Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IYO UWAWE APFUYE

Abapfuye bazozuka!

Abapfuye bazozuka!

Ushobora kuba wibuka Gail yavuzwe mu ntango z’iki kinyamakuru. Yarakekeranya nimba intuntu yatewe n’urupfu rw’umugabo wiwe Rob izoteba igahera. Naho ari ukwo, ararindiranye igishika kuzosubira kumubona mw’isi nshasha Imana yasezeranye. Avuga ati: “Ndakunda cane icanditswe co mu Vyahishuwe 21:3, 4.” Ico canditswe kivuga giti: “Imana ubwayo izobana na bo. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”

Gail avuga ati: “Uwo muhango urerekana uko ibintu bizogenda. Ndumvira impuhwe ababuze ababo ariko bakaba batazi umuhango Imana itanga wo kuzura abapfuye.” Mu gukora ahuza n’ivyo yemera, Gail aramara umwanya munini ariko arayagira ababanyi biwe ibijanye n’umugambi Imana ifise wo ‘gukuraho urupfu.’

Yobu yarizigira ko azozuka

Ushobora kuvuga uti: ‘Ivyo ntibishoboka!’ Ariko rimbura akarorero ka Yobu. Yarigeze kurwara aragera kure. (Yobu 2:7) Naho yumva yopfuma apfa, yarizera ko Imana ifise ububasha bwo kumuzura. Yavuganye ukwizigira ati: “Iyaba wompishije mu kuzimu . . . Uzohamagara, nanje nzokwitaba. Uzoba ushashaye igikorwa c’amaboko yawe.” (Yobu 14:13, 15) Yobu yarizigira ko Imana yomwibutse ikamuzura.

Vuba Imana izozura Yobu n’abandi bantu benshi igihe iyi si izoba yahindutse Iparadizo. (Luka 23:42, 43) Mu Vyakozwe 24:15 havuga ko “hagiye kubaho izuka.” Yezu yavuze ati: “Ntimutangazwe n’ico, kuko isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe bakazivamwo.” (Yohani 5:28, 29) Yobu azokwibonera ingene uwo muhango uranguka. Azoshobora gusubira kugira “ingoga ziwe zo mu buto,” n’umubiri wiwe wame utotahaye “kurusha mu buto.” (Yobu 33:24, 25) Ukwo ni ko bizogendera abantu bose bakenguruka intunganyo y’Imana iranga ubuntu yo kuzura abapfuye.

Ivyo twavuze muri iki kinyamakuru bishobora kudakuraho buhere umubabaro watewe n’ukubura uwawe. Ariko uzirikanye ku mihango Imana yatanze dusanga muri Bibiliya, uragira icizigiro bikongera bikagufasha kwihangana.​—1 Abatesalonika 4:13.

Woba woshima kumenya vyinshi ku bijanye n’ukuntu wokwihanganira intuntu? Canke ushobora kuba wibaza uti: “Ni kubera iki Imana ireka ububi n’imibabaro bikabandanya?” Turakwinginze urabe inyishu ziruhura kandi ngirakamaro Bibiliya itanga ku muhora wacu jw.org.