Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Yezu yoba vy’ukuri yarazuye abantu?

Yezu yarazuye Lazaro, uwari amaze imisi ine apfuye

Bibiliya iratomora yuko Yezu yazuye abapfuye. Inkuru zibivuga si imigani. Ziradomako igihe vyabereye be n’aho vyabereye. Nk’akarorero, mu ci ryo mu mwaka wa 31 Inyuma ya Kristu, Yezu yaravuye i Kaperinawumu aja i Nayini aherekejwe n’isinzi rinini. Bahashitse, bahasanze irindi sinzi ry’abantu. Aho i Nayini, Yezu yarazuye umuntu. Ivyo urashobora kuvyemera kubera ko bivugwa mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya, bikaba kandi vyabaye abo bantu bose babona.Soma Luka 7:11-15.

Yezu yarazuye n’umugenzi wiwe Lazaro yari amaze imisi ine apfuye. N’iyo nkuru urashobora kuyemera kubera ko hari abantu benshi biboneye ingene Yezu yamuzuye.Soma Yohani 11:39-45.

Kubera iki Yezu yazuye abantu?

Yezu yazuye abantu abitumwe n’impuhwe. Vyongeye, yashaka kwerekana yuko Se wiwe, ari na we yaremye abantu, yamuhaye ububasha bwo kuzura abapfuye.Soma Yohani 5:21, 28, 29.

Kuba Yezu yarazuye abantu biratuma twizigira ivyo yasezeranye ko azokora muri kazoza. Azozura abantu benshi, harimwo n’abantu batakoze ibigororotse kubera batari bazi ivyerekeye Imana y’ukuri. Abo bantu bazohabwa akaryo ko kumenya Yehova Imana no kwerekana ko bamukunda.Soma Ivyakozwe 24:15.