Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Kubera iki abantu bakora ikibi?
Mu bisanzwe abantu bipfuza kuba abanyamahoro, kuvuga ukuri no kugira umutima mwiza. Ni kubera iki none ubugizi bwa nabi, akarenganyo n’ubukozi bw’ikibi bigwiriye? Ubu amakuru ateye ubwoba ni yo akunze kuvugwa. Hoba hariho uwosha abantu gukora ibibi?
Imana yoba yaremye abantu kugira bakore ikibi? Oya, Yehova Imana yaremye abantu mw’ishusho yiwe kugira bigane urukundo rwiwe. (Itanguriro 1:27; Yobu 34:10) Ariko kandi Imana yarabahaye ubushobozi bwo kwihitiramwo. Igihe abavyeyi bacu ba mbere bahitamwo nabi, bari banse kwigana Imana baca baba abacumuzi. Ni bo baturaze igicumuro.
Ikibi coba kizokwamaho?
Imana ishaka ko turwanya ivyipfuzo vyacu bibi. (Imigani 27:11) Iratwigisha rero ingene twokwirinda gukora ikibi n’ingene twohimbarwa vy’ukuri. Ariko rero muri iki gihe, ntidushobora kwigana urukundo rw’Imana ijana kw’ijana.
Naho ikibi ciraye, Imana iracakiretse igihe gito kugira twese dutahure ingaruka zaco. (2 Petero 3:7-9) Ariko rero vuba, abantu bahimbawe kandi bagamburukira Imana bazokwuzura isi.