Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twigane umutima rugabo wa Yezu n’ugutahura kwiwe

Twigane umutima rugabo wa Yezu n’ugutahura kwiwe

“Naho mutigeze mumubona, muramukunda. Naho mutamubona muri iki gihe, ntikibuza yuko mumwizera.”1 PET. 1:8.

1, 2. (a) Dushobora gute gushikira ubukiriro? (b) Ni igiki codufasha kuguma mu nzira ishikana ku bukiriro?

IGIHE tubaye abigishwa ba Kristu, tuba dutanguye urugendo. Urwo rugendo rurashobora kudushikana ku buzima bwo mw’ijuru canke bwo kw’isi. Yezu yavuze ati: “Uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.” (Mat. 24:13) Ego cane, tugumye turi intahemuka, turashobora kuronka ubukiriro. Ariko rero mu nzira ducamwo, dutegerezwa kuba maso kugira ngo ntidusamare canke ngo tuzimire. (1 Yoh. 2:15-17) Dushobora gute none kudata inzira mu rugendo rwacu?

2 Umwe Karorero wacu Yezu yaratubereye imboneza. Urugendo yagize rwaranditswe muri Bibiliya. Igihe twihweje iyo nkuru, turamenya ukuntu Yezu ameze. Turashobora guca tumukunda kandi tukamwizera. (Soma 1 Petero 1:8, 9.) Niwibuke yuko intumwa Petero yavuze ko Yezu yadusigiye akarorero kugira dukurikire neza intambuko ziwe. (1 Pet. 2:21) Nitwakurikira twitonze intambuko ziwe, tuzoshika ku co twokwita ihangiro ry’ukwizera kwacu, ni ukuvuga ubukiriro. * Mu kiganiro c’imbere y’iki, twarihweje ukuntu twokwigana akarorero ka Yezu ko kwicisha bugufi no kugaragaza ikibabarwe. Nimuze ubu na ho twihweze ukuntu twokurikira intambuko ziwe mu bijanye no kugaragaza umutima rugabo n’ugutahura.

YEZU ARAFISE UMUTIMA RUGABO

3. Umutima rugabo ni iki, kandi tuwuronka gute?

3 Umutima rugabo ni ubwoko bw’ukwizigira bushobora kudukomeza no kutuzigama. Kugira umutima rugabo bidondorwa ko ari “ukwumirako igihe uri mu ngorane,” “ugushigikira ibigororotse” be n“uguhangana n’imibabaro ubigiranye ubuntu canke ukwizera.” Umutima rugabo urajana n’ugutinya, icizigiro be n’urukundo. Uti gute? Gutinya Imana bituma tugira umutima rugabo wo kudatinya abantu. (1 Sam. 11:7; Imig. 29:25) Icizigiro nyakuri kiradufasha kurengera ibigeragezo turimwo ubu no kwitega kazoza ata makenga. (Zab. 27:14) Urukundo rwo kwitanga ruratuma tugaragaza umutima rugabo mbere n’igihe twoba duhakwa kuhasiga ubuzima. (Yoh. 15:13) Igihe twizigiye Imana kandi tugakurikira intambuko z’Umwana wayo, turaronka umutima rugabo.Zab. 28:7.

4. Yezu yagaragaje gute umutima rugabo “hagati y’abigisha” igihe yari mu rusengero? (Raba ishusho itangura.)

4 Mbere n’igihe Yezu yari agahungu k’imyaka 12, yaraburaniye ibigororotse abigiranye umutima rugabo. Raba ivyabaye igihe yari akiri muto ari “mu rusengero, yicaye hagati y’abigisha.” (Soma Luka 2:41-47.) Uretse ko abo bigisha bari abahanga mu bijanye na rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa, bari n’abahanga mu bijanye n’imigenzo yashinzwe n’abantu yonona iryo Tegeko. Mugabo Yezu ntiyahiye coba ngo agume anumye; “[yar]ababaza ibibazo.” Nta gukeka ko atababaza bene twa tubazo abana babaza barondera kumenya utuntu n’utundi. Turashobora kwiha ishusho Yezu ariko arabaza ibibazo bikabura ubwenge vyatuma abo bigisha b’incabwenge bafata akanya maze bakihweza ibintu. Nimba abo bigisha baragerageje gutega Yezu mu kumubaza ibibazo bivyura ibihari, nta co vyavuyemwo. Nkako, abariko baramwumviriza bose harimwo n’abo bigisha, “[barumijwe] n’ugutegera kwiwe be n’inyishu ziwe,” zikaba ata gukeka zari inyishu zishigikira ukuri kw’Ijambo ry’Imana!

5. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu yagaragaje umutima rugabo mu gihe c’ubusuku bwiwe?

5 Igihe Yezu yariko ararangura ubusuku bwiwe, yaragaragaje umutima rugabo mu buryo butandukanye. Abigiranye uburindutsi, yarashize ku ka barore indongozi z’idini kuko zariko zizimiza abantu zikoresheje inyigisho z’ikinyoma. (Mat. 23:13-36) Yararwanije ashikamye akosho konona k’isi. (Yoh. 16:33) Yagumye yamamamaza naho abamurwanya bamugirako iterabwoba. (Yoh. 5:15-18; 7:14) Yarahumanuye urusengero incuro zibiri ata bwoba abigiranye, arasohora hanze abariko barahumanya ugusenga kwahabera.Mat. 21:12, 13; Yoh. 2:14-17.

6. Yezu yagaragaje gute umutima rugabo ku musi wa nyuma w’ubuzima bwiwe kw’isi?

6 Birakomeza ukwizera kwihweza ibintu biranga umutima rugabo Yezu yakoze igihe yari mu mibabaro. Raba umutima rugabo yagaragaje ku musi wa nyuma w’ubuzima bwiwe kw’isi. Yari azi ukuntu ibintu biza kugenda birakurikirana bivuye kuri nyene kumugura. Yamara, mu gihe c’imfungurwa za Pasika, Yezu yabwiye Yuda ati: “Ico uriko urakora gikore ningoga.” (Yoh. 13:21-27) Mw’itongo ry’i Getsemani, Yezu yarimenyekanishije n’umutima rugabo ku basoda bari baje kumufata. Naho ubuzima bwiwe bwari mu kaga, yaravuze kugira akingire abigishwa biwe. (Yoh. 18:1-8) Igihe yariko arasambishwa imbere y’Inama Nkuru, yaremeye n’uburindutsi ko yari we Kristu akaba n’Umwana w’Imana, naho nyene yari azi ko umuherezi mukuru yariko arondera icitwazo co kumwicisha. (Mrk. 14:60-65) Yezu yagumye yumiye ku gutungana kwiwe gushika apfiriye ku giti co kwicirwako. Igihe yagira acikane, yihaye akaruru k’intsinzi ati: “Birarangutse!”Yoh. 19:28-30.

TWIGANE UMUTIMA RUGABO WA YEZU

7. Yemwe abakiri bato, mwiyumva gute ku bijanye no kuba mwitirirwa izina rya Yehova, kandi mwokwerekana gute ko mufise umutima rugabo?

7 Twokwigana gute Yezu mu bijanye no kugaragaza umutima rugabo? Kw’ishure. Yemwe abakiri bato, muragaragaza umutima rugabo igihe mwimenyekanisha ko muri Ivyabona vya Yehova, naho nyene mubigize muca muzomerwa n’abo mwigana canke abandi. Gutyo muba mwerekanye ko muhimbarwa no kwitirirwa izina rya Yehova. (Soma Zaburi 86:12.) Mwoshobora gushirwako iterabwoba kugira mwemere ko ihindagurika ribaho koko. Mugabo murafise imvo zumvikana zo kwizigira ivyo mwemera bishingiye kuri Bibiliya mu bijanye n’irema. Murashobora gukoresha ka gatabu Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie, kugira ngo muhe inyishu zijijura abipfuza kumenya “impamvu y’icizigiro kiri muri mwebwe.” (1 Pet. 3:15) Muzoca mwumva muhimbawe no kumenya yuko mwashigikiye ukuri kw’Ijambo ry’Imana.

8. Ni imvo izihe zituma twamamaza n’ubutinyutsi?

8 Mu busuku turangura. Twebwe abakirisu b’ukuri, turakeneye kuguma “[tu]vugana ubutinyutsi ku bubasha bwa Yehova.” (Ivyak. 14:3) Ni imvo izihe zituma twamamaza n’ubutinyutsi, ari wo mutima rugabo? Turazi yuko ivyo twamamaza ari ukuri kubera ko bishingiye kuri Bibiliya. (Yoh. 17:17) Turazi ko “turi abakozi bakorana n’Imana” be n’uko dushigikiwe n’impwemu nyeranda. (1 Kor. 3:9; Ivyak. 4:31) Turatahura ko dushinze intahe n’umwete tuba twerekanye ko twihebeye Yehova be n’uko dukunda mugenzi wacu. (Mat. 22:37-39) Nitwagaragaza umutima rugabo, ntituzonuma. Ahubwo nyabuna, twiyemeje gushira ku kabarore ibinyoma vyigishwa mu madini bituma abantu batamenya ukuri. (2 Kor. 4:4) N’ikindi kandi, tuzobandanya kwamamaza inkuru nziza naho vyoshika abantu ntibabinegwe, bakadutyekeza canke bakaturwanya.1 Tes. 2:1, 2.

9. Twogaragaza gute umutima rugabo igihe turi mu mibabaro?

9 Igihe turi mu mibabaro. Kwizigira Imana bituma tugira ukwizera n’umutima rugabo kugira twihanganire ingorane. Igihe uwacu apfuye, turatuntura, mugabo ntidutakaza icizigiro. Turahanga amaso ya “Mana y’uruhoza rwose” twizigiye ko idukomeza. (2 Kor. 1:3, 4; 1 Tes. 4:13) Igihe turwaye indwara ikomeye canke twakorewe ikibi, twoshobora kubabara ariko ntitudohoka. Turanka kuvurwa mu buryo ubwo ari bwo bwose buteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (Ivyak. 15:28, 29) Igihe tudendebukiwe, ‘imitima yacu yoshobora kudutsindisha,’ mugabo kubera ko twizigira Imana “[i]ri hafi y’ab’umutima umenetse,” ntidutana n’akabando. *1 Yoh. 3:19, 20; Zab. 34:18.

YEZU ARAFISE UGUTAHURA

10. Ugutahura ni iki, kandi umusavyi w’Imana afise ugutahura avuga gute kandi agakora gute?

10 Ugutahura ni ubushobozi bwo gutandukanya iciza n’ikibi maze ugahitamwo ikiranga ubukerebutsi. (Heb. 5:14) Kudondorwa ko ari “ubushobozi bwo gufata ingingo zibereye mu vy’impwemu.” Umusavyi w’Imana afise ugutahura aravuga kandi agakora mu buryo buhimbara Imana. Uwo muntu ahitamwo amajambo afasha abandi aho guhitamwo ayababaza. (Imig. 11:12, 13) “[Ara]teba gushavura.” (Imig. 14:29) “Agenda atumbereye imbere,” akumira ku bigororotse mu rugendo agira rwo mu buzima. (Imig. 15:21) None dushobora gute kuronka ugutahura? Dutegerezwa kwiga Ijambo ry’Imana kandi tugashira mu ngiro ivyo twiga. (Imig. 2:1-5, 10, 11) Birahambaye canecane ko turimbura akarorero ka Yezu, we afise ugutahura kuruta ukw’ababayeho bose.

11. Yezu yagaragaje gute ugutahura mu vyo yavuga?

11 Yezu yaragaragaje ugutahura mu vyo yavuga vyose no mu vyo yakora. Mu vyo yavuga. Yarabona ibintu mu buryo bwiza igihe yaba ariko aramamaza inkuru nziza, agahitamwo “amajambo y’igikundiro” yatangaza abamwumviriza. (Luka 4:22; Mat. 7:28) Akenshi yarareka Ijambo ry’Imana akaba ari ryo rivuga, ivyo akaba yabigira mu gusoma ivyanditswe bibereye, mu kubisubiramwo canke mu kuvyerekezako, kugira ashikirize iciyumviro ciwe. (Mat. 4:4, 7, 10; 12:1-5; Luka 4:16-21) Yezu kandi yarasigura Ivyanditswe, akabigira mu buryo bukora ku mutima abamwumviriza. Aho amariye kuzuka, igihe yariko aravugisha abigishwa biwe ku nzira ija i Emawusi, “[yarabasobanuriye] ibintu bijanye na we ubwiwe mu Vyanditswe vyose.” Abo bigishwa biwe mu nyuma bavuze bati: “Mbega imitima yacu ntiyariko irarurumba . . . igihe yariko adusigurira Ivyanditswe?”Luka 24:27, 32.

12, 13. Ni uburorero ubuhe bwerekana ko Yezu yateba gushavura be n’uko yagira ibitegereka?

12 Inyifato yagaragaza. Ugutahura kwarafasha Yezu gucungera inyifato yiwe, kugatuma “[a]teba gushavura.” (Imig. 16:32) Yari “[y]iyoroheje mu mutima.” (Mat. 11:29) Yama yihanganira abigishwa biwe naho bari bafise utunenge. (Mrk. 14:34-38; Luka 22:24-27) Yaguma atekanye n’igihe nyene yaba arenganijwe.1 Pet. 2:23.

13 Ugutahura kandi kwarafasha Yezu kugira ibitegereka. Rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa, ntiyarifata urudome ku rundi. Yaratahura iciyumviro kiri muri ryo maze agakora acisunga. Nk’akarorero, rimbura inkuru iri muri Mariko 5:25-34. (Soma.) Umugore yava amaraso yaranyororomvye mw’isinzi ry’abantu, akora kuri Yezu, aca arakira. Twisunze rya Tegeko, yari ahumanye, akaba rero atari akwiye gukora ku muntu n’umwe. (Lew. 15:25-27) Mugabo Yezu, uwatahura ko mu “bihambaye kuruta vyo mw’Itegeko” harimwo “imbabazi n’ubwizigirwa,” ntiyakariye uwo mugore ngo ni uko yakoze ku mpuzu yiwe. (Mat. 23:23) Ahubwo yamubwiye n’umutima mwiza ati: “Mukobwa wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Genda amahoro, ukire indwara yawe isesereza.” Ese ukuntu bikora ku mutima kubona ugutahura kwa Yezu kwaratumye agaragaza umutima mwiza nk’uwo!

14. Ni ingendo iyihe Yezu yahisemwo, kandi ni gute yayumiyeko?

14 Mu kuntu yari abayeho. Yezu yaragaragaje ugutahura mu guhitamwo ingendo ibereye kandi akayumirako. Yarihebeye kwamamaza inkuru nziza, abigira co gikorwa nyamukuru yarangura mu buzima. (Luka 4:43) Yezu kandi yagumye muri iyo ngendo mu gufata ingingo zamufashije kuguma yitwararika ico gikorwa no kuguma agishigikiye gushika kirangiye. Abigiranye ubukerebutsi, yahisemwo kuguma yoroheje ubuzima kugira ngo umwanya wiwe n’inguvu ziwe abikoreshe mu busuku. (Luka 9:58) Yaratahuye ko bikenewe yuko amenyereza abandi kugira baze babandanye ico gikorwa amaze gupfa. (Luka 10:1-12; Yoh. 14:12) Yasezeraniye abayoboke biwe yuko yogumye agira uruhara muri ico gikorwa “gushika ku nsozero y’ivy’isi.”Mat. 28:19, 20.

TWIGANE UGUTAHURA KWA YEZU

Nutahure ibishimisha abantu, maze uhitemwo amajambo ukoresha wisunze ivyo bakeneye (Raba ingingo ya 15)

15. Twokwerekana gute ko dufise ugutahura mu vyo tuvuga?

15 Rimbura ubundi buryo dushobora kwigana Yezu. Mu vyo tuvuga. Mu biyago tugiranira n’abo dusangiye ukwemera, turakoresha amajambo abakomeza aho gukoresha ayabaca intege. (Ef. 4:29) Igihe tuyaga n’abandi bantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana, turarunga “umunyu” amajambo dukoresha. (Kol. 4:6) Turagerageza gutahura ivyo abo tuyaga bakeneye be n’ibibashimisha, tugaca duhitamwo amajambo dukoresha tuvyisunze. Turibuka yuko amajambo y’igikundiro ashobora gutuma baduha ikaze kandi bakemera ivyo tubabwira. Vyongeye, igihe dusigura ivyo twemera, turagerageza kureka Bibiliya ikaba ari yo ivuga. Ku bw’ivyo, turayisoma igihe cose bishoboka kubera ko ari yo ifise ububasha. Turemera ko ubutumwa bwo muri Bibiliya burusha kure n’iyo ububasha ikintu cose twoshobora kuvuga tuvyigeneye.Heb. 4:12.

16, 17. (a) Dushobora gute kwerekana ko duteba kuraka be n’uko tugira ibitegereka? (b) Ni gute twoguma twitwararika ubusuku turangura?

16 Mu nyifato tugaragaza. Ugutahura kuradufasha gucungera inyifato yacu, kugatuma “[du]teba kuraka.” (Yak. 1:19) Igihe abandi baducumuyeko, turagerageza gutahura icatumye bavuga canke bakora ibintu kanaka. Ukwo gutahura kwimbitse kuradufasha gutsinda ishavu no “kwirengagiza ikigabitanyo.” (Imig. 19:11) Ugutahura kandi kuradufasha kugira ibitegereka. Duca rero tugerageza kutarenza urugero mu vyo twitega ku bo dusangiye ukwizera, tukibuka ko boshobora kuba bari mu ngorane tudatahura neza. Turagira umutima ukunze wo gutega yompi ivyiyumviro vyabo maze igihe bibereye, tukisunga ukuntu babona ibintu.Flp. 4:5.

17 Mu kuntu tubaho. Kubera ko turi abayoboke ba Yezu, turatahura ko ata kandi gateka koza karuta kwamamaza inkuru nziza. Turaguma muri iyo nzira mu gufata ingingo zidufasha kuguma twitwararika ubusuku turangura. Duhitamwo kugumiza ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere, tukaguma tworoheje ubuzima kugira dushobore kwihebera ca gikorwa co kwamamaza gihambaye kuruta ibindi vyose, imbere y’uko umuhero ushika.Mat. 6:33; 24:14.

18. Dushobora gute kuguma mu nzira ishikana ku bukiriro, kandi wiyemeje iki?

18 Ntivyari bihimbaye none kurimbura kamere zimwezimwe za Yezu zikwegera? Iyumvire ukuntu twohungukira cane twize izindi kamere ziwe be n’ukuntu tworushiriza kumera nkawe. Nimuze rero twiyemeze gukurikira neza intambuko ziwe. Nitwabigira, tuzoguma mu nzira turimwo ishikana ku bukiriro twongere turushirize kwiyegereza Yehova, uwo Yezu yiganye ata gahaze.

^ par. 2 Ibivugwa muri 1 Petero 1:8, 9 vyandikiwe abakirisu bafise icizigiro c’ijuru. Ariko rero ayo majambo arerekeye n’abafise icizigiro co kuba mw’isi.

^ par. 9 Wipfuza uburorero bw’abantu bagaragaje umutima rugabo igihe bari mu mibabaro, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2012, urupapuro rwa 7-11; Be maso! yo ku wa 22 Ndamukiza 2003, urupapuro rwa 18-21; be n’iyo ku wa 22 Nzero 1995, urupapuro rwa 11-15 (mu gifaransa).