Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tubeho duhuza na rya sengesho ry’akarorero—Igice ca 1

Tubeho duhuza na rya sengesho ry’akarorero—Igice ca 1

“Izina ryawe niryezwe.”MAT. 6:9.

1. Twokoresha gute mu busuku bwacu rya sengesho riri muri Matayo 6:9-13?

ABANTU benshi barashobora gusubiramwo ku mutwe rya sengesho rya Dawe wa twese. Mu busuku bwacu bw’inzu ku nzu, akenshi turarikoresha kugira dufashe abo dusanze ku mihana gutahura yuko Ubwami bw’Imana ari intwaro ibaho koko igiye gutuma ibintu bihinduka bikamera neza kw’isi. Twoshobora kandi kwerekeza ku gice ca mbere c’iryo sengesho kugira twerekane ko Imana ifise izina rikwiye kwezwa.Mat. 6:9.

2. Ni igiki kitwereka ko Yezu atashaka ko tuza turasubiramwo ijambo ku rindi rya sengesho ry’akarorero igihe cose dusenga?

2 Yezu yoba yashaka ko tuza turasubiramwo iryo sengesho ijambo ku rindi igihe cose dusenga, nk’uko benshi mu biyita abakirisu babigira? Haba namba. Imbere gatoyi y’uko Yezu atanga iryo sengesho ry’akarorero, yavuze ati: “Igihe usenga, ntusubiremwo vya bindi nyene kenshikenshi.” (Mat. 6:7) Ikindi gihe Yezu ariko arigisha ukuntu dukwiye gusenga, yarasubiyemwo iryo sengesho akoresheje ayandi majambo. (Luka 11:1-4) Gutyo rero, Yezu yaradufashije kumenya ibintu dukwiye gusaba be n’ibikwiye kuza imbere y’ibindi. Birabereye rero ko iryo sengesho ryitwa iry’akarorero.

3. Ni ibibazo ibihe twokwibaza uko twihweza rya sengesho ry’akarorero?

3 Muri iki kiganiro no mu gikurikira, turihweza ibiri muri iryo sengesho ry’akarorero. Uko tuvyihweza, niwibaze uti: ‘Iryo sengesho ry’akarorero rishobora gute kumfasha kuryohora amasengesho ntura? N’igihambaye kuruta, noba mbayeho nisunga iryo sengesho?’

“DAWE WA TWESE URI MW’IJURU”

4. Imvugo ngo “Dawe wa twese” itwibutsa iki, kandi ni kubera iki abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi bita Yehova “Data”?

4 Mu kuvuga ngo “Dawe wa twese,” aho kuvuga ngo “Dawe wanje,” biratwibutsa ko tugize ‘umuryango w’abavukanyi’ bakundana vy’ukuri. (1 Pet. 2:17) Mbega agateka kadasanzwe! Abakirisu barobanuwe, abagizwe abana b’Imana bafise icizigiro co kuba mw’ijuru, bari n’imvo yumvikana yo kwita Yehova “Data.” (Rom. 8:15-17) Abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera na bo nyene barashobora kwita Yehova “Data.” Ni we yabahaye ubuzima, kandi abasavyi biwe bose b’ukuri arabaronsa ivyo bakeneye abigiranye urukundo. Abafise ico cizigiro co kuba kw’isi bazoba abana b’Imana mu buryo bushitse nibamara kuba abatunganye kandi bakagaragaza ko ari intahemuka muri ca kigeragezo ca nyuma.Rom. 8:21; Ivyah. 20:7, 8.

5, 6. Ni ingabirano nziza iyihe abavyeyi boha abana babo, kandi umwe wese muri abo bana akwiye gukoresha gute iyo ngabirano? (Raba ishusho itangura.)

5 Abavyeyi baraha ingabirano nziza abana babo igihe babigisha gusenga no gutahura ko Yehova ari umuvyeyi wo mw’ijuru yitwararikana. Umuvukanyi umwe, ubu akaba ari umucungezi w’umuzunguruko muri Afrika y’Epfo, yigana ati: “Kuva abakobwa bacu bakivuka, narasenga ndi kumwe na bo buri mugoroba kiretse gusa ntahari. Akenshi ubu baravuga ko batibuka amajambo nyezina nakoresha mu masengesho yo kuri iyo migoroba. Ariko rero, baribuka ukuntu ibintu vyaba vyifashe, ukuntu twayaga na Dawe wa twese Yehova tubigiranye icubahiro be n’ukuntu twaba duturuye kandi dutekaniwe. Bakimara kuba bashoboye gusenga, narabaremesha kubigira n’ijwi ryumvikana kugira numvirize ukuntu baserurira Yehova ivyo biyumvira n’ukuntu biyumva. Vyarandonsa akaryo kadasanzwe ko kumenya gatoyi ibiri mu mitima yabo. Naca rero ndabaremesha gushiramwo ibintu bihambaye biri muri rya sengesho ry’akarorero kugira amasengesho yabo abe ayafise ishingiro.”

6 Ntibitangaje kubona udukobwa tw’uwo muvukanyi twarabandanije gutera imbere mu vy’impwemu. Ubu bubatse ingo zirangwa agahimbare, bakaba bariko barakora ivyo Imana igomba bari kumwe n’abanega babo mu murimo w’igihe cose. Nta yindi ngabirano abavyeyi boha abana babo yoza iruta kubafasha kugiranira na Yehova ubucuti somambike burangwa igishika. Ariko ntiwumve, umwe wese muri bo ni we ategerezwa kuzigama ubwo bucuti bw’agaciro. Ivyo birimwo kwiga gukunda izina ry’Imana no kuryubaha bimwe bigera kure.Zab. 5:11, 12; 91:14.

“IZINA RYAWE NIRYEZWE”

7. Ni agateka akahe dufise, mugabo ivyo bidusaba iki?

7 Emwe, ni agateka kuba tuzi izina ry’Imana tukaba n’“igisata ku bw’izina ryayo”! (Ivyak. 15:14; Yes. 43:10) Turasaba Dawe wa twese wo mw’ijuru duti: “Izina ryawe niryezwe.” Turamusaba kandi ngo adufashe kwirinda gukora canke kuvuga ikintu cohava gisiga iceyi izina ryiwe ryeranda. Ntitwipfuza kumera nk’abantu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere batisunga ivyo bigisha. Intumwa Paulo yanditse ku biberekeye ati: “Izina ry’Imana ririko rirogotwako mu mahanga kubera mwebwe.”Rom. 2:21-24.

8, 9. Tanga akarorero kerekana ukuntu Yehova ahezagira abitwararika kweza izina ryiwe.

8 Twipfuza kweza izina ry’Imana. Igihe urupfu rwakubiranya umunega wa mushiki wacu umwe wo muri Norveje, yamusigiye agahungu k’imyaka ibiri. Yigana ati: “Cari ikiringo kitoroshe na gato kuri jewe. Narasenga buri musi, hafi isaha ku yindi, nsaba kwigumya kugira sintume Shetani aronka imvo yo gucokora Yehova kubera mfashe ingingo itaranga ubukerebutsi canke mpemutse. Nipfuza kweza izina rya Yehova, kandi nashaka ko umwana wanje asubira kubona se wiwe mw’Iparadizo.”Imig. 27:11.

9 Yehova yoba yarishuye iryo sengero ritarimwo ubwikunzi? Cane nyene. Uwo mushiki wacu yarafashijwe n’uko yama yifatanya n’abo basangiye ukwemera bamwitwararika. Haciye imyaka itanu, yarubakanye n’umukurambere. Wa muhungu wiwe ubu afise imyaka 20 kandi ni umuvukanyi. Uwo mushiki wacu avuga ati: “Ndahimbawe cane kuba umunega wanje yaramfashije kumurera.”

10. Hakenewe iki kugira izina ry’Imana ryezwe bimwe bishitse?

10 Hakenewe iki kugira izina ry’Imana ryezwe bimwe bishitse ryongere rikurweko iceyi cose? Kugira ivyo bishoboke, Yehova ategerezwa gukuraho abantu bose barwanya n’ibigirankana ubusegaba bwiwe. (Soma Ezekiyeli 38:22, 23.) Abantu bazogenda baragirwa abatunganye intambwe ku yindi. Si twe tuzobona harageze igihe abo kw’isi no mw’ijuru bose beza izina rya Yehova! Ico gihe Data wa twese wo mw’ijuru azoba agiye “[yaba] vyose ku muntu wese.”1 Kor. 15:28.

“UBWAMI BWAWE NIBUZE”

11, 12. Ni igiki abakirisu b’ukuri bafashijwe gutahura amaja mu mpera y’ikinjana ca 19?

11 Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, intumwa ziwe zamubajije ziti: “Mukama, iki gihe ni ho ugira usubize ubwami Isirayeli?” Inyishu Yezu yabahaye yarerekanye ko hatari bwagere yuko bamenya igihe Ubwami bw’Imana bwotanguriye kuganza. Yabwiye abigishwa biwe kwitwararika igikorwa gihambaye bari bakwiye gukora co gushinga intahe. (Soma Ivyakozwe 1:6-8.) Ariko rero, Yezu yarigishije abayoboke biwe kurindirana igishika ukuza kw’Ubwami bw’Imana. Kuva ico gihe c’intumwa rero, abakirisu barasenga basaba ko buza.

12 Igihe ikiringo cari cegereje c’uko Ubwami bw’Imana burongowe na Yezu butangura kuganza buri mw’ijuru, Yehova yarafashije abasavyi biwe gutahura umwaka vyobereyeko. Mu 1876, hari ikiganiro canditswe na Charles Taze Russell casohowe mu kinyamakuru Umusuzumyi wa Bibiliya (mu congereza). Ico kiganiro c’umutwe wavuga ngo “Ibihe vy’Abanyamahanga bizorangira ryari?” carerekanye ko 1914 wari umwaka udasanzwe. Carerekanye isano riri hagati ya vya “bihe indwi” bivugwa mu buhanuzi bwa Daniyeli be n’“ibihe vyashinzwe vy’amahanga” vyavuzwe na Yezu. *Dan. 4:16; Luka 21:24.

13. Ni igiki cabaye mu 1914, kandi ivyabaye kw’isi kuva ico gihe vyemeza iki?

13 Mu 1914, haradutse intambara hagati y’ibihugu vy’i Buraya, iyahavuye ikwira isi yose. Igihe yarangira mu 1918, harateye amapfa be n’indwara y’ikiza y’akamangu yahitanye abantu benshi kuruta abahitanywe n’iyo ntambara. Gutyo rero, “ikimenyetso” Yezu yari yaratanze coranze ukuhaba kwiwe kutaboneka ari Umwami mushasha w’isi cari gitanguye kuranguka. (Mat. 24:3-8; Luka 21:10, 11) Ibimenyamenya bihagije birerekana ko mu 1914 ari ho Umukama Yezu Kristu “[y]ahabwa urugori.” Yaciye “agenda atsinda no kugira ngo aheraheze intsinzi yiwe.” (Ivyah. 6:2) Yaratyoroye amajuru mu kurwanya Shetani n’amadayimoni yiwe, abaraririza mu micungararo y’isi. Kuva ico gihe, abantu baribonera ko aya majambo yahumetswe ari ay’ukuri. Agira ati: “Haragowe isi n’ikiyaga, kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.”Ivyah. 12:7-12.

14. (a) Kubera iki bigihambaye ko dusaba yuko Ubwami bw’Imana buza? (b) Ni igikorwa gihambaye ikihe dutegerezwa kurangura?

14 Ubuhanuzi buri mu Vyahishuwe 12:7-12 burasigura igituma habaye ibintu vy’agahomerabunwa igihe Ubwami bw’Imana bwavuka, n’ubu bikaba bibandanya kubangamira abantu. Yezu we Mwami w’Ubwami bw’Imana, yaratanguye kuganza hagati y’abansi biwe. Tuzobandanya gusenga dusaba ko Ubwami bw’Imana buza gushika asozereye intsinzi yiwe, akarangiza ububisha bwose kw’isi. Muri ico gihe nyene, dutegerezwa kubaho duhuza n’ayo masengesho mu kugira uruhara mw’iranguka ry’umuce ukomeye wa ca “kimenyetso.” Yezu yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”Mat. 24:14.

“UKUGOMBA KWAWE NIGUKORWE KW’ISI”

15, 16. Dushobora gute kubaho duhuza n’isengesho dutura dusaba ko ukugomba kw’Imana gukorwa kw’isi?

15 Ukugomba kw’Imana kwarigeze kuba gukorwa ata gahaze kw’isi, hakaba haciye nk’imyaka 6.000. Ni co gituma Yehova yaciye avuga ko ikintu cose “cari ciza cane.” (Ita. 1:31) Mu nyuma Shetani yaragararije, kandi kuva ico gihe, abantu bari ku rushi ni bo bakoze ukugomba kw’Imana kw’isi. Mugabo ubu turi n’agateka ko kuba turi bazima mu gihe hari Ivyabona nk’imiliyoni umunani bariko basenga basaba ko ukugomba kw’Imana gukorwa kw’isi bongera bihatira kubaho bahuza n’iryo sengesho. Ivyo babigira mu kubaho mu buryo buhimbara Imana no mu kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa.

Woba uriko urigisha abana bawe kubaho bahuza na rya sengesho dutura dusaba ko ukugomba kw’Imana gukorwa kw’isi? (Raba ingingo ya 16)

16 Nk’akarorero mushiki wacu umwe yabatijwe mu 1948, akaba yarabaye umumisiyonari muri Afrika, avuga ati: “Ku bijanye n’ico gice ca rya sengesho ry’akarorero, akenshi nsenga nsaba ko abantu bose bameze nk’intama baronka uwubagendera, akabafasha kumenya ivyerekeye Yehova amazi atararenga inkombe. N’ikindi kandi, iyo ngira mbwire inkuru nziza umuntu, ndasaba Imana ubukerebutsi kugira ngo ndamukore ku mutima. Ku bijanye n’abantu bameze nk’intama tumaze kugendera na bo, nsega Yehova ndamusaba ngo ahezagire utwigoro tugira two kubitwararika.” Ntibitangaje kubona uwo mushiki wacu w’imyaka 80 aroranirwa mu busuku arangura. Abifashijwemwo n’abandi, yarafashije abantu benshi gucika Ivyabona vya Yehova. Nta nkeka ko wibuka ubundi burorero bw’abantu bitanga cane mu gukora ukugomba kw’Imana naho bitereye mu myaka.Soma Abafilipi 2:17.

17. Wiyumva gute ku bijanye n’ivyo Yehova azokora mu kwishura isengesho dutura dusaba ko ukugomba kwiwe gukorwa kw’isi?

17 Tuzobandanya gusenga dusaba ko ukugomba kw’Imana gukorwa gushika abansi b’Ubwami bw’Imana bakuwe kw’isi. Mu nyuma tuzokwibonera ingene ukugomba kw’Imana gukorwa ku rugero rushitse, abantu amamiliyaridi nibazurwa bakibera mw’isi y’iparadizo. Yezu yavuze ati: “Ntimutangazwe n’ico, kuko isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi [ryanje] bakazivamwo.” (Yoh. 5:28, 29) Ese ukuntu tuzohimbarwa no guha ikaze abacu bazoba bazutse! Imana “izohanagura amosozi yose ku maso ya[cu].” (Ivyah. 21:4) Benshi mu bazoba bazutse, bazoba ari “abagororotsi” bapfuye bataramenya ukuri kwereye Yehova Imana n’Umwana wiwe. Kazoba ari agateka kubabwira ivyerekeye ukugomba kw’Imana be n’umugambi wayo, gutyo tubafashe kuba ababereye “ubuzima budahera.”Ivyak. 24:15; Yoh. 17:3.

18. Ni ibintu nyamukuru ibihe abantu bakeneye?

18 Kugira ngo kw’isi no mw’ijuru habe amahoro n’umwumvikano, izina rya Yehova ritegerezwa kwezwa biciye ku Bwami bw’Imana. Ku bw’ivyo, vya bintu bitatu vya mbere dusaba mw’isengesho ry’akarorero nivyishurwa bimwe bishitse, abantu bazoba baronse ibintu nyamukuru bakeneye. Mu kiganiro gikurikira tuzokwihweza ibindi bintu bine bihambaye bivugwa muri rya sengesho ry’akarorero Yezu yigishije.

^ par. 12 Ushaka kumenya insobanuro y’ukuntu ubwo buhanuzi bwarangutse mu 1914 igihe Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya bwavuka, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? urupapuro rwa 215-218.