Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | WOSHIMA KWIGA BIBILIYA ?

Kwiga Bibiliya birashoboka kuri bose

Kwiga Bibiliya birashoboka kuri bose

Abantu benshi barazi ko Ivyabona vya Yehova bamamaza inkuru nziza. Ariko wari uzi ko banafasha abantu kwiga Bibiliya?

Mu 2014, Ivyabona vya Yehova barenga 8.000.000 bo mu bihugu 240 barigishije Bibiliya abantu hafi 9.500.000 ku kwezi ku kwezi. * Abo twigisha Bibiliya bararuta abanyagihugu bo mu bihugu nka 140 dufashe igihugu kimwekimwe ukwaco.

Kugira ngo Ivyabona vya Yehova barangure ico gikorwa, barasohora amabibiliya, ibitabu, ibinyamakuru n’ibindi bifasha abantu kwiga Bibiliya bishika hafi umuliyaridi umwe n’inusu, mu ndimi nka 700! Ico gikorwa c’akataraboneka co gusohora ivyo bitabu, gituma abantu bashobora kwiga Bibiliya mu rurimi bipfuza.

INYISHU Z’IBIBAZO BIKUNZE KUBAZWA KU BIJANYE N’IGIKORWA CACU CO KWIGISHA BIBILIYA

Mwigisha abantu gute?

Turafata iciyumviro kanaka kijanye na Bibiliya, tugaca dusuzuma imirongo yo muri Bibiliya ijanye na co. Nk’akarorero, Bibiliya irishura ibibazo nk’ibi: Imana ni nde? Imeze gute? Yoba ifise izina? Iba he? Twoba dushobora kuyiyegereza? Ikigoye ni ukumenya aho uronderera inyishu muri Bibiliya.

Kugira dufashe abantu kuronka inyishu, dukunze gukoresha igitabu c’impapuro 224 citwa Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? * Ico gitabu kigenewe canecane gufasha abantu gutahura inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya. Kirimwo ibigabane vyerekeye Imana, Yezu Kristu, imibabaro ishikira abantu, izuka, isengesho n’ibindi vyinshi.

Inyigisho igirirwa hehe kandi ryari?

Ushobora kwiga Bibiliya mu kibanza wipfuza no mu mwanya ukworohereza.

Ivyigwa bimara umwanya ungana gute?

Benshi barategekanya nk’isaha imwe buri ndwi kugira bige Bibiliya. Ariko umwanya urashobora guhinduka bivanye n’umuntu. Twisunga umwanya wawe. Hari abiga nk’iminota 10 canke 15 gusa buri ndwi.

Ivyigwa bisaba amahera angahe?

Ivyigwa ubwavyo hamwe n’ibitabu bikoreshwa, bitangwa ku buntu. Nakare Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.”Matayo 10:8.

Bimara igihe kingana gute?

Bikuvako. Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? kigizwe n’ivyigwa 19. Urashobora guhitamwo kuvyiga vyose canke bimwebimwe gusa, kandi umwanya icigwa comara wovana n’ukuntu ivyawe vyifashe.

Nzoca mba Icabona ca Yehova?

Si ngombwa. Turubahiriza uburenganzira umuntu afise bwo kwihitiramwo ivyo yemera. Yamara rero, umuntu amaze kumenya ibintu vy’ishimikiro Bibiliya yigisha, yoshobora guca yifatira ingingo.

Nokura he ayandi makuru?

Umuhora wa internet jw.org uriko amakuru y’ukuri yerekeye ivyo Ivyabona vya Yehova bakora be n’ivyo bemera.

Nosaba gute kwiga Bibiliya?

  • Urashobora kubisaba biciye kuri internet kuri www.pr418.com.

  •  
  • Urashobora kurondera Ivyabona vya Yehova bari hafi y’aho uba. Ushaka inomero zabo za telefone, woraba mu gitabu kirimwo urutonde rw’amatelefone yo mu gihugu iwanyu, ukarondera ahanditse ngo “Ivyabona vya Yehova.”

^ ing. 4 Kenshi twigisha Bibiliya umuntu umwumwe ukwiwe canke imigwi mitomito.

^ ing. 9 Casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Haramaze gucapurwa amakopi yaco arenga imiliyoni 230 mu ndimi zirenga 260.