Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Abantu Imana yabo ari Yehova”

“Abantu Imana yabo ari Yehova”

“Hahiriwe abantu Imana yabo ari Yehova!”ZAB. 144:15.

1. Abantu bamwebamwe biyumvira iki ku bijanye n’uko Imana yoba ifise igisata kw’isi?

ABANTU benshi muri iki gihe baremera vy’ukuri ko amadini makurumakuru, yaba ayitwa aya gikirisu canke ayatari aya gikirisu, ata kintu kinini amariye abantu. Bamwebamwe baremera yuko abari muri ayo madini bavuga Imana uko itari biciye ku nyigisho zabo no ku ngeso zabo, ikaba rero idashobora kubemera. Ariko rero, bemera ko mu madini yose hariho abantu b’inziraburyarya be n’uko Imana ibabona kandi ikemera ko ari abasavyi bayo bo kw’isi. Babona ko bidakenewe yuko abo bantu bava muri ayo madini y’ikinyoma ngo basenge Imana bagize igisata gitandukanye n’ibindi. None Imana yoba ari ukwo ibibona? Nimuze turabe inyishu y’ico kibazo mu kwiheza ibintu bimwebimwe bivugwa muri Bibiliya vyagiye birashikira abasavyi ba Yehova b’ukuri.

IGISATA CAGIRANIYE ISEZERANO N’IMANA

2. Ni bande babaye igisata ca Yehova, kandi ni igiki cabatandukanya n’ibindi bisata? (Raba ishusho itangura.)

2 Mu ntango z’ikinjana ca 20 Imbere ya Kristu, Yehova yari afise kw’isi igisata gitandukanye n’ibindi. Aburahamu, uwitwa “se w’abari n’ukwizera bose,” yari serugo w’umuryango ugizwe n’abantu amajana. (Rom. 4:11; Ita. 14:14) Abategetsi b’i Kanani babona ko yari “umukuru” kandi baramwubaha. (Ita. 21:22; 23:6.) Yehova yaragiraniye isezerano na Aburahamu be n’abomukomotseko. (Ita. 17:1, 2, 19) Imana yabwiye Aburahamu iti: “Iri ni ryo sezerano ryanje muzogumya, hagati yanje namwe, mbere n’uruvyaro rwawe mu nyuma zawe: Uw’igitsina-gabo wese wo muri mwebwe abwirizwa kugenyerwa. . . . Kandi ivyo bizoba ikimenyetso c’isezerano hagati yanje namwe.” (Ita. 17:10, 11) Aburahamu n’abantu bose b’igitsina-gabo bo mu rugo rwiwe baciye bagenyerwa. (Ita. 17:24-27) Ukugenyerwa cari ikimenyetso co ku mubiri cerekana ko abakomoka kuri Aburahamu ari bo bonyene bagize igisata cari gifitaniye isezerano na Yehova.

3. Vyagenze gute ngo abakomoka kuri Aburahamu bacike igisata?

3 Umwuzukuru wa Aburahamu ari we Yakobo canke Isirayeli, yari afise abahungu 12. (Ita. 35:10, 22b-26) Abo bohavuye baba ba sekuruza b’imiryango 12 ya Isirayeli. (Ivyak. 7:8) Ikigoyi carateye, Yakobo n’urugo rwiwe baca bahungira mu Misiri. Ng’aho, umwe mu bahungu biwe ari we Yozefu yari yarabaye umutegetsi ajejwe gutanga ibifungurwa kwa Farawo, aba n’umuhanuzwajambo wiwe. (Ita. 41:39-41; 42:6) Abakomoka kuri Yakobo baragwiriye cane baba “ishengero ry’ibisata vy’abantu.”Ita. 48:4; soma Ivyakozwe 7:17.

IGISATA IMANA YAHABUJE

4. Abakomoka kuri Yakobo be n’Abanyamisiri babana gute mu ntango?

4 Abakomoka kuri Yakobo baramaze ibinjana bibiri birenga gatoyi mu Misiri, mu karere k’ishamikiro ry’Uruzi Nili kitwa Gosheni. (Ita. 45:9, 10) Biboneka ko bamaze hafi igice c’ico kiringo babana n’Abanyamisiri mu mahoro, bibera mu bisagara bitobito bongera baragira imikuku n’amasho vyabo. Bari barakiranywe igishika na Farawo, uwari azi Yozefu kandi akamushima. (Ita. 47:1-6) Naho Abanyamisiri basuzugura cane abakora akazi ko kuragira intama, babwirijwe kwemera kubana n’Abisirayeli.Ita. 46:31-34.

5, 6. (a) Ivyerekeye igisata c’Imana vyahindutse gute mu Misiri? (b) Musa yarokotse gute, kandi Yehova yakoreye iki igisata ciwe cose?

5 Mugabo ivyerekeye igisata c’Imana vyahavuye bihinduka bimwe bitangaje. Bibiliya ivuga iti: “Mu nyuma hahaguruka umwami mushasha aganza Misiri, atari azi Yozefu. Maze atangura kubwira abantu biwe ati: ‘Ehe raba! Bene Isirayeli ni benshi kandi barakomeye kuturusha.’ Ku bw’ivyo Abanyamisiri bakoresha bene Isirayeli nk’abashumba, mu mukazo. Baguma batuma ubuzima bwabo buba umururazi mu kubakoresha ibikorwa vy’ubushumba biruhisha vyo guponda ubudongo bw’ibumba no kubumba amatafari, no mu kubakoresha ibikorwa vy’ubushumba vy’ubwoko bwose mu matongo, emwe, ibikorwa vy’ubushumba vy’ubwoko bwose babakoreshamwo ari abashumba, mu mukazo.”Kuv. 1:8, 9, 13, 14.

6 Farawo yaranategetse ko abana b’igitsina-gabo bose b’Abaheburayo bicwa bakivuka. (Kuv. 1:15, 16) Muri ico gihe nyene ni ho Musa yavutse. Igihe yari amaze amezi atatu, nyina wiwe yaramunyegeje mu marenga yo ku Ruzi Nili, aho umukobwa wa Farawo yamutoye. Mu nyuma yaciye amugira nk’umwana wiwe. Mu myaka yiwe ya mbere, Musa yaragize amahirwe arerwa na nyina wiwe w’umwizigirwa Yokebedi, maze acika umusavyi wa Yehova w’intahemuka. (Kuv. 2:1-10; Heb. 11:23-25) Yehova ‘yarabonye’ imibabaro abasavyi biwe barimwo maze afata ingingo yo kubakura mu Misiri barongowe na Musa. (Kuv. 2:24, 25; 3:9, 10) Bahavuye rero bacika igisata Yehova “[y]ahabuje.”Kuv. 15:13; soma Gusubira mu vyagezwe 15:15.

IGISATA CACITSE IHANGA

7, 8. Igisata ca Yehova cacitse gute ihanga ryeranda?

7 Naho Yehova atari bwatunganye Abisirayeli ngo babe ihanga, yabafata nk’igisata ciwe. Ni co gituma yategetse Musa na Aroni ngo babwire Farawo bati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli yavuze: ‘Rekura abantu banje, baje kumpimbariza umusi mukuru mu gahinga.’ ”Kuv. 5:1.

8 Kugira Abisirayeli bakurwe mu gahahazo k’Abanyamisiri, vyasavye ko Imana irungika ivyago cumi yongera iratikiza Farawo n’ingabo ziwe mu Kiyaga Gitukura. (Kuv. 15:1-4) Hataraca n’amezi atatu, Yehova yaragiraniye isezerano n’Abisirayeli ku Musozi Sinayi maze abaha umuhango w’intibagirwa ugira uti: “Nimwagamburuka vy’ukuri ijwi ryanje kandi mukagumya koko isezerano ryanje, muzocika rero inyegu yanje idasanzwe mu bindi bisata vyose, . . . ihanga ryeranda.”Kuv. 19:5, 6.

9, 10. (a) Twisunze ibivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 4:5-8, Itegeko ryatandukanya gute Abisirayeli n’ayandi mahanga? (b) Abisirayeli bari kwerekana gute ko bagize “igisata ceranda kuri Yehova”?

9 Igihe Abaheburayo bari mu Misiri bataracika abashumba, bari batunganijwe mu miryango itwarwa n’abakuru bayo, ni ukuvuga ba sekuruza b’imiryango. Abo bakuru b’imiryango, cokimwe n’abasavyi ba Yehova babayeho imbere yaho, bari abatware, abacamanza n’abaherezi mu ngo zabo. (Ita. 8:20; 18:19; Yobu 1:4, 5) Ariko rero Yehova abicishije kuri Musa, yarahaye Abisirayeli amategeko yobatandukanije n’ayandi mahanga yose. (Soma Gusubira mu vyagezwe 4:5-8; Zab. 147:19, 20.) Itegeko ryarashizeho ubuherezi buri ukwabwo, imanza na zo zigacibwa n’ “abagabo b’inararibonye” bubahwa kubera ubumenyi n’ubukerebutsi bwabo. (Gus. 25:7, 8) Iryo Tegeko ryaraha nya hanga rishasha ubuyobozi bujanye n’ugusenga kwabo be n’ubuzima bwabo bwa misi yose.

10 Imbere gato y’uko Abisirayeli binjira mu Gihugu c’isezerano, Yehova yarabasubiriyemwo amategeko yiwe. Musa yababwiye ati: “Yehova na we uno musi aguteye kuvuga ko uzocika igisata ciwe, inyegu idasanzwe, nk’uko yabigusezeraniye, be n’uko uzokwubahiriza amabwirizwa yiwe yose, kandi ko azogushira hejuru cane y’ayandi mahanga yose yaremye, bivemwo ishemezo, izina ryiza n’ubwiza, niwerekana ko uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe.”Gus. 26:18, 19.

BA KAVAMAHANGA BAREMERERWA KUJA MU GISATA C’IMANA

11-13. (a) Ni bande bifatanije n’igisata Imana yitoranirije? (b) Ni igiki uwutari Umwisirayeli yashobora kugira mu gihe yaba yipfuza gusenga Yehova?

11 Naho ico gihe Yehova yari afise ihanga yitoranirije kw’isi, ntiyabujije abatari Abisirayeli kuba mu gisata ciwe. Yararetse “uruvange runini rw’abantu” batari Abisirayeli, harimwo n’Abanyamisiri, barakurikira igisata ciwe igihe yabarokora abakuye mu Misiri. (Kuv. 12:38) Igihe icago kigira indwi catera, bamwe “mu basavyi ba Farawo” baratinye ivyo Yehova yavuze, kandi nta gukeka ko bari muri rwa ruvange rw’abantu bavanye n’Abisirayeli mu Misiri.Kuv. 9:20.

12 Gatoyi imbere y’uko Abisirayeli bajabuka Yorodani kugira bigarurire igihugu ca Kanani, Musa yababwiye ko “[ba]tegerezwa gukunda kavamahanga” aba muri bo. (Gus. 10:17-19) Ico gisata Imana yari yaritoranirije cabwirizwa kwemera kubana na kavamahanga uwo ari we wese yemera abikunze gukurikiza amategeko nyamukuru, nka ya mabwirizwa cumi Musa yabashikiriza. (Lew. 24:22) Ba kavamahanga bamwebamwe baracika abasavyi ba Yehova, bakabona ibintu nka wa Munyamowabukazi Rusi, uwabwiye Umwisirayelikazi Nawomi ati: “Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje.” (Rusi 1:16) Abo ba kavamahanga baca baba abinjiye idini ry’Abayuda, ab’igitsina-gabo bakaba babwirizwa kugenyerwa. (Kuv. 12:48, 49) Yehova yarabemerera kuba mu bagize igisata yitoranirije.Guh. 15:14, 15.

Abisirayeli barakunda ba kavamahanga (Raba ingingo ya 11-13)

13 Igihe urusengero rwa Salomo rwegurirwa Yehova, isengesho Salomo yatuye rirerekana ko Yehova yatonesha abasavyi biwe batari Abisirayeli. Yasenze ati: “Kandi n’umunyamahanga, atari uwo mu bantu bawe Isirayeli, azoza koko avuye mu gihugu ca kure kubera izina ryawe rihambaye n’ikiganza cawe gikomeye be n’ukuboko kwawe kuramvuye, akaza koko gusenga yerekeje kuri iyi nzu, wewe ubwawe uze rero wumvirize uri mu majuru, uri ahantu hashimangiye uba, maze ukore wisunze ivyo uwo munyamahanga azoba aguhamagariye vyose; kugira ngo ibisata vyo kw’isi vyose bimenye izina ryawe kandi bigutinye, nk’uko igisata cawe Isirayeli kigutinya, kandi bimenye yuko izina ryawe ryambarijwe kuri iyi nzu nubatse.” (2 Ngo. 6:32, 33) Nk’uko vyari bikiri mu gihe ca Yezu, uwutari Umwisirayeli wese yaba yipfuza gusenga Yehova yarashobora kwifatanya n’igisata cagiraniye isezerano n’Imana.Yoh. 12:20; Ivyak. 8:27.

IHANGA RY’IVYABONA

14-16. (a) Ni kubera iki vyari vyitezwe ko Abisirayeli baba ihanga ry’ivyabona vya Yehova? (b) Igisata ca Yehova co mu gihe ca none gitegerezwa gukora iki?

14 Abisirayeli basenga Imana yabo Yehova, ayandi mahanga na yo agasenga imana zayo. Mu gihe c’umuhanuzi Yesaya, Yehova yagereranije ivyo kw’isi n’urubanza ruri imbere ya sentare. Yehova yategetse imana z’ayo mahanga ngo zizane ivyabona vyemeza ko ari imana vy’ukuri. Yavuze ati: “Amahanga yose nakoranire hamwe mu kibanza kimwe, n’imiryango y’amahanga nikoranire hamwe. Muri bo ni nde ashobora kubivuga? Canke, mbega botwumvisha ivya mbere? Nibazane ivyabona vyabo, kugira bitwe abagororotsi, canke na ho bumve maze bavuge bati: ‘Ni ukuri!’ ”Yes. 43:9.

15 Izo mana z’amahanga ntizashoboye gutanga ikimenyamenya na kimwe c’uko ari imana vy’ukuri. Vyari ibigirwamana gusa bidashobora kuvuga, bikeneye kuza biraterurwa. (Yes. 46:5-7) Yehova wewe yabwiye igisata ciwe Isirayeli ati: “Muri ivyabona vyanje, . . . mbere umusavyi wanje natoye, kugira ngo mumenye kandi munyizere, no kugira ngo mutegere ko ndi wa wundi nyene. Imbere yanje nta Mana yabumbwe, kandi inyuma yanje nta yigeze ihaba. Jewe—ndi Yehova, kandi uretse jewe nta mukiza ariho. . . . Muri rero ivyabona vyanje, . . . kandi ni jewe Mana.”Yes. 43:10-12.

16 Nka kurya kw’ivyabona mu rubanza, igisata ca Yehova cari gifise agateka ko gushinga intahe yuko ari we Mana yonyene y’ukuri. Yehova yavuze ko ari ‘abantu yibumbiye, ngo badonde ishemezo ryiwe.’ (Yes. 43:21) Bari bagize igisata citirirwa izina ryiwe. Kubera ko Yehova yari yarabahabuje akabakura mu Misiri, vyari vyitezwe ko bashigikira ubusegaba bwiwe imbere y’ibindi bisata vyo kw’isi. Kukaba nkako, babwirizwa kugira umwiyemezo nk’umwe umuhanuzi Mika yahavuye asigira igisata c’Imana co mu gihe ca none. Yavuze ati: “Ibisata vy’abantu vyose bizogendera kimwekimwe cose mw’izina ry’imana yaco; ariko tweho tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu gushika igihe kitagira urugero, egome, ibihe bidahera.”Mika 4:5.

IGISATA CAHEMUTSE

17. Ni mu buryo ki Yehova yabona ko Isirayeli yari ‘umuzabibu wononekaye w’icaduka’?

17 Ikibabaje ni uko Abisirayeli bahemukiye Imana yabo Yehova. Baremeye kwoshwa n’amahanga yasenga imana z’ibiti n’amabuye. Mu kinjana c’umunani Imbere ya Kristu, umuhanuzi Hoseya yanditse ati: “Isirayeli ni umuzabibu uriko urononekara . . . Yagwije ibicaniro vyiwe . . . Umutima wabo wabaye uwiyorobeka; ubu rero bazokwagirwa n’icaha.” (Hos. 10:1, 2) Haciye nk’imyaka 150, Yeremiya yaranditse aya majambo Yehova yabwiye igisata ciwe cari cahemutse, ati: “Naraguteye uri umuzabibu utukura w’indobanurwa, wose ari imbuto nyakuri. None wampindukiye gute imivyaro yononekaye y’umuzabibu w’icaduka? . . . Ziri hehe za mana zawe wihinguriye? Nizihaguruke nimba zishobora kugukiza mu gihe c’ivyago vyawe. . . . Abantu banje bo, baranyibagiye.”Yer. 2:21, 28, 32.

18, 19. (a) Ni gute Yehova yari yaravuze ko yoshizeho igisata gishasha citirirwa izina ryiwe? (b) Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

18 Aho kwama ivyamwa vyiza mu gusenga mu buryo butyoroye no mu kuba ivyabona vya Yehova b’abizigirwa, Abisirayeli bamye ivyamwa biboze mu gusenga ibigirwamana. Ni co gituma Yezu yabwiye indongozi z’idini ry’Abayuda z’indyadya zo mu gihe ciwe ati: “Ubwami bw’Imana muzobwakwa buhabwe ihanga ryama ivyamwa vyabwo.” (Mat. 21:43) Abari mw’ “isezerano rishasha” Yehova yari yaravuze biciye ku muhanuzi Yeremiya, ni bo bonyene bogize iryo hanga rishasha, ni ukuvuga Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. Ku bijanye n’abo Bisirayeli bo mu buryo bw’impwemu boshizwe muri iryo sezerano rishasha, Yehova yari yavuze ati: “Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.”Yer. 31:31-33.

19 Inyuma y’aho Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri ihemukiye, Yehova yaciye agira Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu igisata ciwe mu kinjana ca mbere, nk’uko twamaze kubibona. Ariko none ni bande bagize igisata ciwe kw’isi muri iki gihe? Abantu b’imitima nziraburyarya bashobora gute kwerekana ko ari abasavyi b’Imana b’ukuri? Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira.