Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dushigikire bene wabo na Kristu tudahemuka

Dushigikire bene wabo na Kristu tudahemuka

“Ku rugero mwabigiriye umwe muri aba batoyi bo hanyuma y’abandi muri bene wacu, ni jewe mwabigiriye.”MAT. 25:40.

1, 2. (a) Ni ibigereranyo ibihe Yezu yiganiye abagenzi biwe somambike? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni ibiki dukeneye kumenya ku bijanye na ca kigereranyo cerekeye intama n’impene?

YEZU ariko arayaga na Petero, Andereya, Yakobo na Yohani, bakaba bari abagenzi biwe somambike. Ahejeje kubiganira ikigereranyo cerekeye umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, icerekeye abigeme cumi b’isugi be n’icerekeye italanto. Asozera ico kiganiro mu kubacira uwundi mugani. Arabiganira ibijanye n’igihe “Umwana w’umuntu” azocira urubanza “amahanga yose.” Ese ukuntu ico kigereranyo gitegerezwa kuba carashimishije cane abigishwa biwe! Muri ico kigereranyo, Yezu aravuga ivyerekeye imigwi ibiri, umwe ukaba ugizwe n’intama uwundi ukaba ugizwe n’impene. Aca yerekana umugwi uhambaye ugira gatatu, akavuga ko ugizwe na ‘bene wabo’ n’“umwami.”Soma Matayo 25:31-46.

2 Abasavyi ba Yehova baramaze igihe kirekire barondera kumenya ibijanye n’ico kigereranyo kandi birumvikana, kubera ko muri co Yezu avuga ibiraririye gushikira abantu. Arahishura igituma bamwe bazoronka ubuzima budahera, abandi na bo bakarandurwa ibihe bidahera. Ni co gituma bihambaye ko tumenya ico uwo mugani usobanura be n’ivyo dutegerezwa gukora kugira tuzoronke ubuzima budahera. Ku bw’ivyo, muri iki kiganiro tuza kwishura ibibazo bikurikira: Ni gute Yehova yagiye aradufasha gutahura ico kigereranyo? Kubera iki twovuga yuko ico kigereranyo cerakana ko igikorwa co kwamamaza gihambaye? Ni bande bashingwa ico gikorwa? Ni kubera iki ubu ari co gihe co kudahemukira “umwami” be n’abo yita ‘bene wabo’?

UKUNTU YEHOVA YADUFASHIJE GUTAHURA UWO MUGANI

3, 4. (a) Ni ibintu nyamukuru ibihe dutegerezwa kumenya kugira ngo dutahure ca kigereranyo c’intama n’impene? (b) Mu 1881, Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni wasiguye gute ico kigereranyo?

3 Kugira dutahure neza ikigereranyo c’intama n’impene, turakeneye kumenya ibintu nyamukuru bitatu bivugwa muri iyo nkuru: abavugwamwo abo ari bo, igihe c’uguca urubanza be n’igituma umuntu ashirwa mu mugwi w’intama canke w’impene.

4 Mu 1881, Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni warerekanye ko “Umwana w’umuntu,” uwitwa kandi “umwami,” ari Yezu. Abatohoji ba Bibiliya bo mu ntango batahura ko imvugo yahinduwe ngo “bene Data” muri Bibiliya Yera, yerekeza ku bazofatanya na Kristu kuganza, be n’abantu bose bazoba kw’isi bamaze kuba abatunganye. Biyumvira yuko ugutandukanya intama n’impene kwobaye mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. Baremera kandi yuko abantu boshizwe mu mugwi w’intama kubera ko babayeho bisunga itegeko ry’urukundo Imana yatanze.

5. Mu 1923, abasavyi b’Imana barushirije gute gutahura wa mugani w’intama n’impene?

5 Mu nyuma, Yehova yarafashije abasavyi biwe kurushiriza gutahura ico kigereranyo. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 1923 waremeje ko “Umwana w’umuntu” ari Yezu. Ariko rero, waratanze imvo zumvikana zishingiye ku Vyanditswe zerekana ko bene wabo na Kristu ari abazofatanya na we kuganza mw’ijuru bonyene. Wavuze kandi ko intama ari abafise icizigiro co kuba kw’isi bategekwa n’Ubwami bwa Kristu. Tuvuge iki ku bijanye n’igihe co gutandukanya intama n’impene? Uwo Munara wavuze yuko bene wabo na Kristu bofatanije na we kuganza mw’ijuru mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, bakaba rero batoshoboye gufashwa n’abari kw’isi. Ku bw’ivyo rero, gutandukanya intama n’impene vyobwirijwe kuba imbere y’uko ya Ngoma y’imyaka igihumbi itangura. Ku bijanye n’igituma umuntu yitwa intama, uwo Munara wavuze yuko vyovanye n’uko yemeye icese ko Yezu ari Umukama wiwe akongera akizigira ko Ubwami ari bwo buzotuma ibintu birushiriza kumera neza.

6. Mu 1995, twarushirije gute gutahura wa mugani w’intama n’impene?

6 Ukwo kuntu abasavyi ba Yehova bari basigaye batahura ico kigereranyo kwatumye babona ko abantu bazokwitwa intama canke impene mu kiringo c’insozero y’ivy’isi, bivanye n’ukuntu bakiriye ubutumwa bw’Ubwami. Ariko rero mu 1995, abasavyi b’Imana bararushirije gutahura uwo mugani. Ibiganiro bibiri vyo mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu muri uwo mwaka vyarerekanye amasano ari hagati y’amajambo ya Yezu ari muri Matayo 24:29-31 (soma) n’ayari muri Matayo 25:31, 32. (Soma.) * None uwo Munara washitse ku ciyumviro ikihe? Wavuze uti: “Ivyo gucira urubanza intama n’impene ni ivyo muri kazoza.” Uti ryari neza na neza? Wabandanije uti:“Bizoba ya ‘makuba’ avugwa muri Matayo 24:29, 30 amaze kuba, Umwana w’umuntu na we ‘amaze gushika mu buninahazwa bwiwe.’ . . . Kubera ko ivy’iyi si bizoba bishitse kw’iherezo ryavyo, Yezu azoca arengutsa abantu imbere y’intahe maze abacire urubanza.”

7. Ubu dutahura gute ca kigereranyo c’intama n’impene?

7 Ubu turatahura neza ico kigereranyo c’intama n’impene. Ku bijanye n’abavugwa muri uwo mugani abo ari bo, “Umwana w’umuntu,” ari we Mwami, ni Yezu. Abo yavuze ko ari ‘bene wabo’ ni abagabo n’abagore barobanujwe impwemu, bakaba bazofatanya na we kuganza mw’ijuru. (Rom. 8:16, 17) “Intama” be n’“impene” zigereranya abantu bo mu mahanga yose batarobanujwe impwemu nyeranda. Tuvuge iki ku bijanye n’igihe co guca urubanza? Urwo rubanza ruzocibwa amaja mu mpera ya ya makuba akomeye yimirije. Bite ho ku bijanye n’igituma abantu bazokwitwa impene canke intama? Ivyo bizovana n’ukuntu bafashe bene wabo na Kristu barobanujwe impwemu bazoba bakiri kw’isi. Kubera ko iherezo ry’ivy’iyi isi ryegereje cane, turakwiye gukenguruka cane kuba Yehova yagiye aradufasha gutahura ico kigereranyo be n’ibindi bifitaniye isano na co dusanga muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25.

IGITUMA ICO KIGERERANYO GISHIMIKA KU GIKORWA CO KWAMAMAZA

8, 9. Kubera iki Yezu avuga ko izo ntama ari “abagororotsi”?

8 Mu kigereranyo c’intama n’impene, Yezu ntavuga adomako ibijanye n’igikorwa co kwamamaza. Kubera iki none twovuga ko cerekana ko igikorwa co kwamamaza gihambaye?

9 Ubwa mbere, urabona yuko Yezu yigisha akoresheje ikigereranyo. Biragaragara ko atariko avuga ivyerekeye gutandukanya intama nya ntama n’impene nya mpene. Muri ubwo buryo nyene, ntariko aravuga ko buri muntu yitwa intama ategerezwa kugaburira bene wabo na Yezu, kubambika, kubitwararika no kubagarukirako bari mw’ibohero. Ahubwo, ariko yerekeza ku gatima abantu bagereranywa n’intama bagaragariza bene wabo na Yezu. Avuga ko izo ntama ari “abagororotsi” kubera bemera yuko Yezu afise umugwi wa bene wabo barobanuwe bakiri kw’isi, bakaba kandi babashigikira badahemuka muri iyi misi ya nyuma itoroshe.Mat. 10:40-42; 25:40, 46; 2 Tim. 3:1-5.

10. Intama zifasha gute bene wabo na Kristu?

10 Ubwa kabiri, rimbura ivyo Yezu yari ahejeje kuvuga. Yariko araca irya n’ino ca kimenyetso c’ukuhaba kwiwe be n’ic’insozero y’ivy’iyi si. (Mat. 24:3) Mu ntango y’iyo nsiguro, Yezu yarerekanye ko ico kimenyetso cobaye kirimwo ikintu gihambaye, na co kikaba ari inkuru nziza y’Ubwami ‘yokwamamajwe mw’isi yose.’ (Mat. 24:14) Vyongeye, imbere gatoyi y’uko avuga ibijanye n’intama be n’impene, yaratanze ikigereranyo c’italanto. Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Yezu yatanze ico kigereranyo kugira yerekane ko abigishwa biwe barobanujwe impwemu, ari bo ‘bene wabo,’ bategerezwa kurangura n’umwete igikorwa co kwamamaza. Ariko rero ico gitigiri gitoyi c’abarobanuwe bakiri kw’isi mu gihe c’ukuhaba kwa Yezu, barahangana n’urugamba rukomeye rwo kubwira inkuru nziza abantu bo mu “mahanga yose” imbere y’uko iherezo rishika. Ikigereranyo cerekeye intama n’impene kirerekana ko abarobanuwe bofashijwe. Ku bw’ivyo, bumwe mu buryo nyamukuru abitwa intama bagaragariza umutima mwiza bene wabo na Kristu ni mu kubashigikira mu gikorwa co kwamamaza. Ariko none, babashigikira gute? Boba babashigikira gusa mu gutanga intererano no mu kubaremesha, canke barakora n’ibindi?

ABATEGEREZWA KWAMAMAZA

11. Ni ikibazo ikihe umuntu yoshobora kwibaza, kandi kubera iki?

11 Muri iki gihe, benshi mu bigishwa ba Yezu imiliyoni umunani ntibarobanujwe impwemu. Ntibahawe za talanto Yezu yaha abashumba biwe barobanuwe. (Mat. 25:14-18) Umuntu yoshobora guca yibaza ati: ‘None igikorwa co kwamamaza coba vy’ukuri cerekeye abatarobanujwe impwemu nyeranda?’ Cane nyene. Raba imvo zimwezimwe zivyerekana.

12. Amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo 28:19, 20 atwigisha iki?

12 Yezu yategetse abigishwa biwe bose kwamamaza. Inyuma y’aho Yezu azukiye, yasavye abayoboke biwe guhindura abantu abigishwa, bakabigisha kwitondera “ibintu vyose” yari yarabategetse. Mu vyo yabategetse harimwo igikorwa co kwamamaza. (Soma Matayo 28:19, 20.) Abigishwa ba Kristu bose rero babwirizwa kwamamaza, baba bafise icizigiro co kuganza mw’ijuru canke kuba kw’isi.Ivyak. 10:42.

13. Ivyo Yohani yeretswe vyerekana iki, kandi kubera iki?

13 Igitabu c’Ivyahishuwe kirerekana ko igikorwa co kwamamaza cokozwe n’abarobanuwe hamwe n’abandi. Yezu yareretse intumwa Yohani “umugeni,” ni ukuvuga abantu 144.000 barobanuwe bazoganza bari kumwe na Kristu mw’ijuru. Uwo mugeni yariko aratera akamo abantu ngo “[ba]kire amazi y’ubuzima ku buntu.” (Ivyah. 14:1, 3; 22:17) Ayo mazi agereranya intunganyo Yehova yashizeho kugira ngo abantu bakurweko igicumuro n’urupfu hisunzwe inkuka y’incungu ya Kristu. (Mat. 20:28; Yoh. 3:16; 1 Yoh. 4:9, 10) Incungu ni yo ubutumwa twamamaza bushingiyeko. Abarobanuwe barafata iya mbere mu gufasha abantu kumenya ibiyerekeye no kuyungukirako. (1 Kor. 1:23) Mugabo mu vyo Yohani yeretswe, yarabonye abandi batari mu mugwi w’abagize umugeni. Na bo nyene basabwa kuvuga ngo “Ingo!” Baragamburuka maze bagatumira abandi ngo bakire amazi y’ubuzima. Uwo mugwi wa kabiri ugizwe n’abafise icizigiro co kuba kw’isi. Ivyo Yohani yeretswe rero birerekana neza ko abitabira ako kamo kagira ngo “ingo” bose bafise ibanga ryo kubwira abandi inkuru nziza.

14. Kugamburuka “rya tegeko rya Kristu” bisobanura iki?

14 Abagamburuka “rya tegeko rya Kristu” bose bategerezwa kwamamaza. (Gal. 6:2) Yehova yiteze ko abamusenga bose bagamburuka amategeko amwe. Nk’akarorero, yabwiye Abisirayeli ati: “Habwirizwa kubaho itegeko rimwe ku mvukira no kuri kavamahanga abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe.” (Kuv. 12:49; Lew. 24:22) Ego ni ko, abakirisu ntibacisunga rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa. Mugabo twese, twaba twararobanuwe canke tutarobanuwe, dutegerezwa kugamburuka “rya tegeko rya Kristu.” Iryo tegeko rigizwe n’ibintu vyose Yezu yigishije. Igihambaye kuruta ibindi vyose mu vyo Yezu yigishije ni uko abayoboke biwe bagaragaza urukundo. (Yoh. 13:35; Yak. 2:8) Vyongeye, kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami ni bumwe mu buryo nyamukuru bwo kwerekana ko dukunda Imana, Kristu na bagenzi bacu.Yoh. 15:10; Ivyak. 1:8.

15. Kubera iki twovuga yuko itegeko rya Yezu ryerekeye abayoboke biwe bose?

15 Ivyo Yezu yabwiye abantu bakeyi birashobora kuba biraba abantu benshi. Nk’akarorero, Yezu yagiraniye isezerano ku bw’Ubwami n’abigishwa 11 gusa, mugabo iryo sezerano mu vy’ukuri ryerekeye bamwe 144.000 bose. (Luka 22:29, 30; Ivyah. 5:10; 7:4-8) Muri ubwo buryo nyene, abo Yezu yategetse kwamamaza bari bakeyi gusa mu bayoboke biwe, ni ukuvuga abo yabonekeye amaze kuzuka. (Ivyak. 10:40-42; 1 Kor. 15:6) Mugabo abigishwa biwe bose b’abizigirwa bo mu kinjana ca mbere baratahuye ko iryo tegeko riberekeye, naho nyene batari bariyumviye Yezu avuga. (Ivyak. 8:4; 1 Pet. 1:8) No muri iki gihe, nta n’umwe muri ba bamamaji b’Ubwami imiliyoni umunani yivuganiye na Yezu. Ariko bose baratahura ko bategerezwa kwizera Kristu bakongera bakagaragaza ukwo kwizera mu kwamamaza inkuru nziza.Yak. 2:18.

IKI NI CO GIHE CO KUBA INTAHEMUKA

16-18. Abantu bameze nk’intama bashobora gute gushigikira bene wabo na Kristu, kandi kubera iki ubu ari ho bakwiye kubigira?

16 Shetani ariko aragaba igitero kuri bene wabo na Kristu basigaye kw’isi, kandi azorushiriza kwongereza ibitero vyiwe uko ca “gihe gito” asigaranye kigana kw’iherezo. (Ivyah. 12:9, 12, 17) Naho abarobanuwe babwirizwa kwihanganira ibigeragezo bikomeye, bariko barayobora isekeza ryo kwamamaza rihambaye kuruta ayandi yose yigeze kugirwa. Nta gukeka ko Yezu ari kumwe na bo, akaba ariko arayobora ivyo bakora.Mat. 28:20.

17 Abantu bameze nk’intama babona ko ari agateka gushigikira bene wabo na Kristu mu gikorwa co kwamamaza no mu bundi buryo ngirakamaro. Nk’akarorero, baratanga intererano bakongera bagafasha kwubaka Ingoro z’Ubwami, Ingoro z’amateraniro be n’inyubakwa z’amashami. Baragamburukira badahemuka abagenywe na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” kugira babaje imbere.Mat. 24:45-47; Heb. 13:17.

Abantu bameze nk’intama barashigikira bene wabo na Kristu mu buryo butandukanye (Raba ingingo ya 17)

18 Vuba abamarayika bazorekura imiyaga y’agatikizo igereranya ya makuba akomeye. Ivyo bizoshika bene wabo na Kristu basigaye kw’isi bose bamaze gushirwako ikidodo ca nyuma. (Ivyah. 7:1-3) Imbere y’uko Harumagedoni itangura, abarobanuwe bazojanwa mw’ijuru. (Mat. 13:41-43) Iki rero ni co gihe c’uko abafise icizigiro co kwitwa intama bashigikira badahemuka bene wabo na Kristu.

^ par. 6 Wipfuza kumenya ido n’ido ibijanye n’ico kigereranyo, raba ikiganiro kivuga ngo “Bizokugendera gute imbere y’intebe y’imanza?” be n’ikivuga ngo “Ni ibiki biraririye gushikira intama n’impene?” mu Munara w’inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Gitugutu 1995.