Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikigereranyo c’italanto kitwigisha iki?

Ikigereranyo c’italanto kitwigisha iki?

“Umwe amuha italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi na we imwe.”MAT. 25:15.

1, 2. Ni kubera iki Yezu yatanze ikigereranyo c’italanto?

MURI wa mugani w’italanto, Yezu yarerekanye neza ico abayoboke biwe barobanuwe bategerezwa gukora. Turakeneye gutahura insobanuro y’uwo mugani kubera ko werekeye abakirisu bose b’ukuri, baba abizigiye kuzoba mw’ijuru canke kw’isi.

2 Yezu yaciye uwo mugani w’italanto igihe yariko arishura ikibazo abigishwa biwe bari bamubajije cerekeye “ikimenyetso c’ukuhaba [kwiwe] n’ic’insozero y’ivy’isi.” (Mat. 24:3) Uwo mugani rero uriko uraranguka muri iki gihe kandi ni kimwe mu vyerekana ko Yezu ari ho ari be n’uko aganza ari Umwami.

3. Ni ivyigwa ibihe dukura ku bigereranyo biri muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25?

3 Uwo mugani w’italanto ni kimwe mu bigereranyo bine bifitaniye isano dusanga muri Matayo 24:45 gushika muri Matayo 25:46. Ibindi bitatu bisigaye ni icerekeye umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, icerekeye abigeme cumi b’isugi n’icerekeye intama n’impene. Na vyo nyene biri mu bigize inyishu Yezu yatanze kuri ca kibazo cerekeye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe. Muri ivyo bigereranyo bine vyose, Yezu arerekana ibintu vyoranze abayoboke biwe b’ukuri muri iyi misi ya nyuma. Ikigereranyo cerekeye wa mushumba, icerekeye ba bigeme b’isugi be n’icerekeye italanto, Yezu avyerekeza ku bayoboke biwe barobanuwe. Muri ca kigereranyo cerekeye umushumba w’umwizigirwa, Yezu arerekana igituma umugwi mutoyi w’abarobanuwe yajeje kugaburira abakozi biwe bo mu nzu mu misi ya nyuma, babwirizwa kuba abizigirwa kandi bakagira ubwenge. Muri wa mugani w’abigeme b’isugi, Yezu arerekana ko abayoboke biwe barobanuwe bose bobwirijwe kuba biteguye kandi bakaba maso, bazi ko Yezu ariko araza mugabo batazi umusi canke isaha. Muri wa mugani w’italanto, Yezu arerekana ko abarobanuwe bobwirijwe kuba abanyamwete mu kurangura amabanga ya gikirisu bajejwe. Ikigereranyo ca nyuma c’intama n’impene Yezu acerekeza ku bafise icizigiro co kuba kw’isi. Arerekana ko bobwirijwe kuba intahemuka no gushigikira bene wabo na Yezu barobanuwe bo kw’isi. * Nimuze rero twibande ku kigereranyo c’italanto.

UMUGABO AHA ABASHUMBA BIWE ITUNGA

4, 5. Umugabo wo muri uwo mugani agereranya nde, kandi italanto yari ifise agaciro kangana gute?

4 Soma Matayo 25:14-30. Ibisohokayandikiro vyacu biramaze igihe kinini bivuga ko umugabo wo muri ico kigereranyo ari Yezu be n’uko yagiye mu mahanga igihe yaduga mw’ijuru mu 33 Inyuma ya Kristu. Mu mugani usa n’uwo, Yezu arerekana icari kimujanye mu mahanga, ni ukuvuga “kwihesha ububasha bwa cami.” (Luka 19:12) Igihe Yezu yasubira mw’ijuru, ntiyaciye ubwo nyene yihesha ububasha bwa cami mu buryo bwuzuye. * Ahubwo nyabuna yaciye “yicara iburyo bw’Imana, kuva ubwo ararorera gushika abansi biwe bagizwe nk’intebe y’ibirenge vyiwe.”Heb. 10:12, 13.

5 Umugabo avugwa muri ico kigereranyo yari afise italanto umunani, rikaba ryari itunga rinini cane ico gihe. * Imbere yo kuja mu mahanga, yaragabanganirije izo talanto abashumba biwe, yiteze ko bazidandaza igihe yobaye yagiye. Cokimwe n’uwo mugabo, imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yari afise ikintu c’agaciro kanini. Uti cari igiki? Cari igikorwa yaranguye igihe yari ng’aha kw’isi.

6, 7. Italanto zigereranya iki?

6 Yezu yaraha agaciro kanini igikorwa ciwe co kwamamaza no kwigisha. (Soma Luka 4:43.) Biciye kuri co, yararimye umurima wovuyemwo ivyiza vyinshi. Imbere y’aho, yabwiye abigishwa biwe ati: “Raramure amaso yanyu murabe imirima: ireze, igeze kwimbura.” (Yoh. 4:35-38) Yari afise ku muzirikanyi igikorwa co kwegeranya abandi bantu benshi b’imitima nziraburyarya bohavuye bacika abigishwa biwe. Umurimyi mwiza ntashobora guheba umurima ugeze kwimbura. Na Yezu nyene ni ukwo. Ni co gituma inyuma y’aho azukiye be n’imbere gatoyi y’uko aduga mw’ijuru, yajeje abigishwa biwe igikorwa kitoroshe, ati: “Nimugende rero muhindure abantu . . . abigishwa.” (Mat. 28:18-20) Yezu rero yarabajeje itunga ry’agaciro, ni ukuvuga ubusuku bwa gikirisu.2 Kor. 4:7.

7 Ni iciyumviro ikihe none twoshikako? Igihe Yezu yariko azeza abayoboke biwe igikorwa co guhindura abantu abigishwa, ni nk’aho yariko abazeza “ivyo atunze,” ari zo talanto ziwe. (Mat. 25:14) Muri make, izo talanto zigereranya ibanga ryo kwamamaza no guhindura abantu abigishwa.

8. Naho abo bashumba bataronse italanto zingana, ni igiki shebuja yari yiteze?

8 Uwo mugani w’italanto urerekana ko wa mugabo yahaye umushumba umwe italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi nawe imwe gusa. (Mat. 25:15) Naho abo bashumba bataronse italanto zingana, shebuja yari yiteze ko bose bagira umwete mu gukoresha izo talanto, ni ukuvuga mu gukora uko bashoboye kwose mu busuku. (Mat. 22:37; Kol. 3:23) Mu kinjana ca mbere, uhereye kuri Pentekoti yo mu 33 Inyuma ya Kristu, abayoboke ba Kristu baciye batangura gucuruza izo talanto. Umwete bagize mu kwamamaza no mu guhindura abantu abigishwa uravugwa cane mu gitabu co muri Bibiliya c’Ivyakozwe. *Ivyak. 6:7; 12:24; 19:20.

GUCURUZA ITALANTO MU GIHE C’IHEREZO

9. (a) Ba bashumba babiri b’abizigirwa bakoresheje gute italanto bahawe, kandi ivyo vyerekana iki? (b) Abo mu “zindi ntama” barangura uruhara uruhe?

9 Mu gihe c’iherezo, canecane guhera mu 1919, abashumba b’abizigirwa ba Kristu barobanuwe bo ng’aha kw’isi baracuruje italanto za Shebuja. Cokimwe na ba bashumba babiri ba mbere, abavukanyi na bashiki bacu barobanuwe barakoresheje ukwo bashoboye kwose ivyo bafise. Si ngombwa ngo turondere kumenya uwaronse italanto zitanu canke zibiri uwo ari we. Muri ca kigereranyo, abo bashumba bompi baragwije na kabiri ivyo shebuja yabahaye. Bompi rero baranganije umwete. None abafise icizigiro co kuba kw’isi bobo barangura uruhara uruhe? Emwe, ni uruhara ruhambaye! Ikigereranyo ca Yezu c’intama n’impene kiratwigisha yuko abafise icizigiro co kuba kw’isi bari n’agateka ko gushigikira badahemuka bene wabo na Kristu barobanuwe, mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha. Muri iyi misi ya nyuma igoye, iyo migwi yompi irasenyera ku mugozi umwe ari “ubusho bumwe” mu kurangurana umwete igikorwa co guhindura abantu abigishwa.Yoh. 10:16.

10. Umuce ukomeye wa ca kimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu ni uwuhe?

10 Birabereye ko Shebuja yitega yuko hagira ikivamwo. Nk’uko twamaze kubivuga, abigishwa ba Yezu b’abizigirwa bo mu kinjana ca mbere barongereje koko ivyo atunze. Tuvuge iki muri iki gihe c’iherezo aho wa mugani w’italanto uriko uraranguka? Abayoboke ba Yezu b’abizigirwa kandi b’abanyamwete barakoze birashimwa mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Utwigoro bagize bunze urunani twaratumye abigishwa bashasha ibihumbi biyongera ku gitigiri c’abamamaji b’Ubwami buri mwaka. Ivyo vyatumye igikorwa co kwamamaza no kwigisha kiba umuce uhambaye wa ca kimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu mu bubasha bw’Ubwami. Emwe, Shebuja ategerezwa kuba anezerewe cane!

Kristu yarajeje abayoboke biwe igikorwa gihambaye cane co kwamamaza (Raba ingingo ya 10)

YEZU AZOZA KWISHUZA RYARI?

11. Ni igiki gituma tuvuga ko mu gihe ca ya makuba akomeye ari ho Yezu azoza kwishuza?

11 Yezu azoza kwishuza abashumba biwe mu mpera ya ya makuba akomeye yimirije gushika. Ni igiki gituma tuvuga gutyo? Mu buhanuzi dusanga muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25, Yezu yaravuze akatari gake ivy’ukuza kwiwe. Mu kwerekeza ku rubanza azoca mu gihe ca ya makuba akomeye, yavuze ko abantu “bazobona Umwana w’umuntu aza ku bicu vyo kw’ijuru.” Yahimirije abayoboke biwe bo mu misi ya nyuma ngo babe maso, ati: “[Ntimu]zi umusi Umukama wanyu azozirako” kandi “Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.” (Mat. 24:30, 42, 44) Igihe rero Yezu yavuga ngo “shebuja wa nya bashumba araza, arabishuza,” biragaragara ko yariko yerekeza kuri ca gihe azoza guca urubanza kw’iherezo ry’ivy’iyi si. *Mat. 25:19.

12, 13. (a) Wa mugabo abwira iki abashumba babiri ba mbere, kandi kubera iki? (b) Ni ryari abarobanuwe badomwako ikidodo ca nyuma? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Bacirwa urubanza iyo bapfuye.”) (c) Abazoba bemewe ko ari intama bazoronka impera iyihe?

12 Twisunze uwo mugani, wa mugabo ashika asanga abashumba babiri ba mbere, ni ukuvuga umwe w’italanto zitanu n’umwe wa zibiri, barabaye abizigirwa mu kugwiza na kabiri italanto zabo. Uwo mugabo abwira umwe wese muri abo bashumba babiri ati: “Wakoze neza, mushumba mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bikeya. Nzogushinga vyinshi.” (Mat. 25:21, 23) None twokwitega iki Yezu uwaninahajwe niyaza guca urubanza muri kazoza?

13 Abigishwa biwe barobanuwe b’abanyamwete, abagereranywa na ba bashumba babiri ba mbere, bazoba baramaze kudomwako ikidodo ca nyuma imbere y’uko amakuba akomeye atangura. (Ivyah. 7:1-3) Imbere y’uko Harumagedoni itangura, Yezu azobaha impera y’ijuru yabemereye. Abafise icizigiro co kuba kw’isi bashigikiye benewabo na Kristu mu gikorwa co kwamamaza, bazoba bamaze kwemerwa ko ari intama maze baterwe agateka ko kuba kw’isi izoba itwarwa n’Ubwami.Mat. 25:34.

UMUSHUMBA MUBI KANDI W’IKINEBWE

14, 15. Yezu yoba yariko yerekana ko igitigiri kinini ca benewabo barobanuwe bobaye babi bakaba n’ibinebwe? Sigura.

14 Muri wa mugani, umushumba wa nyuma yarahamvye italanto yiwe aho kuyicuruza canke ngo ayihe abanyebanki. Uwo mushumba yarerekanye agatima kabi kuko yanse n’ibigirankana ko shebuja aronka inyungu. Birabereye kubona shebuja yamwise umushumba “mubi kandi w’ikinebwe.” Shebuja yaciye amwaka iyo talanto ayiha umwe yari afise cumi. Nya mushumba mubi yaciye rero atererwa “mu mwiza hanze. Aho ni ho ha[baye] ukurira kwiwe n’uguhekenya amenyo.”Mat. 25:24-30; Luka 19:22, 23.

15 None ko umwe muri abo bashumba batatu yanyegeje italanto yiwe, Yezu yoba yariko yerekana ko ica gatatu c’abayoboke biwe barobanuwe bobaye babi bakaba n’ibinebwe? Habe namba. Rimbura ivyo Yezu yavuze. Muri ca kigereranyo c’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, Yezu yaravuze ibijanye n’umushumba mubi akubita abashumba bagenziwe. Ng’aho Yezu ntiyariko avuga ko hokwadutse umugwi w’umushumba mubi. Ahubwo nyabuna yariko aragabisha umushumba w’umwizigirwa ngo ntazogaragaze kamere z’umushumba mubi. Muri ubwo buryo nyene, muri wa mugani w’abigeme cumi b’isugi, Yezu ntiyariko yerekana ko ica kabiri c’abayoboke biwe barobanuwe cobaye nka ba bigeme batanu b’ibijuju. Ahubwo nyabuna yariko agabisha benewabo bo mu buryo bw’impwemu ku vyoshitse baramutse batabaye maso kandi ntibabe biteguye. * Twisunze ivyo bintu Yezu yavuze, bisa n’ivyumvikana dushitse ku ciyumviro c’uko mu kigereranyo c’italanto, Yezu atariko avuga yuko igitigiri kinini ca benewabo barobanuwe bo mu misi ya nyuma bobaye babi bakaba n’ibinebwe. Ahubwo nyabuna, Yezu yariko agabisha abayoboke biwe barobanuwe ko bakwiye kuguma bafise umwete, ni ukuvuga ‘gucuruza’ italanto zabo, maze bakirinda agatima n’ibikorwa vy’umushumba mubi.Mat. 25:16.

16. (a) Ni ivyigwa ibihe dukura mu mugani w’italanto? (b) Iki cigwa cadufashije gute gutahura wa mugani w’italanto? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Dukwiye gutahura gute ca kigereranyo c’italanto?”)

16 Ni ivyigwa bibiri ibihe dukura mu mugani w’italanto? Ica mbere ni uko Kristu yajeje abashumba biwe barobanuwe ikintu abona ko ari ic’agaciro kanini, ni ukuvuga igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Ica kabiri ni uko Kristu yiteze ko twese tugira umwete mu gikorwa co kwamamaza. Tugize umwete turashobora kwizigira tudakeka ko uwo Databuja azoturonsa impera kubera ko dufise ukwizera, turi maso tukaba n’intahemuka.Mat. 25:21, 23, 34.

^ par. 3 Ivy’uwo mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge biravugwa mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2013, urupapuro rwa 21-22 ingingo ya  8-10. Ivya ba bigeme b’isugi birasigurwa mu kiganiro c’imbere y’iki muri iki kinyamakuru. Ikigereranyo c’intama n’impene kirasigurwa mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 1995 (mu gifaransa) urupapuro rwa 23-28 no mu kiganiro kiza inyuma y’iki, muri iki kinyamakuru.

^ par. 5 Mu gihe ca Yezu, italanto yangana n’amadenariyo 6.000. Umukozi abayabaye, uwahembwa idenariyo ku musi, yabwirizwa gukora imyaka nka 20 kugira aronke italanto imwe gusa.

^ par. 8 Inyuma y’urupfu rw’intumwa, Shetani yaratanguje ubuhuni, ubwamaze ibinjana vyinshi bwarasagamvye. Muri ico kiringo, nta gikorwa kiboneka co guhindura abantu abigishwa ba Kristu b’ukuri carangurwa. Ariko ivyo vyohindutse cane mu gihe c’“iyimbura,” ni ukuvuga mu misi ya nyuma. (Mat. 13:24-30, 36-43) Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2013, urupapuro rwa 9-12.

^ par. 11 Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2013, urupapuro rwa 7-8, ingingo ya 14-18.

^ par. 15 Raba ingingo ya 13 y’ikiganiro kivuga ngo “Woba ‘uzoguma uri maso’?” muri iki kinyamakuru.