Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukore kugira uryohore iparadizo yo mu buryo bw’impwemu

Nukore kugira uryohore iparadizo yo mu buryo bw’impwemu

“Nzoninahaza ikibanza c’ibirenge vyanje.”YES. 60:13.

INDIRIMBO: 102, 75

1, 2. Imvugo ngo “intebe y’ibirenge” ishobora kwerekeza ku ki mu Vyanditswe vy’igiheburayo?

BIRABEREYE kubona Yehova Imana yavuze ati: “Amajuru ni yo ntebe yanje y’ubwami, isi na yo ni intebe y’ibirenge vyanje.” (Yes. 66:1) Yaravuze kandi ku bijanye n’iyo “ntebe y’ibirenge” vyiwe, ati: “Nzoninahaza ikibanza c’ibirenge vyanje.” (Yes. 60:13) None ivyo abigira gute? Ivyo bituma twebwe tuba ku “ntebe y’ibirenge” vy’Imana dukora iki?

2 Uretse ko imvugo ngo “intebe y’ibirenge” yerekeza kw’isi, irakoreshwa kandi mu buryo bw’ikigereranyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo mu kudondora rwa rusengero rwa kera Abisirayeli bakoresha. (1 Ngo. 28:2; Zab. 132:7) Kubera ko urwo rusengero rwari kw’isi, rwari intimatima y’ugusenga kw’ukuri. Ku bw’ivyo, Yehova yabona ko rwari rwiza cane, kandi kuba rwari ruhari vyonyene vyaraninahaza ikibanza c’ibirenge vyiwe.

3. Urusengero ruhambaye rw’Imana rwo mu buryo bw’impwemu ni iki, kandi rwabayeho ryari?

3 Muri iki gihe, intimatima y’ugusenga kw’ukuri ntikiri urusengero nya rusengero rwo kw’isi. Ariko rero, hariho urusengero rwo mu buryo bw’impwemu runinahaza Yehova kuruta kure n’iyo inyubakwa iyo ari yose. Ni intunganyo ituma abantu bashobora gusubiza hamwe n’Imana biciye ku buherezi bwa Yezu Kristu no ku nkuka yatanze. Rwabayeho mu 29 inyuma ya Kristu igihe Yezu yabatizwa maze akarobanurwa ngo abe Umuherezi Mukuru mu rusengero ruhambaye rwa Yehova rwo mu buryo bw’impwemu.Heb. 9:11, 12.

4, 5. (a) Zaburi ya 99 idondora gute icipfuzo gikomeye abasavyi ba Yehova b’ukuri bafise? (b) Ni ikibazo ikihe dukwiye kwibaza?

4 Mu kwerekana ko dukenguruka iyo ntunganyo y’urusengero rwo mu buryo bw’impwemu, turashemeza Yehova mu kumenyekanisha izina ryiwe kandi tukamuhayagiza kubera intunganyo y’incungu yashizeho iranga imbabazi. Ese ukuntu bihimbaye kumenya ko abakirisu b’ukuri barenga imiliyoni umunani bariko baraninahaza Yehova n’umwete! Mu gihe abanyamadini bamwebamwe biyumvira bihenda ko bazoshemeza Imana bamaze kuva kw’isi bakaja mw’ijuru, Ivyabona vya Yehova bobo baratahura ko bikenewe yuko bayishemeza ng’aha kw’isi kandi muri iki gihe.

5 Turakurikiza rero akarorero k’abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bavugwa muri Zaburi 99:1-3, 5-7. (Soma.) Nk’uko iyo zaburi ivyerekana, Musa, Aroni na Samweli barashigikiye bimwe bishitse intunganyo ijanye n’ugusenga kw’ukuri mu gihe cabo. Muri iki gihe, imbere y’uko amasigarira ya bene wabo na Yezu barobanuwe baja gukorana na we ari abaherezi mw’ijuru, barakora badahemuka mu kigo co kw’isi c’urusengero rwo mu buryo bw’impwemu. Abantu amamiliyoni bo mu “zindi ntama” barabashigikira badahemuka. (Yoh. 10:16) Naho abo muri iyo migwi yompi bafise ivyizigiro bitandukanye, barasenga Yehova bunze ubumwe ng’aha ku ntebe y’ibirenge vyiwe. Ariko rero, vyoba vyiza umwe wese yibajije ati: ‘Noba ndiko ndashigikira bimwe bishitse intunganyo ya Yehova ijanye n’ugusenga kw’ukuri?’

NI BANDE BAKORERA KU RUSENGERO RW’IMANA RWO MU BURYO BW’IMPWEMU?

6, 7. Ni ingorane iyihe yadutse mu bakirisu bo mu ntango, kandi ni igiki cakozwe haciye ibinjana n’ibindi?

6 Haciye imyaka idashika ijana ishengero rya gikirisu rishinzwe, ubuhuni bwari bwaravuzwe bwaratanguye. (Ivyak. 20:28-30; 2 Tes. 2:3, 4) Vyahavuye birushiriza kugora kumenya abariko vy’ukuri barakorera Imana ku rusengero rwayo rwo mu buryo bw’impwemu. Haciye ibinjana n’ibindi, Yehova yaratomoye ibintu abicishije ku Mwami yari aherutse kwimika ari we Yezu Kristu.

7 Mu 1919, abo Yehova yemera kandi bariko baramukorera ku rusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu, baragaragaye neza abo ari bo. Bari baratyorowe kugira umurimo barangurira Imana urushirize kwemerwa na yo. (Yes. 4:2, 3; Mal. 3:1-4) Ibintu intumwa Paulo yari amaze ibinjana n’ibindi yeretswe vyaratanguye kuranguka ku rugero kanaka.

8, 9. Ni “iparadizo” bwoko ki Paulo yeretswe?

8 Ivyo Paulo yeretswe tubisanga mu 2 Abakorinto 12:1-4. (Soma.) Ibintu Paulo yabonye igihe yabonekerwa vyavuzwe ko ari uguhishurirwa. Vyari vyerekeye ikintu cobaye muri kazoza. Si ikintu cariho mu gihe ciwe. Igihe Paulo ‘yatwarwa mw’ijuru rya gatatu,’ ni “iparadizo” bwoko ki yabonye? Ubwa mbere, ishobora kwerekeza kw’Iparadizo yo kw’isi igiye kuza (Luka 23:43). Ubwa kabiri, ishobora kwerekeza kw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu itunganye izoba iriho mw’isi nshasha. Ubwa gatatu, ishobora kwerekeza ku kuntu ibintu bizoba vyifashe neza cane mw’ijuru mw’“iparadizo y’Imana.”Ivyah. 2:7.

9 Kubera iki none Paulo yavuze yuko “[yumvise] amajambo atavugika, ayo ata muntu yemerewe kuvuga”? Ni uko hatari bwagere ko asigura ido n’ido ibintu vyiza igitangaza yari yarabonye muri iryo yerekwa. Mugabo ubu turemerewe kubwira abandi imihezagiro abasavyi b’Imana bifitiye muri iki gihe.

10. Iparadizo abasavyi b’Imana bibereyemwo muri iki gihe ni iki, kandi urusengero rwo mu buryo bw’impwemu ni iki?

10 Akenshi biravugwa mu bisohokayandikiro vyacu yuko ari nk’aho abasavyi b’Imana bibereye mw’iparadizo. Kubera iki? Kubera amahoro Yehova aha abasavyi biwe. Ivyo birerekana neza ko ari bo bonyene basenga Yehova Imana mu rusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu. None urwo rusengero rugereranya iki? Ni intunganyo yo kumusenga biciye ku rupfu rwa Yezu Kristu.Mal. 3:18.

11. Ni agateka akahe dufise muri iki gihe kajanye n’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu?

11 Ese ukuntu bihimbaye kumenya ko kuva mu 1919, Yehova yemeye yuko abantu badatunganye bakorana na we mu kuryohora iparadizo yo mu buryo bw’impwemu yo kw’isi, mu kuyikomeza no mu kuyagura! Woba wibona uriko uragira uruhara muri ico gikorwa ciza igitangaza? Vyoba bituma wipfuza kubandanya ukorana na Yehova mu kuninahaza ‘ikibanza c’ibirenge vyiwe’?

YEHOVA ARIKO ARARYOHORA ISHIRAHAMWE RYIWE

12. Tuzi gute ko ibivugwa muri Yesaya 60:17 vyarangutse? (Raba ishusho itangura.)

12 Igikorwa ciza igitangaza co kugira amahinduka mu gice co kw’isi c’ishirahamwe ry’Imana cari caravuzwe muri Yesaya 60:17. (Soma.) Abakiri bato canke abashasha mu kuri barasoma ibijanye n’ayo mahinduka canke bakavyumvana abandi. Ese ukuntu ari agateka ku bavukanyi na bashiki bacu bavyiboneye! Nta gukeka ko bajijutse yuko Yehova ariko arayobora ishirahamwe ryiwe akoresheje Umwami yimitse. Barazi neza yuko batihenze, kandi twese ni ukwo. Kwumva amajambo akora ku mutima bavuga bizokomeza ukwizera kwawe vyongere bitume urushiriza kwizigira Yehova.

13. Twisunze ibivugwa muri Zaburi 48:12-14, dutegerezwa gukora iki?

13 Naho twoba tumaze igihe kingana gute mu kuri, dutegerezwa kubwira abandi ibijanye n’ishirahamwe rya Yehova. Kuba hariho iparadizo yo mu buryo bw’impwemu muri iyi isi mbi, yononekaye kandi itagira urukundo, ni igitangaro co mu gihe ca none! Ivyiza vyerekeye ishirahamwe rya Yehova, ari yo “Siyoni,” be n’ukuri kwerekeye iparadizo yo mu buryo bw’impwemu dutegerezwa kubibwira “iyaruka ryo muri kazoza” tunezerewe.Soma Zaburi 48:12-14.

14, 15. Ni amahinduka ayahe yagizwe mu myaka ya 1970, kandi ishirahamwe ryayungukiyeko gute?

14 Uko imyaka yagiye irarengana, abageze mu zabukuru bari muri twebwe bariboneye amahinduka amwamwe yabaye mw’ishirahamwe agatuma igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova kirushiriza kuba ciza. Baribuka igihe amashengero yari ahagarikiwe n’umusuku w’ishengero aho guhagarikirwa n’inama y’abakurambere, igihe ibihugu vyari bihagarikiwe n’umusuku w’ishami aho guhagarikirwa na Komite y’ishami be n’igihe ubuyobozi bwatangwa na prezida w’ishirahamwe Watch Tower aho gutangwa n’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Naho abo bavukanyi bari bafise ababafasha b’abizigirwa, umuntu umwe ni we ahanini wasanga afata ingingo mw’ishengero, ku biro vy’ishami no ku cicaro gikuru. Mu myaka ya 1970, haragizwe amahinduka ajanye n’uko ibanga ry’ubuhagarikizi rishingwa umugwi w’abakurambere aho gushingwa umuntu umwe.

15 None ayo mahinduka yoba yaravuyemwo ivyiza? Cane nyene, kandi birumvikana. Uti kubera iki? Kubera ko ayo mahinduka bayagira bisunze uburorero bwo mu Vyanditswe barushirije gutahura. Aho kureka ngo umuntu umwe abe ari we afata ingingo zose, zifatwa n’umugwi w’abakurambere, gutyo ishirahamwe rikungukira kuri kamere nziza z’abo bakurambere bose, ari bo “ngabirano z’abagabo” Yehova yatanze.Ef. 4:8; Imig. 24:6.

Yehova ariko araronsa abantu bo mu mihingo yose ubuyobozi bakeneye cane (Raba ingingo ya 16, 17)

16, 17. Ni amahinduka ayahe aheruka kugirwa agukora ku mutima, kandi kubera iki?

16 Zirikana kandi ku mahinduka aheruka kuba, nk’ayajanye n’ukuntu ibisohokayandikiro vyacu bisa, ayajanye n’ibiri muri vyo be n’uburyo bishikirizwa. Ese ukuntu bihimbaye gushikiriza mu busuku ibisohokayandikiro ngirakimazi kandi bikwegera! Vyongeye, igihe dukoresha ubuhinga bugezweho mu gukwiragiza ukuri, nk’akarorero biciye kuri jw.org, tuba twerekanye ukuntu Yehova yitwararika guha abantu bo mihingo yose ubuyobozi benshi muri bo bakeneye cane mugabo ntibaburonke.

17 Ntitwokwibagira amahinduka yagizwe ku makoraniro yacu bigatuma turonka umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango canke umwanya wiyongereye wo kwiyigisha. Turakenguruka kandi amahinduka yagizwe kuri porogarama z’amateraniro n’amahwaniro. Buri mwaka twama tuvuga ko vyarushirije kuba vyiza! Vyongeye, nta gukeka ko turyoherwa n’uko amashure menshi ya gitewokarasi tugira arushiriza kutumenyereza. Turabona neza ko Yehova ashigikiye ayo mahinduka yose. Agenda arongereza ubwiza bw’ishirahamwe ryiwe be n’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu twibereyemwo no muri iki gihe!

TURAGIRA ICO DUTEREREYE KU BWIZA BW’IYO PARADIZO

18, 19. Dushobora gute kugira ico duterereye ku bwiza bw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu?

18 Ni agateka kuba Yehova atwemerera kugira ico duterereye ku bwiza bw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu. Ivyo tubigira mu kwamamaza n’umwete inkuru nziza y’Ubwami no mu guhindura abantu benshi abigishwa. Igihe cose dufashije umuntu gushika yiyeguye, tuba twaguye imbibe z’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu.Yes. 26:15; 54:2.

19 Turashobora kandi kwongereza ubwiza bw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu mu kubandanya turyohora kamere zacu za gikirisu. Muri ubwo buryo, turatuma iyo paradizo irushiriza gukwegera abayitegereza. Akenshi usanga inyifato yacu itanduye kandi irangwa amahoro ari yo itangura gukwegera abantu kw’ishirahamwe, ku Mana no kuri Kristu kuruta mbere n’ubumenyi dufise bwo muri Bibiliya.

Urashobora kugira uruhara mu kwagura imbibe z’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu (Raba ingingo ya 18, 19)

20. Twisunze ibivugwa mu Migani 14:35, dukwiye kugira icipfuzo ikihe?

20 Yehova na Yezu bategerezwa kuba bahimbarwa igihe bihweje iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu iteye igomwe! Umunezero dufise ubu mu gukora kugira irushirize kuba nziza ni imponjo gusa y’umunezero tuzogira mu gukora kugira isi ibe iparadizo. Nimuze twame twibuka ibivugwa mu Migani 14:35, ahagira hati: “Umwami ahimbarwa n’umusavyi akorana ugutahura kwimbitse.” Ese twokwama dukorana ugutahura kwimbitse uko twihatira kugira ico duterereye ku bwiza bw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu!