Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Kubera iki abantu bakora ikibi?

Ni nde yagerageje kwosha yezu ngo akore ikibi?Matayo 4:8-10

Mu bisanzwe abantu bipfuza kuba abanyamahoro, kuvuga ukuri no kugira umutima mwiza. Ni kubera iki none ubugizi bwa nabi, akarenganyo n’ubukozi bw’ikibi bigwiriye? Ubu amakuru ateye ubwoba ni yo akunze kuvugwa. Hoba hariho uwosha abantu gukora ibibi?Soma 1 Yohani 5:19.

Imana yoba yaremye abantu kugira bakore ikibi? Oya, Yehova Imana yaremye abantu mw’ishusho yiwe kugira bigane urukundo rwiwe. (Itanguriro 1:27; Yobu 34:10) Ariko kandi Imana yarabahaye ubushobozi bwo kwihitiramwo. Igihe abavyeyi bacu ba mbere bahitamwo nabi, bari banse kwigana Imana baca baba abacumuzi. Ni bo baturaze igicumuro.Soma Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5.

Ikibi coba kizokwamaho?

Imana ishaka ko turwanya ivyipfuzo vyacu bibi. (Imigani 27:11) Iratwigisha rero ingene twokwirinda gukora ikibi n’ingene twohimbarwa vy’ukuri. Ariko rero muri iki gihe, ntidushobora kwigana urukundo rw’Imana ijana kw’ijana.Soma Zaburi 32:8.

Naho ikibi ciraye, Imana iracakiretse igihe gito kugira twese dutahure ingaruka zaco. (2 Petero 3:7-9) Ariko rero vuba, abantu bahimbawe kandi bagamburukira Imana bazokwuzura isi.Soma Zaburi 37:9-11.