Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igituma guca umuntu mw’ishengero ari intunganyo iranga urukundo

Igituma guca umuntu mw’ishengero ari intunganyo iranga urukundo

UWITWA Julian avuga ati: “Igihe numva itangazo ry’uko umuhungu wanje yaciwe, wamengo isi yose inyubamyeko. Ni we yari imfura yanje kandi twariyumvanamwo cane. Twarakorera hamwe ibintu vyinshi. Yamye ari umwana w’intangakarorero mugabo bukwi na bukwi atangura kwigenza nabi. Umukenyezi wanje yaguma yiyuha iryosozi, kandi sinabona ukuntu nomuhoza. Twaguma twibaza nimba hatoba hariho ico tutakoze kugira tumurere neza.”

Dushobora gute none kuvuga yuko guca umukirisu ari intunganyo iranga urukundo nimba bitera umubabaro mwinshi gutyo? Ni imvo zishingiye ku Vyanditswe izihe zituma hafatwa ingingo ikomeye nk’iyo? Vyongeye, ni ibiki neza na neza bituma umuntu acibwa mw’ishengero?

IBINTU BIBIRI BITUMA UMUNTU ACIBWA MW’ISHENGERO

Kugira Icabona ca Yehova acibwe mw’ishengero, hari ibintu bibiri bibwirizwa kuba vyabaye. Ubwa mbere, Icabona yabatijwe aba yakoze igicumuro gikomeye. Ubwa kabiri, ntaba yigaya.

Naho Yehova atitega ko tuba abatunganye, hari ingingo ngenderwako yerekeye ubweranda yitega ko abasavyi biwe bisunga. Nk’akarorero, Yehova aradusaba ashimitse ko twirinda ibicumuro bikomeye nk’ubusambanyi, ugusenga ibigirwamana, ubusuma, ubunyazi, ubwicanyi n’ubupfumu.1 Kor. 6:9, 10; Ivyah. 21:8.

Ntiwemera none yuko ingingo ngenderwako za Yehova zityoroye zumvikana kandi ko ziriho kugira zidukingire? Ni nde none atoshima kubana n’abantu b’abanyamahoro kandi bisoneye ashobora kwizigira? Abavukanyi na bashiki bacu ni ko bameze kubera isezerano tugira igihe twiyegurira Imana ryo kubaho twisunga ubuyobozi buri mw’Ijambo ryayo.

Bigenda gute none igihe umukirisu yabatijwe akoze igicumuro gikomeye kubera ubugoyagoye dufise? Abasavyi ba Yehova ba kera barakoze mwene ayo makosa ariko ntiyaciye abaheba rwose. Akarorero kazwi cane ni ak’Umwami Dawidi. Yararenze ibigo yongera arica. Yamara, umuhanuzi Natani yamumenyesheje ati: “Yehova . . . araretse igicumuro cawe.”2 Sam. 12:13.

Imana yarababariye Dawidi kubera ko yigaye bimwe bivuye ku mutima. (Zab. 32:1-5) Muri ubwo buryo nyene muri iki gihe, umusavyi wa Yehova acibwa mu gihe gusa atigaye canke abandanije gukora ikibi. (Ivyak. 3:19; 26:20) Igihe abakurambere bari muri komite ncarubanza batabonye ko uwo mucumuzi yigaya vy’ukuri, babwirizwa kumuca.

Mu ntango twoshobora kubona ko guca umucumuzi ari ingingo ikabije canke mbere itaranga ubuntu, canecane iyo dufitaniye ubucuti na we. Ariko rero, Ijambo rya Yehova riraduha imvo zumvikana zituma twemera ko iyo ari ingingo iranga urukundo.

IVYIZA BIVA KU GUCA UMUCUMUZI MW’ISHENGERO

Yezu yaravuze yuko “ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo.” (Mat. 11:19.) Ingingo iranga ubukerebutsi yo guca umucumuzi atigaya iravamwo ivyiza vyinshi. Rimbura bitatu muri vyo:

Biratera iteka izina rya Yehova. Kubera ko twitirirwa izina rya Yehova, nta nkeka ko inyifato yacu igira ico ikoze kw’izina ryiwe. (Yes. 43:10) Nka kurya nyene inyifato y’umwana ishobora gutera iteka abavyeyi biwe canke ikabasiga iceyi, ukuntu abantu biyumvira Yehova kuravana ku rugero kanaka n’akarorero keza canke kabi babona ku bantu bitirirwa izina ryiwe. Izina ryiza ry’Imana riraninahazwa igihe abaryitirirwa bagendera ingingo ngenderwako zayo zigenga inyifato runtu. Inyifato mbi yoyo iraritukisha. Ukwo ni ko ibintu vyari vyifashe mu gihe ca Ezekiyeli aho abanyamahanga basanisha cane izina rya Yehova n’Abayuda.Ezk. 36:19-23.

Mu gihe twokora ubusambanyi, twoba dusize iceyi izina ryeranda ry’Imana. Intumwa Petero yahanuye abakirisu ati: “Nk’abana bagamburuka, nimureke gushushanywa nk’uko ivyipfuzo mwari mufise kera mu kutamenya kwanyu vyari, mugabo, nk’uko wa Mweranda yabahamagara ari, namwe ubwanyu mube beranda mu ngeso zanyu zose, kuko vyanditswe ngo: ‘Mutegerezwa kuba beranda, kuko jewe ndi mweranda.’” (1 Pet. 1:14-16) Inyifato idahumanye iratera iteka izina ry’Imana.

Ariko rero, igihe Icabona ca Yehova akoze ikibi, birashoboka ko incuti n’abagenzi babimenya. Guca uwo mucumuzi birerekana ko Yehova afise igisata gityoroye cumira ku buyobozi bwo mu Vyanditswe kugira kigume ari ceranda. Hari umuntu mushasha yigeze kuza ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami mu Busuwisi maze avuga ko yipfuza kuba mu bagize iryo shengero. Mushikiwe yari yaraciwe kubera ubusambanyi. Yavuze ko yipfuza kwifatanya n’ishirahamwe “ritarekerana inyifato itabereye.”

Birakingira ishengero rya gikirisu rityoroye. Intumwa Paulo yaragabishije Abakorinto ku bijanye n’akaga kari mu kureka abacumura n’ibigirankana bakaguma muri bo. Akosho kabo kabi yakagereranije n’umwambiro ututumbisha irobe ryose. Yavuze ati: “Akambiro gakeyi kambira irobe ryose.” Yaciye abahanura ati: “Nimukure uwo mubisha muri mwebwe.”1 Kor. 5:6, 11-13.

Biboneka ko “uwo mubisha” Paulo yariko aravuga yari yakoze ubusambanyi ata n’agasoni. Vyongeye, abandi bo muri iryo shengero bari batanguye mbere gushigikira iyo nyifato yiwe. (1 Kor. 5:1, 2) Iyo igicumuro gikomeye nk’ico kiza kurekeranwa, hari aho abandi bakirisu bari guca bigana ingeso z’ubuhumbu zari ziraye muri ico gisagara babamwo. Kurenza uruho rw’amazi ku bicumuro bikorwa n’ibigirankana biratuma abantu bagira agatima ko gusuzugura ingingo ngenderwako z’Imana. (Umus. 8:11) N’ikindi kandi, abacumuzi batigaya boshobora kumera nk’“ibitandara bihishijwe munsi y’amazi” maze bagasavya ukwizera kw’abandi mw’ishengero.Yuda 4, 12.

Vyoshobora gutuma agarukana ubwenge. Yezu yarigeze kuvuga ibijanye n’umusore yataye urugo rwa se aja gusesagurira intoranwa yiwe mu buhumbu. Uwo mwana yaratahuye abanje kwibonerako yuko kuba mu gahinga ata co bimaze kandi ko ari ubupfu. Yahavuye agarukana ubwenge, arigaya maze afata ingingo yo gusubira i muhira. (Luka 15:11-24) Ivyo Yezu yavuze ku bijanye no kuba uwo muvyeyi yarahimbawe n’uko umwana wiwe yikubise agashi biradufasha gutahura inyiyumvo za Yehova. Adusubiriza umutima mu nda ati: “Simpimbarwa n’uko umubisha apfa, ahubwo mpimbarwa n’uko umubisha ahindukira akava mu nzira yiwe, akabandanya vy’ukuri kubaho.”Ezk. 33:11.

Muri ubwo buryo nyene, abaciwe mw’ishengero rya gikirisu, ari na wo muryango wabo wo mu vy’impwemu, boshobora kubona ivyo bahomvye. Ingaruka zibabaje z’ivyo bakoze hamwe n’ukwibuka ibihe bihimbaye baciyemwo bagifitaniye ubucuti bwiza na Yehova be n’abasavyi biwe, vyoshobora gutuma bagarura ubwenge.

Kugira bigende neza, turakeneye kugaragaza urukundo no gushikama. Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yavuze ati: “Hamwe umugororotsi yonkubita, bwoba ari ubuntu bwuzuye urukundo angiriye; hamwe yonkangira na ho, yoba ari amavuta ku mutwe.” (Zab. 141:5) Tubitangire akarorero: Dufate ko hari umuntu ariko arafungura inyama maze ikamuniga. Biranse ko ahema neza, kandi arabuze ukundi abigenza. Vyongeye, ntashobora no kuvuga. Hatabonetse uwumufasha ningoga, arahasiga ubuzima. Haciye haza umugenzi amukubita ingumu yo mu mugongo kugira iyo nyama isohoke. Iyo ngumu yoshobora kumubabaza, mugabo ikamurokora. Muri ubwo buryo nyene, Dawidi yaratahura ko hari aho vyoba ngombwa ko umugororotsi amukosora mu buryo bubabaza kugira amufashe.

Akenshi guca umucumuzi mw’ishengero biratuma atozwa indero aba akeneye. Haciye nk’imyaka cumi, wa muhungu wa Julian twavuga mu ntango yaratyoroye ubuzima bwiwe aragaruka mw’ishengero, ubu akaba ari umukurambere. Avuga ati: “Gucibwa mw’ishengero vyaratumye mbwirizwa kunyinyana n’ingaruka z’ivyo nari nakoze. Iyo ndero ni yo nyene nari nkeneye.”Heb. 12:7-11.

INGENE TWOKWITWARARIKANA URUKUNDO ABACIWE

Ego ni ko guca umuntu mw’ishengero biratera intuntu nyinshi mu vy’impwemu, ariko si ngombwa ngo iyo ntuntu ibe icago kidahera. Twese turi n’uruhara rwo kwiyemeza neza ko ukwo guca umucumuzi gushitsa intumbero yakwo.

Haragirwa utwigoro kugira abigaye bafashwe kugaruka kuri Yehova

Abakurambere bafise ibanga ritoroshe ryo kumenyesha ingingo yafashwe yo guca umucumuzi barihatira kwigana urukundo rwa Yehova. Igihe bamenyesha uwo muntu ingingo bafashe, baramusigurira n’umutima mwiza kandi mu buryo butomoye ivyo akeneye gukora kugira agarukanwe mw’ishengero. Kugira abakurambere bibutse abaciwe ukuntu bogaruka kuri Yehova, uko haciye igihe kinaka boshobora kugendera aberekanye ko bipfuza guhindura ingendo. *

Abo mu muryango barerekana ko bakunda ishengero be n’uwo mucumuzi mu kwubahiriza ingingo yafashwe yo kumuca. Julian avuga ati: “Yari akiri umwana wanje, ariko ingeso ziwe zari zaradutandukanije na we.”

Abagize ishengero bose baragaragaza urukundo rushingiye ku ngingo ngenderwako mu kwirinda kwifatanya n’uwaciwe canke kuyaga na we. (1 Kor. 5:11; 2 Yoh. 10, 11) Gutyo, baba batumye indero Yehova yamutoje biciye ku bakurambere irushiriza kuba ngirakamaro. Vyongeye, barashobora kwitwararika cane abagize umuryango w’uwo yaciwe kuko baba bababaye rwose, bakaba kandi badakwiye kwiyumvamwo ko na bo nyene bahariwe ivomo n’abo basangiye ukwemera.Rom. 12:13, 15.

Julian asozera avuga ati: “Guca umucumuzi mw’ishengero ni intunganyo dukeneye, idufasha kubaho twisunga ingingo ngenderwako za Yehova. Impera n’imperuka iravamwo ivyiza naho itera umubabaro. Iyo ndekerana inyifato mbi y’umuhungu wanje, ntiyokwigeze yigarura.”

^ par. 24 Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ndamukiza 1991, urupapuro rwa 21-23.