Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ubu muri igisata c’Imana”

“Ubu muri igisata c’Imana”

“Kera [ntimw]ari igisata, mugabo ubu muri igisata c’Imana.”1 PET. 2:10.

1, 2. Ni ihinduka irihe ryabaye kuri Pentekoti yo mu 33 Inyuma ya Kristu, kandi ni bande babaye mu bagize igisata gishasha ca Yehova? (Raba ishusho itangura.)

UMUSI wa Pentekoti yo mu 33 Inyuma ya Kristu wabaye uw’intibagirwa muri kahise k’abasavyi ba Yehova bo kw’isi. Harabaye ihinduka rikomeye. Kuri uwo musi, Yehova abicishije ku mpwemu nyeranda yiwe, yaratumye havuka ihanga rishasha, ni ukuvuga Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu ari yo “Isirayeli y’Imana.” (Gal. 6:16) Kuva ico gihe, abasavyi b’Imana ntibosubiye kumenyekanira ku kugenyerwa kwo ku mubiri ku bantu b’igitsina-gabo, nk’uko vyari kuva mu gihe ca Aburahamu. Ahubwo, Paulo yanditse ku bijanye n’uwo ari we wese mu bagize iryo hanga rishasha, ati: “Ukugenyerwa kwiwe ni ukw’umutima biciye ku mpwemu.”Rom. 2:29.

2 Abantu ba mbere babaye mu bagize iryo hanga rishasha ry’Imana ni za ntumwa be n’abandi bigishwa ba Kristu barenga ijana bari bakoraniye mu cumba co hejuru i Yeruzalemu. (Ivyak. 1:12-15) Barasutsweko impwemu nyeranda yatumye baba abana b’Imana bavyawe n’impwemu. (Rom. 8:15, 16; 2 Kor. 1:21) Ivyo vyarerekanye ko rya sezerano rishasha ryari ryatanguye gukora. Kristu ni we yabaye umuhuza muri ryo, amaraso yiwe na yo araryemeza. (Luka 22:20; soma Abaheburayo 9:15.) Abo bigishwa barabaye rero mu bagize iryo hanga rishasha rya Yehova ari co gisata ciwe gishasha. Impwemu nyeranda yaratumye bashobora kwamamaza mu ndimi zitandukanye zavugwa n’Abayuda be n’abinjiye idini ryabo bari baje i Yeruzalemu bavuye hirya no hino mu Nganji y’Uburoma, baje guhimbaza Umusi mukuru w’amayinga w’Abayuda ari yo Pentekoti. Abo bantu barumvise bongera baratahura “ibintu vy’agatangaza vy’Imana” vyariko biramamazwa mu ndimi zabo bwite n’abo bakirisu bavyawe n’impwemu.Ivyak. 2:1-11.

IGISATA GISHASHA C’IMANA

3-5. (a) Ni igiki Petero yabwiye Abayuda ku musi wa Pentekoti? (b) Vyagenze gute ngo rya hanga rishasha rya Yehova risagambe mu myaka yaryo ya mbere?

3 Yehova yarakoresheje intumwa Petero kugira aje imbere mu kuronsa Abayuda be n’abinjiye idini ryabo akaryo ko kuba mu bagize iryo hanga rishasha ryari riherutse kuvuka, ni ukuvuga ishengero rya gikirisu. Ku musi wa Pentekoti, Petero yarabwiye Abayuda abigiranye ubutinyutsi yuko babwirizwa kwemera Yezu, uwo bari “[bara]komereye ku giti,” kubera ko “Imana yamugize Umukama na Kristu.” Igihe iryo sinzi ryabaza ico rikwiye gukora, Petero yishuye ati: “Nimwigaye, kandi umwe wese muri mwebwe abatizwe mw’izina rya Yezu Kristu ku bwo kubabarirwa ibicumuro vyanyu, muzoheza muronke ya ngabirano ya gusa y’impwemu nyeranda.” (Ivyak. 2:22, 23, 36-38) Uwo musi, abantu bashika 3.000 barongewe kuri iryo hanga rishasha rya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. (Ivyak. 2:41) Mu nyuma, igikorwa co kwamamaza izo ntumwa zarangurana umwete carabandanije kuvamwo ivyiza vyinshi. (Ivyak. 6:7) Rya hanga rishasha ryariko rirasagamba.

4 Mu nyuma n’Abasamariya barabwiwe inkuru nziza, kandi barayakiriye neza. Umwamamazanjili Filipo yarabatije abatari bake, ariko ntibaciye baronka impwemu nyeranda. Inama nyobozi y’i Yeruzalemu yararungitse intumwa Petero na Yohani kuri abo Basamariya bari bemeye inkuru nziza, maze “babarambikako ibiganza, hanyuma batangura kuronka impwemu nyeranda.” (Ivyak. 8:5, 6, 14-17) Abo Basamariya baciye na bo nyene baba abo mu bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu barobanujwe impwemu.

Petero yarabwiye inkuru nziza Koruneliyo n’abo mu rugo rwiwe (Raba ingingo ya 5)

5 Mu 36 Inyuma ya Kristu, Petero yarasubiye gukoreshwa kugira aronse abandi akaryo ko kuba mu bagize iryo hanga rishasha rya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. Ivyo vyabaye igihe yabwira inkuru nziza intwazangabo y’Umuroma Koruneliyo ari kumwe n’incuti ziwe n’abagenzi biwe. (Ivyak. 10:22, 24, 34, 35) Bibiliya itwiganira iti: “Petero akiriko aravuga . . . , impwemu nyeranda iza ku [batari Abayuda] bariko barumviriza iryo jambo bose. Abizigirwa bari bazananye na Petero bo mu bagenyerewe barumirwa, kubera ko ingabirano ya gusa y’impwemu nyeranda yariko irasukwa no ku banyamahanga.” (Ivyak. 10:44, 45) Ico gihe rero n’Abanyamahanga batagenyerewe ariko bemera, bari bemerewe kuba mu bagize iryo hanga rishasha rya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu.

“IGISATA KU BW’IZINA RYAYO”

6, 7. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abagize ihanga rishasha bategerejwe kuba “igisata ku bw’izina [rya Yehova],” kandi babigize ku rugero rungana gute?

6 Mu nama abagize inama nyobozi bagize mu 49 Inyuma ya Kristu, umwigishwa Yakobo yavuze ati: “Simeyoni [Petero] yiganye ata co asize inyuma ingene Imana yitayeho amahanga ari bwo bwa mbere ngo iyakuremwo igisata ku bw’izina ryayo.” (Ivyak. 15:14) Ico gisata gishasha citirirwa izina rya Yehova cobaye kirimwo Abayuda n’abatari Abayuda bemera. (Rom. 11:25, 26a) Mu nyuma, Petero yanditse ati: “Kera [ntimw]ari igisata, mugabo ubu muri igisata c’Imana.” Petero yaravuze muri make igikorwa bari bajejwe, ati: “Muri ‘ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda, igisata c’inyegu yiharijwe, kugira ngo mumenyeshe hose kamere z’agahebuza’ z’umwe yabahamagara abakuye mu mwiza akabinjiza mu muco wayo w’agatangaza.” (1 Pet. 2:9, 10) Bategerezwa gushemeza n’ijwi ryumvikana Uwo baserukira kandi bakaninahaza izina ryiwe ku mugaragaro. Bategerezwa gushingira intahe Segaba w’ibiriho vyose Yehova, babigiranye umutima rugabo.

7 Nk’uko vyari bimeze kuri Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri, abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu ni bamwe Yehova yise ngo “abantu nibumbiye, ngo badonde ishemezo ryanje.” (Yes. 43:21) Mu kwerekana ko imana zasengwa ico gihe zose zari iz’ikinyoma, abo bakirisu bo mu ntango baratangaje ko Yehova ari we Mana imwe rudende y’ukuri. (1 Tes. 1:9) Barashingiye intahe Yehova na Yezu “i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.”Ivyak. 1:8; Kol. 1:23.

8. Intumwa Paulo yagabishije gute igisata c’Imana mu kinjana ca mbere?

8 Intumwa Paulo ni umwe mu bantu b’intatinyurukamvye bari bagize ico “gisata ku bw’izina [rya Yehova].” Paulo ahagaze imbere y’abafilozofe b’abapagani, yaraburaniye ubusegaba bwa Yehova adatinya, ati: “Imana yakoze isi n’ibintu vyose biri muri yo, nk’uko Iyo nyene iri, [ni] yo Mukama w’ijuru n’isi.” (Ivyak. 17:18, 23-25) Igihe Paulo yariko arasozera urugendo rwiwe rw’ubumisiyonari rugira gatatu, yaragabishije abagize igisata ku bw’izina ry’Imana ati: “Ndazi yuko ninamara kugenda amabingira y’agahahazo azokwinjira muri mwebwe kandi ntazofatana ikibabarwe ubusho, kandi muri mwebwe ubwanyu hazohaguruka abagabo bavuge ibigoramanze kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.” (Ivyak. 20:29, 30) Ubwo buhuni bwari bwaravuzwe bwahavuye bwigaragaza bimwe biboneka mu mpera y’ikinjana ca mbere.1 Yoh. 2:18, 19.

9. Intumwa zimaze gupfa, ni ibiki vyashikiye “igisata ku bw’izina [rya Yehova]”?

9 Intumwa zimaze gupfa, ubwo buhuni bwaragwiriye buvamwo amadini y’abiyita abakirisu. Aho kuba “igisata ku bw’izina [rya Yehova],” abo bakirisu b’abahuni barakuye izina ry’Imana muri Bibiliya zabo nyinshi. Baratanguye kwisunga imigenzo ya gipagani bongera baratukisha Imana biciye ku nyigisho zabo zidashingiye ku Vyanditswe, ku vyo bita ngo ni intambara nyeranda no ku nyifato yabo y’ubuhumbu. Ku bw’ivyo, Yehova yaramaze ibinjana n’ibindi afise abasavyi b’abizigirwa bari ku rushi hirya no hino kw’isi, mugabo atagira “igisata ku bw’izina [ryiwe]” gitunganijwe.

IGISATA C’IMANA GISUBIRA KUVUKA

10, 11. (a) Ni ibiki Yezu yari yaravuze mu mugani wiwe w’ingano n’icatsi kibi? (b) Umugani wa Yezu warangutse gute inyuma ya 1914, kandi vyavuyemwo iki?

10 Muri wa mugani wa Yezu w’ingano n’icatsi kibi, yaravuze ibijanye n’ijoro ryo mu buryo bw’impwemu ryotumye haba ubuhuni. Yavuze ko “igihe abantu [bobaye] basinziriye,” Shetani yobivye icatsi kibi mu murima Umwana w’umuntu yabivyemwo imbuto z’ingano. Vyompi vyokuranye kugeza ku “nsozero y’ivy’isi.” Yezu yasiguye ko “imbuto nziza” zigereranya “abana b’ubwami” be n’uko “icatsi kibi” ari “abana ba wa mubisha.” Mu gihe c’iherezo, Umwana w’umuntu yorungitse “abashwabuzi” biwe ari bo bamarayika, kugira batandukanye ingano z’ikigereranyo na ca catsi kibi. Abana b’Ubwami bociye begeranywa. (Mat. 13:24-30, 36-43) None ivyo vyarangutse gute, kandi ni gute vyatumye Yehova ashobora kuronka igisata kw’isi?

11 “Insozero y’ivy’isi” yatanguye mu 1914. Igihe intambara yaduka muri uwo mwaka, abakirisu barobanuwe ibihumbi bikeyi ari bo “bana b’ubwami,” bari babohewe mu buryo bw’impwemu muri Babiloni Akomeye. Mu 1919, Yehova yarababohoye, aba yerekanye neza itandukaniro riri hagati yabo na ca “catsi kibi,” ni ukuvuga abiyita abakirisu. Yaregeranirije “abana b’ubwami” mu gisata gitunganijwe, aba ashikije ubuhanuzi bwa Yesaya bugira buti: “Mbega igihugu covyarwa mu bubabare bw’ibise mu musi umwe? Canke, ihanga ryovukira rimwe? Kuko Siyoni yagiye mu bubabare bw’ibise yongera iribaruka abana bayo.” (Yes. 66:8) Siyoni, ni ukuvuga ishirahamwe rya Yehova ry’abamarayika, yaravyaye abana bayo barobanujwe impwemu maze ibagira ihanga.

12. Abarobanuwe berekanye gute ko ari “igisata ku bw’izina [rya Yehova]” muri iki gihe?

12 Nka kumwe nyene kw’abakirisu bo mu ntango, “abana b’ubwami” barobanuwe botegerejwe kuba ivyabona vya Yehova. (Soma Yesaya 43:1, 10, 11.) Babwirijwe rero kuboneka ko batandukanye n’abandi biciye ku nyifato yabo ya gikirisu no ku kuba bamamaza inkuru nziza y’Ubwami “ngo bibe intahe ku mahanga yose.” (Mat. 24:14; Flp. 2:15) Gutyo, barafashije abantu amamiliyoni kugiranira ubucuti bwa hafi na Yehova.Soma Daniyeli 12:3.

“TURAJANA”

13, 14. Kugira abatari Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu basenge Yehova mu buryo bwemewe bategerezwa gukora iki, kandi ni gute ivyo vyari vyaravuzwe muri Bibiliya?

13 Mu kiganiro giheruka twarabonye ko muri Isirayeli ya kera, ba kavamahanga bashobora gusenga Yehova mu buryo bwemewe, ariko rero bagategerezwa kwifatanya n’igisata cagiraniye isezerano na Yehova. (1 Abm. 8:41-43) No muri iki gihe, abatari Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu babwirizwa kwifatanya n’igisata ca Yehova ari bo “bana b’ubwami,” ni ukuvuga Ivyabona vya Yehova barobanuwe.

14 Hari abahanuzi babiri ba kera bari baravuze yuko abantu benshi bosegenyutse kugira basenge Yehova bari kumwe n’igisata ciwe muri iki gihe c’iherezo. Yesaya yavuze ati: “Ibisata vy’abantu vyinshi bizogenda koko, bivuge biti: ‘Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova, ku nzu y’Imana ya Yakobo; izotwigisha inzira zayo, natwe tuzogendera mu minyuro yayo.’ Kuko i Siyoni hazova itegeko, n’i Yeruzalemu hakava ijambo rya Yehova.” (Yes. 2:2, 3) Umuhanuzi Zekariya na we yavuze ati: “Ibisata vy’abantu vyinshi n’amahanga akomeye bizoza koko kurondera Yehova nyen’ingabo i Yeruzalemu no gutakambira Yehova.” Yavuze ko ivyo bisata ari “abantu cumi bo mu ndimi zose z’amahanga” bofashe mu buryo bw’ikigereranyo impuzu y’Umwisirayeli wo mu buryo bw’impwemu, bakavuga bati: “Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.”Zek. 8:20-23.

15. Abo mu “zindi ntama” ‘bajana’ n’Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu mu gikorwa ikihe?

15 Abo mu “zindi ntama” ‘barajana’ n’Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. (Mrk. 13:10) Baracika abo mu gisata c’Imana, bakaba “ubusho bumwe” n’abarobanuwe, bayobowe na wa “mwungere w’agahebuza” Kristu Yezu.Soma Yohani 10:14-16.

NUKINGIRWE WIFATANIJE N’IGISATA CA YEHOVA

16. Ni gute Yehova azotuma haba ikiringo ca nyuma ca ya “makuba akomeye”?

16 Babiloni Akomeye niyamara gutikizwa, hazoca haba igitero simusiga ku gisata ca Yehova. Ico gihe, tuzoba dukeneye gukingirwa na Yehova kugira dushobore kurokoka. Kubera ko ico gitero kizoba ari yo mbarutso y’ikiringo ca nyuma ca ya “makuba akomeye,” Yehova ni we ubwiwe azoyobora ibintu yongere ahitemwo igihe urwo rugamba ruzoberako. (Mat. 24:21; Ezk. 38:2-4) Ico gihe Gogi azogaba igitero ku “gisata c’abantu bakoranirijwe hamwe bakuwe mu mahanga,” ni ukuvuga igisata ca Yehova. (Ezk. 38:10-12) Ico gitero kizoba ari ikimenyetso c’uko Yehova agira ashitse urubanza yaciriye Gogi n’ingabo ziwe. Yehova azoninahaza ubusegaba bwiwe yongere yeze izina ryiwe, kuko avuga ati: “Nzokwininahaza koko . . . mu maso y’amahanga menshi; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.”Ezk. 38:18-23.

Mu gihe ca ya “makuba akomeye,” tuzokenera kuguma twifatanije n’ishengero dukukira (Raba ingingo ya 16-18)

17, 18. (a) Gogi niyagaba igitero ku gisata ca Yehova, ni ubuyobozi ubuhe tuzoronka? (b) Nimba twipfuza gukingirwa na Yehova, dutegerezwa gukora iki?

17 Gogi niyatangura kugaba ico gitero, Yehova azoca abwira abasavyi biwe ati: “Genda, wa gisata canje, winjire mu vyumba vyawe, wugare imiryango yawe inyuma yawe. Niwinyegeze akanya gatoyi gusa gushika imisibo irenganye.” (Yes. 26:20) Muri ico gihe kitoroshe, Yehova azoduha ubuyobozi bwo kuturokora, kandi ivyo “vyumba” hari aho bizoba bifitaniye isano n’amashengero dukukira.

18 Nimba rero twipfuza kuzokingirwa na Yehova mu kiringo c’ayo makuba akomeye, dutegerezwa kumenya ko afise igisata kw’isi kigizwe n’amashengero. Dutegerezwa kubandanya turi ku ruhande rw’igisata ca Yehova kandi tukaguma twifatanije n’ishengero dukukira. Ese twokwifatanya n’umwanditsi w’amazaburi tubigiranye umutima wacu wose mu gutangaza duti: “Ubukiriro ni ubwa Yehova. Umuhezagiro wawe uri ku bantu bawe.”Zab. 3:8.