Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

Vyoba bibereye ko abakirisu baturira ibiziga?

Umuntu ni we yifatira ingingo nimba ikiziga coturirwa canke kitoturirwa. Naho Bibiliya itavuga neza na neza ukuntu ivyo bigirwa, biri n’ico bivuze kubona ikiziga ca Sauli n’ic’umuhungu wiwe Yonatani vyaraturiwe hanyuma bigahambwa. (1 Sam. 31:2, 8-13)15/6, urupapuro rwa 7.

Twokwemezwa n’iki ko Imana atari yo ituma haba ibintu bibi?

Imana iragororotse mu nzira zayo zose. Ntigira akarenganyo, ni inyizigirwa kandi iratunganye. N’ikindi kandi, Yehova ni umunyakibabarwe akaba n’umunyembabazi. (Gus. 32:4; Zab. 145:17; Yak. 5:11)1/7, urupapuro rwa 4.

Ni ingorane izihe umuntu yoshobora kugira igihe agiye gukorera mu kindi gihugu aho usanga hari inkenero kuruta ahandi?

Ashobora kugira ingorane zitatu (1) kubaho mu buryo butandukanye n’uko yahora, (2) kwihanganira inkumbu, (3) kurondera abagenzi bashasha muri bene wacu b’imvukira. Abantu benshi batoreye umuti izo ngorane barironkeye ivyiza vyinshi.15/7, urupapuro rwa 4-5.

Ni kubera iki benewabo na Yozefu bamuhindukiriye?

Kimwe coco, Yakobo yarakunda Yozefu urukundo rudasanzwe, akaba yaramuhaye ikanzu idasanzwe. Benewabo na Yozefu baramugiriye ishari maze bamugurisha mu buja.1/8, urupapuro rwa 11-13.

Kubera iki twa dupapuro tw’inkuru nziza dushasha ari ngirakamaro cane tukaba tworoshe no gukoresha?

Utwo dupapuro tw’inkuru nziza twose tumeze kumwe. Buri gapapuro k’inkuru nziza usanga karimwo icanditswe dushobora gusomera uwo tubwira inkuru nziza be n’ikibazo twomubaza. Inyishu iyo ari yose yotanga, twoshobora guca tuzingurura ako gapapuro maze tukamwereka ivyo Bibiliya ivuga. Turashobora no kumwereka ikibazo tuzoyagako tugarutse kumugendera.—15/8, urupapuro rwa 13-14.

Bibiliya yitwa Peshitta ni iki?

Igisiriyake, akaba ari rumwe mu ndimirimi ziva ku rurimi rw’igiharameya, rwahavuye rukoreshwa cane mu kinjana ca kabiri canke ca gatatu Inyuma ya Kristu. Biboneka ko ibice bimwebimwe vy’Ivyanditswe vy’ikigiriki vyabanje gushirwa mu gisiriyake. Iyo Bibiliya yo mu gisiriyake yahavuye yitwa Peshitta.1/9, urupapuro rwa 13-14.

Abavyeyi bakirisu bokora iki kugira baragire abana babo?

Birahambaye cane ko utega yompi abana bawe kugira ubamenye. Niwihatire kubagaburira mu vy’impwemu. Nubayobore ubigiranye urukundo, nk’akarorero igihe batanguye gukekeranya ku vyo bemera.15/9, urupapuro rwa 18-21.

Ni ibiki bitazoba bikiriho mu gihe c’Ubwami bw’Imana?

Indwara, urupfu, ubushomeri, indwano, inzara, be n’ubukene ntibizoba bikiriho.1/10, urupapuro rwa 6-7.

Ni isezerano rivugwa muri Bibiliya irihe rituma abandi bafatanya na Kristu kuganza?

Yezu ahejeje gusangira Pasika ya nyuma n’intumwa, yaragiraniye n’abigishwa biwe b’abizigirwa isezerano rivugwa ko ari isezerano ry’Ubwami. (Luka 22:28-30) Ryarabakuye amazinda ko bofatanije na Yezu kuganza bari mw’ijuru.15/10, urupapuro rwa 16-17.

Tanga uburorero bubiri bwo muri Bibiliya bwerekana ko Shetani abaho.

Ivyanditswe birerekana ko Shetani yavuganye na Yezu arondera kumugerageza. No mu gihe ca Yobu, Shetani yaravuganye n’Imana. Izo nkuru zirerekana ko Shetani abaho.1/11, urupapuro rwa 4-5.

Nk’uko bivugwa mu Vyakozwe 15:14, ni bande Yakobo yavuze ko bagize “igisata ku bw’izina ryayo”?

Abo bari Abayuda n’abatari Abayuda bemera, abo Imana yacaguye ngo babe ubwoko bwatowe kugira “[b]umenyeshe hose kamere z’agahebuza” z’umwe yabahamagara. (1 Pet. 2:9, 10)15/11, urupapuro rwa 24-25.

Igisagara ca Timgad cari giherereye he, kandi abantu bamwebamwe baho bari bafise agatima akahe?

Timgad cari igisagara kinini c’Abaroma giherereye mu Buraruko bwa Afrika (ubu akaba ari muri Aljeriya). Mu kwerekana ivyo bamwebamwe bemera, icandiko kimwe cubuwe kigira giti: “Guhiga, kwoga, gukina, gutwenga: ubwo ni bwo buzima!” Ivyo birasa n’ibivugwa mu 1 Abakorinto 15:32.1/12, urupapuro rwa 8-10.