Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uriko ‘urondera gushikira ibanga’?

Woba uriko ‘urondera gushikira ibanga’?

FERNANDO * yari ahagaritse umutima. Abakurambere bari bamusavye ko boyaga na we mu mwiherero. Umucungezi w’umuzunguruko yari aherutse kubagendera incuro nka zingahe, abakurambere bakaba bari baramusiguriye ivyo akeneye gukora kugira akwize ibisabwa vyo guterwa uduteka twiyongereye mw’ishengero. Uko igihe cagenda kirahaca, Fernando yaratanguye kwibaza nimba yotevye akagenwa ngo abe umukurambere. Ico gihe umucungezi w’umuzunguruko yari aherutse gusubira kugendera iryo shengero. None abo bakurambere bagira bamubwire iki?

Fernando yarateze yompi igihe umwe muri abo bakurambere yariko aramuyagisha. Uwo muvukanyi yarerekeje ku bivugwa muri 1 Timoteyo 3:1 aca avuga yuko abakurambere b’ishengero bari baronse ikete rivuga ko yagenywe ngo abe umukurambere. Fernando yaratangaye cane aca abaza ati: “Uvuze ngw’iki?” Uwo muvukanyi yarasubiyemwo ivyo yari yavuze, Fernando aca aramwenyura. Mu nyuma, igihe ishengero ryamenyeshwa ko yari yagenywe, abarigize bose bararyohewe cane.

Vyoba ari bibi kwipfuza kuronka uduteka mw’ishengero? Eka data. Muri 1 Timoteyo 3:1 havuga ko “nimba umuntu arondera gushikira ibanga ry’umucungezi, aba yipfuje igikorwa ciza.” Abagabo benshi bakirisu barisunga iyo ndemesho maze bagatera imbere mu vy’impwemu kugira bakwize ibisabwa vyo guterwa uduteka mw’ishengero. Ivyo bituma abasavyi b’Imana bironkera abakurambere n’abakozi b’ishengero babishoboye barenga ibihumbi ijana. Mugabo kubera ko habandanya kuba iyongerekana mu mashengero, harakenewe abandi bavukanyi barondera gushikira amabanga. None uburyo bubereye bwo kubigira ni ubuhe? Abipfuza ibanga ry’ubucungezi vyoba bikwiye kubahagarika umutima nka Fernando?

‘KURONDERA GUSHIKIRA IBANGA’ BISOBANURA IKI?

Imvugo yo muri Bibiliya ngo “kurondera gushikira ibanga” ihinduwe ikuwe ku rivuga ry’ikigiriki risobanura kwipfuza ubishashaye, kwiramvura. Ivyo vyoshobora gutuma uca ubona umuntu ariko arasumburukwa kugira yamure icamwa kiryoheye ijisho kiri hejuru ku giti. Ariko rero kurondera gushikira ibanga ntibisobanura kuronderana umunoho agateka ko “kuba umucungezi.” Uti kubera iki? Kubera ko abipfuza vy’ukuri kuba abakurambere bakwiye kuba bafise intumbero yo gukora “igikorwa ciza” aho kurondera igiti kanaka.

Vyinshi mu bisabwa ku bijanye n’ico gikorwa ciza biravugwa muri 1 Timoteyo 3:2-7 no muri Tito 1:5-9. Uwitwa Raymond aramaze igihe kirekire ari umukurambere. Asigura ku vyerekeye izo ngingo mfatirwako ziri hejuru ati: “Mbona ko igihambaye kuruta vyose ari ico turi. Ububangukirwe bwo kuvuga no kwigisha burahambaye, mugabo ntibuhambaye kuruta kuba umuntu ata co anegurwa, atarenza urugero mu ngeso, aroranye mu muzirikanyi, umunyarutonde, umwakiranyi n’uwugira ibitegereka.”

‘Nurondere gushikira ibanga’ mu kwifatanya n’ishengero mu buryo butandukanye

Umuvukanyi ariko ararondera gushikira ibanga abitumwe n’imvo nziza arerekana ko ata co anegurwa mu kwirinda ubugunge n’ubuhumane vy’ubwoko bwose. Ntarenza urugero mu ngeso, araroranye mu muzirikanyi, ni umunyarutonde kandi agira ibitegereka; akaba ari co gituma abo basangiye ukwemera bamwizigira ngo abaje imbere yongere abafashe mu ngorane zabo. Kuba ari umwakiranyi bituma aba isôko ry’indemesho ku bakiri bato no ku bashasha mu kuri. Arahumuriza akongera agafasha abarwaye n’abageze mu zabukuru kubera ko akunda iciza. Atsimbataza izo kamere kugira abandi bazungukireko, atari kugira ashitse ivyipfuzo vyiwe vyo kugenwa. *

Inama y’abakurambere irahimbarwa no gutanga impanuro n’indemesho, mugabo umuntu ariko ararondera gushikira ibanga ni we ahanini abwirizwa gushitsa ibisabwa n’Ivyanditswe. Umucungezi azi utuntu n’utundi yitwa Henry, avuga ati: “Nimba uriko urondera gushikira ibanga, niwihatire kwerekana ko ukwije ibisabwa.” Afatiye ku bivugwa mu Musiguzi 9:10, asigura ati: “‘Ikintu cose ukuboko kwawe kuronse co gukora, nugikorane ububasha bwawe.’ Igikorwa cose abakurambere bagushinze, nugikore uko ushoboye kwose. Nukunde igikorwa cose ushinzwe gukora mw’ishengero, harimwo no gukubura. Mu nyuma, igikorwa cawe be n’utwigoro ugira bizoshimwa.” Nimba wipfuza kuzohava uba umukurambere, nukore utiziganya kandi ube umwizigirwa mu mice yose y’umurimo mweranda. Ubuzima bwawe bukwiye kurangwa n’ukwicisha bugufi aho kurangwa n’uguhahamira ubukuru ubitumwe n’ubwibone.Mat. 23:8-12.

NIWIRINDE IVYIYUMVIRO N’IBIKORWA BITARI VYO

Abantu bamwebamwe bahahamiye uduteka mw’ishengero boshobora guserura ivyipfuzo vyabo bakikiriza canke bakagerageza kugira akosho ku nama y’abakurambere. Abandi na bo barababara igihe abakurambere babahanuye. Abantu nk’abo bakwiye kwibaza bati: ‘Noba nipfuza gushika ku nyungu zanje bwite canke nipfuza kwitwararika intama za Yehova nicishije bugufi?’

Abarondera gushikira amabanga ntibakwiye kwibagira ikindi kintu abakurambere basabwa, na co akaba ari “ukubera uburorero ubusho.” (1 Pet. 5:1-3) Umuntu abera akarorero ishengero aririnda ivyiyumviro n’ibikorwa vy’uruyeri. Aratsimbataza ukwihangana, yaba amaze kugenwa canke ataragenwa. Kuba umukurambere ntibica bituma umuntu aba uwutagira utunenge ku gitangaro. (Guh. 12:3; Zab. 106:32, 33) N’ikindi kandi, umuvukanyi yoshobora kuba ‘ata co yumva yiyagiriza,’ mugabo abandi bakaba bafise imvo kanaka ituma bamubona nabi. (1 Kor. 4:4) Nimba rero abakurambere baguhaye impanuro zishingiye kuri Bibiliya babikuye ku mutima, nugerageze kwumviriza udashavuye. Nuce wihatira gushira mu ngiro impanuro baguhaye.

BITE HO NIMBA URINDIRIYE IGIHE KIREKIRE?

Abavukanyi batari bake bararindira ico babona ko ari igihe kirekire imbere y’uko bagenwa. Nimba umaze imyaka itari mike “[u]rondera gushikira ibanga ry’umucungezi,” vyoba bishika ugahagarika umutima? Nimba ari ukwo biri, raba aya majambo yahumetswe agira ati: “Ivyitezwe iyo vyigijwe inyuma birwaza umutima, mugabo icipfujwe, iyo kije koko, kiba igiti c’ubuzima.”Imig. 13:12.

Umuntu yoshobora kurwara umutima igihe abona umengo ntashika ku kintu yipfuza cane. Ivyo vyarashikiye Aburahamu. Yehova yamusezeraniye ko yomuhaye umwana, ariko haraciye imyaka we na Sara ata kana bararonka. (Ita. 12:1-3, 7) Igihe Aburahamu yari ageze mu zabukuru, yatakamvye ati: “Mukama Segaba Yehova, uzompa iki, ko ndiko ndagenda ata kana nsize . . . Ehe nta ruvyaro wampaye.” Yehova yaramusubirije umutima mu nda ko ivyo yamusezeraniye ku bijanye n’umwana w’umuhungu yobishikije. Ariko haraciye n’imiburiburi iyindi myaka 14 Imana itarashitsa ivyo yari yaravuze.Ita. 15:2-4; 16:16; 21:5.

Igihe Aburahamu yari akirindiriye, yoba yaratakaje umunezero wo gusukurira Yehova? Habe namba. Ntiyigeze akekeranya ku muhango Imana yari yaramuhaye. Yabandanije kurindirana umushasharo ivyiza vyovuyemwo. Intumwa Paulo yanditse ati: “Inyuma y’aho Aburahamu yerekaniye ukwihangana, yarakomorewe uwo muhango.” (Heb. 6:15) Mu nyuma, Imana Mushoboravyose yararonkeje uwo mugabo w’umwizigirwa ibirengeye ivyo yari yiteze. Ni igiki ushobora kwigira kuri Aburahamu?

Nimba wipfuza kuba umukurambere mugabo hakaba haciye imyaka utaramuba, nubandanye kwizigira Yehova. Ntutakaze umunezero mu murimo umurangurira. Uwitwa Warren, akaba yarafashije abavukanyi benshi gutera imbere mu vy’impwemu, arasigura igituma worindira, ati: “Bisaba umwanya kugira ngo bigaragare ko umuvukanyi kanaka yakwije ibisabwa vyo kugenwa. Uko haca igihe, ububangukirwe afise be n’agatima agaragaza biribonekeza buhorobuhoro mu kuntu yigenza no mu kuntu yitwararika ibikorwa ashingwa. Hari abiyumvira yuko mu gihe baronse agateka kanaka canke bagenywe mw’ibanga kanaka ari ho gusa baba baroraniwe. Kwiyumvira gutyo ni ukwihenda kandi birashobora gutuma umuntu yama ahagaritse umutima. Nimba ukorera Yehova udahemuka aho uri hose no mu vyo ukora vyose, uba waroraniwe.”

Igihe umuvukanyi umwe yagenwa ngo abe umukurambere, yari amaze imyaka irenga cumi arindiriye. Afatiye ku kintu kidondorwa neza mu gitabu ca Ezekiyeli ikigabane ca 1, arigana icigwa yahakuye ati: “Yehova atwara umukogote wiwe, ari ryo shirahamwe ryiwe, ku muvuduko ashatse. Igihambaye si igihe twebwe tubona ko kibereye, ahubwo ni igihe Yehova abona ko kibereye. Mu bijanye no kwipfuza kuba umukurambere, igihambaye si ico jewe nshaka canke nipfuza kuba. Ico nshaka coshobora kuba atari co Yehova abona ko nkeneye.”

Nimba wipfuza gukora igikorwa ciza co kuba umucungezi mukirisu umusi uri izina, nurondere gushikira iryo banga mu kugira ico uterereye kugira ishengero rigire agahimbare. Nimba ubona umenga igihe kibaye kirekire, niwirinde kwiganyira no kurambirwa. Umwe Raymond twamaze kuvuga, agira ati: “Guhahamira ubukuru bituma umuntu adahimbarwa. Abantu bamana amaganya barahomba umunezero mwinshi uva ku gukorera Yehova.” Nutsimbataze bimwe bishitse icamwa c’impwemu y’Imana, na canecane ukwihangana. Niwihatire kuryohora kamere yawe y’ivy’impwemu biciye ku kwiga Ivyanditswe. Nurushirize kugira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza no mu kwigisha Bibiliya abashimishijwe. Nuje imbere umuryango wawe mu bikorwa vy’impwemu no mu gusenga kwo mu muryango. Akaryo kose uronse ko kuba kumwe n’abavukanyi n’abavukanyikazi bawe ntukagishe. Uko ugenda ugana kw’ihangiro ryawe, uzohimbarwa n’ivyo uriko urakora mu kurindira ko urishikako.

Kwihatira gushitsa ibisabwa kugira uterwe uduteka mw’ishengero ni akaryo keza Yehova atanga. Ntiyipfuza ko abarondera gushikira amabanga bahagarika umutima canke badahimbarwa mu murimo bamurangurira, eka n’ishirahamwe ryiwe nta vyo ryipfuza. Imana irashigikira ikongera igahezagira abayisukurira bose babitumwe n’imvo zityoroye. Nk’uko biri ku mihezagiro yose Imana itanga, “nta mubabaro [i]wongerako.”Imig. 10:22.

Naho woba umaze igihe urondera gushikira ibanga, urashobora kuguma ugira iterambere ryiza mu vy’impwemu. Uko wihatira gutsimbataza kamere zikenewe kandi ugakora ugatama mw’ishengero utibagiye n’umuryango wawe, uzokora ibintu mu murimo wa Yehova bitazokwigera vyibagirwa. Ese gukorera Yehova vyokwama biguhimbara mu gikorwa ico ari cose uhabwa.

^ ing. 2 Muri iki kiganiro si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

^ ing. 8 Ingingo ngenderwako ziri muri iki kiganiro zirerekeye n’abipfuza kuba abakozi b’ishengero. Ibisabwa bategerezwa gushitsa biri muri 1 Timoteyo 3:8-10, 12, 13.