Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Abakurambere n’abakozi b’ishengero bagenwa gute muri buri shengero?

Mu kinjana ca mbere Inyuma ya Kristu, intumwa Paulo yabwiye abakurambere b’ishengero ry’i Efeso ati: “Mwirinde ubwanyu, murinde n’ubusho bwose, ubwo impwemu nyeranda yabagenyemwo kuba abacungezi, ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’Umwana wayo.” (Ivyak. 20:28) None impwemu nyeranda irangura uruhara uruhe mu bijanye no kugena abakurambere n’abakozi b’ishengero muri iki gihe?

Ubwa mbere, impwemu nyeranda yaratumye abanditsi ba Bibiliya bandika ibisabwa kugira umuntu abe umukurambere canke umukozi w’ishengero. Ibintu 16 bisabwa kugira umuntu abe umukurambere biravugwa muri 1 Timoteyo 3:1-7. Ibindi bintu bisabwa tubisanga mu vyanditswe nka Tito 1:5-9 na Yakobo 3:17, 18. Ibisabwa kugira umuntu abe umukozi w’ishengero biravugwa muri 1 Timoteyo 3:8-10, 12, 13. Ubwa kabiri, abarata bakongera bakagena abo bantu barasenga badomako basaba yuko impwemu ya Yehova ibayobora igihe bihweza nimba umuvukanyi akwije ku rugero runaka ibisabwa n’Ivyanditswe. Ubwa gatatu, uwo barata abwirizwa kuba agaragaza icamwa c’impwemu nyeranda y’Imana mu buzima bwiwe. (Gal. 5:22, 23) Impwemu y’Imana rero irarangura uruhara mu mice yose y’ukwo kugenwa.

Ariko none ni nde vy’ukuri agena abo bavukanyi? Muri kahise, amarata yose ajanye no kugena abakurambere n’abakozi b’ishengero yarungikwa ku biro vy’ishami. Ng’aho, abavukanyi bagenywe n’Inama Nyobozi barahabwa igikorwa co kwihweza ivy’abo baraswe maze bakagena ababereye. Mu nyuma, ibiro vy’ishami vyaca bibimenyesha inama y’abakurambere. Abakurambere na bo baca babimenyesha uwaba aherutse kugenwa, bakamubaza nimba afise umutima ukunze wo kwemera iryo banga be n’uko yoba vy’ukuri akwije ibisabwa. Amaherezo, ishengero ryaca ribimenyeshwa.

Mu kinjana ca mbere, vyarashika intumwa zikagena abantu kanaka. Nk’akarorero zaragenye abagabo indwi kugira bitwararike ivyo guha abapfakazi ibifungurwa ku musi ku musi. (Ivyak. 6:1-6) Ariko rero, ako karorero ntikerekana ko abakurambere n’abakozi b’ishengero na bo nyene bagenwa n’intumwa. Abo bagabo indwi bashobora kuba bari basanzwe ari abakurambere imbere y’uko bashingwa ico kindi gikorwa. None abakurambere n’abakozi b’ishengero bagenwa gute mu kinjana ca mbere?

Naho Ivyanditswe bidasigura ido n’ido ukuntu amagenwa yose yagirwa ico gihe, turabona ibintu bimwebimwe bitwereka ukuntu vyagenda. Tubwirwa ko igihe Paulo na Barunaba bari batashe bavuye ku rugendo rwabo rwa mbere rw’ubumisiyonari, “bagen[ye] abagabo b’inararibonye mw’ishengero rimwerimwe ryose ku bwabo, hanyuma barasenga bashizeko n’ukwisonzesha, babaragiza Yehova uwo bari bemeye.” (Ivyak. 14:23) Haciye imyaka itari mike, Paulo yarandikiye umucungezi w’ingenzi mugenziwe Tito, ati: “Iki ni co catumye ngusiga i Kirete: ni ukugira ngo ukosore ibintu vyari n’agahaze wongere ugene abagabo b’inararibonye mu gisagara no mu kindi, nk’uko nabigutegetse.” (Tito 1:5) Timoteyo na we nyene, uwagiranye ingendo nyinshi n’intumwa Paulo, biboneka ko yahawe ibanga nk’iryo. (1 Tim. 5:22) Biragaragara rero ko ayo magenwa yagirwa n’abacungezi b’ingenzi, aho kugirwa n’intumwa be n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu.

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yisunze utwo turorero two muri Bibiliya, yarahinduye ukuntu abakurambere n’abakozi b’ishengero bagenwa. Guhera ku wa 1 Nyakanga 2014, amagenwa agirwa muri ubu buryo: Umucungezi w’umuzunguruko wese arihweza yitonze amarata yagizwe mu muzunguruko wiwe. Igihe aba ariko aragendera amashengero, aragerageza kumenya abaraswe, agakorana na bo mu busuku bwo mu ndimiro nimba bishoboka. Uwo mucungezi w’umuzunguruko amaze kuyaga n’inama y’abakurambere yo ng’aho ku bijanye n’ayo marata, aba afise ibanga ryo kugena abakurambere n’abakozi b’ishengero mu mashengero yo mu muzunguruko wiwe. Gutyo, ibintu birarushiriza kugirwa nk’uko vyagirwa mu kinjana ca mbere.

Abakurambere hamwe n’umucungezi w’umuzunguruko bariko barihweza ko umuvukanyi kanaka akwije ibisabwa n’Ivyanditswe (Malawi)

Ni bande none bagira uruhara muri ico gikorwa cose? Nk’uko vyamye kuva na kera, wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” afise ibanga nyamukuru ryo kugaburira abakozi bo mu nzu. (Mat. 24:45-47) Aho harimwo ukugira ubushakashatsi mu Vyanditswe abifashijwemwo n’impwemu nyeranda. Abigira kugira atange ubuyobozi bujanye no gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zerekana ukuntu ishengero rikwiye kw’isi yose ritunganijwe. Uwo mushumba wo kwizigirwa aragena kandi abacungezi b’imizunguruko bose be n’abagize Komite z’amashami bose. Ibiro vy’ishami na vyo birafasha mu buryo ngirakamaro mu bijanye no gushira mu ngiro ubuyobozi buba bwatanzwe. Buri nama y’abakurambere ifise ibanga rihambaye ryo kwihweza yitonze ko abavukanyi irata kugira bazezwe amabanga mw’ishengero ry’Imana bakwije ibisabwa n’Ivyanditswe. Buri mucungezi w’umuzunguruko afise ibanga rikomeye ryo kwihweza yitonze kandi abijanisha n’isengesho amarata yagizwe n’abakurambere, agaca agena abagabo bakwije ibisabwa.

Igihe tumenye ukuntu abavukanyi bagenwa, turarushiriza gutahura uruhara impwemu nyeranda irangura muri ico gikorwa. Duca rero turushiriza kwizigira no kwubaha abagenywe mw’ishengero rya gikirisu.Heb. 13:7, 17.

Vya vyabona bibiri bivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 11 ni bande?

Mu Vyahishuwe 11:3 haravugwa ivyabona bibiri bomaze imisi 1.260 bavuga ubuhanuzi. Iyo nkuru ica ivuga ko ca gikoko ‘cobatsinze, kikabica.’ Ariko rero inyuma y’ “imisi itatu n’igice,” ivyo vyabona bibiri bozuwe, ivyo bikaba vyotangaje cane abavyitegereza bose.Ivyah. 11:7, 11.

None ivyo vyabona bibiri ni bande? Ibivugwa muri iyo nkuru biradufasha kumenya abo ari bo. Ubwa mbere, tubwirwa ko “bagereranywa na vya biti vy’imyelayo bibiri na vya bitereko vy’amatara bibiri.” (Ivyah. 11:4) Ivyo biratwibutsa ibitereko vy’amatara be n’ibiti bibiri vy’imyelayo bivugwa mu buhanuzi bwa Zekariya. Bibiliya yavuze ko ivyo biti vy’imyelayo vyagereranya “bamwe babiri barobanujwe amavuta,” ari bo Bulamatari Zerubabeli n’Umuherezi mukuru Yosuwa, “bahagaze iruhande y’Umukama w’isi yose.” (Zek. 4:1-3, 14) Ubwa kabiri, Bibiliya yerekana ko ivyo vyabona bibiri bakora ibimenyetso nk’ivyo Musa na Eliya bakoze.—Gereranya Ivyahishuwe 11:5, 6 na Guharūra 16:1-7, 28-35 be na 1 Abami 17:1; 18:41-45.

None ico canditswe co mu Vyahishuwe n’ico muri Zekariya bihuriye ku ki? Muri kimwekimwe cose, iyo nkuru iravuga ibijanye n’abarobanuwe b’Imana baja imbere mu gusenga kw’ukuri mu gihe kitoroshe c’ibigeragezo. Mw’iranguka rero ry’ibivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 11, abavukanyi barobanuwe bagiye imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza igihe Ubwami bw’Imana bwashingwa mw’ijuru mu 1914, baramaze imyaka itatu n’igice bamamaza “[b]ambaye amagunira.”

Abo barobanuwe bahejeje kwamamaza bambaye amagunira, barishwe mu buryo bw’ikigereranyo igihe batabwa mw’ibohero kugira bamareyo igihe gito, icogereranywa n’imisi itatu n’igice. Abansi b’abo basavyi b’Imana babona yuko igikorwa c’ivyo vyabona cari cishwe canke cahagaritswe, bikaba vyaratumye banezerwa cane.Ivyah. 11:8-10.

Ariko rero nk’uko ubwo buhanuzi bwari bwarabivuze, vya vyabona bibiri barazuwe iyo misi itatu n’igice irangiye. Uretse ko abo barobanuwe bari bakuwe mu mvuto, abagumye ari abizigirwa Imana yarabashinze igikorwa kidasanzwe biciye ku Mukama wabo Yezu Kristu. Mu 1919, bari mu bagenywe ngo babe “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” kugira bitwararike ivyo abasavyi b’Imana bakeneye mu vy’impwemu muri iyi misi ya nyuma.Mat. 24:45-47; Ivyah. 11:11, 12.

Igishimishije ni uko mu Vyahishuwe 11:1, 2 hasanisha ivyo bintu n’igihe urusengero rwo mu buryo bw’impwemu rwagerwa, ari kwo gusuzumwa. Muri Malaki ikigabane ca 3 haravuga isuzuma nk’iryo ry’urusengero rwo mu buryo bw’impwemu, irica rikurikirwa n’igihe co guhumanurwa. (Mal. 3:1-4) None ico gikorwa co gusuzuma no guhumanura camaze igihe kingana iki? Catanguye mu 1914 kirangira mu ntango ya 1919. Ico kiringo kirimwo ya misi 1.260 (amezi 42) hamwe na ya misi itatu n’igice y’ikigereranyo ivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 11.

Ese ukuntu duhimbarwa no kubona Yehova yaratunganije ico gikorwa c’ugutyorora mu buryo bw’impwemu kugira ahumanure igisata kidasanzwe ku bw’ ibikorwa vyiza! (Tito 2:14) Vyongeye, turakenguruka akarorero twasigiwe n’abarobanuwe b’abizigirwa bagiye imbere abandi muri ico gihe c’ibigeragezo, baba babaye vya vyabona bibiri vy’ikigereranyo. *

^ ing. 18 Wipfuza kumenya n’ibindi, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2013, urupapuro rwa 22, ingingo ya 12.