Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tugoberwe n’‘ingabirano ya gusa itagira uko yovugwa’ Imana yatanze

Tugoberwe n’‘ingabirano ya gusa itagira uko yovugwa’ Imana yatanze

“Hashimirwe Imana ku bw’ingabirano yayo ya gusa itagira uko yovugwa.”​—2 KOR. 9:15.

INDIRIMBO: 121, 63

1, 2. (a) ‘Ingabirano ya gusa itagira uko yovugwa’ Imana yatanze irimwo ibiki? (b) Ni ibibazo ibihe turimbura muri iki kiganiro?

IGIHE Yehova yarungika Umwana wiwe w’ikinege kw’ isi, yari atanze icohavuye kiba ingabirano iranga urukundo ihambaye kuruta izindi zose. (Yoh. 3:16; 1 Yoh. 4:9, 10) Intumwa Paulo yayise ‘ingabirano ya gusa itagira uko yovugwa’ Imana yatanze. (2 Kor. 9:15) Kubera iki none yakoresheje iyo mvugo?

2 Paulo yari azi yuko ikimazi ca Kristu kitagira akanenge cari icemeza c’uko imihango myiza igitangaza yose Imana yatanze yorangutse. (Soma 2 Abakorinto 1:20.) Ku bw’ivyo, iyo ‘ngabirano ya gusa itagira uko yovugwa’ irimwo ivyiza vyose Yehova azoduha be n’urukundo rudahemuka azotugaragariza biciye kuri Yezu. Nkako, iyo ngabirano irateye akoba cane ku buryo tutoronka amajambo dukoresha mu kuyidondora neza. None kuba twararonse iyo ngabirano idasanzwe bikwiye gutuma twiyumva gute? Ni ibintu bifadika ibihe iyo ngabirano ikwiye gutuma dukora uko twitegurira guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Kristu ku wa gatatu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2016?

INGABIRAHO IDASANZWE IMANA YATANZE

3, 4. (a) Wiyumva gute igihe hari uwuguhaye ingabirano? (b) Ingabirano idasanzwe ishobora gute guhindura ukuntu wari ubayeho?

3 Igihe uronse ingabirano, nta gukeka ko akamwemwe kagusya. Ariko rero, hariho ingabirano usanga zihambaye cane ku buryo zigira ico zihinduye vy’ukuri ku buzima. Nk’akarorero, dufate yuko ugira wicwe kubera hari ikibi cakwagiriye. Ugize gutya, ugiye ubona umuntu utazi avuye mu bandi benshi maze akitanga kugira ahanwe mu kibanza cawe. Aremeye vy’ukuri kugupfira! None ico kintu kidasanzwe agukoreye cotuma wiyumva gute?

4 Gukorerwa ikintu nk’ico kiranga urukundo ruzira ubwikunzi, nta gukeka ko vyotuma usubira kurimbura ivyo ukora, bikanatuma mbere uhindura ukuntu wari ubayeho. Hari aho vyotuma urushiriza kuba umuntu atanga cane, akunda abandi, bikanatuma ubabarira uwo wese yoba yaragukoreye ikibi. Igihe cose usigaje kubaho, wokwumva ko ufitiye umwenda uwo muntu yemeye kukwigura.

5. Ni gute ingabirano y’incungu Imana yatanze iruta kure n’iyo iyindi ngabirano iyo ari yo yose?

5 Ivyo Yehova yaduhaye biciye kuri Kristu biraruta kure n’iyo ingabirano duhejeje kuvuga muri ako karorero. (1 Pet. 3:18) Rimbura iki kintu: Kubera ko twarazwe igicumuro, twese turashikirwa n’igihano c’urupfu. (Rom. 5:12) Yehova abitumwe n’urukundo, yaratunganije ivy’uko Yezu aza kw’isi kugira “ahonjereze urupfu umuntu wese.” (Heb. 2:9) Uretse ko Yehova atubungabungira ubuzima, yaranatumye bishoboka ko ico kintu kiduteza urupfu gikurwaho buhere. (Yes. 25:7, 8; 1 Kor. 15:22, 26) Abizera Yezu bose bazokwibera kw’isi ibihe bidahera mu mahoro n’agahimbare, bategekwa n’Ubwami bw’Imana burongowe na Kristu. Abarobanuwe na bo bazofatanya na Kristu kuganza muri ubwo Bwami. (Rom. 6:23; Ivyah. 5:9, 10) Ni iyindi mihezagiro iyihe tuzokwironkera biciye kuri iyo ngabirano Yehova yatanze?

6. (a) Ni imihezagiro iyihe iva ku ngabirano Yehova yatanze ushashaye kuronka? (b) Ingabirano Imana yatanze ituma dukora ibintu bitatu ibihe?

6 Mu bigize ingabirano Yehova yatanze harimwo kudukiza indwara zose, guhindura iyi si yacu ikaba iparadizo hamwe no kuzura abapfuye. (Yes. 33:24; 35:5, 6; Yoh. 5:28, 29) Turakunda vy’ukuri Yehova n’Umwana wiwe yikundira kubera ko baduhaye ‘ingabirano ya gusa itagira uko yovugwa.’ Yamara rero, ikibazo duca twibaza ni iki: Urukundo Imana yadukunze rukwiye gutuma dukora iki? Nimuze turimbure ukuntu urukundo rw’Imana rutugobera (1) gukurikira neza intambuko za Kristu Yezu, (2) kugaragariza urukundo abavukanyi bacu, (3) kubabarira abandi bivuye ku mutima.

‘URUKUNDO KRISTU AFISE RURATUGOBERA’

7, 8. Urukundo rwa Kristu rukwiye gutuma twiyumva gute, kandi ni igiki rukwiye gutuma dukora?

7 Ubwa mbere, urwo rukundo rutegerezwa kutugobera kubaho ku bwa Kristu Yezu. Intumwa Paulo yavuze ati: “Urukundo Kristu afise ru[ra]tugobera.” (Soma 2 Abakorinto 5:14, 15.) Paulo yaratahura ko tutoshobora kwemera urukundo rudasanzwe rwa Kristu tutagoberewe, ni ukuvuga tutavyuriwe umutima wo kubaho ku bwiwe. Igihe dutahuye neza ivyo Yehova yadukoreye, urukundo rwiwe ruca rutuma twipfuza kubaho ku bwa Kristu Yezu. None twerekana gute ko dufise ico cipfuzo?

8 Abakunda Yehova baragoberwa kwigana Kristu, bakagenda nk’uko yagenda kandi bagakurikira neza intambuko ziwe. (1 Pet. 2:21; 1 Yoh. 2:6) Igihe tugamburutse, tuba twerekanye ko dukunda Imana na Kristu. Yezu yavuze ati: “Uwufise amabwirizwa yanje kandi akayubahiriza, uwo ni we ankunda. Uwunkunda na we azokundwa na Dawe, nanje nzomukunda, kandi nzomwiyereka bimwe bitomoye.”​—Yoh. 14:21; 1 Yoh. 5:3.

9. Ni imikazo iyihe isi idushirako?

9 Mu kiringo c’Icibutso, biraba vyiza tuzirikanye ku kuntu tubayeho. Niwibaze uti: ‘Ni mu mice iyihe ndiko ndakurikira neza intambuko za Kristu Yezu? Ni mu mice iyihe noryohora?’ Ukwo kwisuzuma kurahambaye cane kubera ko iyi si iguma idushirako imikazo ngo twisunge inzira zayo. (Rom. 12:2) Tutabaye maso, twoshobora kwisunga ivyiyumviro vy’abafilozofe be n’ivy’abantu bavugangwa cane canke ba rurangiranwa mu vy’inkino. (Kol. 2:8; 1 Yoh. 2:15-17) Dushobora gute none kunanira iyo mikazo?

10. Ni ibibazo ibihe twokwibaza muri iki kiringo c’Icibutso, kandi ivyo vyotuma dukora iki? (Raba ishusho itangura.)

10 Turashobora gukoresha ikiringo c’Icibutso nk’akaryo ko gusuzuma ububiko bwacu bw’impuzu, amasinema turaba be n’imiziki twumviriza, kumbure mbere tugasuzuma ibiri muri orodinateri zacu, mu matelefone yacu no muri twa twuma twacu twitwa tablettes. Igihe uraba mu bubiko bwawe bw’impuzu, niwibaze uti: ‘Nka hamwe noba ngiye aho Yezu ari, ubwo nta soni nogira nambaye iyi mpuzu?’ (Soma 1 Timoteyo 2:9, 10.) ‘Abantu bose banyitegereza ndayambaye, boba bobona ko ndi umuyoboke wa Kristu Yezu?’ Turashobora kwibaza ibibazo nk’ivyo nyene ku bijanye n’amasinema turaba be n’imiziki twumviriza. Niwibaze uti: ‘Yezu yoba yokwisamaza mu kuraba iyi sinema canke mu kwumviriza uwu muziki? Nka hamwe yontira telefone yanje canke tablette, noba nomaramazwa n’ivyo yobonamwo?’ Igihe urimbura ibijanye n’agakino ko kuri videwo, niwibaze uti: ‘Vyoba vyongora gusigurira Yezu igituma ndagakunda?’ Urwo dukunda Yehova rukwiye kutugobera kwikurako ikintu cose coba kitabereye ku mwigishwa wa Kristu, naho coba kigurwa angahe. (Ivyak. 19:19, 20) Igihe twiyegura, twasezeranye ko tutazosubira kubaho ku bwacu ariko ko tuzobaho ku bwa Kristu. Ku bw’ivyo, ntidukwiye kwibohera ku kintu na kimwe cotubuza gukurikira neza intambuko za Kristu.​—Mat. 5:29, 30; Flp. 4:8.

11. (a) Urwo dukunda Yehova na Yezu rutugobera gute mu gikorwa co kwamamaza? (b) Urukundo rwacu rushobora gute gutuma dufasha abandi mw’ishengero?

11 Urwo dukunda Yezu ruratuma kandi dukora ata kwiziganya mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20; Luka 4:43) Mu kiringo c’Icibutso, tuzoronka akaryo ko gukora ubutsimvyi bwo gufasha maze tumare amasaha 30 canke 50 mu gikorwa co kwamamaza. Woba wotunganya ivyawe kugira uze ubukore? Umupfakare umwe w’imyaka 84 yabona ko atoshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha kubera ashaje kandi afise amagara make. Ariko rero, abatsimvyi bo muri ako karere baragiye hamwe kugira bamufashe. Baramwunguruza bakongera bakamuhitiramwo neza icibare ashobora gukoreramwo kugira ashobore gushitsa amasaha 30 yari yishingiye. Ubona worondera umuntu wo mw’ishengero urimwo maze ukamufasha kwironkera umunezero uva ku gukora ubutsimvyi mu kiringo c’Icibutso? Ego ni ko, si twese twoshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Naho ari ukwo, turashobora gukoresha akanya kose turonse be n’inguvu dufise kugira twongereze ikimazi c’ishemezo duha Yehova. Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye ko tugoberwa n’urukundo rwa Kristu nka kumwe kwa Paulo. Ni ikindi kintu ikihe urukundo rw’Imana ruzotuma dukora?

DUTEGEREZWA GUKUNDANA

12. Urukundo rw’Imana rutuma dukora iki?

12 Ubwa kabiri, urukundo rw’Imana ruratugobera gukunda abavukanyi bacu. Ivyo intumwa Yohani yarabitahura. Yanditse ati: “Bakundwa, nimba ukwo ari ko Imana yadukunze, natwe ubwacu tubwirizwa rero gukundana.” (1 Yoh. 4:7-11) Nimba rero twipfuza ko Imana idukunda, dutegerezwa gukunda abavukanyi bacu. (1 Yoh. 3:16) Dushobora gute none kugaragaza urukundo mu buryo butandukanye?

13. Ni akarorero akahe Yezu yadusigiye mu bijanye no gukunda abandi?

13 Rimbura akarorero ka Yezu. Igihe yari ng’aha kw’isi, yaritwararika bimwe bidasanzwe abantu baciye bugufi. Yarakijije abamugaye, impumyi, abatumva n’abaragi. (Mat. 11:4, 5) Yezu yarahimbarwa no kwigisha abashonje mu buryo bw’impwemu, abo indongozi z’idini ry’Abayuda zabona ko ari “ibivume.” (Yoh. 7:49) Yarakunda abo bantu baciye bugufi kandi akihatira kubakorera.​—Mat. 20:28.

Woba ushobora gufasha mu ndimiro mwene wacu canke mushiki wacu ageze mu zabukuru? (Raba ingingo ya 14)

14. Wokora iki kugira werekane ko ukunda abavukanyi bawe?

14 Ikiringo c’Icibutso kiraturonsa akaryo ko kwigana Yezu mu gufata akanya ko kuzirikana bene wacu na bashiki bacu bo mw’ishengero turimwo. Niwabigira, nta gukeka ko uzobona ko hari abashobora kwungukira ku rukundo rwawe. Kumbure hari bene wacu na bashiki bacu bageze mu zabukuru bakeneye gufashwa. Ubona wogendera abo bavukanyi twikundira? Woba wobashira utwo bafungura, ukabafasha udukorwa tw’i muhira, ukabunguruza bagiye ku makoraniro canke ukabasaba ko mwokorana mu ndimiro? (Soma Luka 14:12-14.) Urukundo rw’Imana rukwiye gutuma duseruka ku bavukanyi bacu maze tukabagaragariza urwo tubakunda.

TUBABARIRE BENE WACU NA BASHIKI BACU

15. Ni igiki dutegerezwa gutahura?

15 Ubwa gatatu, urukundo rwa Yehova rutegerezwa kutugobera kubabarira bene wacu na bashiki bacu. Kubera ko turi abana ba wa mugabo wa mbere Adamu, twese twararazwe igicumuro n’urupfu. Nta n’umwe ashobora kuvuga ngo “Sinkeneye incungu.” Mbere n’umusavyi w’Imana w’umwizigirwa kurusha abandi bose, ubuzima bwiwe abukesha ubuntu ata wari abukwiriye Yehova yagaragaje biciye kuri Yezu. Umwe wese muri twebwe ategerezwa gutahura ko twahebewe umwenda munini cane. Kubera iki ivyo bihambaye? Inyishu tuyisanga muri kimwe mu bigereranyo Yezu yatanze.

16, 17. (a) Ikigereranyo ca Yezu cerekeye umwami n’abashumba gikwiye kutwigisha iki? (b) Umaze kuzirikana kuri ico kigereranyo ca Yezu, wiyemeje iki?

16 Yezu yariganye ukuntu umwami umwe yahebeye umusuku wiwe umwenda munini cane ungana n’italanto 10.000, ni ukuvuga idenariyo 60.000.000. Yamara, uwo mushumba yari yahebewe umwenda munini gutyo yaranse guhebera umushumba mugenziwe umwenda mutoyi cane ungana n’idenariyo 100. Uwo mwami yarababaye cane igihe yamenya ugukomantara kw’umutima w’uwo mushumba yari yahariye abigiranye imbabazi. Uwo mwami yavuze ati: “Wa mushumba mubi we, nahanaguye wa mwenda wose wari ufise, igihe wanyinginga. None weho ntiwari ukwiye kugirira imbabazi umushumba mugenzawe, nk’uko nanje nakugiriye imbabazi?” (Mat. 18:23-35.) Mu vy’ukuri, imbabazi zidasanzwe z’uwo mwami zari zikwiye kugobera uwo mushumba kubabarira mugenziwe. None tweho, urukundo n’imbabazi vya Yehova bikwiye kutugobera gukora iki?

17 Ikiringo c’Icibutso kiraturonsa akaryo ko gusuzuma nimba hari mwene wacu canke mushiki wacu twabikiye inzika. Nimba ahari, coba ari igihe ciza co kwigana Yehova, we “[y]iteguriye kubabarira.” (Neh. 9:17; Zab. 86:5) Nimba dukenguruka ivyo Yehova yadukoreye mu guhanagura umwenda wacu munini, bizoca bituma duharira abandi tubikuye ku mutima. Imana ntishobora na gato kudukunda no kutubabarira mu gihe tutabigirira abandi. (Mat. 6:14, 15) Naho kubabarira abandi ata co bihindura kuri kahise, nta gukeka ko bizogira ikintu ciza bihinduye kuri kazoza kacu.

18. Urukundo rw’Imana rwafashije gute mushiki wacu umwe kwihanganira udusembwa tw’uwundi mushiki wacu?

18 Benshi muri twebwe hari aho vyobabera urugamba “kwihanganira” bene wacu na bashiki bacu buri musi. (Soma Abakolosayi 3:13, 14; Abanyefeso 4:32.) Nk’akarorero, Lily ni mushiki wacu atarubaka urwiwe yitanze kugira afashe umupfakazi umwe twise Carol. [1]Lily yarunguruza Carol, akemera akamutuma aho adashobora gushika akongera akamugaragariza umutima mwiza mu bundi buryo bwinshi. Naho Lily yamukorera ivyo bintu vyose, Carol yari umuntu aguma atorana amahinyu kandi agoye cane kwihanganira. Yamara rero, Lily yibanda ku bintu vyiza vyaranga Carol. Yarabandanije kumufasha imyaka itari mike gushika Carol aremvye cane hanyuma arapfa. Lily avuga ati: “Naho vyari ukwo, ndashashaye cane kubona Carol niyazuka. Ndipfuza kumubona ata gasembwa afise.” Ego cane, urukundo rw’Imana rurashobora kutugobera kwihanganira bene wacu na bashiki bacu no kurindira tubishashaye igihe agasembwa k’abantu kazoba kakuweho buhere.

19. ‘Ingabirano ya gusa itagira uko yovugwa’ Imana yatanze ikwiye gutuma dukora iki?

19 Twararonse vy’ukuri ‘ingabirano ya gusa itagira uko yovugwa’ ivuye kuri Yehova. Ese tutokwigera dufata minenerwe iyo ngabirano y’agaciro! Ahubwo nyabuna, nimuze tuzirikane tubigiranye ugukenguruka ibintu vyose Yehova na Yezu badukoreye, na canecane muri iki kiringo c’Icibutso. Ese urukundo rwabo rwotugobera gukurikira neza intambuko za Yezu, guseruka kuri bene wacu kugira tubagaragarize urukundo hamwe no kubababarira tubikuye ku mutima.

^ [1] (ingingo ya 18) Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.