Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Kubera iki twosenga dusaba yuko Ubwami bw’Imana buza?

Woba ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’Ubwami bw’Imana n’ico buzokora?

Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru. Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga basaba yuko bwoza kubera yuko ari bwo buzotuma kw’isi hasubira kuba ubugororotsi n’amahoro. Nta ntwaro y’abantu n’imwe ishobora gukuraho ubugizi bwa nabi, akarenganyo canke indwara ubutakigaruka. Ariko Ubwami bw’Imana bwobwo burashobora kubikuraho kandi buzobikora. Yehova Imana yaragenye Umwana wayo Yezu ngo abe Umwami w’ubwo Bwami. Yaragenye kandi umugwi w’abayoboke ba Yezu kugira ngo bazofadikanye na we kuganza muri ubwo Bwami.Soma Luka 11:2; 22:28-30.

Vuba Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho abantu bose barwanya ubutegetsi bwayo. Igihe rero dusenga dusaba ko Ubwami bw’Imana buza, tuba turiko dusaba ko iyo ntwaro y’Imana yoza igasubirira intwaro z’abantu.Soma Daniyeli 7:13, 14; Ivyahishuwe 11:15, 18.

Kubera iki Ubwami bw’Imana buri n’ico buzomarira abantu?

Yezu ni Umwami abikwiye kubera yuko ari umunyempuhwe. Kubera ko ari Umwana w’Imana, arafise kandi ububasha bwo gufasha abantu bose bitura Imana ngo ibafashe.Soma Zaburi 72:8, 12-14.

Ubwami bw’Imana buzoronsa ivyiza abantu bose basenga ata buryarya basaba ko buza, bakabaho bahuza n’ivyo Imana igomba. Niwamenya ico Bibiliya yigisha ku bijanye n’Ubwami bw’Imana, ntuzokwigera wicuza.Soma Luka 18:16, 17; Yohani 4:23.