Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Se wa Yozefu yari nde?

Yozefu wa mubaji w’i Nazareti ni we yari se murezi wa Yezu. None se wa Yozefu yari nde? Mu mamuko ya Yezu dusanga mu Njili ya Matayo, havuga ko yari uwitwa Yakobo, mu gihe mu Njili ya Luka havuga ko Yozefu yari “mwene Heli.” Kwoba ari ukuvuguruzanya?​—Luka 3:23; Matayo 1:16.

Injili ya Matayo ivuga iti: “Yakobo avyara Yozefu.” Iyo mvugo iratomora ko ari we yari se. Matayo yariko yerekana ko Yozefu akomoka mu muryango w’umwami Dawidi. Muri ubwo buryo Yezu umuhungu wiwe yari afise uburenganzira ahabwa n’amategeko bwo kwicara ku ntebe ya cami.

Luka na we avuga ati: “Yozefu mwene Heli.” Mu kigiriki imvugo “mwene” irashobora kandi gusobanura “umukwe wa.” Akarorero ni ibivugwa muri Luka 3:27, aho Sheyalutiyeli umuhungu wa Yekoniya, avugwa ko yari “mwene Neri.” (1 Ngoma 3:17; Matayo 1:12) Sheyalutiyeli ashobora kuba yari yatwaye umukobwa wa Neri atavugwa izina akaba rero yari umukwe wiwe. Muri ubwo buryo nyene Yozefu yari “mwene” Heli, kuko yari yatwaye umukobwa wiwe Mariya. Rero Luka yariko adondora amamuko ya Yezu ku ruhande rwa nyina Mariya. (Abaroma 1:3) Bibiliya iratanga amakuru ngirakamaro y’abo Yezu yakomotseko ku bavyeyi bompi.

Ni ubwoko ubuhe bw’ibitambara n’amabara vyaboneka mu bihe vya Bibiliya?

Igitambara co mu bwoya bw’intama gisize amabara catowe mw’isenga hafi y’ikiyaga c’umunyu. Ni ic’imbere y’umwaka wa 135

Mu bihugu vy’Abarabu, ubwoya bw’intama bwarakoreshwa cane mu guhingura ibitambara, cokimwe n’ubwoya bw’impene n’ubw’ingamiya. Vyinshi vyakorwa mu bwoya bw’intama kandi Bibiliya iravuga kenshi ibijanye n’intama, gukemura ari kwo kuzimwa, n’impuzu zo mu bwoya bw’intama. (1 Samweli 25:2; 2 Abami 3:⁠4; Yobu 31:​20) Mu Misiri no muri Isirayeli barahingura ilino. (Itanguriro 41:​42; Yosuwa 2:6) Birashoboka ko muri Isirayeli batarima ipampa ariko Bibiliya iravuga ko ryakoreshwa mu Buperesi. (Esiteri 1:​6) Ibitambara vy’iharire vyari bizimvye cane. Birashoboka ko vyazanwa gusa n’abadandaza babikuye mu bihugu vya kure.​—⁠Ivyahishuwe 18:​11, 12.

Igitabu kimwe kivuga ivyo mu gihe ca Yezu, kigira giti: “Ubwoya bw’intama bwaba bufise amabara atandukanye.” N’ikindi kandi barabusiga amabara. Ibara rizimvye ry’umuyugubwe ryakurwa mu bwoko bumwebumwe bw’ibifyera. Ibiterwa bitandukanye, imizi, amababi n’udukoko na vyo nyene vyarakoreshwa mu guhingura amabara atukura, ay’umuhondo, ay’ubururu n’ayirabura.