Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugume ufise umwete mu busuku

Nugume ufise umwete mu busuku

KWAMAMAZA inkuru nziza ni co gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose biriko birarangurwa kw’isi muri iki gihe. Kubera ko uri umwe mu basavyi ba Yehova, nta gukeka ko ubona yuko ari agateka kugira uruhara muri ico gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Ariko rero, ntiwobura kwemera ko bishika abatsimvyi n’abamamaji bagahura n’ibintu bituma umwete bafise mu busuku ugabanuka.

Ni ibiki vyogufasha kuguma ufise umwete mu busuku?

Abamamaji bamwebamwe birabagora kuronka umuntu boshobora kuganiriza igihe bari mu busuku bw’inzu ku nzu. Nkako, abantu benshi usanga atari ho bari. Igihe na ho ubasanzeho, boshobora kutanegwa ubutumwa bw’Ubwami canke mbere bakaburwanya. Abandi bamamaji usanga bafise icibare kinini kandi cimbuka, mugabo bagahagarika umutima ko batazokwigera bagihetura. Hari n’abandi usanga bamaze imyaka myinshi bamamaza kuruta iyo bari biteze, bagaca bacika intege.

Vyoba none bikwiye kudutangaza kubona abasavyi ba Yehova bose bahura n’ibintu bishobora gutuma umwete bari bafitiye igikorwa co kwamamaza ugabanuka? Eka data. Nakare, ni nde muri twebwe yokwitega ko tworoherwa no kwamamaza ukuri kurokora ubuzima kuva ku Mana muri iyi si iganzwa na “wa mubisha” Shetani?1 Yoh. 5:19.

Naho wohura n’ingorane zimeze gute uriko uravuga inkuru nziza, numenye neza ko Yehova ashobora kugufasha kuzitsinda. Ariko none wokora iki kugira ngo urushirize kugira umwete mu busuku? Nimuze twihweze inama zimwezimwe tugirwa.

NUFASHE ABAKIRI BASHASHA

Buri mwaka, abantu ibihumbi barabatizwa bakaba Ivyabona vya Yehova. Nimba uheruka kwiyegurira Imana mu kubatizwa mu mazi, nta gukeka ko uriko urungukira ku buhanga bw’abamaze igihe kirekire bamamaza. Nimba na ho umaze imyaka myinshi uri umwamamaji w’Ubwami, ntivyoba none bibereye ko umenyereza abashasha? Ubigize uragira umunezero mwinshi.

Yezu yari azi yuko abigishwa biwe bakeneye ubuyobozi kugira babe abamamaji b’Injili babishoboye, kandi yaraberetse ukuntu ico gikorwa gikwiye kurangurwa. (Luka 8:1) No muri iki gihe, birakenewe ko abandi bamenyerezwa kugira babe abasuku babishoboye.

Ntidukwiye kwiyumvira ko umwamamaji mushasha azoronka ubuhanga bwo kwigisha kubera gusa agira uruhara mu busuku. Arakeneye ubuyobozi ahabwa n’uwumumenyereza afise umutima mwiza kandi akundana. Ukwo kumenyereza umwamamaji mushasha birimwo kumwereka ukuntu (1) yotegura uburyo bwo gushikiriza inkuru nziza be n’ukuntu yobukoresha, (2) ukuntu yoganiriza uwo asanze ku muhana canke uwo bahuriye ku nzira, (3) ukuntu yoshikiriza ibisohokayandikiro, (4) ukuntu yokurikirana uwashimishijwe (5) ukuntu yotanguza inyigisho ya Bibiliya. Birashoboka rwose ko havamwo ivyiza igihe nyene kumenyerezwa yihweza uburyo uwuriko aramufasha akoresha mu busuku maze akabwigana. (Luka 6:40) Nta gukeka rero ko uwo mwamamaji mushasha ahimbarwa no kuba ari kumwe n’uwushobora gutega yompi maze akamufasha igihe bikenewe. Vyongeye, uwo mwamamaji ataraca uruma azohungukira nitwamukeza kandi tukamugira inama ngirakamaro.Umus. 4:9, 10.

NUGANIRE N’UWO MWAJANYE KWAMAMAZA

Naho woganira gute n’abo ubwira inkuru nziza, rimwe na rimwe usanga ikiyago mugirana n’uwo mwajanye mu busuku bwo mu ndimiro ari co gishimishije kuruta ibindi. Niwibuke ko Yezu yarungika abigishwa biwe ari “babiribabiri” kugira baje kwamamaza. (Luka 10:1) Igihe baba bariko barakorana, barashobora kuremeshanya. Ku bw’ivyo rero, umwanya umara mu busuku bwo mu ndimiro uri kumwe n’uwo musangiye ukwizera urabaronsa akaryo ko “guhanahana indemesho.”Rom. 1:12.

None ni ibiki mwoyaga? Hoba hari umwe muri mwebwe aheruka kwibonera ikintu kiremesha mu busuku? Hoba hari iciyumviro gishimishije wabonye uriko uriyigisha canke mu nyigisho y’umuryango? Hoba hari ikintu wumvise kw’ikoraniro cagukomeje? Vyoshobora gushika ugakorana n’umwamamaji mutari bwakorane. Woba uzi ingene yamenye ukuri? Ni igiki camujijuye ko turi mw’ishirahamwe rya Yehova? Ni uduteka utuhe amaze guterwa canke ni ibiki amaze kwibonera? Kumbure urashobora kumubwira bimwebimwe mu vyo wiboneye mu murimo wa Yehova. Naho abantu bo mu cibare bovyakira gute, gukorana n’uwundi muntu mu busuku biratuma umwe wese aronka akaryo keza ko ‘kuguma yubaka mugenziwe.’1 Tes. 5:11.

NUGUME UFISE UTUMENYERO TWIZA TWO KWIYIGISHA

Kugira utumenyero twiza two kwiyigisha no kutugumana ni ntahara kugira tugumane umwete mu busuku. Wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” arasohora amakuru menshi atandukanye. (Mat. 24:45) Ivyo ushobora kwiga rero kugira ngo wihereze ibifungurwa vy’impwemu biruzuye. Raba akarorero k’ikiganiro ciza wokwiyigisha: Kubera iki igikorwa co kwamamaza Ubwami gihambaye cane? Uruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro rurerekana impamvu zimwezimwe.

Kurimbura ivyiyumviro biri muri urwo ruzitiro birashobora gutuma ubandanya kwamamaza n’umwete. Mu vyo utegekanya kwiyigisha, ubona gute urondeye izindi mpamvu woshira muri urwo rutonde? Nuce uzirikana kuri izo mpamvu no ku vyanditswe bizishigikira. Nta gukeka ko kubigenza gutyo bizotuma urushiriza kugira umwete mu busuku.

NUSHIRE MU NGIRO UBURYO BWO KWAMAMAZA TUBWIRWA

Ishirahamwe rya Yehova ryama ryatubwiye uburyo butandukanye budufasha kuryohora ubusuku. Nk’akarorero, uretse ivyo kwamamaza inzu ku nzu, twoshobora kandi gushinga intahe mu kwandika amakete, guterefona, kwamamaza ku mabarabara canke mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, kubwira abantu inkuru nziza akaryo kizanye no mu vyibare bikorerwamwo ubudandaji. Twoshobora kandi gutunganya ivyacu kugira dushinge intahe mu vyibare bikorerwamwo gake.

Woba wemera kuza urakoresha ubwo buryo? Woba waragerageje gukoresha bumwebumwe muri bwo? Benshi mu bagerageje kubukoresha barahimbawe cane n’ivyavuyemwo. Rimbura uturorero dutatu.

Aka mbere kerekana ivyavuyemwo igihe mushiki wacu yitwa April yashira mu ngiro iciyumviro catanzwe muri kimwe mu biganiro vyo mu Gikorwa dukorera Ubwami bivuga ingene twotanguza inyigisho za Bibiliya. Ico ciyumviro catumye April abaza batatu mu bo bakorana nimba boshima ko abigisha Bibiliya. Yaratangaye yongera araryoherwa igihe bose bavyemera kandi baca baratangura kwitaba amakoraniro y’ishengero.

Akarorero ka kabiri kajanye no gushikiriza ibinyamakuru vyacu. Twararemeshejwe kurondera abantu boshobora gushimishwa n’ibiganiro binaka vyo mu binyamakuru vyacu. Umucungezi umwe w’umuzunguruko muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze yuko yigeze guha abantu bose bafise imangazini zidandarizwamwo amapine bo mu karere kanaka ikiganiro co muri Be Maso! kivuga ibijanye n’amapine. Vyongeye, we n’umukenyezi wiwe barajanye mu biro birenga 100 vy’abaganga bo muri uwo muzunguruko Be maso! yavuga ngo “Nutahure umuganga wawe” (mu gifaransa). Uwo mucungezi avuga ati: “Gushira abo bantu ivyo biganiro vyaradufashije cane kumenyana na bo no kubashikiriza ibisohokayandikiro. Tumaze kumenyerana n’abantu baho, twarashoboye gusubira kugendera abatari bake.”

Akarorero ka gatatu kajanye no gushinga intahe dukoresheje telefone. Mushiki wacu yitwa Judy yarandikiye abo ku cicaro gikuru abakengurukira kubona baturemesha gushinga intahe biciye kuri telefone. Yavuze yuko nyina wiwe w’imyaka 86, uwari afise ibirwara vyinshi, yama agira uruhara muri uwo muce w’umurimo mweranda be n’uko yahimbarwa cane no kwigisha Bibiliya umutamakazi w’imyaka 92 akoresheje telefone!

Uburyo bwo gushinga intahe buvugwa mu bisohokayandikiro vyacu mu vy’ukuri buravamwo ivyiza. Nubukoreshe! Burashobora kugufasha kuguma ufise umunezero n’umwete mu busuku.

NIWISHINGIRE IMIGAMBI USHOBORA GUSHIKAKO

Ukuntu ibisohokayandikiro dutanga bingana, ukuntu abo twigisha Bibiliya bangana canke ukuntu abo dufasha gucika abasavyi ba Yehova bangana, si vyo ahanini vyerekana ko twaroraniwe mu gikorwa co kwamamaza. None Nowa wewe yafashije abantu batari abo mu muryango wiwe bangahe gucika abasavyi ba Yehova? Yamara, yari umwamamaji aroranirwa vy’ukuri. Igihambaye ni uko dukorera Yehova tudahemuka.1 Kor. 4:2.

Kugira abamamaji b’Ubwami benshi bahimbarwe n’igikorwa co kwamamaza, babona ko bakeneye kwishingira imigambi bashobora gushikako. None imwimwe muri iyo migambi ni iyihe? Hari ivyiyumviro bikeyi vyatanzwe mu ruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro.

Nusabe Yehova agufashe gutuma uhimbarwa n’umurimo urangura kandi uwukuremwo ivyiza. Niwashika ku migambi wishingiye, uzohimbarwa no kuba hari ivyo washitseko be no kumenya yuko uriko urakora ivyo ushoboye vyose kugira wamamaze inkuru nziza.

Ego ni ko, kwamamaza inkuru nziza ntivyama vyoroshe. Yamara, hariho ivyo wokora kugira ube umwamamaji w’Ubwami w’umunyamwete. Nuhanahane indemesho n’uwo mwajanye kwamamaza, ugire utumenyero twiza two kwiyigisha kandi utwumireko, ukoreshe uburyo butandukanye bwo kwamamaza tubwirwa na wa mushumba w’umwizigirwa, wongere wishingire imigambi ushobora gushikako. N’ikiruta vyose, niwibuke yuko Imana yaguteye agateka kadasanzwe ko kwamamaza inkuru nziza uri Icabona cayo. (Yes. 43:10) Ese ukuntu uzokwironkera umunezero niwabandanya kuguma ufise umwete mu busuku!