Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IYO UWAWE APFUYE

Guhumuriza ababuze ababo

Guhumuriza ababuze ababo

Vyoba bimaze gushika ukabura ico wokora igihe hari umugenzi ashika aherutse kubura uwiwe? Hari igihe tubura ico twovuga canke ico twokora. Ariko hariho ibintu ngirakamaro twoshobora gukora.

Akenshi ikiba gikenewe ni ukumuba hafi ukamubwira akajambo gasanzwe nka “Wihangane.” Mu mihingo myinshi, kugumbira uwo muntu canke kumufata ukuboko ubigiranye ikibabarwe biramwereka ko umwitayeho. Nimba yipfuza kukuyagira mutege yompi ubigiranye impuhwe. Ikiruta vyose, nugire ico ufashije uwo muryango wabuze, ubakorere ikintu ubona ko kitoborohera gukora nko gutegura udufungurwa, kwitwararika abana, canke ubafashe mu bijanye no gutegura amaziko nimba bikenewe. Ivyo birashobora kubafasha cane kurusha amajambo ayo ari yo yose wovuga.

Haciye igihe, woshobora kuganirira uwabuze ibijanye n’uwo muntu yapfuye kumbure ugashimika ku bintu bimwebimwe vyiza wari umuziko canke mwakoranye. Hari igihe ico kiganiro cotuma uwo yabuze asubira kumwenyura. Nk’akarorero, haraciye imyaka itandatu Pam abuze umugabo wiwe yitwa Ian. Avuga ati: “Rimwe na rimwe abantu barambwira ibintu vyiza yabakoreye ntari nzi kandi ivyo bituma nezerwa.”

Abahinga berekana ko ababuze ababo bitwararikwa cane mu ntango ariko uko haca igihe bagaca bibagirwa bitumwe n’uko abagenzi babo baca bafatirwa n’ibikorwa vyabo vya buri musi. Ariko niwigore ugume ugarukira ku mugenzi wawe yabuze uwiwe n’inyuma y’ukubura. * Abenshi babuze ababo barakenguruka cane utwo turyo two kubafasha gusubirana mu bihe vy’umubabaro.

Raba akarorero ka Kaori umukenyezi akiri muto wo mu Buyapani. Yaratuntujwe cane n’urupfu rwa nyina wiwe, haciye umwaka n’amezi atatu mukuru we na we aca arakurikira. Igishimishije, yaramaze igihe ashigikiwe n’abagenzi biwe b’intahemuka. Hari uwitwa Ritsuko afise imyaka myinshi kumuruta yamubaye hafi. Kaori avuga ati: “Mvugishije ukuri, ntivyampimbara na gato. Sinashaka ko hogira umuntu aja mu kibanza ca mawe, kandi nabona ko ata n’uwobishobora. Ariko kubera ukuntu Ritsuko yamfata narumvise ndamukunze cane. Buri ndwi twarajana kuvuga ubutumwa no gusenga. Yarantumira tugasangira akayi, akanzanira ibifungurwa, akanyandikira kenshi. Umutima mwiza Ritsuko afise waramfashije cane.”

Haraciye imyaka cumi n’ibiri Kaori abuze nyina wiwe. Ubu we n’umugabo wiwe baramara umwanya munini bigisha abandi Ijambo ry’Imana. Kaori avuga ati: “Ritsuko arabandanya kunyitwararika. Iyo nsubiye iwacu nama nja kumuramutsa kandi ndaryoherwa n’umwanya tumarana.”

Uwundi muntu yungukiye ku gushigikirwa n’abagenzi ni Poli, akaba ari Icabona ca Yehova wo muri Shipre. Poli yari afise umugabo w’umutima mwiza yitwa Sozos. Yari intangakarorero mw’ishengero kuko yakunda gutumira impfuvyi n’abapfakazi kugira bamarane umwanya bongere basangire akajumpu. (Yakobo 1:27) Ariko ikibabaje, Sozos yapfuye afise imyaka 53 ahitanywe n’ikivyimba co mu bwonko. Poli avuga ati: “Umugabo wanje yapfuye tumaranye imyaka 33.”

Nurondere uburyo ngirakamaro bwo gufasha uwabuze uwiwe

Inyuma y’amaziko, Poli n’umuhungu wiwe Daniel w’imyaka 15 barimukiye muri Kanada. Bashitseyo baratanguye kwifatanya n’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova. Poli yigana ati: “Abagenzi bo muri iryo shengero rishasha ntibari bazi ivyo twaciyemwo n’ingorane zadushikiye. Ariko ntivyababujije kutwiyegereza no kutubwira amajambo menshi aranga umutima mwiza hamwe no kudufasha mu buryo bufadika. Emwe badufashije hageze narirya umuhungu wanje yari aherutse kubura se! Abajejwe ibikorwa mw’ishengero baritwararitse cane Daniel. Hari umwe muri bo atigera yibagira gutumira Daniel igihe yaba afise abashitsi canke igihe yaba agiye gukina agapira.” Ubu uwo mukenyezi n’umuhungu wiwe bamerewe neza.

Nta gukeka ko dufise uburyo bwinshi bwo gufasha no guhumuriza ababuze. Na Bibiliya iraduhumuriza mu kuduha icizigiro ceza umutima.

^ ing. 6 Bamwebamwe barashira ku kirangamisi itariki umuntu yaburiyeko uwiwe kugira zizobibutse kumugarukirako kuri izo tariki nyene canke zegereje.