Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Kubera iki abantu benshi bemera ko hariho Umuremyi?

Ubona ubuzima atari igitangaro?

Haraciye nk’imyaka 3.000 umuryoshamvugo umwe yanditse ati: “Ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba.” (Zaburi 139:14) Iyo uravye ukuntu haba ugusama, inda igakura ikavamwo umwana, ntibigutangaza cane? Abantu benshi iyo baravye ukuntu ibinyabuzima bikozwe, baca babona ko hariho Umuremyi.Soma Zaburi 139:13-17; Abaheburayo 3:4.

Uwaremye ijuru agatuma n’isi ishobora kubako abantu, ni we nyene yaremye ubuzima. (Zaburi 36:9) Yaravuganye n’abantu yongera aratwimenyesha.Soma Yesaya 45:18.

Twoba dukomoka ku bikoko?

Hari ukuntu imibiri yacu ifitaniye isano n’iy’ibikoko mu buryo bwinshi. Ivyo bimeze gutyo kubera ko Umuremyi ari we yaremye abantu n’ibikoko ngo bibe kw’isi. Ntiyaremye umuntu wa mbere amukuye mu gikoko, ahubwo yamubumvye mu mukungugu.Soma Itanguriro 1:24; 2:7.

Abantu baratandukanye n’ibikoko mu buryo bubiri buhambaye. Ubwa mbere ni uko abantu bafise ubushobozi bwo gutahura, gukunda no kwubaha Umuremyi. Ubwa kabiri, ibikoko ntivyagenewe kubaho ibihe bidahera nk’abantu. Ariko ubu, abantu bose barapfa kubera ko umuntu wa mbere yanse kwumvira Umuremyi.Soma Itanguriro 1:27; 2:15-17.