Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tubeho duhuza na rya sengesho ry’akarorero—Igice ca 2

Tubeho duhuza na rya sengesho ry’akarorero—Igice ca 2

“Imana So [ira]zi ivyo mukenera.”MAT. 6:8.

1-3. Ni kubera iki mushiki wacu umwe yajijutse ko Yehova azi ivyo dukeneye?

LANA ntazokwigera yibagira ivyamushikiye umusi umwe ari mu Budagi, mu ci ryo mu 2012. Amasengesho abiri yatuye adomako arabona ko yishuwe. Irya mbere yarituye igihe yari mw’igariyamoshi agiye ku kibuga c’indege. Yasavye Yehova ngo amuronse akaryo ko gushinga intahe. Irya kabiri yarituye amaze gushika ku kibuga c’indege maze akamenya ko indege yari kumutwara yogiye ku musi ukurikira. Lana yasavye Yehova ngo amufashe kuko yari yakoresheje amahera y’amanyaburaya yari afise nka yose, akaba atagira aho arara.

2 Akimara gutura iryo sengesho rigira kabiri, yagiye yumva umuntu amubwira ati: “Bite Lana? Ko uri ng’aha ni ibiki?” Uwo muntu yari umusore bahoze bigana kw’ishure. Yari kumwe na nyina hamwe na inakuru bamuherekeje agiye muri Afrika y’Epfo. Nyina w’uwo musore ari we Elke amaze kwumva ingorane Lana yari afise, yaciye amusaba ngo bajane kugira amuhe indaro. Elke na nyina wiwe baragaragarije Lana ubwakiranyi maze baguma bamubaza ibibazo bijanye n’ivyo yemera be n’igikorwa yarangura ari umwamamaji w’igihe cose.

3 Bukeye bahejeje kwivuna umusase, Lana yarabishuye n’ibindi bibazo bishingiye kuri Bibiliya, aca arabasaba aderese zabo kugira azobandanye gukurikirana ugushimishwa kwabo. Lana yarasubiye i muhira impore kandi arabandanya kurangura umurimo wiwe ari umutsimvyi asanzwe. Arabona ko umwe ‘yumva amasengesho’ yamenye ivyo akeneye maze aramufasha.Zab. 65:2.

4. Ni ibintu dukeneye ibihe tugiye kurimbura?

4 Igihe dushikiwe n’ingorane bukwi na bukwi, vyoshobora kutatugora gusaba Yehova ngo adufashe, kandi arahimbarwa no kwumva ayo masengesho y’abasavyi biwe b’intahemuka. (Zab. 34:15; Imig. 15:8) Ariko rero igihe tuzirikanye kuri rya sengesho ry’akarorero, twoshobora kubona ibindi bintu bihambaye cane dukeneye mugabo twosanga twirengagije. Rimbura nk’akarorero ukuntu ivyo dukeneye mu vy’impwemu bihishurwa mu bintu bitatu vya nyuma dusaba muri rya sengesho ry’akarorero. Vyongeye, hoba hari ibindi twokora kugira tubeho duhuza n’ikintu kigira kane dusaba muri iryo sengesho, na co kikaba kijanye n’ibifungurwa vyacu vy’uyu musi?Soma Matayo 6:11-13.

“UDUHE UNO MUSI IBIFUNGURWA VYACU VY’UYU MUSI”

5, 6. Naho nyene twoba dufise ibintu vy’umubiri bihagije, ni kubera iki bihambaye ko dusenga dusaba ibifungurwa vyacu vy’uyu musi?

5 Urabona ko tudasaba ngo umpe ibifungurwa “vyanje” vy’uyu musi, ariko dusaba ibifungurwa “vyacu” vy’uyu musi. Umucungezi w’umuzunguruko muri Afrika yitwa Victor avuga ati: “Akenshi ndakengurukira cane Yehova kubona twe n’umukenyezi wanje tutarazwa ishinga rwose n’aho tuza gukura ivyo dufungura, canke ngo tuhagarikwe umutima no kumenya uwuzoturihira uburaro. Abavukanyi bacu baratwitwararika buri musi. Mugabo ndasabira abo badufasha ngo bashobore kuvyifatamwo neza mu ngorane z’ivy’ubutunzi zibahanze.”

6 Nimba dufise ibifungurwa bizotumaza imisi myinshi, turashobora kuzirikana bene wacu bakenye canke bashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka. Ntidukwiye kubasengera gusa ariko kandi turakwiye gukora duhuza n’amasengesho yacu. Nk’akarorero, abari n’ivyo bakeneye turashobora kubaha ku vyo dufise. Turashobora kandi guterera ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, twizigiye ko ayo mahera akoreshwa neza.1 Yoh. 3:17.

7. Ni ikigereranyo ikihe Yezu yatanze mu kwerekana ko tudakwiye ‘kwigera twiganyira ku vy’ejo’?

7 Mu kwerekeza ku bifungurwa vyacu vy’uyu musi, birashoboka ko Yezu yashaka kuvuga ivyo tuba dukeneye ubwo nyene. Yabandanije rero yerekana ukuntu Imana yambika amashurwe yo mw’ishamba, aca avuga ati: “Mbega ntizorushiriza kubambika, mwebwe ab’ukwizera guke? Nuko ntimukigere mwiganyira . . . ngo: ‘Tuzokwambara iki?’” Yasozereye asubiramwo impanuro ihambaye igira iti: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo.” (Mat. 6:30-34) Ivyo birerekana ko dukwiye kubumbwa n’ibintu bihambaye dukenera buri musi aho guhahamira amaronko. Muri ivyo bintu hoshobora kuba harimwo uburaro bubereye, akazi kadufasha gutunga umuryango wacu be n’ubukerebutsi budufasha kwihanganira ingorane z’amagara. Ariko rero, hamwe twosenga dusaba gusa ibintu vy’umubiri dukeneye, hoba hari agahaze kubera ko hariho ibintu vy’impwemu dukeneye bihambaye kuruta ivyo.

8. Kuba Yezu yaravuze ibijanye n’ibifungurwa vyacu vy’uyu musi bikwiye kutwibutsa ibintu bihambaye ibihe dukeneye? (Raba ishusho itangura.)

8 Kuba Yezu yaravuze ibijanye n’ibifungurwa vyacu vy’uyu musi, birakwiye kutwibutsa ko dukeneye ibifungurwa vy’impwemu. Uwo Databuja wacu yavuze ati: “Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, mugabo azobeshwaho n’ijambo ryose rizanana mu kanwa ka Yehova.” (Mat. 4:4) Turakwiye rero kubandanya dusaba ko Yehova yoguma aturonsa ibifungurwa vyo mu vy’impwemu ku gihe kibereye.

“UDUHEBERE IMYENDA YACU”

9. Ni mu buryo ki ibicumuro vyacu ari “imyenda”?

9 Kubera iki Yezu yakoresheje ijambo “imyenda,” mugabo inyuma y’aho agakoresha ijambo “ibicumuro”? (Mat. 6:12; Luka 11:4) Mu 1951, Umunara w’Inderetsi wasiguye ko igihe ducumuye tukarenga kw’itegeko ry’Imana ari nk’aho tuba tuyiririye umwenda. Tubwirizwa gukunda Yehova no kumugamburukira. Igihe rero ducumuye ku Mana, ntituba turiko turayishura ivyo tuyifitiye. Yehova abishatse yoshobora guca ahagarika ubucuti dufitaniye na we. Uwo Munara wongeyeko uti: “Ugucumura ni ukwanka Imana”1 Yoh 5:3.

10. Yehova atubabarira yisunze iki, kandi dukwiye kubibona gute?

10 Kuba dukeneye kubabarirwa buri musi biratwibutsa uburyo bwonyene bwemewe Imana yisunga mu guhanagura ibicumuro vyacu, na bwo akaba ari inkuka y’incungu ya Yezu. Naho haciye imyaka hafi 2.000 iyo ncungu itanzwe, turakwiye kuyiha agaciro nk’aho yoba ari ingabirano turonse uno musi. “Ikiguzi c’icungurwa” ry’ubuzima bwacu “ni ic’agaciro cane” ku buryo ata kintu na kimwe umuntu adatunganye yokora kugira akirihe. (Soma Zaburi 49:7-9; 1 Petero 1:18, 19.) Mu vy’ukuri, ntidukwiye kwigera tureka gukengurukira Yehova ku bw’iyo ngabirano ihambaye. Vyongeye, kuba tuvuga ngo ibicumuro vyacu” aho kuvuga ngo ibicumuro vyanje,” birakwiye kutwibutsa ko twese uko tugize umuryango w’abavukanyi dukeneye iyo ntunganyo iranga imbabazi. Biragaragara ko Yehova ashaka ko twitwararika ineza yacu yo mu vy’impwemu hamwe n’iy’abandi, ushizemwo n’aboba baraducumuyeko. Akenshi usanga ivyo bicumuro ari ibisanzwe kandi biraduha akaryo ko kwerekana yuko dukunda vy’ukuri abavukanyi bacu be n’uko dufise umutima ukunze wo guharira abandi nk’uko Imana iduharira ibigiranye imbabazi.Kol. 3:13.

Nimba wipfuza ko Imana ikubabarira, nubabarire abandi (Raba ingingo ya 11)

11. Kubera iki bihambaye ko tubabarira abandi?

11 Ikibabaje ni uko twebwe abantu badatunganye vyoshobora gushika tukabikira inzika umuvukanyi. (Lew. 19:18) Igihe tubwiye abandi ibijanye n’iyo ngorane, boshobora kudushigikira bigatuma haba ukwicamwo ibice mw’ishengero. Turetse ibintu bikabandanya gutyo, vyoca vyerekana ko tudakenguruka imbabazi z’Imana be n’incungu. Hamwe tutobabarira abandi, Dawe wa twese na we nyene ntazotubabarira. (Mat. 18:35) Ivyo ni vyo Yezu yaciye avuga akimara gutanga rya sengesho ry’akarorero. (Soma Matayo 6:14, 15.) N’ikindi kandi, kugira Imana itubabarire dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira twirinde kuza turakora igicumuro gikomeye. Ico cipfuzo dufise co kwirinda gukora igicumuro kidushikanye ku kintu dusaba ubukurikira muri rya sengesho ry’akarorero.1 Yoh. 3:4, 6.

“NTUTUJANE MU KIGERAGEZO”

12, 13. (a) Ni ibiki vyashikiye Yezu akimara kubatizwa? (b) Ni kubera iki ari twe dutegerezwa kubibazwa bishitse tukagwa mu kigeragezo? (c) Ni igiki Yezu yerekanye mu kuguma ari umwizigirwa gushika ku rupfu?

12 Kurimbura ivyashikiye Yezu agiheza kubatizwa birashobora kudufasha gutahura igituma dukeneye gusaba duti: “Ntutujane mu kigeragezo.” Impwemu y’Imana yarajanye Yezu mu gahinga. Uti kubera iki? Bibiliya ivuga iti: “Kugira ageragezwe na Shetani.” (Mat. 4:1; 6:13) Ivyo vyoba bikwiye kudutangaza? Ntivyodutangaza mu gihe twoba dutahura imvo nyamukuru yatumye Imana irungika uwo Mwana wayo kw’isi. Kwari ukugira ngo yishure ca kibazo cavyurwa igihe Adamu na Eva batera akagere ubusegaba bw’Imana. Hari hakenewe umwanya kugira ngo ibibazo bimwebimwe vyishurwe. Nk’akarorero, Imana yoba yaremye umuntu mu buryo burimwo agahaze? Vyoba vyari gushoboka ko umuntu atunganye ashigikira ubusegaba bw’Imana naho “wa mubisha” yari kumushirako imikazo? Abantu boba bari kurushiriza kumererwa neza badatwarwa n’ubutegetsi bw’Imana, nk’uko Shetani yabivuze? (Ita. 3:4, 5) Vyosavye umwanya kugira ngo ivyo bibazo vyishurwe mugabo vyokweretse ibiremwa vyose bifise ubwenge yuko Yehova akoresha ubusegaba bwiwe mu buryo ngirakamaro.

13 Yehova ni mweranda akaba rero atigera agerageresha ikibi umuntu n’umwe. Ahubwo nyabuna, Shetani ni we ari “Umugerageji.” (Mat. 4:3) Shetani arashobora gutuma habaho ibintu bitugerageza. Yamara umuntu ni we yihitiramwo kwemera canke kwanka kujanwa mu kigeragezo. (Soma Yakobo 1:13-15.) Igihe Yezu yaba ageragejwe na Shetani, yaca ubwo nyene yamirira kure ikigeragezo kimwekimwe cose mu gukoresha icanditswe kibereye co mw’Ijambo ry’Imana. Gutyo, yarashigikiye uburenganzira Imana ifise bwo kuba Segaba. Ariko Shetani ntiyateshejwe ngo ate. Yararindiriye “kugeza aronse akandi karyo keza.” (Luka 4:13) Yezu yarabandanije kunanira utwigoro twose Shetani yagize arondera gusenyura ugutungana kwiwe. Kristu yarashigikiye ubusegaba bugororotse bwa Yehova, aba yerekanye ko umuntu atunganye ashobora kuguma ari umwizigirwa naho yoba ari mu kigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose. Ariko rero, Shetani aragerageza gutega imitego abayoboke ba Yezu, na wewe udasigaye inyuma.

14. Ni ibiki dukwiye gukora kugira ntitugwe mu kigeragezo?

14 Kubera ko ico kibazo kijanye n’ubusegaba bw’Imana kitarishurwa neza, Yehova arareka uwo Mugerageji agakoresha iyi si mu kutugerageza. Imana ntitujana mu kigeragezo. Ahubwo nyabuna, iratwizigiye kandi yipfuza kudufasha. Ariko rero kubera ko Yehova yubahiriza uburenganzira dufise bwo kwihitiramwo, ntaca ubwo nyene adutangira ngo ntitugwe mu kigeragezo. Hari ibintu bibiri tubwirizwa gukora: Kuguma turi maso mu vy’impwemu no gushishikara gusenga. None Yehova yishura gute amasengesho yacu?

Nugume ukomeye mu vy’impwemu kandi ugumane umwete mu busuku (Raba ingingo ya 15)

15, 16. (a) Ni ibigeragezo bimwebimwe ibihe dukwiye kunanira? (b) Igihe umuntu aguye mu kigeragezo, bikwiye kubazwa nde?

15 Yehova araduha impwemu yiwe y’ububasha, ikaba ishobora kudukomeza no kudufasha kunanira ikigeragezo. N’ikindi kandi, Imana iratuburira ibicishije kw’Ijambo ryayo no kw’ishengero ku bijanye n’ibintu tubwirizwa kwirinda, nko kutamarira umwanya wacu, amahera yacu n’inguvu zacu mu bintu vy’umubiri bidahambaye. Uwitwa Espen n’umukenyezi wiwe Janne baba mu gihugu gitunze c’i Buraya. Baramaze imyaka myinshi ari abatsimvyi basanzwe mu gice cari gikeneye abamamaji kuruta co muri ico gihugu. Igihe bavyara umwana wa mbere, vyabaye ngombwa ko bahagarika ubutsimvyi, ubu bakaba bafise umwana agira kabiri. Espen avuga ati: “Twama dusenga Yehova tumusaba ngo adufashe ntitugwe mu kigeragezo kubera ko ubu tudashobora kumara umwanya munini mu bikorwa vya gitewokarasi nka kera. Turamusaba ngo adufashe kuguma dukomeye mu vy’impwemu kandi tugumane umwete mu busuku.”

16 Ikindi kigeragezo ceze muri iki gihe ni ukuraba amashusho y’ibiterasoni. Bishitse tukagwa muri ico kigeragezo, ntidukwiye kuvyegeka kuri Shetani. Uti kubera iki? Kubera ko Shetani n’isi yiwe badashobora kuduhata ngo dukore ikintu na kimwe tudashaka. Bamwebamwe baraguye muri ico kigeragezo kubera ko bagumije ubwenge bwabo ku bintu bibi. Ariko turashobora kukinanira, nk’uko n’abavukanyi bacu ibihumbi bakinaniye.1 Kor. 10:12, 13.

“UTUROKORE MU KUDUKIZA WA MUBISHA”

17. (a) Dushobora gute kubaho duhuza na ca kintu dusaba ngo “uturokore mu kudukiza wa mubisha”? (b) Ni uruhoza uruhe rwegereje?

17 Kugira tubeho duhuza na ca kintu dusaba ngo “uturokore mu kudukiza wa mubisha,” dutegerezwa kwihatira ‘kutaba ab’isi ya Shetani.’ Dutegerezwa ‘kudakunda isi ya Shetani canke ibiri mw’isi.’ (Yoh. 15:19; 1 Yoh. 2:15-17) Urwo ni urugamba rudatezura. Ese ukuntu tuzokwiruhutsa Yehova niyishura iryo sengesho mu gukuraho Shetani n’iyi si yiwe mbi! Ariko rero, dutegerezwa kwibuka ko igihe Shetani yirukanwa mw’ijuru, yari azi ko afise igihe gito. N’ishavu n’akantu, arakora ukwo ashoboye kwose kugira atume tuva ku gutungana kwacu. Ku bw’ivyo, dutegerezwa kuguma dusaba Yehova ngo aturokore mu kumudukiza.Ivyah. 12:12, 17.

18. Kugira ngo tuzorokoke umuhero w’isi ya Shetani, dutegerezwa kubandanya dukora iki?

18 Woba wipfuza kwibera mw’isi itagiramwo Shetani? Nubandanye rero gusenga usaba ko Ubwami bw’Imana bweza izina ryayo maze butume ukugomba kwayo gukorwa kw’isi. Nuhange amaso Yehova kugira akuronse ivyo ukeneye mu vy’impwemu no mu vy’umubiri. Niwiyemeze kubaho uhuza na rya sengesho ry’akarorero.