Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Mukeneye ukwihangana”

“Mukeneye ukwihangana”

AHO Anita * amariye kubatizwa akaba Icabona ca Yehova, umugabo wiwe yaramurwanije yivuye inyuma. Anita avuga ati: “Yarambujije kuja mu makoraniro, arambuza mbere no gucisha mu kanwa izina ry’Imana. Kuvuga izina Yehova vyonyene vyatuma ashangashirwa.”

Iyindi ngorane ikomeye Anita yagize kwari ukwigisha abana biwe ivyerekeye Yehova. Avuga ati: “Gusenga Yehova vyari bibujijwe mu rugo iwanje. Sinashobora kwigisha abana banje ku mugaragaro canke ngo ndabatware ku makoraniro.”

Nk’uko ivyashikiye Anita bivyerekana, kurwanywa n’abo mu muryango birashobora kuba ikintu gikomeye kigerageza ugutungana kw’umukirisu. Ivyo ni na ko biri ku bijanye n’indwara zidakira, ukubura umwana canke uwo mwubakanye, kibure igihe incuti ya hafi iteye akagere Yehova. Ni ibiki none vyofasha umukirisu kuguma ari umwizigirwa kuri Yehova?

Igihe ushikiwe n’ibigeragezo nk’ivyo, wokora iki? Intumwa Paulo yavuze ati: “Mukeneye ukwihangana.” (Heb. 10:36) Mugabo none ni ibiki vyogufasha kwihangana?

NIWIHEKE KURI YEHOVA MW’ISENGESHO

Kimwe mu bintu nyamukuru bidufasha kuronka inkomezi dukeneye kugira twihanganire ibigeragezo ni ukwiheka ku Mana mw’isengesho. Rimbura akarorero kamwe. Umusi umwe ku wa mbere ku muhingamo, umuryango wa Ana warashikiwe n’icago. Umunega wiwe bari bamaranye imyaka 30 yarapfuye bukwi na bukwi. Ana avuga ati: “Yaragiye ku kazi mugabo ijisho ryabaye iryo, kandi yari afise imyaka 52 gusa.”

None Ana yihanganiye gute ico kintu? Vyabaye ngombwa ko asubira ku kazi, kandi karamufashije kubera kasaba yuko akitunirako rwose, ariko ntikatumye intuntu yari afise ihera. Avuga ati: “Narasukiye Yehova ibiri mu mutima nongera ndamutakambira ngo amfashe kwihanganira ukwo kubura kw’agacavutu.” Yehova yoba none yarishuye ayo masengesho yiwe? Emwe, Ana aremera adakeka ko yayishuye. Avuga ati: “Amahoro Imana yonyene ishobora gutanga yarampojeje atuma ntata umutwe. Ndazi neza ko Yehova azozura umunega wanje.”Flp. 4:6, 7.

Umwe “[y]umva amasengesho” asezeranira abasavyi biwe kubaronsa ivyo bakeneye vyose kugira bagume ari abizigirwa kuri we. (Zab. 65:2) Ntiwemera yuko uwo muhango ukomeza ukwizera? None ntugufasha kubona ko na wewe ushobora kwihangana?

NUGUME HAFI Y’ABO MUSANGIYE UKWEMERA

Yehova arafasha abasavyi biwe abicishije kw’ishengero rya gikirisu. Nk’akarorero, igihe ishengero ry’i Tesalonika ryashikirwa n’uruhamo rukomeye, Paulo yahimirije abo bakirisu ati: “Mugume rero muhozanya mwongera mwubaka bagenzi banyu, nk’uko mbere muriko murabigira.” (1 Tes. 2:14; 5:11) Kubera ko abo bakirisu b’i Tesalonika bagumye biyegerezanya mu rukundo kandi bagafashanya, barashoboye kunanira ico kintu cariko kiragerageza ukwizera kwabo. Inkuru yerekeye ukwihangana kwabo ni akarorero keza kuri twebwe muri iki gihe kandi iratwereka ikintu codufasha kwihangana.

Kugiranira ubugenzi bwa hafi n’abo mw’ishengero birashobora kudufasha kuvuga no gukora “ivyubaka abandi.” (Rom. 14:19) Ivyo birahambaye canecane mu bihe vy’amagorwa. Paulo ubwiwe yarahuye n’amakuba menshi, kandi Yehova yaramuhaye inkomezi zo kwihangana. Rimwe na rimwe, Imana yararemesha cane Paulo ibicishije ku bo basangiye ukwemera. Nk’akarorero, igihe Paulo yarungikira indamukanyo abagize ishengero ry’i Kolosayi, yavuze ku biberekeye ati: “Bambereye imfashanyo ikomeza.” (Kol. 4:10, 11) Egome, urwo bakunda Paulo rwatumye bamuremesha bongera baramukomeza igihe yari abikeneye. Birashoboka ko na wewe umaze kuremeshwa no gushigikirwa n’abo mw’ishengero urimwo muri ubwo buryo.

NURONDERE GUFASHWA N’ABAKURAMBERE

Imana yaraduhaye kandi abakurambere mw’ishengero kugira badufashe. Abo bagabo bahumuye mu vy’impwemu barashobora kuba “nk’ubwikingo bw’umuyaga be n’ubwihisho bw’ikirura c’imvura, nk’imigezi y’amazi mu gihugu kigadutse, nk’igitutu c’urutare ruremereye mu ntara irushe.” (Yes. 32:2) Mbega ikintu kidusubiriza umutima mu nda! Woba umaze kwungukira kuri iyo ntunganyo iranga urukundo? Indemesho be n’imfashanyo abakurambere baguha birashobora kugufasha kwihangana.

Ego ni ko, abakurambere ntibakora ibitangaro. Ni abantu badatunganye, ‘bafise utunenge nkatwe.’ (Ivyak. 14:15) Yamara rero, amasengesho batura badusabira arashobora kudufasha cane. (Yak. 5:14, 15) Umuvukanyi umwe wo mu Butaliyano yamaze imyaka myinshi asinzikajwe n’indwara y’imitsi, yavuze ati: “Kuba abavukanyi barangaragarije urukundo kandi bakangendera kenshi vyaramfashije kwihangana.” Woba none ushobora kwungukira bimwe bishitse kuri iyo ntunganyo iranga urukundo Yehova yashizeho y’abakurambere?

NUGUMANE URUTONDE RWIZA RWO MU VY’IMPWEMU

Hariho n’ibindi bintu twokora bikadufasha kwihangana. Kimwe muri vyo ni ukugumana urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu. Rimbura akarorero k’uwitwa Jonh w’imyaka 39, bakaba bamutoye kanseri itamenyerewe. Avuga ati: “Numvise umenga iramboneye kuko nari nkiri muto cane.” Ico gihe, agahungu kiwe kari gafise imyaka itatu gusa. John avuga ati: “Ivyo vyasaba ko umukenyezi wanje yitwararika ako kana kacu hamwe na jewe, akongera akamfasha igihe cose ngiye kwa muganga.” Ukuvurwa mu buryo bukomeye vyatuma John asigara yasanzaye akagira n’iseseme ryinshi. Ngo ivyago ntibisiga ibindi: Se wa John yarafashwe n’indwara idakira, akaba yari akeneye ko umuryango umwitwararika.

None John n’umuryango wiwe bihanganiye gute izo ngorane zitoroshe? Avuga ati “Naho naguma mfise uburuhe, naritwararika ko umuryango wacu ugumana urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu. Twaritaba amakoraniro yose, tukaja mu busuku buri ndwi, tukagira n’ugusenga kwo mu muryango kudahorereza n’igihe nyene vyaba bitoroshe.” John yariboneye vy’ukuri yuko ikintu nyamukuru gifasha kwihanganira ingorane iyo ari yo yose ari ukugumana urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu. Hoba hari ico aremesha abariko barashikirwa n’ibintu bibagerageza? Avuga ati: “Igihe umubabaro wo mu ntango umaze kurangira, amaganya uba usigaranye aca asubirirwa n’inkomezi Yehova akuronsa be n’urukundo akugaragariza. Yehova arashobora kugukomeza nk’uko yankomeje.”

Imana idufashije, nta gukeka ko dushobora kwihanganira ibigeragezo bikomeye vyodushikira, haba ubu canke muri kazoza. Nimuze twiheke kuri Yehova mw’isengesho, tugiranire ubugenzi bwa hafi n’abo mw’ishengero turimwo, turondere gufashwa n’abakurambere kandi tugumane urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu. Nitwabigenza gutyo, tuzoba duhuje na ya majambo ya Paulo agira ati: “Mukeneye ukwihangana.”

^ par. 2 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.