (Ivyak. 20:28) Yehova yaradushiriyeho intunganyo y’abakurambere bakirisu kuko yama akora ku bw’ineza yacu. Abakurambere bameze “nk’ubwikingo bw’umuyaga be n’ubwihisho bw’ikirura c’imvura, nk’imigezi y’amazi mu gihugu kigadutse, nk’igitutu c’urutare ruremereye mu ntara irushe.” (Yes. 32:1, 2) Turakenguruka koko iyo turonse aho twikinga umuyaga ukomeye canke imvura y’igihuhusi. Iyo hari uruzuba rwinshi, turakenguruka koko agatutu gatangwa n’urutare. Izo mvugo ngereranyo ziradufasha kubona yuko abakurambere batanga imfashanyo n’ukuruhurirwa vyo mu vy’impwemu dukeneye. Tugamburukiye abatuja imbere muri twebwe, tuba twerekanye ko dukenguruka cane izo “ngabirano z’abagabo” be n’uko dukunda Imana na Kristu, we Mutwe w’ishengero.Ef. 4:8; 5:23; Heb. 13:17.

Yehova yaratanze abungere bitwararika koko ubusho(Raba ingingo ya 19)

TUGUME TURUSHIRIZA GUKUNDA IMANA

20. Nimba dukunda Imana, twakira gute ibivugwa muri Yakobo 1:22-25?

20 Nimba dufitaniye na Yehova ubucuti burangwa urukundo, duca tuba ‘abashira mu ngiro rya jambo, atari abumva gusa.’ (Soma Yakobo 1:22-25.) ‘Uwushira mu ngiro’ arafise ukwizera kwama ibikorwa nk’ibi: kuba umunyamwete mu gikorwa co kwamamaza no kugira uruhara mu makoraniro ya gikirisu. Kubera yuko dukunda vy’ukuri Imana, turagamburuka ‘itegeko rya Yehova ritagira akanenge,’ rino rikaba ririmwo ibintu vyose adusaba.Zab. 19:7-11.

21. Amasengesho avuye ku mutima dutura yogereranywa n’iki?

21 Urukundo dukunda Yehova Imana rutuma tumwitura kenshi mw’isengesho rivuye ku mutima. Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yaririmvye ati: “Isengesho ryanje niribe iriteguwe nk’imibavu imbere yawe [Yehova], ukuduza ibiganza kwanje na kwo kube nk’ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba,” bikaba biboneka ko yariko yerekeza ku guturira imibavu kwagirwa ku musi ku musi mu gihe ca rya sezerano ry’Itegeko. (Zab. 141:2; Kuv. 30:7, 8) Ese ugusaba kwacu twicishije bugufi, ugutakamba kwacu n’ubwira bwinshi be n’amajambo avuye ku mutima tubwira Imana yo kuyishemeza no kuyikengurukira vyoba nk’umubavu umota neza ugereranya amasengesho yemerwa.Ivyah. 5:8.

22. Ni urukundo nyabaki tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira?

22 Yezu yavuze yuko dutegerezwa gukunda Imana ariko kandi tugakunda na mugenzi wacu. (Mat. 22:37-39) Nk’uko tuzobibona turiko turasubira guca irya n’ino iyo kamere, urukundo dukunda Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe bizodufasha kugiranira imigenderanire myiza n’abantu nkatwe no kugaragariza urukundo mugenzi wacu.