Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uriko urihatira kwigana Kristu?

Woba uriko urihatira kwigana Kristu?

‘Dushikire urugero rw’igihagararo rw’ukunengesera kwa Kristu.’EF. 4:13.

INDIRIMBO: 69, 70

1, 2. Ni ubuhumure ubuhe umukirisu wese akwiye kwihatira gushikako? Tanga akarorero.

IGIHE inarugo azi utuntu n’utundi ariko aracagura ivyamwa mw’isoko, ntiyama ahitamwo bininibinini canke ibizimbutse. Ahubwo riho, araba ibihiye neza. Arondera ivyamwa biryoshe kandi bimota neza, birimwo ivyo umubiri ukeneye. Emwe, ahitamwo ivyamwa vyeze neza, ni ukuvuga bikomeye.

2 Iyo umuntu amaze gutera imbere akiyegura maze akabatizwa, arabandanya gukura. Aba afise intumbero yo kuba umusavyi w’Imana ahumuye. Ubuhumure turiko turavuga si ubwo ku mubiri, ni ubwo mu vy’impwemu. Intumwa Paulo yaranditse ko abakirisu b’i Efeso bari bakeneye gukura mu vy’impwemu. Yabaremesheje ngo barondere “[gushikira] ubumwe mu kwizera no mu bumenyi butagira amakosa bw’Umwana w’Imana, [ba]gashikira urugero rw’umugabo akuze, urugero rw’igihagararo rw’ukunengesera kwa Kristu.”Ef. 4:13.

3. Ivyo mw’ishengero ry’i Efeso vyari bihuriye he n’ukuntu vyifashe mu basavyi ba Yehova muri iki gihe?

3 Igihe Paulo yandika iryo kete, ishengero ry’i Efeso ryari rimaze imyaka itari mike ribayeho. Benshi mu bari barigize bari bamaze gushikira urugero runini rw’ubuhumure bwo mu vy’impwemu. Ariko rero, hari abari bagikeneye gutera imbere bagana ku buhumure. Ukwo nyene ni ko bimeze mu Vyabona vya Yehova muri iki gihe. Bene wacu na bashiki bacu benshi baramaze igihe kinini basukurira Imana kandi baramaze guhumura mu vy’impwemu. Ariko rero, biboneka ko atari bose bamaze gushika kuri iyo ntambwe. Nk’akarorero, abashasha ibihumbi n’ibihumbi barabatizwa buri mwaka. Ni co gituma hari abagikeneye gushikira ubuhumure. Weho bite?Kol. 2:6, 7.

IBIRANGA UMUKIRISU AHUMUYE

4, 5. Abakirisu bahumuye boshobora kuba batandukaniye ku biki, mugabo bose bahuriye ku biki? (Raba ishusho itangura.)

4 Igihe wihweje ivyamwa bihiye kw’isoko, urabona ko vyose bidasa. Ariko rero haba hari ibintu ivyo vyamwa bihuriyeko vyerekana ko bihiye. Muri ubwo buryo nyene, abakirisu bahumuye boshobora kuba bava mu bihugu bitandukanye, batarezwe kumwe, batanganya amagara, imyaka canke ivyo bazi. Usanga mbere badafise kamere zimwe canke imico kama imwe. Yamara, abatera imbere mu vy’impwemu bose baragaragaza kamere zerekana ko bahumuye. Uti gute?

5 Umusavyi wa Yehova ahumuye mu vy’impwemu abaho yisunga akarorero ka Yezu, uwadusigiye akarorero kugira “[d]ukurikire neza intambuko ziwe.” (1 Pet. 2:21) Ni ibiki Yezu yabona ko bihambaye cane? Kwari uko umuntu akunda Yehova n’umutima wiwe wose, n’ubuzima bwiwe bwose, n’umuzirikanyi wiwe wose akongera agakunda mugenziwe nk’uko yikunda. (Mat. 22:37-39) Umukirisu ahumuye mu vy’impwemu arihatira kubaho ahuza n’iyo mpanuro. Abaho mu buryo bwerekana ko ashira imbere ubucuti afitaniye na Yehova be n’uko akunda abandi urukundo rwo kwitanga.

Abakirisu bitereye mu myaka barashobora kugaragaza ukwicisha bugufi nk’ukwa Kristu mu gushigikira abakiri bato batuja imbere (Raba ingingo ya 6)

6, 7. (a) Ni kamere zimwezimwe izihe ziranga umukirisu ahumuye? (b) Ni ikibazo ikihe dukwiye kwibaza?

6 Mugabo rero, turatahura ko urukundo ari umwe gusa mu mice igize icamwa c’impwemu umukirisu ahumuye agaragaza. (Gal. 5:22, 23) Iyindi mice nk’ubwitonzi, ukwigumya n’ukwiyumanganya, na yo nyene irahambaye. Irashobora kumufasha kuvyifatamwo neza mu bihe bigoye atiriwe arashavura no kwihanganira ibintu bivuna umutima atiriwe aratakaza icizigiro. Mu rutonde rwiwe rwo kwiyigisha, arabandanya kurondera ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zimufasha gutandukanya ikibereye n’ikitabereye. Mu nyuma, arerekana ko ahumuye mu vy’impwemu igihe afata ingingo. Nk’akarorero, arumvira ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Umukirisu ahumuye aricisha bugufi mu buryo bw’uko atahura ko inzira be n’ingingo ngenderwako za Yehova zama ari nziza kuruta iziwe. * Aramamaza n’umwete inkuru nziza kandi agafasha kugira mw’ishengero harangwe ubumwe.

7 Naho twoba tumaze igihe kingana gute dusukurira Yehova, umwe wese muri twebwe akwiye kwibaza ati: ‘Hoba hariho imice nkwiye kuryohora kugira ndushirize kwigana Yezu, gutyo mbandanye gutera imbere mu vy’impwemu?’

“IBIFUNGURWA BIGUMYE NI IVY’ABANTU BAHUMUYE”

8. Ni ibiki vyerekana ko Yezu yari azi Ivyanditswe kandi akabitahura?

8 Yezu Kristu yaratahura cane Ijambo ry’Imana. Mbere n’igihe yari afise imyaka 12 gusa, yararikoresheje igihe yariko araganira n’abigisha mu rusengero. Dusoma duti: “Abariko bamwumviriza bose baguma bumizwa n’ugutegera kwiwe be n’inyishu ziwe.” (Luka 2:46, 47) Mu nyuma, igihe Yezu yariko arangura ubusuku bwiwe kw’isi, yaranumije abamurwanya akoresheje ivyanditswe bibereye vyo mw’Ijambo ry’Imana.Mat. 22:41-46.

9. (a) Uwipfuza gukura mu vy’impwemu akwiye kugira utumenyero utuhe two kwiyigisha Bibiliya? (b) Dukwiye kwiga Bibiliya dufise intumbero iyihe?

9 Mu buryo buhuye n’akarorero Yezu yatanze, umukirisu yipfuza gukura mu vy’impwemu ntabumbwa n’ubumenyi budafashe bwo muri Bibiliya. Yama yimba rwose ibiri muri yo kuko atahura yuko “ibifungurwa bigumye [ari] ivy’abantu bahumuye.” (Heb. 5:14) Umukirisu ahumuye aripfuza kugira “ubumenyi butagira amakosa bw’Umwana w’Imana.” (Ef. 4:13) Woba ufise urutonde rwo gusoma Bibiliya ku musi ku musi? Woba ufise akamenyero ko kwiyigisha, ukihatira gutegekanya umwanya buri ndwi w’ugusenga kwo mu muryango? Igihe urimbura Ijambo ry’Imana, nurondere ingingo ngenderwako zizogufasha kubona neza ukuntu Yehova yiyumvira be n’ingene yiyumva. Nuce rero ugerageza gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, uzisunge igihe ufata ingingo, gutyo urushirize kwiyegereza Yehova.

10. Ubumenyi umukirisu ahumuye afise bumufasha gute mu buzima bwa misi yose?

10 Umukirisu ahumuye aratahura ko kugira ubumenyi gusa bidahagije. Ategerezwa gukunda cane ivyo azi ku vyerekeye inzira za Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe. Kimwe mu bigaragaza urwo rukundo ni uko yishingira ibikwiye kuja imbere y’ibindi mu buzima yisunze ivyo Yehova agomba aho kwisunga ivyiyumviro vy’abantu. Vyongeye, nta gukeka ko uwo mukirisu yihatira “kwambura” ingeso n’inyifato ziwe za kera. Uko umukirisu agira ayo mahinduka, arambara wa muntu mushasha “yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kudahemuka kw’ukuri.” (Soma Abanyefeso 4:22-24.) Abanditse Bibiliya bari bayobowe n’impwemu nyeranda y’Imana. Igihe umukirisu arushirije kumenya ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya no kuzikunda, aba yemeye ko impwemu nyeranda igira ico ikoze ku mutima wiwe no ku bwenge bwiwe. Ivyo biri mu bituma akura mu vy’impwemu.

TUREMESHE UBUMWE

11. Igihe Yezu yari kw’isi, ibintu vyari vyifashe gute?

11 Igihe Yezu yari kw’isi ari umuntu atagira agasembwa, yari akikujwe n’abantu badatunganye. Yarezwe n’abavyeyi badatunganye yongera amara imyaka n’iyindi ari kumwe n’incuti zidatunganye. Mbere n’abayoboke biwe ba hafi bari barandukiwe n’agatima kari kiraye k’uguhahamira ubukuru n’ak’ubwikunzi. Nk’akarorero ku mugoroba w’imbere y’uko Yezu yicwa, ‘haravyutse ibihari bikomeye hagati yabo vyo kumenya uwoba yasa na mukuru muri bo.’ (Luka 22:24) Mugabo Yezu yari yizigiye ko abo bayoboke biwe b’abanyagasembwa boteye imbere mu vy’impwemu maze bakagira ishengero ryunze ubumwe. Kuri uwo mugoroba nyene, Yezu yarasenze asaba ko intumwa ziwe zunga ubumwe mu rukundo. Yasavye Se wiwe wo mw’ijuru ati: “Bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, wunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe nawe, ngo na bo nyene bunge ubumwe natwe, . . . kugira ngo babe umwe nk’uko turi umwe.”Yoh. 17:21, 22.

12, 13. (a) Twisunze ibivugwa mu Banyefeso 4:15, 16, intumbero yacu ikwiye kuba iyihe? (b) Umuvukanyi umwe yize gute gutsimbataza ubumwe?

12 Umusavyi wa Yehova ahumuye araremesha ubumwe mw’ishengero. (Soma Abanyefeso 4:1-6, 15, 16.) Intumbero yacu ni uko abasavyi b’Imana ‘bafatanirizwa hamwe bakanywana’ be n’uko bose basenyera ku mugozi umwe. Ijambo rya Yehova ryerekana ko dukeneye kwicisha bugufi kugira twunge ubwo bumwe. Umuvukanyi canke mushiki wacu ahumuye aricisha bugufi kugira aharanire ubumwe, mbere n’igihe yihanganira udusembwa tw’abandi. Uvyifatamwo gute igihe umukirisu mugenzawe akoze ikosa? Bite ho mu gihe wewe ubwawe ukosherejwe n’umuntu wo mw’ishengero? Woba uca wubaka uruhome rw’ikigereranyo rugutandukanya n’uwakubabaje, canke uca ugerageza kwubaka ikiraro kibahuza? Umukirisu ahumuye yihatira kwubaka ibiraro aho kwubaka impome.

13 Rimbura akarorero k’uwitwa Uwe. Kera yarareka udusembwa tw’abo basangiye ukwemera tukamubabaza. Yahavuye afata ingingo yo gukoresha Bibiliya be n’igitabu Étude perspicace des Écritures kugira agire ubushakashatsi ku bijanye n’ubuzima bwa Dawidi. Kubera iki yahisemwo Dawidi? Uwe asigura ati: “Dawidi yarakorewe na bamwebamwe mu bo basangiye ukwemera ibintu biteye kubiri n’Ivyanditswe. Nk’akarorero, Umwami Sauli yaragerageje kumwica. Hari abo mu bantu biwe bashatse kumutera amabuye. Mbere n’umugore wiwe bwite yaramusuzuguye. (1 Sam. 19:9-11; 30:1-6; 2 Sam. 6:14-22) Ariko Dawidi ntiyigeze areka ngo inyifato y’abandi igabanye urwo yakunda Yehova. Vyongeye, Dawidi yari afise umutima w’imbabazi, akaba ari na wo nari nkeneye gutsimbataza. Ivyo nize vyaratumye mpindura ukuntu nahora mbona udusembwa tw’abo dusangiye ukwemera. Sinkigumiza umutima ku makosa y’abandi. Ahubwo nyabuna, ndihatira kugira ico nterereye kugira mw’ishengero harangwe ubumwe.” Woba nawe ufise umugambi wo kuremesha ubumwe mw’ishengero?

TURONDERE ABAGENZI MU BAKORA IVYO IMANA IGOMBA

14. Ni bande Yezu yacagura ngo bamubere abagenzi?

14 Yezu Kristu yaragaragariza umutima mwiza abantu muri rusangi. Abantu b’uburyo bwose barumva bisanze bari kumwe na we, uri abagabo, abagore, abakiri bato, abasaza mbere n’abana. Ariko ntiwumve, Yezu ntiyapfa uwo agize umugenzi somambike. Yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka ati: “Muri abagenzi banje nimba mukora ico ndabategetse.” (Yoh. 15:14) Abakurikira Yezu badahemuka kandi bagakorera Yehova n’umutima wabo wose ni bo yacaguramwo abagenzi somambike. Woba nawe ucagura abagenzi somambike mu bakorera Yehova batiziganya? Kubera iki ivyo bihambaye?

15. Abakiri bato bashobora gute kwungukira ku kwifatanya n’abakirisu bahumuye?

15 Ivyamwa vy’ubwoko bwinshi birasha neza igihe bironse ubushuhe bw’akazuba. Muri ubwo buryo nyene, igishika kirangwa mu muryango wacu w’abavukanyi kirashobora kugufasha gushika ku buhumure. Ushobora kuba uri uwukiri muto ariko agerageza guhitamwo ico azokora mu buzima. Ese ukuntu vyoba biranga ubukerebutsi wifatanije n’abo musangiye ukwemera bamaze igihe bakorera Yehova kandi baremesha ubumwe mw’ishengero! Uko imyaka yagiye irarengana, boshobora kuba barabonye amabi n’ameza mu buzima, mbere bakaba barashikiwe n’ingorane bariko bakorera Imana. Abantu nk’abo barashobora kugufasha guhitamwo uburyo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose. Kwifatanya n’abakirisu mwene abo mu buryo burangwa igishika kandi buremesha birashobora kugufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi no gutera imbere ugana ku buhumure.Soma Abaheburayo 5:14.

16. Abakirisu bahumuye bo mw’ishengero bafashije gute mushiki wacu akiri muto?

16 Nk’akarorero, uwitwa Helga aribuka ko igihe yari mu mwaka wo kurangiza amashure, abo bigana baguma barata imigambi bafise. Benshi muri bo bashaka kuja kuri kaminuza kuko biyumvira yuko ari vyo vyotumye baronka akazi keza. Helga yarabiyaze n’abagenzi biwe bo mw’ishengero yarimwo. Yigana ati: “Benshi muri bo baranduta kandi baramfashije cane. Bandemesheje gukora umurimo w’igihe cose. Mu nyuma, naramaze imyaka itanu ndi umutsimvyi. Ubu inyuma y’imyaka itari mike, ndahimbawe cane no kuba ubuto bwanje nka bwose nabumaze mu murimo wa Yehova. Sinicuza na gato kubona narabigize.”

17, 18. Guhumura mu vy’impwemu bishobora gute kudufasha gukorera Yehova bimwe bishitse?

17 Nitwihatira kwigana akarorero ka Yezu mu buzima bwacu bizodufasha kuba abakirisu bahumuye. Tuzorushiriza kwiyegereza Yehova no kwipfuza kumukorera uko dushoboye kwose. Igihe umukirisu ahumuye bihagije mu buryo bw’impwemu, arashobora guha Yehova ikintu ciza kuruta ibindi vyose. Yezu yaremesheje abayoboke biwe ati: “Mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu, kugira babone ibikorwa vyanyu vyiza hanyuma baninahaze So ari mw’ijuru.”Mat. 5:16.

18 Nk’uko twabibonye, umukirisu ahumuye arashobora kugirira akamaro kanini ishengero. Ubwo buhumure bwo mu vy’impwemu bugaragarira mu kuntu umukirisu akoresha ijwi ryo mu mutima Imana yamuhaye. None ijwi ryacu ryo mu mutima rishobora gute kudufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi? Dushobora gute kwubahiriza ingingo abo dusangiye ukwemera bafashe bisunze ijwi ryabo ryo mu mutima? Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira.

^ ing. 6 Nk’akarorero, abavukanyi bitereye mu myaka kandi bazi utuntu n’utundi boshobora gusabwa guhagarika amabanga amwamwe no gufata mu mugongo abavukanyi bakiri bato igihe barangura nya mabanga.