Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Yeremiya yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko Rasheli ariko aririra abahungu biwe?

Muri Yeremiya 31:15, dusoma duti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘I Rama humvikana ijwi, ugucura intimba n’ukurira kw’umururazi; Rasheli ariko aririra abahungu biwe. Yanse guhozwa ku bijanye n’abahungu biwe, kuko batakiriho.’”

Rasheli yaratanze abahungu biwe babiri gupfa. Ni co gituma ivyo Yeremiya yanditse haciye imyaka 1.000 Rasheli apfuye vyoshobora gusa n’ibitumvikana.

Umuhungu wa mbere wa Rasheli yari Yozefu. (Ita. 30:22-24) Mu nyuma yararonse uwundi muhungu yitwa Benyamini. Mugabo Rasheli yapfuye ariko aribaruka uwo muhungu agira kabiri. Ikibazo gica kivyuka rero ni iki: Kubera iki muri Yeremiya 31:15 havuga yuko Rasheli yariko ararira kubera abahungu biwe “batakiriho”?

Biri n’ico bivuze kubona uwo muhungu wa mbere Yozefu yahavuye avyara Manase na Efurayimu. (Ita. 41:50-52; 48:13-20) Mu nyuma, umuryango wa Efurayimu ni wo wabaye uwuhambaye kandi wubahwa kuruta iyindi yose muri bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko, ukaba ari wo waserukira imiryango cumi yose yari ibugize. Umuryango ukomoka ku muhungu wa Rasheli agira kabiri ari we Benyamini na wo hamwe n’umuryango wa Yuda, yari igize ubwami bwo mu bumanuko. Ni nk’aho rero vyari gushobora kuvugwa ko Rasheli agereranya ba inabibondo bose bo muri Isirayeli, ni ukuvuga abo mu bwami bwo mu buraruko n’abo mu bwami bwo mu bumanuko.

Igihe igitabu ca Yeremiya candikwa, bwa bwami bwo mu buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi, bwari bwaramaze kwigarurirwa n’Abashuri kandi benshi mu bantu babwo bari baratwawe mu bunyagano. Ariko rero, bamwe mu bakomoka kuri Efurayimu bashobora kuba bari barahungiye mu karere ka Yuda. Mu 607 Imbere ya Kristu, Abanyababiloni barigaruriye ubwami bwa Yuda bwo mu bumanuko bwari bugizwe n’imiryango ibiri. Biboneka ko abari bagizwe inyagano benshi bakoranirijwe i Rama, nko ku bilometero umunani mu buraruko bwa Yeruzalemu. (Yer. 40:1) Birashoboka ko bamwe muri bo biciwe muri ako karere ka Benyamini aho Rasheli yari yarahambwe. (1 Sam. 10:2) Kuba rero Rasheli ariko aririra abahungu biwe bishobora kuba vyerekana ko yagandariye mu buryo bw’ikigereranyo abakomoka kuri Benyamini muri rusangi canke ahanini abo bari i Rama. Ikindi kintu gishoboka ni uko ivyo vyerekana ko ba inabibondo bose bo mw’ihanga ry’Imana barize kubera urwo rupfu rwa Isirayeli, ni ukuvuga ukuba yose yari ijanywe mu bunyagano.

Uko biri kwose, kuba Yeremiya avuga yuko Rasheli ariko aririra abahungu biwe, ni imvugo yerekana ivyabaye haciye ibinjana n’ibindi, igihe umwana Yezu yari mu kaga. Umwami Herodi yategetse ko abana b’abahungu bose bicwa, kuva ku bamaze imyaka ibiri kumanuka. Ivyo vyabereye i Betelehemu, mu bumanuko bwa Yeruzalemu. Abo bahungu rero ntibari bakiriho; bari barapfuye. Iyumvire amaborogo y’intuntu ba inabibondo bagize igihe babura abana babo! Ni nk’aho ayo maborogo yumvikanye gushika kure cane i Rama, mu buraruko bwa Yeruzalemu.Mat. 2:16-18.

Ku bw’ivyo, haba mu gihe ca Yeremiya canke mu gihe ca Yezu, imvugo ngo “Rasheli ariko aririra abahungu biwe” irabereye kuko yerekana intuntu ba inabibondo b’Abayuda bagize igihe abana babo bicwa. Ariko ntiwumve, abo bapfuye maze bakaja “mu gihugu c’umwansi” ari we rupfu, boshobora gukurwa mu vyara vy’uwo mwansi abapfuye nibazurwa.Yer. 31:16; 1 Kor. 15:26.