Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe”

“Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe”

Umumenyereza w’umugwi w’umupira w’amaboko kuri kaminuza imwe yarirukanywe kubera ukudacungera ishavu ryiwe.

Umwana arishavuza kubera ataronse ivyo yipfuza.

Inabibondo umwe arashwana n’umuhungu wiwe kubera urwangara rw’aho uwo muhungu arara.

TWESE turamaze kubona umuntu yashavuye, kandi natwe biramaze gushika tugashavura. Turashobora kuba tubona ko ishavu atari ryiza kandi ko dukwiye kuryirinda. Ariko birashika tukabona yuko dufise imvo yumvikana yo gushavura, na canecane igihe tubona ko baturengeye akarimbi. Ishirahamwe rimwe ryo muri Amerika ryitaho amagara yo mu mutwe ryoryo rivuga riti: “Gushavura ni ikintu gisanzwe gishikira bose, kandi kenshi gushavura usanga ari vyiza.”

Ico ciyumviro kirashobora gusa n’icumvikana turavye amajambo intumwa Paulo yanditse ahumekewe n’Imana. Paulo yarerekanye ko bishobora gushika umuntu agashavura. Yavuze ati: “Murake, yamara ntimucumure; izuba ntirirenge mugishavuye.” (Abanyefeso 4:26) Ayo majambo yoba ashaka kwerekana ko dukwiye kureka tugatwarwa n’ishavu canke dukwiye nyabuna gukora ibishoboka vyose tukaricungera?

WOBA UKWIYE GUSHAVURA?

Igihe intumwa Paulo yatanga iyo mpanuro ahumekewe n’Imana, biboneka ko yibuka amajambo yavuzwe n’umwanditsi umwe w’amazaburi, uwanditse ati: “Mute umutwe, ariko ntimucumure.” (Zaburi 4:4) Ariko none ni igiki Paulo yashaka kuvuga? Abandanya asigura ati: “Umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana, bikurwe muri mwebwe, hamwe n’ububi bwose.” (Abanyefeso 4:31) Paulo yariko aremesha abakirisu bagenziwe kwirinda gutwarwa n’ishavu. Birashimishije kubona rya Shirahamwe ryitaho amagara yo mu mutwe ryarongeyeko riti: “Ubushakashatsi bwagizwe bwerekanye yuko gutwarwa n’ishavu bituma urushiriza gushavura no gukara kandi ko ata co bigufasha . . . mu gutorera umuti ingorane.”

None dushobora gute ‘gukura’ muri twebwe ishavu be n’ingaruka zose mbi zijanye na ryo? Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera yanditse ati: “Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe; kandi kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza kuri we.” (Imigani 19:11) None “ugutahura kwimbitse kw’umuntu” kwomufasha gute igihe aratse?

 UKUNTU UGUTAHURA KWIMBITSE GUHWAMIKA ISHAVU

Ugutahura kwimbitse ni ubushobozi bwo kubona kure, ntubone gusa ukuntu ikintu kiboneka inyuma. Ivyo none vyodufasha gute igihe hari uwudushavuje canke adusomborokeje?

Turashobora gushavura igihe hagize uwudukorera ikintu kitabereye. Ariko rero, dukoze uko ishavu rigize tugakora ikintu kibi, turashobora gusanga twigiriye nabi canke tugiriye nabi uwundi. Nka kurya umuriro wadutse ushobora guturira inzu, ni ko n’ishavu ridacungerewe rishobora kwonona vyinshi. Rirashobora kwonona izina ryiza wari ufise, rikonona ubucuti ufitaniye n’abandi mbere n’ubwo ufitaniye n’Imana. Mu gihe rero twumva ishavu ririko riraduga, dukwiye guca tugerageza kutabona gusa icatubabaje. Gutahura neza imvo n’imvano y’ico kintu cabaye vyodufasha gucungera ishavu.

Umwami Dawidi se wa Salomo, yarafashijwe gutahura imvo n’imvano y’ivyabaye, bituma atagirwa n’amaraso y’umugabo yitwa Nabali. Dawidi n’abantu biwe bari baracunze intama za Nabali mu bugararwa bw’i Yudaya. Igihe hagera ko intama za Nabali zikemurwa, Dawidi yaramusavye ibifungurwa. Nabali na we yamwishuye ati: “Mfate umukate wanje, n’amazi yanje, n’inyama zanje zibazwe nabagiye abakemuzi banje, ndabihe abagabo ntazi n’iyo bava?” Mbega akagaye! Dawidi yumvise ayo majambo, we hamwe n’abantu biwe 400 baciye bafata inzira kugira ngo baje guhonya Nabali n’abantu biwe bose b’igitsina-gabo.1 Samweli 25:4-13.

Abigayili muka Nabali yaramenye ivyabaye aca aja guhura na Dawidi. Ashikiriye Dawidi n’abantu biwe, yaciye agwa ku birenge vyiwe avuga ati: “Ndakwinginze umushumbakazi wawe avugire mu matwi yawe, maze wumvirize amajambo y’umushumbakazi wawe.” Yaciye asigurira Dawidi ukuntu Nabali yari asanzwe ari imburabwenge yongera aramwereka yuko yihoye agasesa amaraso vyotumye yicuza.1 Samweli 25:24-31.

Ivyo Abigayili yabwiye Dawidi vyamufashije gute kugira ugutahura kwimbitse maze bigahwamika ishavu yari afise? Ubwa mbere, Dawidi yaratahuye ko Nabali yari asanzwe ari imburabwenge. Ubwa kabiri, yaratahuye ko iyo yihora yari kwagirwa n’amaraso. Cokimwe n’ivyashikiye Dawidi, harashobora gushika ikintu cotuma ushavura. None wokora iki? Ibitaro bimwe (Mayo Clinic) vyahanuye biti: “Banza ufate akanya uheme ushikana, uharure gushika kuri 10.” Ni vyo, nubanze ufate akanya wiyumvire icateye ingorane wongere uzirikane ku ngaruka ivyo ugira ukore vyoteza. Nureke ugutahura kwimbitse kugufashe guhwamika ishavu no kuritsinda.1 Samweli 25:32-35.

No muri kino gihe, hari abantu benshi bafashijwe gucungera ishavu. Nk’akarorero igihe uwitwa Sebastian yari apfunzwe afise imyaka 23 muri Polonye, yarize gucungera ishavu ryiwe biciye ku kwiga Bibiliya. Yavuze ati: “Mbanza kwiyumvira icateye ingorane ngaca ngerageza gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga. Nasanze Bibiliya ari co gitabu gitanga impanuro nziza kuruta ibindi.”

Gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga birashobora kugufasha gucungera ishavu

Setsuo na we nyene yagize nk’ukwo nyene. Yavuze ati: “Narakankamira abo dukorana igihe baba banshavuje. Ariko ubu ko maze kwiga Bibiliya, aho gukankama mbanza kwibaza nti: ‘Ni nde ari mw’ikosa? Ubwo ntiyoba ari jewe nateje iyo ngorane?’ ” Kwibaza ivyo bibazo vyaratumye ashobora gucungera ishavu ryiwe no kurihwamika.

Naho ishavu rishobora kuba rikomeye cane, impanuro ziri mw’Ijambo ry’Imana zirakomeye gusumba. Ushize mu ngiro impanuro nziza Bibiliya itanga ukongera ugasenga Imana ngo igufashe, na wewe ugutahura kwimbitse kurashobora gutuma uhwamika ishavu canke ukaricungera.