Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Yehova arazi abiwe”

“Yehova arazi abiwe”

Nimba umuntu akunda Imana, uwo arazwi na yo.”1 KOR. 8:3.

1. Niwigane inkuru yo muri Bibiliya yerekana ivyiyumviro bitari vyo abasavyi b’Imana bamwebamwe bari bafise. (Raba ishusho itangura.)

UMUSI umwe mu gitondo, Umuherezi Mukuru Aroni yarahagaze ku bwinjiriro bw’itaberenakulo ya Yehova, afise ikijamwo umuriro wo guturira imibavu. Hafi yiwe hari Kora n’abagabo 250 na bo nyene bariko barashikanira imibavu Yehova, umwe wese afise ikijamwo umuriro ciwe. (Guh. 16:16-18) Abo bagabo ukibabona wamengo bose ni abasavyi ba Yehova b’intahemuka. Ariko rero, abo bandi bari batandukanye na Aroni kubera ko bari abanyabwibone b’abagarariji, barondera kwigarurira ubuherezi. (Guh. 16:1-11) Bari biyumviriye bihenda yuko Imana yokwemeye ugusenga kwabo. Mugabo kwitega ikintu nk’ico vyari agatukisha kuri Yehova, we ashobora kumenya ibiri mu mutima kandi akaba yarashobora kubona uburyarya bwabo.Yer. 17:10.

2. Ni igiki Musa yari yavuze, kandi ivyo yavuze vyoba vyararangutse?

2 Birabereye kuba buca ivyo biba Musa yari yavuze ati: “Mu gitondo Yehova azomenyesha uwumwegukira uwo ari we.” (Guh. 16:5) Erega uko yabivuze ni ko vyagenze! Yehova yaratandukanije abasavyi biwe b’ukuri n’ab’uruhendo igihe ‘umuriro waza uvuye kuri we, ugatangura kuyigiza Kora na ba bagabo amajana abiri na mirongo itanu bariko bashikana imibavu.’ (Guh. 16:35; 26:10) Ico gihe nyene, Yehova yarazigurije Aroni, aba yerekanye umuherezi w’ukuri n’umusavyi w’Imana w’ukuri uwo ari we.Soma 1 Abakorinto 8:3.

3. (a) Ni ikintu ikihe cabaye mu gihe c’intumwa Paulo? (b) Ivyo Yehova yakoreye ba bagarariji bo mu gihe ca Musa bitwigisha iki?

3 Ikintu nk’ico carabaye haciye imyaka nka 1.500 mu gihe c’intumwa Paulo. Abantu bamwebamwe bavuga ko ari abakirisu baratanguye kwisunga inyigisho z’ikinyoma, mugabo kandi bakabandanya kwifatanya n’ishengero. Umuntu aravye abo bahuni acishako, yabona umengo ntibatandukanye n’abandi bo mw’ishengero. Mugabo ubuhuni bwabo bwari bugeramiye abakirisu b’abizigirwa. Ayo mabingira yari yiyambitse nk’intama yaratanguye “[gu]tembagaza ukwizera kwa bamwe.” (2 Tim. 2:16-18) Ariko rero, Yehova ntaraba acishako, kandi ivyo Paulo yari abizi afatiye ku vyo Imana yakoreye ba bagarariji, ari bo Kora n’abari bamushigikiye, hakaba hari haciye ibinjana. Ku bijanye n’ico kintu, nimuze twihweze imirongo yo mu Vyanditswe ishimishije maze turabe ivyigwa ngirakamaro twohakura.

“NDI YEHOVA; SINAHINDUTSE”

4. Ni ibiki Paulo yari yarajijutseko, kandi ukwo kujijuka kwiwe yakweretse gute Timoteyo?

4 Paulo yari azi neza ko Yehova ashoboye kubona ugusenga kw’uburyarya, kandi yari yarajijutse ko Yehova ashoboye kumenya abamugamburukira abo ari bo. Paulo yarerekanye ukwo kujijuka gukomeye yari afise uravye amajambo yakoresheje igihe yandikira Timoteyo ahumekewe n’Imana. Paulo amaze kuvuga ko abo bahuni bari bamaze kugirira nabi mu vy’impwemu abantu bamwebamwe bo mw’ishengero, yanditse ati: “Ariko umushinge ukomeye w’Imana uguma uhagaze, uriko iki kidodo, ngo: ‘Yehova arazi abiwe,’ kandi ngo: ‘Umuntu wese avuga izina rya Yehova avavanure n’ibitagororotse.’ ”2 Tim. 2:18, 19.

5, 6. Imvugo Paulo yakoresheje ngo “umushinge ukomeye w’Imana” itwigisha iki, kandi ishobora kuba yafashije gute Timoteyo?

5 Imvugo Paulo yakoresheje muri ico canditswe itwigisha iki? Aho ni ho honyene muri Bibiliya havuga ivyerekeye “umushinge ukomeye w’Imana.” Bibiliya ikoresha ijambo “umushinge” ishaka kuvuga ibintu bitandukanye, muri vyo hakaba harimwo Yeruzalemu wa murwa mukuru wa Isirayeli ya kera. (Zab. 87:1, 2) Uruhara Yezu arangura mu mugambi wa Yehova na rwo nyene rugereranywa n’umushinge. (1 Kor. 3:11; 1 Pet. 2:6) Ni igiki none Paulo yari afise mu muzirikanyi igihe yandika ibijanye n’ “umushinge ukomeye w’Imana”?

6 Paulo avuga ivyerekeye “umushinge ukomeye w’Imana” ahejeje gusubiramwo amajambo Musa yavuze ku vyerekeye Kora n’abari bamushigikiye ari mu Guharūra 16:5. Biboneka ko Paulo yariko aravuga ibintu vyabaye mu gihe ca Musa arondera kuremesha Timoteyo no kumwibutsa ko Yehova ashoboye kumenya ibikorwa vy’ubugarariji no kubihagarika. Umugambi wa Yehova ntiwari guhindurwa n’abo bahuni bo mw’ishengero nk’uko nyene utari warahinduwe na Kora. Paulo ntiyasiguye ido n’ido ico “umushinge ukomeye w’Imana” ugereranya. Yamara, nta gukeka ko amajambo yakoreshejwe yatumye Timoteyo arushiriza kwizigira inzira za Yehova.

7. Ni kubera iki twokwemera tudakeka ko Yehova azokorana ubugororotsi n’ubwizigirwa?

7 Ingingo ngenderwako zihanitse za Yehova ntizihinduka. Muri Zaburi 33:11 hagira hati: “Inama ya Yehova [canke, “ingingo za Yehova”] izorama gushika igihe kitagira urugero; ivyiyumviro vy’umutima wiwe bigumaho iyaruka rimwe inyuma y’irindi.” Ibindi vyanditswe bivuga ko ubutegetsi bwa Yehova, ubuntu bwuzuye urukundo rwiwe, be n’ubugororotsi bwiwe, vyamaho ibihe bidahera. (Kuv. 15:18; Zab. 106:1; 111:3; 117:2) Muri Malaki 3:6 hagira hati: “Ndi Yehova; sinahindutse.” No muri Yakobo 1:17 havuga yuko Yehova ‘adahinduka nka kurya kw’izunguruka ry’igitutu.’

“IKIDODO” GITUMA TURUSHIRIZA KWIZERA YEHOVA

8, 9. Ni icigwa ikihe twigira ku “kidodo” kivugwa mu mvugo ngereranyo ya Paulo?

8 Imvugo ngereranyo Paulo yakoresheje muri 2 Timoteyo 2:19 iravuga ibijanye n’umushinge uriko ubutumwa, nk’aho woba ucapuyeko ikidodo. Mu bihe vya kera, vyari bimenyerewe gushira icandikano ku mushinge w’inyubakwa, kumbure bashaka kwerekana uwayubatse canke nyeneyo. Paulo ni we mwanditsi wa Bibiliya yatanguye gukoresha ico kigereranyo kidasanzwe. * Ico kidodo kiri ku “mushinge ukomeye w’Imana” kiriko ivyiyumviro bibiri. Ica mbere: “Yehova arazi abiwe.” Ica kabiri: “Umuntu wese avuga izina rya Yehova avavanure n’ibitagororotse.” Ivyo bitwibutsa ivyo dusoma mu Guharūra 16:5.—Soma.

9 Ni igiki twigira ku “kidodo” kivugwa mu mvugo ngereranyo ya Paulo? Ku bantu b’Imana, ivyo Yehova aha agaciro be n’ingingo ngenderwako ziwe bishingiye kuri ibi bintu vy’ukuri kw’ishimikiro bibiri: (1) Yehova arakunda abatamuhemukira, (2) Yehova aranka ibitagororotse. Ico cigwa gifitaniye isano gute n’ubuhuni bwari mw’ishengero?

10. Ivyo abahuni bakora vyagize ico bikoze gute ku bantu b’abizigirwa bo mu gihe ca Paulo?

10 Birashoboka ko Timoteyo n’abandi bantu b’abizigirwa bahungabanijwe n’ivyo abahuni bari muri bo bakora. Abakirisu bamwebamwe bashobora kuba baribaza igituma abo bantu bari baremerewe kuguma mw’ishengero. Abo bantu b’abizigirwa bashobora kuba baribajije nimba Yehova yaratandukanya vy’ukuri ukudahemuka kwabo be n’ugusenga kw’uburyarya kw’abo bahuni.Ivyak. 20:29, 30.

Timoteyo ntiyari gushobora kwoshwa n’ivyo abahuni bakora (Raba ingingo ya 10-12)

11, 12. Ikete rya Paulo ritegerezwa kuba ryakomeje gute ukwizera kwa Timoteyo?

11 Nta gukeka ko iryo kete rya Paulo ryakomeje ukwizera kwa Timoteyo mu kumwibutsa ivyari vyarabaye igihe wa mwizigirwa Aroni yemezwa, ya ndyadya Kora na we hamwe na bagenziwe bagashirwa ku mugaragaro, bakiyamirizwa maze bagatikizwa. Ni nk’aho Paulo yariko aravuga ko naho nyene muri bo hariho abakirisu b’uruhendo, Yehova yari kumenya abiwe abo ari bo vy’ukuri, nk’uko yabamenye mu gihe ca Musa.

12 Yehova ntiyigera ahinduka; ni uwo kwizigirwa. Aranka ibitagororotse, kandi igihe yashinze kigeze arakubita intahe mu gahanga inkozi z’ikibi zitigaya. Kubera ko Timoteyo yari umuntu “avuga izina rya Yehova,” yaribukijwe kandi ibanga yari afise ryo kwamirira kure akosho kabi k’abakirisu b’uruhendo. *

UGUSENGA KUTARIMWO UBURYARYA NTIKWIGERA KUBA IMPFAGUSA

13. Ni igiki dushobora kwizigira?

13 Na twebwe nyene turashobora gukomezwa n’amajambo ya Paulo yahumetswe. Ica mbere coco, turahumurizwa no kumenya ko Yehova azi neza ko turi intahemuka kuri we. Ukwo si ukutumenya bisanzwe. Ahubwo, Yehova aritwararika cane abiwe. Bibiliya ivuga iti: “Yehova amaso yiwe anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.” (2 Ngo. 16:9) Turashobora rero kwizigira duherejeko yuko ivyo dukorera Yehova “[bivuye] ku mutima udahumanye” bitigera biba impfagusa.1 Tim. 1:5; 1 Kor. 15:58.

14. Ni ugusenga ukuhe Yehova atihanganira?

14 Kumenya ko Yehova atihanganira ugusenga kw’uburyarya na vyo nyene biratuma tuzirikana cane. Kubera ko amaso yiwe “anyuragira mw’isi yose,” arashobora kumenya abafise umutima ‘udakwiye kuri we.’ Mu Migani 3:32 havuga ko “umunyamayeri ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova,” nk’umuntu yigira ngo aragamburuka mugabo akaba akora igicumuro mu mpisho. Naho umuntu w’umunyamayeri yoshobora kumara igihe kinaka ahenda abandi bantu, kuba Yehova ashoboye vyose kandi akaba agororotse biremeza ko “uwupfuka ibigabitanyo vyiwe [a]tazororanirwa.”Imig. 28:13; soma 1 Timoteyo 5:24; Abaheburayo 4:13.

15. Ni igiki dukwiye kwirinda, kandi kubera iki?

15 Abasavyi ba Yehova benshi cane baramuyobokera ata buryarya. Ntibikunda gushika ko umuntu wo mw’ishengero atangura n’ibigirankana gusengana uburyarya. Ariko rero, nimba vyarashitse mu gihe ca Musa no mu gihe c’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango, birashobora gushika no muri iki gihe. (2 Tim. 3:1, 5) Mugabo none twoba dukwiye kwikeka abakirisu bagenzi bacu, tugakekeranya nimba ari intahemuka kuri Yehova vy’ukuri? Oya! Vyoba ari bibi gutangura kwikeka bene wacu na bashiki bacu kandi ata mvo yumvikana dufise yo kubigira. (Soma Abaroma 14:10-12; 1 Abakorinto 13:7.) N’ikindi kandi, kugira agatima ko kutizigira ugutungana kw’abandi bantu bo mw’ishengero vyoshobora kwonona kamere yacu y’ivy’impwemu.

16. (a) Ni igiki twese twokora kugira ngo twirinde ko uburyarya bushinga imizi mu mutima wacu? (b) Ni ivyigwa ibihe twigira ku ruzitiro ruvuga ngo “ Gume musuzuma . . . gume mwerekana . . .”?

16 Umukirisu wese arakwiye “[kwerekana] ico igikorwa ciwe bwite kimaze” [canke, “gusuzuma ibikorwa vyiwe bwite”]. (Gal. 6:4) Kubera ko turi abacumuzi, vyama bishoboka ko dutangura gusenga Yehova tubitumwe n’imvo mbi tutabiciye n’ikanda. (Heb. 3:12, 13) Turakwiye rero kuza turasuzuma imvo zituma dukorera Yehova. Twoshobora kwibaza duti: ‘Noba nsenga Yehova ndabitumwe n’uko ndamukunda be n’uko ntahura ko ari we Segaba? Canke noba nshimika cane ku mihezagiro yo mu buryo bw’umubiri niteze kuronka mw’Iparadizo?’ (Ivyah. 4:11) Mu vy’ukuri, twese turashobora kwungukira ku gusuzuma ibikorwa vyacu bwite maze tugakura mu mutima wacu ibintu vyose biranga uburyarya vyoba biriyo.

UKUDAHEMUKA KUVAMWO AGAHIMBARE

17, 18. Ni kubera iki dukwiye gusenga Yehova mu buryo butarimwo uburyarya?

17 Igihe twihatira gusenga mu buryo butarimwo uburyarya, turironkera ivyiza vyinshi. Umwanditsi w’amazaburi avuga ati: “Hahiriwe umuntu Yehova adaharurako ikosa, mu mutima wiwe akaba ata buhendanyi buriyo.” (Zab. 32:2) Egome, abakura uburyarya mu mutima wabo bararushiriza kugira agahimbare, kandi biba bishoboka ko bazogira agahimbare mu buryo butagira agahaze muri kazoza.

18 Igihe Yehova yashinze kigeze, azoshira ku mugaragaro abantu bose bakora ibibi canke bafise ubuzima burimwo tubiri, abe yerekanye neza “ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha, hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikoreye.” (Mal. 3:18) Magingo ivyo bitarashika, birahumuriza kumenya yuko “amaso ya Yehova ari ku bagororotsi, n’amatwi yiwe akaba ku gutakamba kwabo.”1 Pet. 3:12.

^ par. 8 Amajambo ari mu Vyahishuwe 21:14, ayanditswe haciye imyaka mirongo Paulo yandikiye Timoteyo amakete, aravuga ibijanye n’ “amabuye y’umushinge” 12 yanditseko amazina ya za ntumwa 12.

^ par. 12 Ikiganiro gikurikira kirerekana ukuntu dushobora kwigana Yehova mu bijanye no kuvavanura n’ibitagororotse.