Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ‘utegera insobanuro’?

Woba ‘utegera insobanuro’?

“Yugurura imizirikanyi yabo bimwe bishitse kugira ngo bategere insobanuro y’Ivyanditswe.”LUKA 24:45.

1, 2. Yezu yakomeje gute abigishwa biwe ku musi yazukiyeko?

HARI ku musi nyene Yezu yazukiyeko. Babiri mu bigishwa biwe bariko baja mu kigwati kimwe cari nko ku bilometero birenga gatoyi 11 uvuye i Yeruzalemu. Kubera batari bazi yuko Yezu yazutse, bari batuntujwe cane n’ivyari biherutse kuba. Bukwi na bukwi, Yezu yarababonekeye maze afatanya na bo urugendo. None yahumurije gute abo bigishwa? Bibiliya igira iti: “Ahera kuri Musa no ku Bahanuzi bose, abasobanurira ibintu bijanye na we ubwiwe mu Vyanditswe vyose.” (Luka 24:13-15, 27) Imitima yabo yaciye itangura kururumba kubera yariko ‘abasigurira’ Ivyanditswe.Luka 24:32.

2 Kuri uwo mugoroba nyene, abo bigishwa babiri barasubiye i Yeruzalemu. Igihe babona intumwa, baraziganiye ivyari vyabashikiye. Bakiriko baravuga, Yezu yaciye ababonekera bose hamwe. Ariko rero, intumwa ziwe zaragize ubwoba, zitangura gukekeranya. None Yezu yabakomeje gute? Dusoma duti: “Yugurura imizirikanyi yabo bimwe bishitse kugira ngo bategere insobanuro y’Ivyanditswe.”Luka 24:45.

3. Ni ingorane izihe zoshobora kudushikira, kandi ni igiki codufasha kubona mu buryo bubereye ubusuku turangura?

3 Cokimwe n’abo bigishwa, vyoshobora gushika tugatuntura cane. Twoshobora kuba turiko turitanga cane mu gikorwa c’Umukama, mugabo tugacika intege kubera ko tutabona ikivamwo. (1 Kor. 15:58) Ahandi na ho twoshobora kubona umenga abo twigisha ntibatera imbere. Abandi mu bo dufasha boshobora mbere guheba Yehova. Twokora iki none kugira ngo tubone mu buryo bubereye ubusuku turangura? Kimwe mu vyodufasha ni ugutahura neza insobanuro y’ibigereranyo vya Yezu dusanga mu Vyanditswe vyeranda. Nimuze twihweze bitatu muri ivyo bigereranyo maze turabe ivyigwa twohakura.

UMUBIVYI ASINZIRA

4. Ikigereranyo ca Yezu cerekeye umubivyi asinzira gisobanura iki?

4 Soma Mariko 4:26-29. Ikigereranyo ca Yezu cerekeye umubivyi asinzira gisobanura iki? Umuntu avugwa muri ico kigereranyo agereranya abamamaji b’Ubwami. Izo mbuto ni ubutumwa bw’Ubwami bubwirwa abantu b’umutima nziraburyarya. Nk’uko bisanzwe mu buzima bwa misi yose, uwo mubivyi “a[r]asinzira mw’ijoro, ku murango akavyuka.” Izo mbuto zirakura mu kiringo kinaka, ni ukuvuga kuva zibibwe gushika kw’iyimbura rya nyuma. Muri ico kiringo, izo “mbuto zi[r]amera hanyuma zigakura.” Iryo kura riba “ubwaryo,” buhoroburo kandi intambwe ku yindi. Ikura ryo mu buryo bw’impwemu na ryo nyene riba buhorobuhoro kandi intambwe ku yindi. Igihe umuntu ateye imbere gushika aho yipfuza gukorera Imana, arama ivyamwa mu buryo bw’uko yegurira Yehova ubuzima bwiwe maze akabatizwa.

5. Ni kubera iki Yezu yakoresheje ikigereranyo cerekeye umubivyi asinzira?

5 Kubera iki Yezu yakoresheje ico kigereranyo? Yezu ashaka kudufasha gutahura yuko Yehova ari we atuma ukuri gukurira mu bantu b’ “agatima kabereye.” (Ivyak. 13:48; 1 Kor. 3:7) Turatera tukongera tukavomera, mugabo nta co dushobora guhindura ku bijanye n’ingene ikura riba. Ntidushobora kurihata canke kuryihutisha. Cokimwe n’umuntu avugwa muri ico kigereranyo, ntitumenya ukuntu iryo kura riba. Akenshi riba tutanabizi, twibereye mu bikorwa vyacu vya misi yose. Ariko rero uko haca igihe, imbuto z’Ubwami zoshobora kwama ivyamwa. Umwigishwa mushasha araheza akifatanya natwe mu gikorwa co kwimbura, maze tukungukira ku gacumu k’ubumwe aterera.Yoh. 4:36-38.

6. Ni igiki dukwiye kwemera ku bijanye n’ikura ryo mu buryo bw’impwemu?

6 Ico kigereranyo kitwigisha iki? Ubwa mbere, dutegerezwa kwemera yuko ata co dushobora guhindura ku bijanye n’ingene abatohoji ba Bibiliya bakura mu vy’impwemu. Kwifata ruto bizodufasha kwirinda kugwa mu mutego wo guhata canke guhutagiza umutohoji wa Bibiliya ngo abatizwe. Turakora uko dushoboye kwose kugira dufashe uwo muntu, mugabo turemera twicishije bugufi yuko amaherezo ari we abwirizwa kwifatira ingingo yo kwiyegura. Umuntu ategerezwa kwiyegurira Imana abikunze kandi abitumwe n’urwo ayikunda. Ibirenze kuri ivyo ntivyokwemerwa imbere ya Yehova.Zab. 51:12; 54:6; 110:3.

7, 8. (a) Ni ibindi vyigwa ibihe dukura ku kigereranyo ca Yezu cerekeye umubivyi asinzira? Tanga akarorero. (b) Ivyo bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova na Yezu?

7 Ubwa kabiri, gutahura icigwa kiri muri ico kigereranyo bizodufasha kudacika intege mu gihe tudaciye tubona ivyiza biva mu gikorwa turangura. Turakeneye kwihangana. (Yak. 5:7, 8) Mu gihe tuba twakoze uko dushoboye kwose kugira dufashe uwo mutohoji ariko izo mbuto ntizame ivyamwa, ntibisobanura yuko tutari abizigirwa. Mu gihe imbuto z’ukuri zibibwe mu mutima wicisha bugufi kandi witeguriye kugira amahinduka, ni ho gusa Yehova areka zikama. (Mat. 13:23) Ntidukwiye rero kuvuga ko twaroraniwe mu busuku twisunze gusa ibivamwo. Yehova ntabona ko twaroraniwe mu busuku turangura afatiye ku kuntu abo twigisha bavyakira. Ahubwo nyabuna, aha agaciro utwigoro tugira tudahemuka naho bovyakira gute.Soma Luka 10:17-20; 1 Abakorinto 3:8.

8 Ubwa gatatu, ntitwama na ntaryo tubona amahinduka aba mu mutima w’umuntu. Nk’akarorero, hari umugabo umwe n’umugore wiwe begereye umumisiyonari yari amaze igihe abigisha Bibiliya, bamubwira ko bipfuza kuba abamamaji batarabatizwa. Yarabibukije ko kugira bakwize ibisabwa, bari kubanza guheba itabi. Yaratangaye cane bamubwiye yuko hari haciye amezi atari make barihevye. None bari barihevye kubera iki? Bari baratahuye yuko Yehova ashobora kubabona bariko bararinywa be n’uko yanka uburyarya. Baciye rero babona ko bakwiye guhitamwo kimwe: kurinywa bari kumwe n’uwo mumisiyonari canke kuriheba rwose. Urukundo bari basigaye bakunda Yehova rwarabafashije gufata ingingo ibereye. Bari barakuze mu vy’impwemu, naho nyene uwo mumisiyonari atari azi amahinduka bari baragize.

URUSENGA

9. Ikigereranyo cerekeye urusenga gisobanura iki?

9 Soma Matayo 13:47-50. Ikigereranyo ca Yezu cerekeye urusenga gisobanura iki? Ukubwira ubutumwa bw’Ubwami abantu bose Yezu yabisanishije n’ukumanurira urusenga runini mu kiyaga. Nka kurya nyene urusenga rufata igitigiri kinini c’ “ifi z’ubwoko bwose” ata gucagura, igikorwa cacu co kwamamaza kirakwegera abantu b’ubwoko bwose. (Yes. 60:5) Ivyo biragaragarira ku kuba abantu benshi bitaba amahwaniro yacu be n’Icibutso buri mwaka. Zimwezimwe muri izo fi z’ikigereranyo ni “nzizanziza,” kandi zirakoranirizwa mw’ishengero rya gikirisu. Ariko rero, izindi zibonwa ko ari “mbimbi,” bikaba vyerekana ko abakoranirizwa hamwe atari bose bemerwa imbere ya Yehova.

Umaze gusoma Matayo 13:47-50, raba ukuntu bihuye n’ibishika mu gihe ca none

Bamwebamwe mu bakwegerwa n’ukuri baraja ku ruhande rwa Yehova (Raba ingingo ya 9-12)

10. Ni kubera iki Yezu yakoresheje ikigereranyo cerekeye urusenga?

10 Kubera iki Yezu yakoresheje ico kigereranyo? Ukwo gutandukanya ifi kw’ikigereranyo ntikwerekeza ku rubanza rwa nyuma ruzocibwa mu gihe ca ya makuba akomeye. Ahubwo, kwerekana ibintu vyobaye mu misi ya nyuma y’ivy’iyi si mbi. Yezu yarerekanye yuko atari abakwegerwa n’ukuri bose bazoja ku ruhande rwa Yehova. Benshi usanga bifatanya natwe ku makoraniro. Abandi baremera ko tubigisha Bibiliya ariko ntibemere gufata ingingo. (1 Abm. 18:21) Abandi na bo barahevye kwifatanya n’ishengero rya gikirisu. Abakiri bato bamwebamwe usanga barezwe n’abavyeyi bakirisu, ariko ntibakunde ingingo mfatirwako za Yehova. Uko vyoba biri kwose, Yezu yavuze ko umwe wese ari we akwiye kwifatira ingingo. Yehova abona ko abafata ingingo zibereye ari ibintu vy’igiciro, ni ukuvuga ibintu “bihimbaye vyo mu mahanga yose.”Hag. 2:7.

11, 12. (a) Twungukira gute ku kigereranyo cerekeye urusenga? (b) Ivyo bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova na Yezu?

11 Twungukira gute ku kigereranyo cerekeye urusenga? Gutahura icigwa kiri muri ico kigereranyo biradufasha kwirinda gucika intege canke kuvunika umutima birenze urugero igihe umutohoji wa Bibiliya canke umwe mu bana bacu yanse gukorera Yehova. Ivyo vyoshobora gushika naho twoba twakoze ivyo dushoboye vyose. Kuba umuntu yaremeye kwiga Bibiliya canke yarerewe mu kuri ntibisobanura ko aca agiranira na Yehova ubucuti bukomeye. Abatemera kuyobokera ubutegetsi bwa Yehova amaherezo baratandukanywa n’abasavyi b’Imana.

12 Ivyo none vyoba bisobanura ko abahevye ukuri batazokwigera bemererwa kugaruka mw’ishengero? Canke nimba umuntu yaranse kwegurira Yehova ubuzima bwiwe, yoba azoca yama abonwa ko ari ruhebwa? Eka da. Abantu nk’abo baracafise akaryo ko kugaruka imbere y’uko ya makuba akomeye atangura. Yehova abatera akamo ati: “Nimungarukeko, nanje nzobagarukako.” (Mal. 3:7) Ivyo birashimikwako muri ca kigereranyo ca Yezu cerekeye umwana w’icangazi.Soma Luka 15:11-32.

UMWANA W’ICANGAZI

13. Ikigereranyo ca Yezu cerekeye umwana w’icangazi gisobanura iki?

13 Ikigereranyo ca Yezu cerekeye umwana w’icangazi gisobanura iki? Umuvyeyi w’impuhwe avugwa muri ico kigereranyo agereranya Dawe wa twese wo mw’ijuru Yehova. Umwana asaba intoranwa yiwe hanyuma agaca ayonona agereranya abantu bazimiye bakava mw’ishengero rya gikirisu. Ni nk’aho bafata urugendo bakaja “mu gihugu ca kure,” ni ukuvuga mw’isi ya Shetani yiyonkoye kuri Yehova. (Ef. 4:18; Kol. 1:21) Ariko rero, mu nyuma bamwe barikubita agashi maze bakihata bakagaruka mw’ishirahamwe rya Yehova. Uwo muvyeyi wacu araha ikaze n’umunezero mwinshi abo bantu bicisha bugufi kandi bigaya akongera akabaharira.Yes. 44:22; 1 Pet. 2:25.

14. Kubera iki Yezu yakoresheje ikigereranyo cerekeye umwana w’icangazi?

14 Kubera iki Yezu yakoresheje ico kigereranyo? Yezu yarerekanye mu buryo bukwegera cane ko Yehova yipfuza yuko abazimiye bamugarukako. Umuvyeyi avugwa muri ico kigereranyo ntiyigeze areka kwizigira yuko umwana wiwe yogarutse. Igihe uwo muvyeyi yakubita ijisho uwo mwana wiwe agarutse, yaciye yiruka kumusanganira naho nyene yari “akiri kure.” Ese ukuntu ico ari ikintu gikomeye gikwiye gutuma abahevye ukuri bagaruka kuri Yehova badatebaganye! Boshobora kuba bagoyagoya mu vy’impwemu, bikaba rero vyobatera isoni kugaruka canke bikabagora. Mugabo birabereye ko bagira ako kigoro, kuko no mw’ijuru haba akanyamuneza kenshi igihe bagarutse.Luka 15:7.

15, 16. (a) Ni ivyigwa ibihe twigira ku kigereranyo ca Yezu cerekeye umwana w’icangazi? Tanga uturorero. (b) Ivyo bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova na Yezu?

15 Twungukira gute ku kigereranyo cerekeye umwana w’icangazi? Turakwiye kwigana Yehova. Ntawokwipfuza kuba “umugororotsi birenze urugero” ku buryo yanka kwakira abacumuzi bigaye igihe bagarutse. Ivyo nta kindi vyotumarira atari ukwikwegera “ubugesera” mu vy’impwemu. (Umus. 7:16) Hari ikindi cigwa twokura muri ico kigereranyo. Umuntu ahevye ishengero dukwiye kumubona nk’ “intama yazimiye,” aho kumubona nk’akahebwe. (Zab. 119:176) Hamwe none twobona umuntu yazimiye agaheba ishengero mugabo ataciwe, twoba tuzokora ivyo dushoboye kugira tumufashe kugaruka? Twoba tuzoca tubimenyesha abakurambere kugira bamufashe? Tuzobigira nitwakorana ubukerebutsi, tugashira mu ngiro icigwa dukuye mu kigereranyo ca Yezu cerekeye umwana w’icangazi.

16 Abantu bamwebamwe bagarukanywe, barakenguruka imbabazi za Yehova be n’ukuntu ishengero ryabagaragarije urukundo rikongera rikabafasha. Mwene wacu umwe yari amaze imyaka 25 yaraciwe, avuga ati: “Umunezero nagize kuva aho ngarukaniwe wararushirije kwongerekana kubera ko nironkeye ‘ibiringo vy’ukuruhurirwa’ bivuye kuri Yehova. (Ivyak. 3:19) Emwe, bose baranshigikira kandi bakangaragariza urukundo! Ubu ndifitiye umuryango mwiza igitangaza wo mu vy’impwemu.” Mushiki wacu umwe akiri muto yagarutse mw’ishengero haciye imyaka itanu yarahororokewe, yavuze ati: “Sinoronka amajambo nokoresha kugira ndababwire ukuntu vyari bimeze kwibonera ingene nagaragarijwe bimwe biboneka rwa rukundo Yezu yavuga. Kuba mu bagize ishirahamwe rya Yehova nta co nobigereranya!”

17, 18. (a) Ni ivyigwa ngirakamaro ibihe twigira ku bigereranyo bitatu duhejeje kurimbura? (b) Dukwiye kwiyemeza iki?

17 Ni ivyigwa ngirakamaro ibihe twigira kuri ivyo bigereranyo bitatu? Ubwa mbere, dutegerezwa kwemera yuko ata co dushobora guhindura ku bijanye n’ukuntu umuntu akura mu buryo bw’impwemu. Ivyo ni ukubirekera Yehova. Ubwa kabiri, ntidukwiye kwitega yuko abifatanya natwe kandi bakemera ko tubigisha Bibiliya bazohitamwo bose gukorera Yehova. Ubwa nyuma, naho hari aboshobora guheba ukuri bagatera umugongo Yehova, nimuze ntitwigere tureka kwizigira ko bazogaruka. Bagarutse na ho, nimuze tubakire mu buryo bugaragaza urukundo rwa Yehova.

18 Ese twese twobandanya kurondera ubumenyi, ugutahura n’ubukerebutsi! Igihe dusoma ibigereranyo vya Yezu, nitwibaze ico bisobanura, igituma vyanditswe muri Bibiliya, ingene twoshira mu ngiro ivyigwa birimwo be n’ico bitwigisha ku vyerekeye Yehova na Yezu. Tubigenjeje gutyo, tuzoba twerekanye ko dutahura insobanuro y’ivyo Yezu yavuze.