Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Muhagarare mushikamye mu kwizera”

“Muhagarare mushikamye mu kwizera”

“Muhagarare mushikamye mu kwizera, . . . mukomere.”1 KOR. 16:13.

INDIRIMBO: 60, 64

1. (a) Ni ibiki vyashikiye Petero igihe hari ikirura c’umuyaga mu Kiyaga ca Galilaya? (Raba ishusho itangura.) (b) Kubera iki Petero yatanguye kunyika?

NI MW’IJORO, intumwa Petero n’abandi bigishwa bariko bita ku rutare kugira basoze ubwato bwabo mu Kiyaga ca Galilaya, hakaba hari ikirura c’umuyaga. Bagize gutya, baza babona Yezu ariko agendagenda ku kiyaga. Petero arahamagara Yezu amusaba ko yogendagenda ku mazi agana iyo uwo Shebuja ari. Yezu amaze kumubwira ngo aze, Petero arava mu bwato agatambuka ku gitangaro aja iyo Yezu ari aciye kuri ayo mazi arimwo imikuba myinshi. Ariko rero haciye akanya, Petero aratangura kunyika. Uti kubera iki? Yaravye ca kirura c’umuyaga aca agira ubwoba. Petero aratabaza Yezu, uno agaca amufata ningoga, akavuga ati: “Wa muntu w’ukwizera guke we, kubera iki waretse ugatwarwa n’ugukekeranya?”Mat. 14:24-32.

2. Ni ibiki tugira twihweze?

2 Nimuze twihweze ibintu bitatu vyashikiye Petero bijanye n’ukwizera: (1) ukuntu Petero yabanje kwizera ko Imana imufasha, (2) igituma Petero yatanguye kubura ukwizera, (3) icafashije Petero gusubira kugira ukwizera. Kwihweza ivyo bintu biradufasha kubona ingene dushobora ‘guhagarara dushikamye mu kwizera.’1 Kor. 16:13.

TURIZERA KO IMANA IZODUFASHA

3. Kubera iki Petero yururutse ubwato, kandi ni mu buryo ki twakoze ikintu nk’ico?

3 Igihe Petero yururuka ubwato kugira agendagende ku mazi, yabitumwe n’ukwizera. Yezu yaramuhamagaye, Petero na we arizigira ko ububasha bw’Imana bwomufashije nk’uko bwariko burafasha Yezu. Muri ubwo buryo nyene, igihe twiyegurira Yehova tukabatizwa, twabitumwe n’ukwizera twari dufise. Yezu yaraduteye akamo ngo tube abayoboke biwe, dukurikire intambuko ziwe. Twabwirijwe kwizera Yezu n’Imana, turizigira ko bodufashije mu buryo butandukanye.Yoh. 14:1; soma 1 Petero 2:21.

4, 5. Kubera iki ukwizera ari ikintu c’agaciro?

4 Ukwizera ni ikintu c’agaciro koko. Nka kurya nyene ukwizera Petero yari afise kwatumye agendagenda ku mazi, ukwizera kwacu kuratuma dukora ivyo abantu babona ko bisa n’ibidashoboka. (Mat. 21:21, 22) Nk’akarorero, benshi muri twebwe twarahinduye cane inyifato be n’ingeso ku buryo abari batuzi bahakwa kutuyoberwa. Yehova yarashigikiye utwigoro twacu kubera twagize ayo mahinduka tubitumwe n’uko tumwizeye. (Soma Abakolosayi 3:5-10.) Igihe ukwizera kwacu kwatuma twipfuza kwiyegurira Yehova, twaciye tuba abagenzi biwe, ico kikaba ari ikintu tutopfuye dushoboye ku bw’inkomezi zacu.Ef. 2:8.

5 Ukwizera kwacu kurabandanya gutuma tugira inkomezi. Kubera ukwizera, turashobora kunanira ibitero vya wa mwansi aturusha inkomezi, ari we Shetani. (Ef. 6:16) Vyongeye, kwizigira Yehova biradufasha kutiganyira cane mu bihe vy’ingorane. Nitwashira imbere ivyungura Ubwami tubitumwe n’ukwizera, Yehova asezerana ko azoturonsa ivyo dukeneye mu vy’umubiri. (Mat. 6:30-34) N’ikiruta ivyo, ukwizera kwacu kuzotuma turonka ingabirano ata n’umwe yokwigera aronka kubera utwigoro twiwe, na yo akaba ari ubuzima budahera.Yoh. 3:16.

DUSAMAYE TURASHOBORA GUTAKAZA UKWIZERA

6, 7. (a) Ikirura n’imikuba vyari bikikuje Petero twobigereranya n’iki? (b) Kubera iki tudakwiye kwirengagiza ko ukwizera kwacu gushobora kugabanuka?

6 Umuyaga n’imikuba vyari bikikuje Petero igihe yariko agendagenda ku mazi vyogereranywa n’ingorane be n’ibigeragezo bidushikira tumaze kwiyegurira Imana. Naho vyoba bikomeye gute, turashobora guhagarara dushikamye igihe Yehova adushigikiye. Wibuke ko Petero atanyitse kubera umuyaga n’imikuba bikomeye. Subira uzirikane ukuntu vyagenze. Dusoma duti: “Aravye ikirura c’umuyaga agira ubwoba.” (Mat. 14:30) Petero yararetse kuguma araba Yezu, ukwizera kwiwe guca gutangura guhungabana. Na twebwe nyene mu gihe twotangura kuraba ingorane zacu tugashira umutima ku kuntu zikomeye, twoshobora gutangura gukekeranya ko Yehova ashobora kudushigikira.

7 Ntidukwiye kwirengagiza ko ukwizera kwacu gushobora kugabanuka. Nkako, Bibiliya ivuga ko kubura ukwizera ari “igicumuro kitwizingirako bitagoranye.” (Heb. 12:1) Nk’uko ivyashikiye Petero bivyerekana, ukwizera kwacu kurashobora kugoyagoya n’ingoga igihe tugumye twiyumvira ibintu bibi. Dushobora gute kumenya ko ivyo biriko biradushikira? Rimbura ibibazo bimwebimwe vyodufasha kwisuzuma.

8. Vyoshoboka gute ngo ntitube tucizera cane ivyo Imana yasezeranye?

8 Noba ncizera rwose ivyo Imana yasezeranye nk’uko nahoze ndavyizera? Nk’akarorero, Imana yasezeranye ko izotikiza ivy’iyi si. Ariko none, twoba dusamazwa n’uburyo umuyoro bwo kwiruhura iyi si itanga, bigatuma twizera buhoro ico kintu Imana yasezeranye? Twoshobora gutangura gukekeranya ko iherezo ryoba vy’ukuri riri hafi. (Hab. 2:3) Raba akandi karorero. Imana isezerana kutubabarira yishimikije icungu. Ariko rero hamwe twoguma twiyagiriza ku makosa twakoze kera, twoshobora gutangura gukekeranya nimba Yehova ‘yarahanaguye’ koko ibicumuro vyacu vyose. (Ivyak. 3:19) Ivyo vyoshobora gutuma dutakaza umunezero wacu mu murimo turangurira Imana, maze tugahororokerwa.

9. Vyogenda gute hamwe twotangura gushira imbere ivyacu?

9 Noba ngifise umwete mu murimo w’Imana nk’uko nahora? Intumwa Paulo yarerekanye yuko gukorera cane Yehova bituma dushira “amazinda rwose ku vyerekeye ca cizigiro gushika kw’iherezo.” Ariko none, vyogenda gute dutanguye kwitwararika cane ivyacu, nko gukora akazi k’umushahara ufadika ariko kabangamira ugusenga kwacu? Ukwizera kwacu kwoshobora kugoyagoya “[tukaba] ibinebwe,” ni ukuvuga tugakorera Yehova bike cane ugereranije n’ivyo twari dushoboye.Heb. 6:10-12.

10. Twerekana gute ko twizera Yehova igihe tubabariye abandi?

10 Vyoba bingora kubabarira abandi? Igihe abandi batubabaje, twoshobora kugumiza umutima ku mubabaro dufise, tugaca turondera kubabwira nabi canke kubaca kure kugira ntitubavugishe. Ariko rero igihe tubababariye, tuba twerekanye ko twizera Yehova. Uti gute? Abaducumurako baba badufitiye umwenda, nka kurya nyene ibicumuro vyacu bituma tugirira umwenda Imana. (Luka 11:4) Igihe tubabariye abandi, tuba twizigiye ko Yehova azohezagira agatima tugaragaje be n’uko ivyo bihambaye kuruta kubarihisha umwenda badufitiye. Abigishwa ba Yezu baratahuye ko kubabarira abandi bisaba ukwizera. Igihe yababwira ko bobabarira mbere n’ababacumuyeko incuro nyinshi, baciye bamwinginga bati: “Twongerereze ukwizera.”Luka 17:1-5.

11. Ni igiki coshobora gutuma bitugora kwungukira ku mpanuro ishingiye ku Vyanditswe?

11 Noba nca nshavura igihe mpawe impanuro ishingiye ku Vyanditswe? Turakwiye kurondera ukuntu twokwungukira kuri iyo mpanuro, aho kurondera kuyitora amahinyu canke gutora amahinyu nyene kuyiduha. (Imig. 19:20) Igihe ibintu vyifashe gutyo, twoshobora gusanga twagishije akaryo ko kubona ibintu nk’uko Imana ibibona.

12. Umuntu yama yidogera abo Yehova ariko arakoresha mu kuyobora abasavyi biwe aba yerekanye iki?

12 Noba nidogera abavukanyi bagenywe mw’ishengero? Igihe Abisirayeli bashira umutima ku nkuru mbi ishikirijwe na ba batasi cumi batagira ukwizera, baciye batangura kwidogera Musa na Aroni. Yehova yaciye abaza Musa ati: “Bazogeza ryari kutanyizera?” (Guh. 14:2-4, 11) Emwe, ukwo kwidoga kw’Abisirayeli kwarerekanye vy’ukuri ko batizigira Imana yari yagenye Musa na Aroni. None nimba na twebwe twama twidogera abo Imana iriko irakoresha mu kuyobora abasavyi bayo, ubwo ntivyoba vyerekana ko ukwizera kwacu kugoyagoya?

13. Kubera iki tudakwiye gucika intege bishitse tukabona ko ukwizera kwacu kuri n’agahaze?

13 Ariko rero, ntucike intege nimba wisuzumye ukabona ko ukwizera kwawe kuri n’agahaze. Mbere na Petero vyarashitse aragira ubwoba yongera arakekeranya kandi yari intumwa. Nkako, rimwe na rimwe Yezu yarakangira intumwa zose kubera zaba zigaragaje “ukwizera guke.” (Mat. 16:8) Ntiwibagire ko icigwa gikomeye tugikura ku vyashikiye Petero aho ukwizera kwiwe kumariye guhungabana maze agatangura kunyika mu kiyaga.

DUHANGE AMASO YEZU KUGIRA UKWIZERA KWACU GUKOMERE

14, 15. (a) Ni igiki Petero yakoze igihe yatangura kunyika? (b) Dushobora gute ‘gushinga ijisho’ Yezu kandi tudashobora kumubona?

14 Igihe Petero yaraba ca kirura maze agatangura kunyika, yari gushobora kugerageza kugaruka ku bwato atawumufashije. Yari azi kwoga, akaba ari vyo mbere yari guca agira. (Yoh. 21:7) Yamara aho kwiyizigira, yarasubiye guhanga amaso Yezu maze aremera ko amufasha. Nimba tubonye ko ukwizera kwacu kuriko kuragoyagoya, turakwiye kwigana Petero. None twobigira gute?

15 Nk’uko nyene Petero yasubiye guhanga amaso Yezu, na twebwe nyene dutegerezwa “[gushinga] ijisho ya Mboneza akaba na We atuma ukwizera kwacu kuba ukutagira akanenge, ari we Yezu.” (Soma Abaheburayo 12:2, 3.) Ego ni ko ntidushobora kubona Yezu amaso mu yandi nka Petero. Ariko rero, ‘turashinga ijisho’ Yezu mu kwihweza inyigisho ziwe be n’ivyo yakoze tugaca tubikurikiza neza. Raba ibintu bimwebimwe dushobora gukora bishingiye ku karorero Yezu yadusigiye. Nitwabikora, tuzoronka imfashanyo dukeneye kugira dutume ukwizera kwacu gukomera.

Tugumije ijisho ku karorero ka Yezu tugakurikira neza intambuko ziwe, turashobora kugirwa abashikamye mu kwizera (Raba ingingo ya 15)

16. Dushobora gute kwiga Bibiliya mu buryo bukomeza ukwizera kwacu?

16 Nurushirize kwizigira Bibiliya. Yezu yari yarajijutse ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana riduha ubuyobozi bwiza kuruta ubundi bwose mu buzima. (Yoh. 17:17) Kugira tujijuke nk’ukwo kwa Yezu, dutegerezwa gusoma Bibiliya buri musi, kuyiga no kuzirikana ku vyo twiga. Dutegerezwa kandi kugira ubushakashatsi turondera inyishu z’ibibazo twoshobora kuba dufise. Nk’akarorero, woshobora kurushiriza kujijuka ko iherezo ry’ivy’iyi si riri hafi vy’ukuri, mu kwiga witonze ibimenyamenya vyo mu Vyanditswe vyerekana ko tubayeho mu misi ya nyuma. Nurushirize kwizigira ivyo Bibiliya isezerana mu kwiga ubuhanuzi bwinshi buri muri yo bumaze kuranguka. Niwizigire akamaro Bibiliya ifise mu kurimbura uburorero bw’abantu yafashije gutuma ubuzima bwabo burushiriza kuba bwiza. *1 Tes. 2:13.

17. Ni kubera iki Yezu yashoboye kuguma ari umwizigirwa naho yari mu bigeragezo bikomeye, kandi twomwigana gute?

17 Nugumize ijisho ku mihezagiro Yehova yasezeranye. Mu kugumiza amaso ku “kanyamuneza yashizwe imbere,” Yezu yarashoboye kuguma ari umwizigirwa naho yari mu bigeragezo bikomeye. (Heb. 12:2) Ntiyigeze asamazwa n’ivyo isi ishobora gutanga. (Mat. 4:8-10) Urashobora kwigana Yezu mu kuzirikana ku bintu vyiza igitangaza Yehova yagusezeraniye. Niwihe ishusho uri mw’isi nshasha mu kwandika canke mu gucapa ivyo wipfuza kuzokora Imana niyakuraho iyi si mbi. Nugire urutonde rw’abantu ushashaye kubona bazutse be n’ivyo wipfuza kuzoyaga na bo. Nubone ko ivyo atari ibintu Imana yasezeraniye abantu muri rusangi, mugabo ko ari ivyo yagusezeraniye wewe ku giti cawe.

18. Isengesho rishobora gute kudufasha gukomeza ukwizera kwacu?

18 Nusabe Imana ikwongerereze ukwizera. Yezu yarigishije abigishwa biwe gusaba Yehova impwemu nyeranda. (Luka 11:9, 13) Igihe uyimusaba, numusabe akwongerereze ukwizera kuko ari umuce w’icamwa c’iyo mpwemu. Nusenge udomako, usabe Imana igufashe gutsinda ikintu cose coba cerekana yuko ukwizera kwawe kuriko kuragoyagoya, nko kutababarira abandi.

19. Dushobora gute guhitamwo abagenzi beza?

19 Niwifatanye n’abantu bafise ukwizera. Yezu yahitamwo neza abagenzi, na canecane abo yagira abagenzi somambike. Intumwa ari na zo zari abagenzi biwe ba hafi, zari zaragaragaje ukwizera n’ukudahemuka mu kugamburuka amategeko yiwe. (Soma Yohani 15:14, 15.) Igihe rero uhitamwo abagenzi, nurondere abantu bagaragaza ukwizera mu kugamburukira Yezu. Vyongeye, niwibuke ko kimwe mu biranga ubugenzi bwiza ari ukuyaga ata guhishanya, n’igihe nyene ivyo vyosaba ko utanga impanuro canke uyemera.Imig. 27:9.

20. Ni ivyiza ibihe twironkera igihe dufashije abandi gukomeza ukwizera kwabo?

20 Nufashe abandi gukomeza ukwizera kwabo. Yezu yarakomeje ukwizera kw’abigishwa biwe biciye ku vyo yavuga no ku vyo yakora. (Mrk. 11:20-24) Turakwiye kwigana akarorero kiwe kubera ko igihe dufashije abandi gukomeza ukwizera kwabo tuba turiko turakomeza n’ukwacu. (Imig. 11:25) Igihe wamamaza wongera wigisha, niwerekane ikimenyamenya c’uko Imana iriho, ko itwitwararika be n’uko Bibiliya ari Ijambo ryayo ryahumetswe. Nufashe abo musangiye ukwemera na bo nyene bakomeze ukwizera kwabo. Nimba hari uwerekanye ko akekeranya, kumbure agatangura kwidogera abavukanyi bagenywe, ntiwihutire kumuca kure. Ahubwo nyabuna, numufashe ubigiranye ukwiyubara asubire kugira ukwizera. (Yuda 22, 23) Nimba uri kw’ishure maze bagatangura kwigisha ibijanye n’ihindagurika, niwerekane ubigiranye ubutinyutsi ko wizera yuko Imana ari yo yaremye vyose. Woshobora gutangazwa n’ukuntu amajambo yawe afashije cane abandi.

21. Ni igiki Yehova adusezeranira twese ku bijanye n’ukwizera kwacu?

21 Petero abifashijwemwo n’Imana biciye kuri Yezu, yaratsinze ubwoba n’ugukekeranya, akaba yahavuye abera abandi akarorero gakomeye k’ukwizera. Muri ubwo buryo nyene, Yehova aradufasha twese gushikama mu kwizera. (Soma 1 Petero 5:9, 10.) Akigoro tugira mu gukomeza ukwizera kwacu si ak’impfagusa, kuko impera zivamwo ata co twozigereranya.

^ ing. 16 Nk’akarorero, raba urukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” mu nteguro ya bose y’Umunara w’Inderetsi.