Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kristu ni ububasha bw’Imana

Kristu ni ububasha bw’Imana

“Kristu ni ububasha bw’Imana.”1 KOR. 1:24.

1. Kubera iki Paulo yavuze ko ‘Kristu ari ububasha bw’Imana’?

YEHOVA yaragaragaje ububasha bwiwe mu buryo budasanzwe abicishije kuri Yezu. Za Njili zine zirimwo amakuru akomeza ukwizera yerekeye bimwe mu bitangaro Kristu yakoze. Birashoboka ko yakoze n’ibindi bitangaro vyinshi. (Mat. 9:35; Luka 9:11) Vy’ukuri, ububasha bw’Imana bwaragaragariye muri Yezu. Birumvikana rero kuba intumwa Paulo yavuze ku vyerekeye Yezu ati: “Kristu ni ububasha bw’Imana.” (1 Kor. 1:24) Ariko none ibitangaro Yezu yakoze bishobora gute kudufasha mu buzima bwacu?

2. Ibitangaro vya Yezu bitwigisha iki?

2 Intumwa Petero yavuze ko Yezu yakoze ibitangaro ari vyo “bitangaza.” (Ivyak. 2:22) Ibikorwa vy’ububasha Yezu yakoze kw’isi yari imponjo y’ibintu vyiza kuruta azorangura mu gihe c’ingoma yiwe. Vyari igitutu c’ibitangaro Yezu azokora kw’isi yose mw’isi nshasha y’Imana. Ibitangaro yakoze biradufasha kandi kurushiriza gutahura ukuntu we na Se wiwe bameze. Nimuze turimbure bikeyi mu bitangaro Yezu yakoze, turabe ukuntu bishobora kudufasha mu buzima bwacu ubu no muri kazoza.

IGITANGARO KITWIGISHA GUTANGA CANE

3. (a) Ni ibiki vyatumye Yezu akora igitangaro ciwe ca mbere? (b) Ugutanga cane kwa Yezu kwagaragaye gute i Kana?

3 Ku rubanza rw’ubugeni rwari rwabereye i Kana h’i Galilaya, Yezu yarakoze igitangaro ciwe ca mbere. Birashoboka ko abatumire babaye benshi kuruta abari bitezwe. Uko ibintu vyoba vyari vyifashe kwose, umuvinyu waraheze. Muri abo batumire, harimwo Mariya nyina wa Yezu. Nta gukeka ko yari amaze imyaka azirikana ku mihango yose ivugwa mu buhanuzi bwerekeye umwana wiwe, akaba yari azi ko yokwiswe “Umwana wa Musumbavyose.” (Luka 1:30-32; 2:52) Yoba yarizigira ko uwo Mwana yari afise ububasha butari bwahishurwe? Icigaragaza coco ni uko Mariya na Yezu bumviye impuhwe abo bageni, bakaba baripfuza kubafasha kugira ntibamaramare. Yezu yari azi ko umuntu ategerezwa kugaragaza ubwakiranyi. Yaciye rero akora igitangaro mu gufata amalitiro 380 y’amazi ayahindura “umuvinyu mwiza.” (Soma Yohani 2:3, 6-11.) Yoba none yabwirizwa gukora ico gitangaro? Eka data. Ahubwo gusa yaritwararika abantu, akaba kandi yariko arigana Se wiwe wo mw’ijuru mu bijanye no gutanga cane.

4, 5. (a) Igitangaro ca mbere Yezu yakoze kitwigisha iki? (b) Igitangaro Yezu yakoreye i Kana kitwigisha iki ku bijanye na kazoza?

4 Yezu yararonkeje isinzi ry’abantu ku gitangaro umuvinyu mwinshi mwiza. Woba ubona icigwa dukura muri ico gitangaro? Kuba Yezu yaremeye gukora ico kintu gitangaje biratwereka ko we na Se bitwararika cane ukuntu abantu biyumva. Yaba Umwana canke Se, nta n’umwe ari ingumyi. Ibaze rero ukuntu Yehova azokoresha cane ububasha bwiwe mw’isi nshasha kugira aronse “ibisata vy’abantu vyose” vyo kw’isi inzimano nziza.Soma Yesaya 25:6.

5 Iyumvire ntuze! Igihe kigiye gushika aho umuntu wese aronka ibintu bitegereka akenera kandi yipfuza, nk’ibifungurwa birimwo ivya nkenerwa be n’uburaro bwiza. Akamwemwe karakwiye kudusya igihe tuzirikanye ku bintu vyinshi vyiza Yehova azoturonsa muri ya Paradizo yo kw’isi.

Igihe dutanze cane umwanya wacu, tuba twerekanye ko hari ico twigiye ku kuba Yezu yaratanga cane (Raba ingingo ya 6)

6. Yezu yakoresheje gute ububasha bwiwe bwo gukora ibitangaro, kandi twomwigana gute?

6 Biri n’ico bivuze kubona Shetani yaroheje Yezu ngo ahindure amabuye imikate, na we akanka gukoresha ububasha bwiwe bwo gukora ibitangaro arondera guhaza ivyipfuzo vyiwe. (Mat. 4:2-4) Mugabo yakoresheje ubwo bubasha kugira aronse abandi ivyo bakeneye. Dushobora gute kwigana ukuntu Yezu yitwararika abandi ata bwikunzi abigiranye? Yaremesheje abasavyi b’Imana “[kugira] akamenyero ko gutanga.” (Luka 6:38) Twoba twogaragaza iyo kamere nziza yo gutanga cane mu gutumira abandi i muhira kugira dusangire udufungurwa be n’inzimano yo mu vy’impwemu? Twoba twotanga cane umwanya wacu inyuma y’ikoraniro, tugafasha uwuri n’ivyo akeneye, nk’akarorero tugatega yompi umuvukanyi ariko arasubiramwo ikiganiro azoshikiriza? Twosahiriza gute abakeneye gufashwa mu busuku? Turerekana ko hari ico twigiye kuri Yezu mu gufasha abandi uko dushoboye kwose mu vy’umubiri no mu vy’impwemu.

‘BOSE BARARIYE BARAHAGA’

7. Ni igiki kizokwamaho igihe cose iyi si izoba ikiriho?

7 Ubukene bwamyeho. Yehova yabwiye Isirayeli ya kera yuko hatokwigeze habura aboro muri ico gihugu. (Gus. 15:11) Haciye ibinjana n’ibindi, Yezu yavuze ati: “Aboro mu[ra]bamana.” (Mat. 26:11) Yoba none yashaka kuvuga yuko kw’isi hokwamye hariho aboro? Ihibambewe. Yashaka kuvuga yuko ubukene buzokwamaho igihe cose iyi si yononekaye izoba ikiriho. Ese rero ukuntu biremesha gutahura ko ibitangaro Yezu yakoze vyari imponjo y’ibihe vyiza kuruta vyimirije ku ntwaro y’Ubwami, igihe ibifungurwa bizoba ari rya nawe!

8, 9. (a) Vyagenze gute ngo Yezu akore igitangaro co kugaburira abantu ibihumbi? (b) Ni igiki kigukora ku mutima ku bijanye n’ico gitangaro?

8 Umwanditsi w’amazaburi yavuze ku vyerekeye Yehova ati: “Upfumbaturura ikiganza cawe ugahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.” (Zab. 145:16) Mu kwigana Se wiwe, ‘Kristu we bubasha bw’Imana,’ akenshi yarapfumbaturura ikiganza ciwe agahaza ivyipfuzo vy’abayoboke biwe. Ivyo ntiyabigira kugira gusa yerekane ububasha afise. Yabitumwa n’uko yitwararika abandi bimwe bivuye ku mutima. Nimuze turimbure ibivugwa muri Matayo 14:14-21. (Soma.) Abigishwa ba Yezu baramwegereye kugira bayage ikibazo cerekeye ibifungurwa. Uretse ko ubwabo bari bashonje, bari barajwe ishinga n’ayo masinzi y’abantu bari bishwe n’inzara kandi barushe cane, bakaba bari bakurikiye Yezu n’amaguru kuva mu bisagara. (Mat. 14:13) None yari gukora iki?

9 Yezu akoresheje imikate itanu n’ifi zibiri, yaragaburiye abagabo nka 5000 hamwe n’abagore n’abana! Ntidukorwa ku mutima none tuzirikanye ukuntu Yezu yakoresha ububasha bwiwe bwo gukora ibitangaro kugira yitwararikane ikibabarwe imiryango harimwo n’abana batoyi? Abo bantu amasinzi ‘barariye barahaga.’ Ivyo vyerekana ko ibifungurwa vyari umukimba. Yezu abigiranye umutima mwiza ntiyahaye ayo masinzi agakate k’inticantikize, ahubwo yabahaye ibifungurwa vyari kubafasha mu rugendo rurerure rwo gusubira mu ngo zabo. (Luka 9:10-17) Vyongeye, harasigaye ibifungurwa vyuzuye ibisimbo 12!

10. Ni ibiki bigiye guhinduka ku bijanye n’ubukene?

10 Muri iki gihe, abantu imiliyoni amajana ntibashobora kuronka ibintu nyamukuru bakeneye kubera intwaro z’abantu zirangwa n’akarenganyo. Mbere n’abavukanyi bacu bamwebamwe ‘ntibahaga’ neza naho baronka ikibabeshaho. Ariko rero, hagiye gushika igihe aho abagamburuka bazokwibera mw’isi izira igiturire n’ubukene. Iyaba wari ufise ububasha, ntiworonkeje none abantu ivyo bakeneye? Imana Mushoboravyose irafise ububasha bwo kubikora kandi iripfuza kubigira vuba. Emwe, tugiye gutuburura umukanda!Soma Zaburi 72:16.

11. Ni ibiki bikujijura ko vuba Kristu azokoresha ububasha bwiwe kw’isi yose, kandi ivyo bikwiye gutuma ukora iki?

11 Igihe Yezu yari kw’isi, yakoreye mu cibare gitoyi mu kiringo c’imyaka itatu n’igice gusa. (Mat. 15:24) Kubera ko ari Umwami yaninahajwe, icibare ciwe kizoshika ku mpande zine z’isi. (Zab. 72:8) Ibitangaro Yezu yakoze biratuma twizigira ubushobozi be n’icipfuzo afise vyo gukoresha ubukuru bwiwe ku bw’ineza yacu. Naho tudashobora gukora ibitangaro, turashobora gutuma abantu bashimishwa n’Ijambo ry’Imana tubigiranye igishika. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buradukura amazinda ko imbere ari heza cane. None ko twebwe Ivyabona vya Yehova bamwiyeguriye dufise ubwo bumenyi bw’agaciro bwerekeye kazoza, ntiduca tubona ko dufitiye abandi umwenda? (Rom. 1:14, 15) Ese kuzirikana kuri ico kintu vyotuma tubabwira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana!Zab. 45:1; 49:3.

BARAFISE UBUBASHA KU BIDUKIKIJE

12. Kubera iki twokwemera tudakeka ko Yezu atahura neza ibidukikije vyo kw’isi?

12 Imana ifatanije n’Umwana wayo w’ikinege akaba n’“umukozi w’umuhanga,” yararemye isi n’ibiri kuri yo vyose. (Imig. 8:22, 30, 31; Kol. 1:15-17) Ku bw’ivyo, Yezu aratahura neza ibidukikije vyo kw’isi. Arazi gukoresha neza ubutunzi bw’isi, kubuzigama no kubugabanganya ata we arenganije.

Ni igiki kigukora ku mutima uravye ukuntu Yezu yakoresha ububasha bwiwe bwo gukora ibitangaro? (Raba ingingo ya 13, 14)

13, 14. Tanga akarorero k’ingene Kristu ashobora gutegeka inguvu zo mu bidukikije.

13 Igihe Yezu yari kw’isi, yarerekanye ko ari “ububasha bw’Imana” mu gutegeka inguvu zo mu bidukikije. Rimbura ivyo Yezu yakoze igihe hatera ikirura c’umuyaga casa n’ikigeramiye abigishwa biwe. (Soma Mariko 4:37-39.) Umuhinga umwe mu vya Bibiliya avuga ati: “Iryo jambo ry’ikigiriki [ryahinduwe ngo “ikirura c’umuyaga” muri Mariko 4:37] rikoreshwa mu kudondora igihuhusi gikaze canke ikivumbuzi. Ntiryigera ryerekeza ku muyaga uhuhuta rimwe gusa . . . ahubwo ryerekeza ku gihuhusi gitangura ari ibicu vyirabura birimwo imituragaro, hagaca haza imiyaga ikaze hamwe n’imyuzurira, bigakukumura ibintu vyose.” Inkuru ya Matayo ivuga ko ico kirura c’umuyaga ari “inkuruma ikomeye.”Mat. 8:24.

14 Iyumvire iki kintu: Kristu yakoze cane mu busuku, akaba yarushe yasanzaye. Imipfunda iriko irakubita ku bwato, amazi na yo akaza arabusimbiramwo. Naho igihuhusi kiriko kirahuhuta cane ubwato na bwo bukaba buriko burazungazunga bimwe bikomeye, Yezu aguma asinziriye. Arakeneye kuruhuka. Kubera ko abigishwa biwe bishwe n’ubwoba, baramukangura bavuga bati: “Tugira duhone!” (Mat. 8:25) Yezu arikangura, agategeka uwo muyaga n’ikiyaga ati: “Hora! Tekereza!” Na vyo bica bihwama. (Mrk. 4:39) Ni nk’aho Yezu ategetse uwo muyaga n’ico kiyaga ngo bicereze kandi bigume gutyo. None bica bigenda gute? Bibiliya ivuga iti: “Haratekana cane.” Mbega ububasha Yezu agaragaje!

15. Imana Mushoboravyose yerekanye gute ko ishoboye gutegeka inguvu zo mu ibidukikije?

15 Ububasha Kristu afise abukura kuri Yehova. Turafise rero imvo yo kwemera ko Imana Mushoboravyose ishoboye cane gutegeka inguvu zo mu bidukikije. Rimbura uburorero bukeyi. Imbere y’uko wa Mwuzure utera, Yehova yavuze ati: “Hasigaye imisi indwi gusa nkagwisha imvura kw’isi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine.” (Ita. 7:4) Muri ubwo buryo nyene, dusoma muri Kuvayo 14:21 duti: “Yehova atangura gutuma ikiyaga gisubira inyuma akoresheje umuyaga ukomeye wo mu buseruko.” Muri Yona 1:4 na ho hagira hati: “Yehova arekurira rero umuyaga ukomeye ku kiyaga, haba igihuhusi gikomeye ku kiyaga; nuko nya meri ihakwa gusāba.” Kumenya ko Yehova ashobora gutegeka ibidukikije biraturemesha. Emwe, kazoza k’isi kari mu minwe yiwe!

16. Ni kubera iki biduhumuriza kumenya ko Umuremyi wacu be n’imfura yiwe bafise ububasha bwo gutegeka inguvu zo mu bidukikije?

16 Biraduhumiriza iyo tuzirikanye ku bubasha buteye akoba Umuremyi wacu be na wa ‘mukozi wiwe w’umuhanga’ bafise. Nibamara ya myaka 1.000 bariko baritwararika isi bimwe bishitse, abantu bose bazokwiberaho ata nkomanzi. Ivyago vy’ivyaduka biteye ubwoba bizoba ari umugani. Mw’isi nshasha, nta wuzoba agitinya kugirirwa nabi n’ibihuhusi, ibivumbuzi, ibirunga canke vya nyamugigima. Ese ukuntu bihimbaye kuzirikana ku gihe ata bintu vyo mu bidukikije bizokwica abantu canke ngo bibagirire nabi! Emwe, “ihema ry’Imana [rizoba] riri kumwe n’abantu”! (Ivyah. 21:3, 4) Turashobora kwemera tudakeka ko Yehova azoha Yezu ububasha bwo gutegeka inguvu zo mu bidukikije mu gihe ca ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi.

TWIGANE IMANA NA KRISTU UBU

17. Muri iki gihe dushobora kwigana Imana na Kristu mu buryo bumwe ubuhe?

17 Naho tudashobora guhagarika ivyago vy’ivyaduka cokimwe na Yehova be na Yezu, turafise ububasha ku rugero runaka. None tubukoresha gute? Uburyo bumwe ni ugushira mu ngiro ibivugwa mu Migani 3:27. (Soma.) Igihe abavukanyi bari mu ngorane, turashobora kubafasha mu vy’umubiri no mu vy’impwemu kandi tukabahoza. (Imig. 17:17) Nk’akarorero, twoshobora kubafasha igihe bashikiwe n’icago c’icaduka. Umviriza amajambo yo gukenguruka avuye ku mutima umupfakazi umwe yavuze inyuma y’aho hatereye igihuhusi kigahitana inzu yiwe. Yagize ati: “Ndakenguruka cane kuba ndi mw’ishirahamwe rya Yehova, atari kubera gusa ryamfashije mu vy’umubiri ariko kandi kubera rimfasha mu vy’impwemu.” Raba kandi amajambo yavuzwe na mushiki wacu atarubaka urwiwe, yihebuye yongera arata umutwe igihe igihuhusi cahitana inzu yiwe. Aho amariye gufashwa, yavuze ati: “Mbega yemwe mvuge iki! Simbona amajambo nokoresha kugira nserure neza ukuntu niyumva . . . Urakoze Yehova!” Turahimbarwa kuba turi mu muryango w’abavukanyi witwararika vy’ukuri ivyo abandi bakeneye. N’ikiduhimbara kuruta, ni uko Yehova na Yezu Kristu batwitwararika vy’ukuri.

18. Ni igiki kigukora ku mutima uravye imvo yatuma Yezu akora ibitangaro?

18 Igihe Yezu yariko ararangura ubusuku bwiwe, yarerekanye ko ari “ububasha bw’Imana.” None ni imvo iyihe yatuma akoresha ubwo bubasha? Ntiyigeze abukoresha kugira atangaze abandi canke yironkere inyungu. Ibitangaro Yezu yakoze birahishura vy’ukuri urwo yakunda abantu. Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira.