Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Nimwumvirize kandi mutegere insobanuro’

‘Nimwumvirize kandi mutegere insobanuro’

“Nimunyumvirize, mwebwe mwese, kandi mutegere insobanuro.”MRK. 7:14.

1, 2. Ni kubera iki benshi mu bumviriza Yezu batatahura insobanuro y’ivyo yavuga?

UMUNTU yoshobora kwumva ijwi ry’uwuriko aramuvugisha. Yoshobora no kumenya ukuntu iryo jwi rimeze. Ariko none vyomumarira iki nka hamwe yoba adatahura insobanuro y’ibiriko biravugwa? (1 Kor. 14:9) Muri ubwo buryo nyene, abantu ibihumbi n’ibihumbi barumvise ivyo Yezu yavuga. Yabibabwira mbere mu rurimi bashobora gutahura. Ariko si bose batahura insobanuro y’ivyo yariko aravuga. Ni co gituma Yezu yabwiye abariko baramwumviriza ati: “Nimunyumvirize, mwebwe mwese, kandi mutegere insobanuro.”Mrk. 7:14.

2 Ni kubera iki none abantu benshi batatahura insobanuro y’ivyo Yezu yavuga? Hari ababitumwa n’ivyiyumviro bari barishizemwo hamwe n’imvo mbi bari bafise. Yezu yavuze ku biberekeye ati: “Mubigiranye ubuhanga, murigiza ku ruhande ibwirizwa ry’Imana kugira ngo mugumye umugenzo wanyu.” (Mrk. 7:9) Abo bantu ntibarondeye na gato gutahura insobanuro y’ivyo yavuga. Ntibashaka guhindura inyifato yabo be n’ingene babona ibintu. Naho amatwi yabo ashobora kuba yari yuguruye, imitima yabo yoyo yari idadiye! (Soma Matayo 13:13-15.) Ariko none, dushobora gute kwiyemeza neza ko imitima yacu iguma yuguruye kugira twungukire ku nyigisho za Yezu?

INGENE TWOKWUNGUKIRA KU NYIGISHO ZA YEZU

3. Ni kubera iki abigishwa bashoboye gutahura ivyo Yezu yavuga?

3 Turakwiye kwigana akarorero k’abigishwa ba Yezu bicisha bugufi. Yavuze ku biberekeye ati: “Amaso yanyu arahiriwe kubera abona, n’amatwi yanyu kubera yumva.” (Mat. 13:16) Ni kubera iki none bashoboye gutahura ariko abandi ntibatahure? Ubwa mbere, bari bafise umutima ukunze wo kubaza ibibazo no kurondera kumenya ico ivyo Yezu yavuga vyaba bisobanura vy’ukuri. (Mat. 13:36; Mrk. 7:17) Ubwa kabiri, bari bafise umutima ukunze wo kwubakira ku vyo bari bamaze kwakira mu mitima yabo. (Soma Matayo 13:11, 12.) Ubwa gatatu, ivyo bari bamaze kwumva no gutahura bari bafise umutima ukunze wo kubikoresha mu buzima bwabo no mu kwihatira gufasha abandi.Mat. 13:51, 52.

4. Kugira dutahure ibigereranyo vya Yezu, ni ibintu bitatu ibihe dukeneye kugira?

4 Nimba twipfuza gutahura ibigereranyo vya Yezu, turakwiye gukurikiza akarorero k’abigishwa biwe b’abizigirwa. Hari ibintu bitatu na twebwe dukeneye kugira. Ubwa mbere, dukwiye kuba dufise umutima ukunze wo gufata umwanya tukiga kandi tukazirikana ku vyo Yezu yavuze, tukagira ubushakashatsi bukenewe tukongera tukibaza ibibazo bibereye. Ivyo bituma turonka ubumenyi. (Imig. 2:4, 5) Ubukurikira, turakwiye kuraba ukuntu ubwo bumenyi buhuye n’ivyo dusanzwe tuzi, tugatahura n’akamaro budufitiye. Ivyo bituma turonka ugutahura. (Imig. 2:2, 3) Ubwa nyuma, turakwiye gukoresha ivyo twize, tukabishira mu ngiro mu buzima bwacu. Ivyo vyerekana ko dufise ubukerebutsi.Imig. 2:6, 7.

5. Tanga akarorero kerekana itandukaniro riri hagati y’ubumenyi, ugutahura n’ubukerebutsi.

5 Ni itandukaniro irihe riri hagati y’ubumenyi, ugutahura n’ubukerebutsi? Reka tubitangire akarorero: Dufate ko uhagaze hagati mw’ibarabara ugaca ubona ibisi iriko iraza ikugana. Ubwa mbere, uratahura yuko ari ibisi. Ubwo ni ubumenyi. Ubukurikira, uratahura yuko ugumye uhagaze ng’aho, iyo bisi iza kukugonga. Ukwo ni ugutahura. Uca rero usimba ukava mw’ibarabara, ukayibisa. Ubwo ni ubukerebutsi. Ntibitangaje kubona Bibiliya ishimika ku vy’uko dukeneye “[ku]zigama ubukerebutsi ngirakamaro.” Ivyo birashobora kurokora ubuzima bwacu!Imig. 3:21, 22; 1 Tim. 4:16.

6. Ni ibibazo bine ibihe dukwiye kwibaza igihe twihweza ibigereranyo indwi Yezu yatanze? (Raba  uruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro.)

6 Muri iki kiganiro be n’igikurikira, turarimbura ibigereranyo indwi Yezu yakoresheje. Igihe tuvyihweza, nitwibaze duti: Iki kigereranyo gisobanura iki? (Ivyo bidufasha kuronka ubumenyi.) Ni kubera iki Yezu yatanze iki kigereranyo? (Ivyo bituma tugira ugutahura.) Dushobora gute gukoresha ayo makuru kugira twifashe twongere dufashe abandi? (Ubwo ni ubukerebutsi.) Ivyo none bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova na Yezu?

AGATETE KA SINAPI

7. Ikigereranyo c’akabuto ka sinapi gisobanura iki?

7 Soma Matayo 13:31, 32. Ikigereranyo ca Yezu cerekeye agatete ka sinapi gisobanura iki? Ako gatete kagereranya ubutumwa bw’Ubwami be n’ikiva mu kwamamaza ubwo butumwa, na co kikaba ari ishengero rya gikirisu. Cokimwe n’agatete ka sinapi ari na ko “kabuto kanzwinya kuruta imbuto zose,” ishengero rya gikirisu ryatanguye ari rito cane mu 33 Inyuma ya Kristu. Ariko rero, haciye imyaka nka mirongo gusa, iryo shengero ryarongerekanye ningoga kuruta n’uko vyari vyitezwe. (Kol. 1:23) Iryo yongerekana ryofashije cane kuko Yezu atubwira ko “inyoni zo mu kirere” zoshoboye “[kwi]bera mu mashami yaco.” Izo nyoni zigereranya abantu b’imitima igororotse bironkera ibifungurwa vyo mu vy’impwemu, ukuruhurirwa be n’ubwugamo mw’ishengero rya gikirisu.—Gereranya na Ezekiyeli 17:23.

8. Ni kubera iki Yezu yakoresheje ikigereranyo c’agatete ka sinapi?

8 Ni kubera iki Yezu yakoresheje ico kigereranyo? Yarafatiye kuri ukwo kuntu agatete ka sinapi gakura mu buryo butangaje kugira yerekane ukuntu Ubwami bw’Imana bufise ububasha bwo kwaguka, gukingira no gutsinda intambamyi zose. Kuva mu 1914, igice kiboneka c’ishirahamwe ry’Imana carongerekanye mu buryo budasanzwe! (Yes. 60:22) Abifatanya n’iryo shirahamwe barakingirwa bimwe bitangaje mu buryo bw’impwemu. (Imig. 2:7; Yes. 32:1, 2) Vyongeye, kuba ivyungura Ubwami bibandanya kwongerekana birerekana ko ata kintu na kimwe gishobora kubuhagarika.Yes. 54:17.

9. (a) Ikigereranyo c’agatete ka sinapi kitwigisha iki? (b) Ivyo bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova na Yezu?

9 Ikigereranyo c’agatete ka sinapi kitwigisha iki? Twoshobora kuba tuba mu karere karimwo Ivyabona bakeyi canke tukaba tuba aho ata vyinshi dushoka tubona biva mu gikorwa cacu co kwamamaza. Ariko rero, kwibuka ko Ubwami bw’Imana bushobora gutsinda intambamyi zose biradufasha kwumira kw’ibanga. Nk’akarorero, igihe umuvukanyi Edwin Skinner yashika mu Buhindi mu 1926, muri ico gihugu hari Ivyabona bari ku rushi. Mu ntango, iterambere ryari ritoyi cane ku buryo bavuga ko gukora ico gikorwa rwari urugamba. Mugabo yarabandanije kwamamaza maze aribonera ukuntu ubutumwa bw’Ubwami butsinda intambamyi zikomeye. Ubu mu Buhindi hari Ivyabona barenga 37.000, kandi abantu barenga 108.000 baritavye Icibutso mu mwaka uheze. Rimbura kandi akarorero kerekana ukuntu Ubwami bwagutse bimwe bitangaje. Muri wa mwaka nyene umuvukanyi Skinner yashika mu Buhindi, igikorwa ni ho cari kigitangura muri Zambiya. Ubu muri ico gihugu hari abamamaji barenga 170.000, kandi abantu 763.915 baritavye Icibutso mu 2013. Ivyo vyerekana ko umuntu 1 ku bantu 18 muri Zambiya yitavye Icibutso. Mbega iterambere!

UMWAMBIRO

10. Ikigereranyo c’umwambiro gisobanura iki?

10 Soma Matayo 13:33. Ikigereranyo c’umwambiro gisobanura iki? Ico kigereranyo na co nyene cerekeza ku butumwa bw’Ubwami be n’ico buvamwo. “Igikandu cose” c’ifu kigereranya amahanga yose, ukwo gututumba na kwo kukagereranya ikwiragira ry’ubutumwa bw’Ubwami biciye ku gikorwa co kwamamaza. Magingo agatete ka sinapi gakura mu buryo buboneka, uwo mwambiro wowo utangura gukwiragira mu buryo butaboneka. Ibivamwo bitangura kwibonekeza haciye akanya.

11. Ni kubera iki Yezu yakoresheje ikigereranyo c’umwambiro?

11 Ni kubera iki Yezu yakoresheje ico kigereranyo? Yariko yerekana ko ubutumwa bw’Ubwami bufise ububasha bwo gukwiragira hose no guhindura abantu. Ubutumwa bw’Ubwami bwarashitse “mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8) Yamara, amahinduka abantu bagira kubera ubwo butumwa ntiyama yoroshe kubona. Amwamwe muri ayo mahinduka yoshobora mbere kutibonekeza mu ntango. Ikizwi coco ni uko ayo mahinduka aba, haba mu vyerekeye igitigiri c’abemera ubwo butumwa bukwiye hose canke mu vyerekeye kamere zabo.Rom. 12:2; Ef. 4:22, 23.

12, 13. Tanga uburorero bwerekana ukuntu igikorwa co kwamamaza Ubwami cakwiragiye nk’uko nyene bivugwa muri ca kigereranyo c’umwambiro.

12 Ibiva mu gikorwa co kwamamaza usanga akenshi vyibonekeza haheze imyaka ico gikorwa gitanguye kurangurwa. Nk’akarorero, Franz n’umukenyezi wiwe Margit, ubu bakaba basukurira ku bindi biro vy’ishami, mu 1982 busukurira ku biro vy’ishami vyo muri Brezile. Baramamaje mu gasagara kamwe ko mu gihugu hagati. Mu bo batanguye kwigisha Bibiliya harimwo inabibondo umwe n’abana biwe bane. Agahungu kiwe gakuru ico gihe kari gafise imyaka 12 gusa. Kari gafise amasoni menshi cane ku buryo akenshi kaca kagerageza kwinyegeza imbere y’uko inyigisho itangura. Kubera ko Franz na Margit baciye barungikwa gukorera ahandi, ntibashoboye kubandanya babigisha. Ariko barasubiye gutemberera ako kagwati inyuma y’imyaka 25. None basanze ibintu vyifashe gute? Basanze hari ishengero ry’abamamaji 69, kandi 13 muri bo bari abatsimvyi basanzwe, bose bakaba bakoranira mu Ngoro y’Ubwami nshasha. Ka gahungu k’amasoni menshi ko bite? Emwe, ubu ni umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere! Cokimwe na wa mwambiro wo mu kigereranyo ca Yezu, ubutumwa bw’Ubwami bwari bwarakwiragiye bwongera burahindura ubuzima bw’abantu benshi, bikaba vyaranezereje cane Franz na Margit!

13 Ububasha butaboneka ubutumwa bw’Ubwami bufise bwo guhindura abantu bwaribonekeje canecane mu bihugu aho igikorwa co kwamamaza kiburabuzwa n’amategeko. Akenshi turatangara iyo tumenye ukuntu ubwo butumwa bumaze gukwiragira cane muri ivyo bihugu. Dufate nk’akarorero igihugu ca Kiba. Ubutumwa bw’Ubwami bwashitseyo mu 1910, umuvukanyi Russell na we ajayo mu 1913. Ariko rero mu ntango, iterambere ryagenda buhorobuhoro. None ubu vyifashe gute muri Kiba? Hari abamamaji b’inkuru nziza barenga 96.000, kandi abantu 229.726 muri ico gihugu kigizwe n’amazinga, ni ukuvuga umuntu 1 ku bantu 48, baritavye Icibutso mu 2013. Mbere no mu bihugu usanga igikorwa kitabujijwe, ubutumwa bw’Ubwami bwoshobora kuba bwarashitse mu turere aho Ivyabona baho bibaza ko atawamamazayo. *Umus. 8:7; 11:5.

14, 15. (a) Dushobora gute kwungukira ku cigwa kiri muri ca kigereranyo c’umwambiro? (b) Ivyo bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova na Yezu?

14 Dushobora gute kwungukira ku vyo Yezu yigishije muri ico kigereranyo c’umwambiro? Igihe tuzirikanye ku nsobanuro y’ico kigereranyo ca Yezu, duca dutahura yuko tudakeneye guhagarika umutima cane twibaza ukuntu ubutumwa bw’Ubwami buzoshikira abantu amamiliyoni ubu batarabwumva. Yehova arifatiye ibintu vyose mu minwe. None igikorwa cacu ni ikihe? Ijambo ry’Imana ryishura riti: “Mu gitondo, biba imbuto yawe, kandi gushika ku mugoroba ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke; kuko utazi aho bizokunda, ko ari aha canke hariya, canke nimba hompi hazoba heza cokimwe.” (Umus. 11:6) Ariko kandi ntidukwiye kwigera twibagira gusenga dusaba ko igikorwa co kwamamaza covamwo ivyiza, na canecane mu bihugu aho kiburabuzwa.Ef. 6:18-20.

15 Vyongeye, ntidukwiye gucika intege nimba mu ntango tutabona ivyiza biva mu gikorwa turangura. Ntidukwiye kwigera dufatira mu rwara “umusi w’ibintu bitoyi.” (Zek. 4:10) Mu nyuma ibintu vyoshobora guhinduka bikavamwo ivyiza vyinshi cane kuruta uko twavyiyumvira!—Zab. 40:5; Zek. 4:7.

UMUDANDAZA W’INGENZI BE N’ITUNGA RYANYEGEJWE

16. Ikigereranyo cerekeye umudandaza w’ingenzi be n’icerekeye itunga ryanyegejwe bisobanura iki?

16 Soma Matayo 13:44-46. Ikigereranyo cerekeye umudandaza w’ingenzi n’icerekeye itunga ryanyegejwe bisobanura iki? Mu gihe ca Yezu, abadandaza bamwebamwe barafata ingendo bakaja kure cane kw’Ibahari Indiyano barondera imaragarita nzizanziza. Umudandaza avugwa muri ico kigereranyo agereranya abantu b’umutima ugororotse bita ku rutare kugira bironse ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Iyo “maragarita imwe y’agaciro kanini” igereranya ukuri kw’Ubwami kw’agaciro. Uwo mudandaza amaze kumenya agaciro k’iyo maragarita, ‘yaciye’ yemera aragurisha ivyo afise vyose kugira ayigure. Yezu yaravuze kandi ibijanye n’umuntu yariko arakora mu murima maze yubuka kw’itunga “ryanyegejwe.” Uwo muntu yari atandukanye na wa mudandaza kuko wewe atariko ararondera iryo tunga. Mugabo cokimwe na nya mudandaza, yaremeye aragurisha “ibintu vyose” kugira aronke ubwo butunzi.

17. Ni kubera iki Yezu yatanze ikigereranyo c’umudandaza w’ingenzi n’ic’itunga ryanyegejwe?

17 Ni kubera iki Yezu yatanze ivyo bigereranyo bibiri? Yashaka kwerekana ko abantu bashobora kumenya ukuri mu buryo butandukanye. Hari abakurondera kandi bakita ku rutare kugira bakuronke. Abandi na bo barakumenya batiriwe barakurondera, kumbure ari abandi bakubazaniye. Umwe wese mu bantu bavugwa muri ivyo bigereranyo bibiri yaratahuye agaciro k’ico yubuye maze aremera kugira vyinshi ahevye kugira acegukire.

18. (a) Dushobora gute kwungukira kuri ivyo bigereranyo bibiri? (b) Ivyo bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova na Yezu?

18 Dushobora gute kwungukira kuri ivyo bigereranyo bibiri? (Mat. 6:19-21) Niwibaze uti: ‘Noba mfise agatima nk’ako abo bantu bari bafise? Noba mpa agaciro ukuri muri ubwo buryo nyene? Noba nemera kugira ivyo mpevye kugira ndakugumye, canke noba nemera ibindi bintu, nk’imyitwarariko y’ubuzima, bikansamaza?’ (Mat. 6:22-24, 33; Luka 5:27, 28; Flp. 3:8) Uko turushiriza guhimbarwa n’ukuri twubuye, ni ko tuzorushiriza kwiyemeza kugushira imbere y’ibindi mu buzima bwacu.

19. Ni ibiki tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira?

19 Ese twogaragaza ko twumvirije kandi twatahuye koko insobanuro y’ivyo bigereranyo vyerekeye Ubwami! Twibuke ko ivyo tutabigira mu kumenya gusa insobanuro yavyo, ariko ko tubigira mu gushira mu ngiro ivyigwa twahakuye. Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ibindi bigereranyo bitatu twongere turabe ivyigwa dushobora kuhigira.

^ par. 13 Ibintu nk’ivyo vyarabaye mu bihugu nka Arjantine (Igitabu c’umwaka 2001, urupapuro rwa 186 mu gifaransa); Ubudagi bwo mu Buseruko (Igitabu c’umwaka 1999, urupapuro rwa 83 mu gifaransa); Papuasie Nouvelle Guinée (Igitabu c’umwaka 2005, urupapuro rwa 63 mu gifaransa) hamwe n’Izinga rya Robinson Crusoé (Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2000, urupapuro rwa 9 mu gifaransa).