Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Iki ni ikibanza dusengeramwo

Iki ni ikibanza dusengeramwo

“Umwete w’inzu yawe uzondya.”YOH. 2:17.

INDIRIMBO: 127, 118

1, 2. (a) Ni ibibanza vyo gusengeramwo ibihe abasavyi ba Yehova bakoresha kera? (b) Yezu yiyumva gute ku bijanye na rwa rusengero rw’Imana rwari i Yeruzalemu? (c) Iki kiganiro gifise intumbero iyihe?

KUVA kera na rindi, abasavyi b’Imana bamye bafise ibibanza bigenewe ugusenga gutyoroye. Birashoboka ko Abeli yakoresheje igicaniro igihe yashikanira Imana amashikanwa. (Ita. 4:3, 4) Nowa, Aburahamu, Izahaki, Yakobo na Musa, bose barubatse ibicaniro. (Ita. 8:20; 12:7; 26:25; 35:1; Kuv. 17:15) Abisirayeli babisabwe na Yehova, barubatse itaberenakulo. (Kuv. 25:8) Mu nyuma, barubatse urusengero rwo gusengeramwo Yehova. (1 Abm. 8:27, 29) Abayuda bamaze kuva mu bunyagano i Babiloni, bama bakoranira mu masinagogi. (Mrk. 6:2; Yoh. 18:20; Ivyak. 15:21) Abakirisu bo mu ntango bakoranira mu mazu y’abantu bo mw’ishengero. (Ivyak. 12:12; 1 Kor. 16:19) Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova barakoranira mu Ngoro z’Ubwami ibihumbi mirongo ziri hirya no hino kw’isi kugira bige bongere basenge Yehova.

2 Yezu yarakunda akongera agaha agaciro cane urusengero rwa Yehova rwari i Yeruzalemu ku buryo umwanditsi umwe w’Injili yerekeje kuri we inyiyumvo ziserurwa mu buhanuzi bugira buti: “Umwete w’inzu yawe wa[ra]ndiye.” (Zab. 69:9; Yoh. 2:17) Nta Ngoro y’Ubwami n’imwe ishobora kwitwa mu buryo bubereye “inzu ya Yehova” nk’uko vyavuzwe kuri rwa rusengero rwari i Yeruzalemu. (2 Ngo. 5:13; 33:4) Naho biri ukwo, Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako zitwereka ukuntu dukwiye gukoresha no kwubaha ibibanza dusengeramwo mu bihe vya none. Intumbero y’iki kiganiro ni iyo kwihweza zimwezimwe muri izo ngingo ngenderwako no kurimbura ingene zitwereka ukuntu dukwiye kwubaha Ingoro z’Ubwami zacu, kuzishigikira mu vy’amahera no kuzibungabunga. *

TWUBAHE UGUSENGA GUTYOROYE

3-5. Ingoro y’Ubwami imaze iki, kandi ivyo bikwiye gutuma tubona gute amakoraniro ahabera?

3 Ingoro y’Ubwami ni intimatima y’ugusenga gutyoroye mu kibano iba irimwo. Mu ntunganyo Yehova ashiraho kugira tugaburirwe mu vy’impwemu harimwo amakoraniro tugira buri ndwi ku Ngoro y’Ubwami. Aho ni ho aturemeshereza mu vy’impwemu akongera akaduha ubuyobozi abicishije kw’ishirahamwe ryiwe. Abitaba amakoraniro bose ni nk’aho baba bitavye ubutumire bwa Yehova n’Umwana wiwe. Naho rero twama turonka ubwo butumire bwo gufungurira “ku meza ya Yehova,” ntidukwiye kwigera tubufata minenerwe.1 Kor. 10:21.

4 Yehova abona ko ivyo biringo vyo gusenga no kuremeshanya bihambaye cane ku buryo yahumekeye intumwa Paulo ngo aduhimirize kudaheba gukoranira hamwe. (Soma Abaheburayo 10:24, 25.) Ubwo none twoba twubashe Yehova dusivye amakoraniro ya gikirisu ata mvo zumvikana zibitumye? Turashobora kwerekana vy’ukuri ko dukengurukira cane Yehova be n’uko dukenguruka intunganyo adushiriraho, mu kwitegurira ayo makoraniro no mu kuyagiramwo uruhara bimwe bivuye ku mutima.Zab. 22:22.

5 Ukuntu dufata Ingoro y’Ubwami be n’ibikorwa vy’impwemu bihakorerwa kurakwiye kwerekana ko tubiha icubahiro kibereye. Si ivy’ukuri none ko ukuntu dufata ivyo bintu gufitaniye isano cane n’ukuntu dufata izina ry’Imana, iryo usanga akenshi ryanditse ku capa kiri ku Ngoro y’Ubwami?—Gereranya na 1 Abami 8:17.

6. Abantu bamwebamwe bavuze iki ku bijanye n’Ingoro z’Ubwami zacu be n’abitaba amakoraniro aziberamwo? (Raba ishusho itangura.)

6 Akenshi abatari Ivyabona barabona ko twubaha ibibanza dusengeramwo. Nk’akarorero, umugabo umwe wo muri Tirkiya yavuze ati: “Isuku be n’urutonde nabonye ku Ngoro y’Ubwami vyarankoze ku mutima. Abantu bari bambaye neza, baramwenyura, kandi bandamutsa n’igishika cinshi. Ivyo vyarankoze ku mutima cane.” Uwo mugabo yaratanguye kwitaba amakoraniro adahorereza maze bidatevye arabatizwa. Mu gisagara kimwe co muri Endoneziya, hari ishengero ryatumiye abategetsi bo muri ako karere be n’ababanyi igihe ryegurira Yehova Ingoro yaryo nshasha. Umukuru w’igisagara yaritavye ivyo birori. Yarakozwe ku mutima n’ukuntu iyo nyubakwa yari nziza, ukuntu yari yubatswe be n’ubusitani bwaho buryoheye ijisho. Yavuze ati: “Isuku ry’iyi ngoro rirerekana ukwizera nyakuri kwanyu.”

Inyifato yacu irashobora kwerekana ko tutubaha Imana (Raba ingingo ya 7, 8)

7, 8. Ni ibintu bihambaye ibihe abitaba amakoraniro ya gikirisu bakwiye kumenya?

7 Ukuntu twigenza, ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya birakwiye kwerekana ko twubaha Imana idutumira ku makoraniro ya gikirisu. Turakwiye kandi kwirinda kurenza urugero. Vyarabonetse ko bamwe bitunganya mu buryo burenze urugero igihe bitavye amakoraniro y’ishengero, abandi na bo bagapfa uko bifashe. Ego ni ko Yehova yipfuza ko abasavyi biwe be n’abashitsi bumva bisanze ku Ngoro y’Ubwami. Ariko rero, abitavye amakoraniro ntibokwipfuza gutuma abandi bayakengera. Ni co gituma bakwiye kwirinda kurenza urugero mu kuntu bambara, bakirinda kwandikiranira amamesaje, kuyaga, kurya, kunywa canke gukora ibindi nk’ivyo mu gihe c’amakoraniro. Abavyeyi barakwiye gufasha abana babo gutahura ko Ingoro y’Ubwami atari ikibanza co kwirukamwo canke gukiniramwo.Umus. 3:1.

8 N’ishavu n’akantu, Yezu yarasohoye hanze abariko baracururiza mu rusengero rw’Imana. (Yoh. 2:13-17) Ingoro z’Ubwami zacu na zo nyene ni ibibanza dusengeramwo Yehova kandi twigishirizwamwo ivy’impwemu. Ku bw’ivyo, ikintu ico ari co cose kitajanye n’ivy’impwemu gikwiye gukorerwa ahandi.—Gereranya na Nehemiya 13:7, 8.

DUSHIGIKIRE UBWUBATSI BW’INGORO Z’UBWAMI

9, 10. (a) Abasavyi ba Yehova baronka gute Ingoro z’Ubwami, kandi ivyo bivamwo iki? b) Ni intunganyo iranga urukundo iyihe yafashije cane kugira amashengero atagira uburyo aronke Ingoro z’Ubwami?

9 Ishirahamwe rya Yehova ririta ku rutare kugira ryubake Ingoro z’Ubwami zibayabaye. Ibikorwa vyo kugira imigero yazo, kuzubaka no kuzisanura birangurwa n’abitanga bavyishakiye badahembwa. None vyavuyemwo iki? Kuva ku wa 1 Munyonyo 1999, igihe hatangura ya ntunganyo yo kwubaka Ingoro z’Ubwami mu bihugu bikenye, amashengero yo hirya no hino kw’isi yararonse Ingoro z’Ubwami nziza zirenga 28.000. Ivyo bisobanura ko mu myaka 15 iheze hubakwa Ingoro z’Ubwami nka zitanu buri musi.

10 Haratangwa intererano zigenewe kwubaka Ingoro z’Ubwami aho ari ho hose zikenewe. Iyo ntunganyo iranga urukundo ishingiye ku ngingo ngenderwako yo mu Vyanditswe isaba ko umusesekara wa bamwe wokwuzuriza ugukehanirwa kw’abandi “kugira habe ukunganya.” (Soma 2 Abakorinto 8:13-15.) Ivyo vyatumye amashengero atokwigeze aronka uburyo bwo kwiyubakira Ingoro z’Ubwami aronka Ingoro nziza cane.

11. Abavukanyi bamwebamwe bavuga iki ku bijanye n’Ingoro z’Ubwami nshasha, kandi ivyo bituma wiyumva gute?

11 Ishengero rimwe ry’i Kosta Rika ryungukiye kuri iyo ntunganyo, ryanditse riti: “Igihe duhagaze imbere y’iyo Ngoro yacu, tubona umengo turiko turarota! Emwe, ntituvyumva! Iyo ngoro yacu iteye igomwe yuzuye mu misi umunani gusa! Ivyo vyashobotse kubera umuhezagiro wa Yehova, intunganyo zashizweho n’ishirahamwe ryiwe be n’abavukanyi bacu twikundira badufashije. Ico kibanza co gusengeramwo ni ingabirano y’agaciro vy’ukuri, ikaba n’akabuyenge Yehova yaduhaye. Iraduhimbara cane.” Ntunezerwa cane none igihe wumvise amajambo nk’ayo yo gukenguruka Ingoro z’Ubwami nshasha be n’igihe umenye yuko abavukanyi bacu bo hirya no h’ino kw’isi bafise umunezero nk’uwo? Ico ni igikorwa ca Yehova, kuko Ingoro z’Ubwami nshasha zikimara kurangira, akenshi zidateba kwuzura abantu b’umutima nziraburyarya bipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye uwo Muremyi wacu munyarukundo.Zab. 127:1.

12. Ushobora gute kugira uruhara mu bwubatsi bw’Ingoro y’Ubwami?

12 Bene wacu na bashiki bacu benshi barahimbarwa cane no kuba bashobora kugira uruhara mu bwubatsi bw’Ingoro y’Ubwami. Twaba dushobora gufasha kuri shantiye canke tutabishobora, twese turaterwa agateka ko gushigikira ivyo bikorwa biciye ku ntererano dutanga. Kubera ko abasavyi b’Imana bo mu bihe vya kera bari bafitiye umwete ugusenga gutyoroye, baratanga intererano zo gushigikira ibikorwa vya gitewokarasi bigenewe kuninahaza Yehova, kandi n’ubu ni ko biri.Kuv. 25:2; 2 Kor. 9:7.

DUSUKURE INGORO Y’UBWAMI

13, 14. Ni ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe izihe zerekana ko Ingoro yacu ikwiye kuguma isukuye kandi irimwo urutonde?

13 Ingoro y’Ubwami imaze kwuzura, ica ikenera kuguma isukuye kandi irimwo urutonde kugira ngo yerekane ukuntu Imana dusenga imeze, na yo ikaba ari Imana y’urutonde. (Soma 1 Abakorinto 14:33, 40.) Ubweranda be n’ukudahumana mu vy’impwemu, Bibiliya ibigereranya n’isuku ryo ku mubiri. (Ivyah. 19:8) Nimba rero abantu bipfuza kwemerwa na Yehova, bategerezwa no kugira isuku.

14 Mu buryo buhuye n’izo ngingo ngenderwako, turakwiye gutumira abantu bashimishijwe ku makoraniro yacu tutitinya, twizigiye ko ukuntu Ingoro yacu imeze kuzogira ico guterereye ku nkuru nziza tubabwira. Bazobona ko dusenga Imana nyeranda igiye guhindura iyi isi ikaba iparadizo itanduye.Yes. 6:1-3; Ivyah. 11:18.

15, 16. (a) Ni ibiki bishobora gutuma bitoroha ko Ingoro y’Ubwami iguma isukuye, ariko ni kubera iki isuku rikenewe? (b) Ni intunganyo izihe zijanye no gusukura ingoro zagizwe aho iwanyu, kandi ni agateka akahe umwe wese muri twebwe afise?

15 Abantu bamwebamwe boshobora kubona ko bihambaye cane kugira isuku kuruta uko abandi babibona. Ivyo bivana n’ukuntu barezwe, bikavana n’ibindi bintu nk’ukuba hari ivyondo, umukungugu, ukuntu amabarabara ameze be n’ukuba hataboneka amazi n’ibikoresho vy’isuku bikwiye. Ivyo mu karere iwacu vyaba vyifashe gute, Ingoro y’Ubwami yacu ikwiye kuba intangakarorero mu gufatwa neza kubera ko yitirirwa izina rya Yehova, kandi ikaba ari ikibanza kiberamwo ugusenga gutyoroye.Gus. 23:14.

16 Isuku ry’Ingoro y’Ubwami ntiryizana. Inama y’abakurambere imwimwe yose itegerezwa kuraba neza ko hariho urutonde be n’ibikoresho vy’isuku bikwiye kugira ngo ico kibanza co gusengeramwo kigume gisukuye uko bishoboka kwose. Kubera ko ibikorwa bimwebimwe vy’isuku bisaba gukorwa uko ikoraniro rirangiye, ibindi bikaba biza birakorwa rimwerimwe, abakurambere barakwiye gutunganya no guhagarikira neza ibintu kugira biyemeze neza ko ata na kimwe cirengagijwe. Abagize ishengero bose barafise agateka ko kugira uruhara mu bikorwa vyo gusukura Ingoro y’Ubwami.

TUBUNGABUNGE IKIBANZA DUSENGERAMWO

17, 18. (a) Ni uburorero ubuhe bwo mu Vyanditswe butwereka ko dukwiye kubungabunga ibibanza vyo gusengeramwo? (b) Kubera iki Ingoro z’Ubwami zitegerezwa kuguma zimeze neza?

17 N’ikindi kandi, abasavyi ba Yehova barakora uko bashoboye kwose kugira ngo ibibanza basengeramwo bigume bimeze neza. Umwami Yehowasi wa Yuda yarategetse abaherezi gukoresha intererano zari zatanzwe ku bw’inzu ya Yehova mu “[gusanasana] imigaga y’iyo nzu, ahari umugaga hose.” (2 Abm. 12:4, 5) Haciye imyaka irenga 200, Umwami Yosiya na we nyene yarakoresheje intererano z’urusengero kugira ivyari bikenewe bisanurwe.Soma 2 Ngoma 34:9-11.

18 Ibiro vy’amashami biravuga ko mu bihugu bimwebimwe usanga abantu batitaho cane ivyo kubungabunga inyubakwa canke ibikoresho. Kumbure abantu bakeyi muri ivyo bihugu ni bo usanga bazi gukora ico gikorwa canke ugasanga ata buryo buhari. Ariko rero, biragaragara ko mu gihe Ingoro y’Ubwami itabungabunzwe neza, bishobora gutuma yononekara itaramara na kabiri kandi ntiyoshinga intahe nziza mu kibano irimwo. Ariko igihe abagize ishengero bakoze uko bashoboye kwose kugira Ingoro y’Ubwami igume imeze neza, birashemeza Yehova bikongera bigatuma intererano abo dusangiye ukwemera batanga zidasesagurwa.

Gusukura no kubungabunga Ingoro y’Ubwami ntibikwiye kwirengagizwa (Raba ingingo ya 16, 18)

19. Wiyemeje iki ku bijanye n’inyubakwa dusengeramwo Yehova?

19 Ingoro y’Ubwami ni inyubakwa yeguriwe Yehova. Ku bw’ivyo, ntitwovuga ko ari iy’umuntu kanaka canke ishengero kanaka, naho yoba yanditswe kuri nde. Ingingo ngenderwako abakirisu bisunga zerekana ko dusenyera ku mugozi umwe kugira twiyemeze neza yuko iyo nyubakwa ishitsa intumbero yayo. Abagize ishengero bose barashobora kugira ico baterereye muri ivyo mu guha icubahiro kibereye ivyo bibanza dusengeramwo, mu gutanga intererano zigenewe kwubaka Ingoro z’Ubwami nshasha no mu gutanga umwanya wabo n’inguvu zabo kugira izihari zigume zisukuye kandi zimeze neza. Igihe dushigikiye ivyo bikorwa, tuba twerekanye ko dufitiye umwete ikibanza co gusengeramwo Yehova, nka kumwe kwa Yezu.Yoh. 2:17.

^ par. 2 Naho ingingo ngenderwako ziri muri iki kiganiro zerekeye ahanini Ingoro z’Ubwami, zirerekeye n’Ingoro z’amateraniro be n’izindi nyubakwa zikoreshwa ku bw’ugusenga gutyoroye.