Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IMANA IBONA GUTE INTAMBARA?

Ingene Imana yabona intambara mu bihe vya kera

Ingene Imana yabona intambara mu bihe vya kera

Abo bantu bariko baratotezwa. Baguma batakambira Imana ngo ibatabare ariko gushika ico gihe nta co yari bwabafashe. Abo bantu bari Abisirayeli, ihanga ry’Imana rya kera. Bariko batotezwa n’ihanga rikomeye rya Misiri. (Kuvayo 1:13, 14) Abisirayeli baramaze imyaka barindiriye ko Imana ibakiza agahahazo k’Abanyamisiri. Amaherezo Imana yarahaserutse igihe kigeze. (Kuvayo 3:7-10) Bibiliya ivuga ko Imana ubwayo yarwanije Abanyamisiri. Yarateje Misiri ivyago bitandukanye mu nyuma na ho itikiriza mu Kiyaga Gitukura umwami wa Misiri n’ingabo ziwe. (Zaburi 136:15) Yehova Imana yaratabaye abasavyi biwe, arerekana ko ari “umugabo mu ntambara.”Kuvayo 15:3, 4.

Kuba Imana yararwanije Abanyamisiri birerekana ko itiyamiriza intambara zose. Mu bihe bimwebimwe yaremerera ihanga ryiwe rya Isirayeli ngo rirwane intambara. Nk’akarorero, yarabategetse kurwanya Abanyakanani, bano bakaba bari inkozi z’ikibi katwa. (Gusubira mu vyagezwe 9:5; 20:17, 18) Yarategetse Umwami Dawidi kurwanya Abafilisitiya bahahaza ihanga ryiwe. Mbere Imana yaramuhaye imitwe y’ingene yotahukana intsinzi.2 Samweli 5:17-25.

Nk’uko izo nkuru zo muri Bibiliya zivyerekana, igihe Abisirayeli baba bageramiwe n’ubugizi bwa nabi be n’agahahazo, Imana yaremera bakarwana intambara kugira ibakingire yongere ikingire ugusenga kw’ukuri. Ariko raba ibintu bitatu nyamukuru vyaranga izo ntambara zaba zishigikiwe n’Imana.

  1. IMANA NI YO YAGENA UWOJA MURI IYO NTAMBARA. Igihe kimwe Imana yabwiye Abisirayeli iti: “Ntimuzorinda kurwana.” Uti kubera iki? Imana ubwayo yobarwaniye. (2 Ngoma 20:17; 32:7, 8) Ivyo yarabigize kenshi nk’uko inkuru twavuze mu ntango y’iki kiganiro ivyerekana. Mu bindi bihe Imana yarategetse ihanga ryayo rya kera ari ryo Isirayeli kurwana intambara kugira ngo ryigarurire ryongere rikingire Igihugu c’isezerano.Gusubira mu vyagezwe 7:1, 2; Yosuwa 10:40.

  2. IMANA NI YO YASHINGA IGIHE IYO NTAMBARA YOBERAKO. Abasavyi b’Imana bategerezwa kurindira bihanganye gushika ibabwiye ko hageze guhagurukira agahahazo n’ububisha vyari bibakikuje. Ico gihe kitarashika ntibashobora kuja mu ntambara bavyigeneye. Babigize, Imana ntiyabashigikira. Nkako, Bibiliya yerekana ko igihe Abisirayeli baba bagiye mu ntambara batabibwiwe n’Imana akenshi bahura n’ivyago. *

  3. Naho Imana yarwanije Abanyakanani, yararokoye bamwebamwe nka Rahabu n’umuryango wiwe

    IMANA NTIHIMBARWA N’UKO ABANTU BAPFA, MBERE N’ABABISHA. Yehova Imana ni we soko ry’ubuzima kandi ni we yaremye abantu. (Zaburi 36:9) Ku bw’ivyo, ntashaka ko abantu bapfa. Ariko rero ikibabaje, hariho abantu bagira imigambi mibi yo gutoteza abandi no kubica. (Zaburi 37:12, 14) Kugira Imana ihagarike ubwo bubisha, rimwe na rimwe yarareka hakaba intambara zo kuburwanya. Yamara naho muri iyo myaka yose yagiye irareka Abisirayeli bakarwana izo ntambara, yagumye igaragariza ‘imbabazi’ ababahahaza kandi “i[ga]teba gushavura.” (Zaburi 86:15) Nk’akarorero, yategetse ko imbere y’uko Abisirayeli barwanya igisagara kanaka, bategerezwa “kukimenyesha ibisabwa kugira habe amahoro,” gutyo bahe abakibamwo akaryo ko guhindura inyifato maze birinde gutana mu mitwe. (Gusubira mu vyagezwe 20:10-13) Muri ubwo buryo, Imana yarerekanye ko ‘idahimbarwa n’uko umubisha apfa, ahubwo ihimbarwa n’uko umubisha ahindukira akava mu nzira yiwe, akabandanya vy’ukuri kubaho.’Ezekiyeli 33:11, 14-16. *

Ivyo duhejeje kuvuga birerekana ko kera Imana yabona yuko intambara ari uburyo bwemewe bwo gukuraho ubwoko butandukanye bw’agahahazo n’ububisha. Ariko Imana ni yo yagena igihe co kurwana izo ntambara n’abozijamwo, si abantu babigira. None Imana yoba yarakokeza intambara kugira isese amaraso? Habe namba. Iranka ububisha. (Zaburi 11:5) Imana yoba yarahinduye ingene ibona intambara igihe Umwana wayo Yezu Kristu yatangura igikorwa ciwe mu kinjana ca mbere?

^ ing. 7 Nk’akarorero, Abisirayeli barigeze gutsindwa igihe baja kurwana n’Abamaleki be n’Abanyakanani kandi Imana yari yababujije. (Guharūra 14:41-45) Haciye imyaka itari mike, umwami w’umwizigirwa Yosiya yararwanye intambara Imana itamushigikiye. Ukwo kwita imbere kwatumye ahasiga ubuzima.2 Ngoma 35:20-24.

^ ing. 8 Abisirayeli ntibamenyesheje Abanyakanani ibisabwa kugira habe amahoro imbere yo kubarwanya. Uti kubera iki? Kubera ko Abanyakanani bari barahawe imyaka 400 ngo bahindure ingeso zabo mbi. Igihe Abisirayeli baza kubarwanya, Abanyakanani ubafatiye hamwe bari barononekaye ubutakivayo. (Itanguriro 15:13-16) Bari bakwiye rero gutikizwa buhere. Ariko Abanyakanani bamwebamwe bahinduye ingeso zabo bararokotse.Yosuwa 6:25; 9:3-27.