Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugume uri intahemuka ku Bwami bw’Imana

Nugume uri intahemuka ku Bwami bw’Imana

“Si ab’isi.”YOH. 17:16.

INDIRIMBO: 63, 129

1, 2. (a) Ni kubera iki bihambaye ko abakirisu baba intahemuka ku Mana, kandi ivyo bijanye gute no kutagira aho duhengamiye? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni ibintu ibihe abantu benshi bishimira cane kandi ivyo bishobora kuvamwo iki?

ABAKIRISU b’ukuri bategerezwa kutagira aho bahengamiye igihe cose, atari mu gihe c’intambara gusa. Uti kubera iki? Kubera ko abiyeguriye Yehova bose bamusezeraniye kumukunda, kutamuhemukira no kumugamburukira. (1 Yoh. 5:3) Twipfuza kwisunga ingingo ngenderwako ziwe zigororotse twaba tuba he, duturuka mu gihugu ikihe canke dufise imico kama iyihe. Kuba intahemuka kuri Yehova no ku Bwami bwiwe ni vyo bihambaye kuruta ikindi kintu cose. (Mat. 6:33) Kugira ngo abakirisu babishobore, bisaba ko birinda kwisuka mu matati ayo ari yo yose yo muri iyi si.Yes. 2:4; soma Yohani 17:11,15, 16.

2 Abo tudasangiye ukwemera boshobora kuba bishimira bimwe bidasanzwe igihugu cabo, ubwoko bwabo canke imico kama yabo kibure mbere umugwi wabo nserukiragihugu mu vy’inkino. Ivyo vyaratumye haba uguhiganwa n’ugukebana. Igihe amazi yarenze inkombe na ho, biratuma haba ubwicanyi n’ihonyabwoko. Uburyo abantu batorera umuti ivyo bibazo bwoshobora kutugirira neza canke nabi n’imiryango yacu kuko tuba muri iyi si. Kubera ko Imana yaturemanye agatima k’ubutungane, ingingo intwaro z’abantu zifata zoshobora kutaduhimbara. (Ita. 1:27; Gus. 32:4) None tuvyifatamwo gute igihe ibintu vyifashe gutyo? Vyoshobora kworoha cane ko tugira aho duhengamiye mu ndyane zo mw’isi maze tugasanga twisutse mu matati.

3, 4. (a) Kubera iki abakirisu baguma ataho bahengamiye mu ndyane zo muri iyi si? (b) Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro?

3 Inzego zigize ikibano c’abantu zoshobora guhata abanyagihugu ngo bagire aho bahengamiye mu matati kanaka. Abakirisu b’ukuri ntibashobora kubigira. Ntitugira uruhara mu ndyane za politike zo muri iyi si, eka kandi ntidufata ibirwanisho. (Mat. 26:52) Ntidutwarwa n’ivyiyumviro vy’uko umuce kanaka w’isi ya Shetani woba ari mwiza kuruta uwundi. (2 Kor. 2:11) Igihe tutabaye ab’isi, tuba twitandukanije n’amatati yo mw’isi.Soma Yohani 15:18, 19.

4 Ariko rero kubera ko tudatunganye, bamwebamwe muri twebwe twoshobora kuba turiko turihatira kwikuramwo agatima k’amacakubiri twahoranye. (Yer. 17:9; Ef. 4:22-24) Ni co gituma iki kiganiro kiza guca irya n’ino ingingo ngenderwako zimwezimwe zishobora kudufasha gutsinda ako gatima. Turaza kandi kwihweza ukuntu dushobora kuba intahemuka ku Bwami bw’Imana mu kumenyereza ubwenge bwacu n’ijwi ryacu ryo mu mutima.

IGITUMA TUTAGIRA AHO DUHENGAMIYE MU NDYANE ZO MURI IYI SI

5, 6. Yezu yabona gute ubudasa bwari mw’ihanga yabamwo, kandi kubera iki?

5 Nimba utabona neza ukuntu wovyifatamwo mu bihe kanaka, vyoba vyiza wibajije uti: ‘Yezu yari kuvyifatamwo gute?’ Ihanga Yezu yabamwo ryari rigizwe n’abantu bo mu mihingo itandukanye. Bamwe baturuka i Yudaya, abandi i Galilaya, i Samariya be n’ahandi. Inkuru zo muri Bibiliya zerekana ko hariho icuka kibi hagati y’abantu bo muri utwo turere. (Yoh. 4:9) Wasanga kandi hariho icuka kibi hagati y’Abafarizayo n’Abasadukayo (Ivyak. 23:6-9); hagati y’abanyagihugu n’Abatozakori (Mat. 9:11) no hagati y’abari barigishijwe n’Abarabi n’abatari barigishijwe na bo. (Yoh. 7:49) Mu kinjana ca mbere, Isirayeli yatwarwa n’Abaroma, bano bakaba barankwa urunuka n’Abayuda. Naho Yezu yaburanira ukuri kwerekeye Imana akaba kandi yaremera ko ubukiriro bwakomoka ku Bayuda, ntiyigeze ahimiriza abigishwa biwe gutsimbataza agatima ko kwinuba abandi. (Yoh. 4:22) Ahubwo nyabuna, yabahimirije gukunda abantu bose nka bagenzi babo.Luka 10:27.

6 Kubera iki Yezu atashigikiye ukwinubana kwari kwiraye mu Bayuda? Kubera ko we na Se batagira aho bahengamiye mu ndyane zo muri iyi si. Igihe Yehova yarema umugabo n’umugore abicishije ku Mwana wiwe, yashaka ko uwo mugabo n’umugore buzuza isi yose uruvyaro rwabo. (Ita. 1:27, 28) Imana yaremye abantu mu buryo bw’uko bashobora kuvamwo amoko atandukanye. Yehova na Yezu ntibabona ko ubwoko, igihugu canke ururimi kanaka ari vyo biri hejuru y’ibindi. (Ivyak. 10:34, 35; Ivyah. 7:9, 13, 14) Dutegerezwa kwigana akarorero kabo katagira agahaze.Mat. 5:43-48.

7, 8. (a) Ni igiki abakirisu bategerezwa gushigikira? (b) Ni igiki abakirisu bategerezwa kwibuka ku bijanye n’umuti w’ingorane z’abantu?

7 Ariko rero hariho ikintu kimwe dutegerezwa gushigikira, na co akaba ari ukuba Yehova ari we Segaba w’ibiriho vyose. Ubwo busegaba bwatanguye kurwanywa muri Edeni igihe Shetani yavyura amakenga ku bijanye n’ubutegetsi bwa Yehova. Ubu, twese dutegerezwa kwerekana ko twemera canke tutemera yuko uburyo Imana ikora ibintu ari bwo bwiza kuruta ubwa Shetani. Woba vy’ukuri ushigikira Yehova mu guhitamwo kugamburuka amategeko yiwe be n’ingingo ngenderwako ziwe aho gukora ibintu uko ubibona? Woba ubona ko Ubwami bwiwe ari wo muti rudende w’ingorane z’abantu? Woba wemera ko umuntu ashobora kwitegeka?Ita. 3:4, 5.

8 Inyishu utanga kuri ivyo bibazo ni zo zerekana ingene uvyakira igihe abantu bakubajije ukuntu ubona indyane zo muri iyi si. Abanyapolitike be n’abaharanira amahinduka mu vya politike no mu kibano baramaze igihe kirekire bagerageza gutorera inyishu ibibazo vy’amacakubiri. Bashobora kuba bakora ibintu babikuye ku mutima kandi babitumwe n’imvo nziza. Abakirisu bo barazi ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene bushobora gutorera umuti ingorane z’abantu no gushiraho ubutungane nyakuri. Dutegerezwa kurekera ibintu mu maboko ya Yehova. Hamwe umukirisu wese yoshigikira inyishu yibaza ko ari yo nziza kuruta izindi, ubwo amashengero yacu ntiyohava yicamwo ibice?

9. Ni ingorane iyihe yadutse mw’ishengero ry’i Korinto ryo mu kinjana ca mbere, ariko ni impanuro iyihe intumwa Paulo yatanze?

9 Raba ukuntu abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bavyifashemwo igihe haduka ukwicamwo ibice mw’ishengero. Umwe wese mu bari mw’ishengero ry’i Korinto yariko avuga ati: “‘Jewe ndi uwa Paulo,’ ‘Nanje uwa Apolo,’ ‘Nanje uwa Kefa,’ ‘Nanje uwa Kristu.’” Icoba carabiteye caba ikihe, intumwa Paulo yarababajwe n’ingaruka vyakweze. Vyasa n’uko “Kristu [yari] yaraciwemwo ibice.” None ivyo vyiyumviro bihungabanya amahoro vyatorewe umuti gute? Paulo yahanuye abo bakirisu ati: “Ndabahimiriza rero, bene wacu, mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu ngo mwese muvuge rumwe, kandi ntihabe ukwicamwo ibice muri mwebwe, ahubwo mube abunze ubumwe neza mu muzirikanyi umwe no mu ciyumviro kimwe.” No muri iki gihe nyene, nta kwicamwo ibice na kumwe gukwiye kuba mw’ishengero rya gikirisu.1 Kor. 1:10-13; soma Abaroma 16:17, 18.

10. Kuba umukirisu akeneye kuguma atagira aho ahengamiye mu ndyane zo muri iyi si, intumwa Paulo yabigereranije n’iki?

10 Paulo yahimirije abakirisu barobanuwe kwitwararika ubwenegihugu bwabo bwo mw’ijuru aho kwitwararika ibintu vyo mw’isi. (Flp. 3:17-20) * Bategerezwa kuba abaserukira Kristu. Abaserukira ibihugu vyabo mu mahanga ntibisuka mu vyo ayo mahanga akora. Imitima yabo iba iri ahandi hantu. (2 Kor. 5:20) Abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi na bo nyene ni abatwarwa b’Ubwami bw’Imana, bikaba rero bibereye ko batagira aho bahengamiye mu ndyane zo muri iyi si.

NIWIMENYEREZE KUGUMA URI INTAHEMUKA KURI YEHOVA

11, 12. (a) Ni ibiki bishobora gutuma umukirisu atoroherwa no kuguma ari intahemuka ku Bwami bw’Imana? (b) Ni ingorane iyihe yashikiye umukirisu umwe, kandi yayitoreye umuti gute?

11 Mu mihingo myinshi yo kw’isi, abantu bariyumvamwo bimwe bidasanzwe abo basangiye kahise, imico kama be n’ururimi, kandi ugasanga baravyishimira cane. Kubera ari ukwo biri, abakirisu bategerezwa kumenyereza ubwenge bwabo be n’ijwi ryabo ryo mu mutima kugira bavyifatemwo neza igihe hadutse ibibazo bijanye no kutagira aho bahengamiye. None bobigira gute?

12 Dufate akarorero k’uwitwa Mirjeta * wo mu karere kamwe k’icahoze citwa Yugoslaviya. Yakuze yigishwa kwanka Abanyaserebiya. Igihe yamenya ko Yehova atagira nkunzi be n’uko Shetani ari we ateza ingorane zishingiye ku moko, yaragerageje kwikuramwo agatima ko gukunda igihugu birenze urugero. Yamara igihe muri ako karere Mirjeta yabamwo haduka intambara zishingiye ku moko, yarasubiye kwumva yanse Abanyaserebiya ku buryo vyamugora cane kubabwira inkuru nziza. Ariko rero, yarabonye ko atoshobora kureka ibintu gutyo hanyuma ngo yitege yuko izo nyiyumvo mbi zihera. Yaratakambiye Yehova ngo amufashe gutsinda urwo rugamba no kwagura umurimo wiwe maze arakwiza ibisabwa araba umutsimvyi. Avuga ati: “Nasanze kwitunira ku busuku bifasha cane. Igihe ndi mu busuku, ndagerageza kwigana kamere ya Yehova y’urukundo, kandi za nyiyumvo mbi nari mfise sinamenye iyo zaciye.”

13. (a) Ni igiki catumye Zoila ahagarika umutima, mugabo yavyifashemwo gute? (b) Ivyamushikiye bitwigisha iki?

13 Rimbura akandi karorero k’uwitwa Zoila aturuka muri Megizike, ariko ubu akaba ari mw’ishengero rimwe ry’i Buraya. Yarabonye ko muri iryo shengero, abavukanyi bamwebamwe baturuka mu mihingo imwe yo muri Amerika y’Epfo baza baravuga nabi bongera basuzugura igihugu aturukamwo, imico kama yaho, eka mbere n’umuziki waho. Wewe wari kuvyifatamwo gute? Birumvikana ko ayo majambo yatumye Zoila ahagarika umutima. Mugabo igishimishije ni uko yarondeye gufashwa na Yehova kugira ntibimubabaze. Bamwebamwe muri twebwe baracarwana urugamba rwo gutsinda inyiyumvo nk’izo. Ntidukwiye kwigera tuvuga canke dukora ikintu cotuma haba kwicamwo ibice mu bavukanyi canke mu bandi bantu.Rom. 14:19; 2 Kor. 6:3.

14. Ni igiki cofasha abakirisu kubona abantu nk’uko Yehova ababona?

14 Abo mu muryango wawe canke abo mwarukanye boba baratumye ugira agatima ko kwishimira birenze igihugu cawe canke intara uturukamwo? Hoba hari ivyiyumviro nk’ivyo bikiri mu mutima wawe? Abakirisu ntibakwiye kureka ngo agatima ko kwishimira igihugu birenze gatume babona abandi nabi. Ariko none wokora iki hamwe wobona ko utiyumvamwo abantu mudaturuka mu gihugu kimwe, mudasangiye imico kama, ururimi canke ubwoko? Nuzirikane ukuntu Yehova abona ivyo kwishimira igihugu birenze be n’ivyo kwinuba abandi. Mu kiringo co kwiyigisha canke mu gusenga kwo mu muryango, vyoshobora kuba ngirakamaro ugize ubushakashatsi kuri ivyo vyiyumviro be no ku bindi bisa na vyo. Nuce usaba Yehova agufashe kubona ivyo bintu nk’uko abibona.Soma Abaroma 12:2.

Kugira tube intahemuka kuri Yehova bisaba ko dushikama igihe batugizeko iterabwoba (Raba ingingo ya 15, 16)

15, 16. (a) Dukwiye kwitega ko abandi bantu babona gute impagararo yacu yo kuguma turi intahemuka ku Mana? (b) Abavyeyi bakwiye gufasha gute abana babo kuguma ari intahemuka kuri Yehova?

15 Bizoshika aho biba ngombwa ko abasavyi ba Yehova bitandukanya n’abandi, baba abo bakorana, abo bigana, ababanyi, incuti canke abandi. (1 Pet. 2:19) Dutegerezwa koko kwitandukanya n’abandi! Ntidukwiye gutangara bishitse isi ikatwanka kubera impagararo yacu kuko Yezu yatuburiye yuko ivyo bizodushikira. Abaturwanya benshi ntibatahura igituma bihambaye ko twebwe abakirisu tutagira aho duhengamiye mu vya politike. Mugabo twebwe turabona ko bihambaye cane.

16 Kugira tube intahemuka kuri Yehova bisaba ko dushikama igihe batugizeko iterabwoba. (Dan. 3:16-18) Abato n’abakuze bompi birashobora gushika bakagwa mu mutego wo gutinya abantu, mugabo abakiri bato ni bo canecane vyoshobora kugora kwitandukanya n’abandi. Nimba abana bawe bariko barashikirwa n’ibibazo bijanye no kuramutsa ibendera, canke kugira uruhara mu misi mikuru yo guhayagiza igihugu, ntubure kubafasha. Nukoreshe ibiringo vy’Ugusenga kwo mu muryango kugira ngo ubafashe gutahura ivyo bintu maze bashobore guhangana na vyo umutima uri mu nda. Nubafashe gusigura neza ivyo bemera kandi babigiranye icubahiro. (Rom. 1:16) Mu kubashigikira, niwibwirize kuyaga n’abigisha babo ibijanye n’ivyo bibazo, nimba bikenewe.

NUHIMBARWE N’IBINTU VYOSE YEHOVA YAREMYE!

17. Ni agatima akahe dukwiye kwirinda, kandi kubera iki?

17 Ni ibisanzwe ko twokwumva dukunze ku rugero runaka ubutaka, imico kama, ururimi be n’ibifungurwa vyo mu gihugu twakuriyemwo. Ariko rero, dutegerezwa kwirinda kubona ko ivyacu ari vyo vyiza kuruta ivy’abandi. Ibintu vyose Yehova yabiremye biri mu bwoko butandukanye kugira biduhimbare. (Zab. 104:24; Ivyah. 4:11) Kubera iki none twoshimika tuvuga ko uburyo bumwe bwo gukora ibintu ari bwo bwiza kuruta ubundi?

18. Kubona ibintu nk’uko Yehova abibona bivamwo ivyiza ibihe?

18 Imana igomba ko abantu b’uburyo bwose bashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri maze baronke ubuzima budahera. (Yoh. 3:16; 1 Tim. 2:3, 4) Turumviriza tubikunze ivyiyumviro vy’abandi kandi kenshi tukavyemera, naho vyoshobora kuba bitandukanye n’ivyacu. Ivyo biratuma duhimbarirwa ubuzima bikongera bikazigama ubumwe twebwe abakirisu dufitaniye. Kugira ngo tugume turi intahemuka kuri Yehova, dutegerezwa kwirinda kwisuka mu ndyane zo muri iyi si. Gushigikira ibintu bituma haba ukwicamwo ibice nta kibanza bifise muri twebwe. Emwe, turakengurikira Yehova kubona aturinda ibintu bituma haba ukwicamwo ibice, ubwibone be n’agatima ko guhiganwa vyuzuye muri iyi si ya Shetani! Nimuze twiyemeze gutsimbataza agatima k’amahoro nk’ako umwanditsi w’amazaburi yaseruye, ati: “Raba! Ese ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye ko abavukana babana mu bumwe!”Zab. 133:1.

^ par. 10 Filipi cari igisagara gitwarwa n’Abaroma. Bamwebamwe mu bari mw’ishengero ryaho bashobora kuba bari bafise ubwenegihugu bw’Abaroma, ivyo bikaba vyaratuma baronka uturusho kanaka abandi bavukanyi babo batashobora kuronka.

^ par. 12 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.