Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Guhimbara Imana vyoba bishoboka?

Guhimbara Imana vyoba bishoboka?

Vyoba bimaze gushika ugasoma ivyerekeye abantu bavugwa neza muri Bibiliya maze ukibwira uti: ‘Jeho sinopfa mbaye nka bo!’ Hari aho wokwiyumvira uti: ‘Sindi umugororotsi, kandi nama nkora amakosa.’

Yobu “ntiyagirako umugayo kandi yari umuntu agororotse.”Yobu 1:1

Bibiliya ivuga ko Yobu ‘atagirako umugayo be n’uko yari umuntu agororotse.’ (Yobu 1:1) Loti avugwa ko yari “umuntu w’umugororotsi.” (2 Petero 2:8) Dawidi na we avugwa ko ‘yakora ivyari bigororotse’ mu maso y’Imana. (1 Abami 14:8) Ariko, reka twihweze neza ubuzima bw’abo bantu bavugwa muri Bibiliya. Turaza kubona (1) ko bakoze amakosa, (2) ko dushobora kubigirako vyinshi, be n’uko (3) abantu badatunganye bashobora vy’ukuri guhimbara Imana.

BARAKOZE AMAKOSA

“[Imana yararokoye] wa mugororotsi Loti yatuntuzwa cane n’ukuntu abantu batibanga amategeko bivobeka mu bushirasoni.”2 Petero 2:7

Yobu yarahuye n’ingorane nyinshi atatahura igituma zimushikira. Yarihenze, bituma yiyumvira ko naho yagumye yizeye Imana, yoyo itari ibinezwe. (Yobu 9:20-22) Yobu yaremeza ashikamye ko ari umugororotsi ku buryo abandi babona ko ariko yigira umugororotsi kuruta Imana.Yobu 32:1, 2; 35:1, 2.

Loti vyaramugoye gukora ikintu coroshe kandi gitomoye. Yarababazwa cane n’ubuhumbu bw’agaterasoni abantu b’i Sodomu n’i Gomora bakora. Mbere “umutima wiwe ugororotse wamana akababaro” kubera ingeso zabo. (2 Petero 2:8) Imana yaramenyesheje ko yagira itikize ivyo bisagara bibi maze ibwira Loti n’umuryango wiwe ico bokora kugira barokoke. Wumva none Loti atari guca ubwo nyene avayo narirya hari haramushegeshe? Igitangaje, yagumye ahinahina naho ibintu vyari bikomeye. Abamarayika bari barungitswe kumurokora we n’umuryango wiwe vyabaye ngombwa ko babafata amaboko babajana ahatagira inkomanzi hanze y’igisagara.Itanguriro 19:15, 16.

Dawidi ‘yaragendeye inyuma y’Imana n’umutima wiwe wose mu gukora gusa ivyari bigororotse mu maso yayo.’1 Abami 14:8

Dawidi yarigeze kubura ukwigumya maze arenga ibigo n’umugore w’uwundi mugabo. Ikibabaje, yaricishije umugabo wiwe kugira ahishe ico caha yari yakoze. (2 Samweli, ikigabane ca 11) Bibiliya ivuga ko ico kintu Dawidi yakoze “[cabonetse] nabi mu maso ya Yehova.”2 Samweli 11:27.

Yobu, Loti na Dawidi bose barakoze amakosa, amwe akaba yari akomeye cane. Ariko nk’uko tuza kubibona, baripfuza n’umutima wabo wose kugamburukira Imana. Baricujije bongera barerekana ko bipfuza guhindura inyifato. Ivyo vyatumye Imana ibatonesha, kandi muri rusangi Bibiliya ivuga ko bari abizigirwa.

TUBIGIRAKO IKI?

Kubera ko turi abacumuzi, ntituzobura gukora amakosa. (Abaroma 3:23) Ariko bishitse, turakwiye kwicuza maze tugakora uko dushoboye kugira duhindure inyifato.

Yobu, Loti na Dawidi bagize iki kugira bagorore ibintu? Mu mutima, Yobu yari umuntu atunganye. Imana imaze kumufasha kuzirikana, Yobu yaciye abona ko yari yihenze maze arisubirako. (Yobu 42:6) Ukuntu Loti yabona ubuhumbu bwakorwa n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora ni ko n’Imana yabibona. Ingorane yagize ni uko kaciyemwo ntiyabona ko ibintu vyihutirwa. Yahavuye ava muri ivyo bisagara Imana yagira itikize bituma arokoka. Kubera ukugamburuka, ntiyigeze ahindukira ngo arabe ivyo asize inyuma. Naho Dawidi yakoze ikosa rikomeye akarenga itegeko ry’Imana, yarerekanye uko yari ameze vy’ukuri mu kwigaya bivuye ku mutima agasaba imbabazi Imana.Zaburi 51.

Imana ntisaba abantu b’abacumuzi ivyo badashoboye. Ni na ko yabigize kuri abo bagabo. ‘Irazi neza ingene tubumbwe, iribuka ko turi umukungugu.’ (Zaburi 103:14) None ko Imana izi yuko dukora amakosa, itwitezeko iki?

Imana ‘irazi neza ingene tubumbwe, iribuka ko turi umukungugu.’Zaburi 103:14

ABANTU BADATUNGANYE BASHOBORA GUTE GUHIMBARA IMANA?

Impanuro Dawidi yahaye umuhungu wiwe Salomo iratwereka ico twokora kugira duhimbare Imana. Yamubwiye ati: “Salomo mwananje, umenye Imana ya so kandi uyikorere n’umutima ukwiye.” (1 Ngoma 28:9) Umuntu afise umutima ukwiye ameze gute? Ni umuntu akunda Imana kandi yipfuza kumenya ivyo igomba no kubikora. Si umuntu adakora amakosa, ahubwo ni wa wundi yipfuza cane kugamburukira Imana kandi akemera gukosorwa. Urukundo abo bagabo batatu bakunda Imana n’icipfuzo bari bafise co kuyigamburukira vyatumye Imana ibona ko Yobu ‘atagirako umugayo,’ ko Loti ari “umugororotsi,” be n’uko Dawidi “[ya]kora gusa ivyari bigororotse” mu maso y’Imana. Naho bakoze amakosa, barahimbaye Imana.

Umuntu afise umutima ukwiye ni umuntu yipfuza cane kumenya ivyo Imana igomba no kuyigamburukira

Rero, bishitse tukagira ivyiyumviro bibi, tukavuga ikintu gituma twicuza, canke tukihenda tugakora ikosa, turakwiye kuremeshwa n’ubwo burorero duhejeje kubona. Imana iratahura ko turi abacumuzi. Ariko rero, yiteze ko tuyikunda kandi tukihatira kuyigamburukira. Twitayeho ivyo bintu n’umutima wacu wose, turashobora kwizigira tudakeka ko na twebwe twohimbara Imana.