Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Izuka rya Yezu ritumariye iki?

Izuka rya Yezu ritumariye iki?

“Yazuwe.”MAT. 28:6.

1, 2. (a) Ni igiki indongozi z’idini zimwezimwe zashaka kumenya, kandi Petero yishuye gute? (Raba ishusho itangura.) (b) Umutima rugabo Petero yagaragaje ico gihe yawukuye hehe?

HACIYE imisi mikeyi Yezu apfuye, intumwa Petero yarahanganye n’umugwi w’abagabo bateye ubwoba kandi b’inzigo. Zari indongozi zikomeye z’idini ry’Abayuda, zimwe nyene zari zarateguye umugambi wo kwica Yezu. Abo bagabo basavye Petero ngo yisigure. Petero yari yakijije umugabo yavutse ari ikimuga, bakaba bashaka kumenya aho yakuye ububasha bwo gukora ivyo bintu be n’uwari yamutumye kubikora. Intumwa Petero yishuye n’umutima rugabo ati: “Mw’izina rya Yezu Kristu Umunyanazareti, uwo mwebwe mwamanitse mugabo Imana ikamuzura mu bapfuye, biciye kuri uyo [ni] ho uyu muntu ahagaze hano imbere yanyu akomeye.”Ivyak. 4:5-10.

2 Imbere y’aho, Petero yari yarihakanye Yezu incuro zitatu kubera ubwoba. (Mrk. 14:66-72) None uwo mutima rugabo yawukuye hehe igihe yari imbere y’izo ndongozi z’idini? Uretse ko impwemu nyeranda yabigizemwo uruhara ruhambaye, Petero yari yarajijutse cane ko Yezu yari yarazutse. Ni igiki none catuma iyo ntumwa idakekeranya namba ko Yezu yari muzima? Kubera iki na twebwe tudakwiye gukekeranya?

3, 4. (a) Ni bande bazuwe imbere yuko intumwa za Yezu zivuka? (b) Ni bande Yezu yazuye?

3 Ivy’uko abapfuye bosubiye kubaho ntivyari bishasha ku ntumwa za Yezu. Hariho abantu bari barazuwe imbere yuko zivuka. Zari zizi ko Imana yari yarahaye ububasha abahanuzi Eliya na Elisha bwo gukora ibitangaro nk’ivyo. (1 Abm. 17:17-24; 2 Abm. 4:32-37) Hari mbere n’umuntu yazutse igihe ikiziga ciwe cashirwa mu mva kigakora ku magufa ya Elisha. (2 Abm. 13:20, 21) Abakirisu bo mu ntango baremera izo nkuru zo mu Vyanditswe nka kurya nyene twemera ko Ijambo ry’Imana ari ukuri.

4 Birashoboka rwose ko twese twakozwe ku mutima cane no gusoma inkuru zerekeye abantu Yezu yazuye. Igihe yazura umwana w’ikinege w’umupfakazi, uwo mupfakazi abwirizwa kuba yaratangaye cane. (Luka 7:11-15) Ikindi gihe, Yezu yarazuye akigeme k’imyaka 12. Ibaze ukuntu abavyeyi bako bari bamaze igihe bishwe n’intuntu, bagize umunezero bakongera bagatangara igihe kasubira kuba kazima! (Luka 8:49-56) Ibaze kandi ukuntu abari bahari igihe Lazaro yazuka bategerezwa kuba baranezerewe cane bamubonye ariko aratambuka avuye mu mva ari muzima kandi adora!Yoh. 11:38-44.

IGITUMA IZUKA RYA YEZU RYARI IRIDASANZWE

5. Ukuzuka kwa Yezu kwari gutandukaniye he n’ukundi kwose kwabaye imbere y’aho?

5 Intumwa zari zizi yuko ukuzuka kwa Yezu kwari gutandukanye n’ukundi kwose kwari kwarabaye imbere y’aho. Abantu bari barazuwe imbere y’aho, bazukanye umubiri w’inyama n’amaraso kandi bahavuye basubira gupfa. Yezu we yazukanye umubiri w’impwemu utabora. (Soma Ivyakozwe 13:34.) Petero yanditse ko Yezu “yi[shwe] mu mubiri mugabo agirwa muzima mu mpwemu.” Vyongeye, “ari iburyo bw’Imana, kuko yigiriye mw’ijuru; kandi abamarayika n’ubukuru n’ububasha yarabihawe ngo abiganze.” (1 Pet. 3:18-22) Ukundi kuzuka kwose kwabaye imbere y’aho kwari guteye umunezero kandi kwabaye ku gitangaro, mugabo nta na kumwe kwogereranywa n’ico gitangaro c’akatabonetse.

6. Izuka rya Yezu ryafashije gute abigishwa biwe?

6 Izuka rya Yezu ryarafashije cane abigishwa biwe. Ntiyari akiri mu mva nk’uko abansi biwe bavyiyumvira. Yezu yari muzima ari umuntu w’impwemu w’umunyabubasha, kandi nta wundi muntu yari gushobora kumugirira nabi. Izuka ryiwe ryarerekanye ko ari Umwana w’Imana, kandi kuba abigishwa baramenye ico kintu vyatumye intuntu bari bafise ihinduka umunezero mwinshi. Vyongeye, ubwoba bari bafise bwasubiriwe n’umutima rugabo. Iyo Yezu atazuka, umugambi w’Imana ntiworangutse kandi n’inkuru batangaje babigiranye ubutinyutsi nta co yari kuba imaze.

7. Yezu ariko akora iki ubu, kandi ni ibibazo ibihe bica bivyuka?

7 Twebwe abasavyi ba Yehova turazi neza yuko Yezu atari umuntu ahambaye gusa. Ubu ni muzima kandi ariko arayobora igikorwa cerekeye abantu bose bo kw’isi. Kubera ko Yezu Kristu ari Umwami aganza Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, vuba azotyorora isi ayikureko ububisha, ayihindure Iparadizo abantu bazobako ibihe vyose. (Luka 23:43) Ivyo ntivyoshobotse iyo Yezu atazuka. Ni ibiki none bituma twemera ko yazuwe? Izuka ryiwe ritumariye iki vy’ukuri?

UBUBASHA YEHOVA AFISE KU RUPFU

8, 9. (a) Kubera iki indongozi z’idini ry’Abayuda zasavye ko imva ya Yezu irindwa? (b) Vyagenze gute igihe ba bagore baja ku mva?

8 Yezu amaze kwicwa, abaherezi bakuru n’Abafarizayo baragiye kwa Pilato, bamubwira bati: “Mutungwa, twibutse yuko wa muhumvyi yavuze akiri muzima ngo: ‘Inyuma y’imisi itatu nzozurwa.’ Tegeka rero barinde imva gushika ku musi ugira gatatu, kugira abigishwa biwe ntibahave baza ngo bamwibe, bakabwira abantu ngo: ‘Yarazuwe mu bapfuye!’, kandi ubwo buhumvyi bwa nyuma buzoba bubi kuruta ubwa mbere.” Pilato ababwira ati: “Abarinzi murafise. Genda muyirinde uko muvyumva.” Ivyo nyene ni vyo bakoze.Mat. 27:62-66.

9 Ikiziga ca Yezu cari cashizwe mu mva ikorogoshowe mu gitandara yugajwe ikibuye kinini. Aho ni ho indongozi z’idini ry’Abayuda zashaka ko Yezu aguma ibihe vyose. Yehova we ntiyabona na gato ibintu muri ubwo buryo. Igihe Mariya Magadalena na Mariya wundi baza ku mva ku musi ugira gatatu, basanze ca kibuye catembagajwe, umumarayika acicayeko. Nya mumarayika yabwiye abo bagore ngo barabe mu mva kugira bibonere ko igaragara. Nya mumarayika yavuze ati: “Nta wuri ng’aha, kuko yazuwe.” (Mat. 28:1-6) Emwe, Yezu yari muzima!

10. Ni ibimenyamenya ibihe Paulo yatanze vyerekana ko Yezu yazutse?

10 Ivyabaye mu misi 40 yakurikiye, vyarerekanye neza ko Yezu yari yazutse. Mu kuvuga muri make ibijanye n’ivyo bimenyamenya, intumwa Paulo yandikiye Abakorinto ati: “Mu bintu vya mbere nabahereje, harimwo ico nanje nahawe, yuko Kristu yapfuye ku bw’ibicumuro vyacu nk’uko Ivyanditswe bivuga; kandi yuko yahambwe, egome, yuko yazuwe ku musi ugira gatatu nk’uko Ivyanditswe bivuga; be n’uko yiyeretse Kefa, hanyuma bamwe cumi na babiri. Inyuma y’ivyo yiyeretse bene wacu barenga amajana atanu icarimwe, benshi muri bo bakaba bakiriho n’ubu, mugabo bamwe barasinziriye mu rupfu. Mu nyuma yariyeretse Yakobo, maze yiyereka intumwa zose; mugabo inyuma ya bose, nanje yaranyiyeretse nk’aho yiyeretse uwavutse atageze.”1 Kor. 15:3-8.

IGITUMA TWEMERA KO YEZU YAZUTSE

11. Ni mu buryo ki izuka rya Yezu ryabaye “nk’uko Ivyanditswe bivuga”?

11 1. Yazutse “nk’uko Ivyanditswe bivuga.” Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze ibijanye n’iryo zuka. Nk’akarorero, Dawidi yanditse yuko “intahemuka” nyamukuru y’Imana itogumijwe mu mva. (Soma Zaburi 16:10.) Kuri Pentekoti yo mu 33 Inyuma ya Kristu, intumwa Petero yarerekeje ubwo buhanuzi kuri Yezu, ati: “[Dawidi] yabonye imbere y’igihe ivyerekeye izuka rya Kristu yongera aravuga ivyaryo, yuko atahebewe mu kuzimu canke ngo umubiri wiwe ubone ukubora.”Ivyak. 2:23-27, 31.

12. Ni bande babonye Yezu yazutse?

12 2. Hariho intahe yashinzwe n’ivyabona vyinshi. Yezu uwari yazutse, yaramaze imisi 40 yiyereka abigishwa biwe mw’itongo imva yiwe yarimwo, ku nzira ija i Emawusi be n’ahandi. (Luka 24:13-15) Muri ivyo bihe, yaravugana n’abantu, umwumwe ukwiwe harimwo na Petero, canke akavugana na bo mu mugwi. Igihe kimwe mbere yariyeretse isinzi ry’abantu barenga 500! Intahe yashinzwe n’abantu benshi gutyo ntawoyihakana.

13. Umwete abigishwa bari bafise werekanye gute ko bemera badakeka yuko Yezu yari yarazutse?

13 3. Umwete abigishwa biwe bagaragaje mu kubitangaza. Kuba barashinze intahe n’umwete ko Kristu yari yarazutse, vyatumye bahamwa, barashikirwa n’imibabaro bongera baricwa. Iyo Yezu ataba yarazutse, Petero yoba yari kwirirwa arashira ubuzima bwiwe mu kaga abwira indongozi z’idini ko Kristu yazutse, uzi n’ingene zanse Yezu urunuka zikongera zikamwicisha? Petero n’abandi bigishwa baremera badakeka ko Yezu yari muzima be n’uko yariko arayobora igikorwa Imana yashaka ko kirangurwa. Vyongeye, izuka rya Yezu ryarakuye amazinda abayoboke biwe yuko na bo nyene bozutse. Nk’akarorero, Sitefano yapfuye yizigiye ko hobaye izuka ry’abapfuye.Ivyak. 7:55-60.

14. Kubera iki wemera ko Yezu ari muzima?

14 4. Turafise ikimenyamenya c’uko ubu aganza ari Umwami be n’uko ari Umutwe w’ishengero rya gikirisu. Ubukirisu bw’ukuri bubandanya gusagamba. Ivyo none vyoba vyari gushoboka iyo Yezu ataba yarazutse? Nkako, hari aho tutari kwigera twumva ibimwerekeye iyo atazuka. Mugabo turafise imvo zumvikana zo kwemera ko Yezu ari muzima be n’uko ariko aratuyobora uko twamamaza hose inkuru nziza.

ICO IZUKA RYA YEZU RITUMARIYE

15. Kubera iki izuka rya Yezu rituma tugira umutima rugabo wo kwamamaza?

15 Izuka rya Kristu rituma tugira umutima rugabo wo kwamamaza. Abansi b’Imana baramaze imyaka 2.000 bakoresha ibirwanisho vy’ubwoko bwose kugira ngo bahagarike inkuru nziza: Barakoresheje ubuhuni, baradutyekeza, baratugirira nabi bakoresheje imigwi y’inkozi z’ikibi, barahagarika igikorwa cacu, baradusinzikariza ubuzima bongera barica bamwe muri twebwe. Yamara, ‘nta kirwanisho na kimwe cacuriwe kuturwanya’ cahagaritse igikorwa cacu co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. (Yes. 54:17) Ntidutinya abakozi ba Shetani. Yezu ari kumwe natwe kandi aradushigikira nk’uko nyene yabisezeranye. (Mat. 28:20) Nta mvo n’imwe dufise yo gutinya, kuko naho abansi bacu boraramwo batazokwigera batunumya.

Izuka rya Yezu rituma tugira umutima rugabo wo kwamamaza (Raba ingingo ya 15)

16, 17. (a) Izuka rya Yezu ryemeza gute ivyo yigishije? (b) Twisunze ibivugwa muri Yohani 11:25, ni ububasha ubuhe Imana yahaye Yezu?

16 Izuka rya Yezu riremeza ivyo yigishije vyose. Paulo yanditse ko iyo Yezu atazuka, ukwizera kw’abakirisu be n’igikorwa cabo co kwamamaza vyobaye ari impfagusa. Umuhinga mu vya Bibiliya umwe yanditse ko nka hamwe Kristu yoba atazutse, abakirisu boca baba ibipfu vyemera ikinyoma kitagira izina. Iyo Yezu atazuka, inkuru zo mu Njili zociye ziba gusa inkuru ibabaje yerekeye umuntu mwiza w’inkerebutsi yishwe n’abansi biwe. Mugabo rero Kristu yarazutse, biba vyemeje ko ivyo yigishije vyose ari ukuri, harimwo n’ivyo yavuze ku vyerekeye kazoza.Soma 1 Abakorinto 15:14, 15, 20.

17 Yezu yavuze ati: “Ni jewe zuka n’ubuzima. Uwunyizera, naho yopfa, azoba muzima.” (Yoh. 11:25) Ayo majambo akora ku mutima azoranguka ata kabuza. Yehova ntiyahaye gusa Yezu ububasha bwo kuzura abazoba mw’ijuru, ariko kandi yaramuhaye n’ubwo kuzura abantu amamiliyoni bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera. Inkuka Yezu yatanze be n’izuka ryiwe biremeza ko urupfu rutazokwongera kubaho. None kumenya ivyo bintu ntibituma urushiriza kwihanganira ikigeragezo cose cogushikira ukemera mbere no gupfa ubigiranye umutima rugabo?

18. Izuka rya Yezu ridukura amazinda ku biki?

18 Izuka rya Yezu riradukura amazinda ko ababa kw’isi bazocirwa urubanza hisunzwe ingingo mfatirwako za Yehova ziranga urukundo. Paulo yabwiye umugwi w’abagabo n’abagore b’i Atene ha kera, ati: “[Imana yara]shinze umusi aho izocira urubanza isi mu bugororotsi ikoresheje umuntu yashizeho, kandi yarahaye abantu bose ikimenyamenya mu kuba yaramuzuye mu bapfuye.” (Ivyak. 17:31) Yezu ni we Mucamanza yagenywe n’Imana, kandi turashobora kwizigira tudakeka yuko azoca imanza zibereye kandi ziranga urukundo.Soma Yesaya 11:2-4.

19. Kwemera ko Yezu yazutse bidufasha gute?

19 Kwemera ko Yezu yazutse biratuma dukora ivyo Imana igomba. Iyo atatwitangira ngo apfe hanyuma azuke, twogumye mu gihano c’igicumuro n’urupfu. (Rom. 5:12; 6:23) Iyo Yezu atazuka, twokwivugiye duti: “Twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa.” (1 Kor. 15:32) Ariko rero aho kubaho twinezereza gusa, turaha agaciro icizigiro c’izuka, kandi turafise imvo yumvikana yo gukurikiza ubuyobozi Yehova atanga muri vyose.

20. Izuka rya Yezu ryerekana gute ko Imana ihambaye?

20 Izuka rya Yezu ni ikimenyamenya gikomeye c’uko Yehova ari Imana ihambaye “ihemba abayironderana ubwira.” (Heb. 11:6) Yehova yarakoresheje ububasha n’ubukerebutsi bikomeye mu kuzura Yezu kugira amuhe ubuzima budapfa mw’ijuru! Vyongeye, Imana yaragaragaje ubushobozi ifise bwo gushitsa ivyo yasezeranye vyose. Aho harimwo umuhango Imana yari yaratanze w’uko “uruvyaro” rudasanzwe rworanguye uruhara ruhambaye mu kwishura ca kibazo c’uwukwiye kuba Segaba w’ibiriho vyose. Kugira uwo muhango uranguke, vyasavye ko Yezu apfa hanyuma akazurwa.Ita. 3:15.

21. Ukwiye kubona gute icizigiro c’izuka?

21 Ntukwiye none gukengurukira Yehova, we yaduhaye icizigiro ntakekeranywa c’izuka? Ivyanditswe bidukura amazinda biti: “Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba ibisata vyayo. Kandi Imana ubwayo izobana na bo. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.” Ico cizigiro ciza igitangaza carahawe ya ntumwa Yohani y’intahemuka, uwabwiwe ati: “Andika, kuko aya majambo ari ayo kwizigirwa n’ay’ukuri.” Ni nde none yahishuriye Yohani ayo majambo yahumetswe? Yayahishuriwe na Yezu Kristu uwari yarazutse.Ivyah. 1:1; 21:3-5.