Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Urupfu rwa Yezu rutumariye iki?

Urupfu rwa Yezu rutumariye iki?

‘Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe [Adamu] urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro.’​—Abaroma 5:12

Wokwishura iki hamwe bokubaza ngo “Woba wipfuza kubaho ibihe bidahera?” Abantu nka bose bovuga ko bavyipfuza, uretse gusa ko bidashoboka. Bavuga ko twese tuzopfa ata n’umwe azorusimba.

Ubu na ho, dufate ko bakubajije ngo “Woba ushaka gupfa?” Abantu nka bose bovyamirira kure. None ivyo vyerekana iki? Naho twoba turi mu ngorane, twese turipfuza kubaho. Bibiliya yerekana ko Imana yaremanye abantu icipfuzo co kubaho. Ivuga ko ‘yashize mu mutima wabo’ icipfuzo co kubaho “igihe kitagira urugero.”​—Umusiguzi 3:11.

Ariko rero, tuvugishije ukuri abantu ntibabaho ibihe bidahera. None habaye iki? Vyongeye, hoba hari ico Imana yakoze kugira isubize ibintu mu buryo? Inyishu Bibiliya itanga ziraremesha kandi zirerekana igituma Yezu yababajwe yongera arapfa.

NI IGIKI CABAYE?

Ibigabane bitatu vya mbere vyo mu gitabu c’Itanguriro bivuga ko Imana yahaye umugabo n’umugore ba mbere ari bo Adamu na Eva icizigiro co kuronka ubuzima budahera. Yarababwiye n’ico bategerezwa gukora kugira baze baburonke. Iyo nkuru ica yerekana ingene bagambarariye Imana bongera baratakaza ico cizigiro. Iyo nkuru yanditswe mu buryo bworoshe cane ku buryo hari abavuga ko ari ibitito. Ariko igitabu c’Itanguriro, cokimwe n’Injili, kirimwo ibimenyamenya vyerekana ko ibivugwamwo vyabaye koko. *

Ukugambarara kwa Adamu kwavuyemwo iki? Bibiliya yishura iti: ‘Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe [Adamu] urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rukwira ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.’ (Abaroma 5:12) Adamu yaracumuye mu kugambararira Imana. Yaratakaje icizigiro co kuronka ubuzima budahera yongera arapfa. Kubera ko twamukomotseko yaraturaze igicumuro. Ni co gituma turwara, tugasaza tukongera tugapfa. Ivyo birumvikana kuko no mu buzima busanzwe umuntu arashobora gutwara akoko k’umuvyeyi wiwe. None hoba hari ico Imana yakoze kugira isubize ibintu mu buryo?

INGENE IMANA YATUROKOYE

Imana yaragize ico ikoze kugira uruvyaro rwa Adamu rusubire kuronka ico we yatakaje, ni ukuvuga ubuzima budahera. None ivyo Imana yabigenjeje gute?

Mu Baroma 6:23 havuga ko “impembo igicumuro gitanga ari urupfu.” Duca tubona ko urupfu ari ingaruka y’icaha. Adamu yapfuye kubera ko yacumuye. Na twebwe dupfa kubera igicumuro. Ariko tugwa mu mporero kubera ko atari twebwe twakoze ico caha. Rero Imana ibigiranye urukundo yararungitse Umwana wayo Yezu ngo adutangire incungu. None incungu ikora gute?

Urupfu rwa Yezu rutuma tugira icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera duhimbawe

Ukugambarara kw’umuntu atunganye ari we Adamu kwaradukwegeye igicumuro n’urupfu. Ukugamburuka mbere no gushika ku rupfu kw’umuntu atunganye ni kwo kwari kudukurako izo ngorane. Mu kubisigura Bibiliya igira iti: “Nk’uko benshi bagizwe abacumuzi bivuye ku bugambarazi bw’umuntu umwe, ni na ko benshi bazogirwa abagororotsi bivuye ku bugamburutsi bwa wa muntu umwe.” (Abaroma 5:19) Uwo “muntu umwe” ni Yezu. Yaravuye mw’ijuru, avukira kw’isi ari umuntu atunganye *, maze arapfa ku bwacu. Ivyo bituma dushobora kubonwa ko tubereye imbere y’Imana, tukagira n’icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera.

IGITUMA YEZU YABABAJWE YONGERA ARAPFA

None vyoba vyari ngombwa ko Yezu arinda gupfa kugira ducungurwe? Ko Imana ari Mushoboravyose, ntiyari gusa gutanga itegeko ry’uko abakomoka kuri Adamu bose babaho ibihe bidahera? Emwe, yari ibishoboye. Ariko yari kuba yivuguruje ku bijanye n’ivyo yavuze ko ingero y’icaha ari urupfu. Iryo tegeko na ryo rikaba ridapfa guhindurwa uko ari ko kwose kuko ari ryo shimikiro ry’ubutungane nyakuri.​—Zaburi 37:28.

Kurihindura vyotumye abantu bibaza nimba itohinduye n’ayandi mategeko yashinze. Nk’akarorero, ubwo nta bo yorenganije mu gushinga ababereye kuronka ubuzima budahera mu ruvyaro rwa Adamu? Ubwo twokwizigiye ko izoshitsa ivyo yasezeranye? Kubona Imana yarumiye ku butungane igihe yategekanya ukurokoka kwacu biratwemeza ko izokwama ikora ibigororotse.

Biciye ku ncungu ya Yezu, Imana yaraturonkeje akaryo ko kuzobaho ibihe bidahera mw’isi y’Iparadizo. Muri Yohani 3:16 Yezu yavuze ati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” Urupfu rwa Yezu si ikimenyetso gusa c’ubutungane butagira agahaze bw’Imana, ahubwo ni ikitwereka ko ikunda cane abantu.

Ariko none, kubera iki Yezu yarinze kubabazwa no kwicwa bunyamaswa nk’uko bivugwa mu Njili? Shetani yari yaravuze ko abantu bohemukiye Imana igihe bashikiwe n’ibigeragezo. Kuba rero Yezu yagumye ari intahemuka mu kigeragezo kiruta ibindi vyose, vyarabeshuje rimwe rizima ivyo binyoma vya Shetani. (Yobu 2:4, 5) Igihe Adamu yahendwa agacumura, wamenga ivyo Shetani yavuze ni vyo. Ariko Yezu, uwari ameze neza na neza nka Adamu, yagumye ari intahemuka no mu mibabaro ikomeye. (1 Abakorinto 15:45) Muri ubwo buryo, yarerekanye ko na Adamu iyo ashaka yari kugamburukira Imana. Yezu yarihanganiye imibabaro, aba adusigiye akarorero twokwigana. (1 Petero 2:21) Kubera ko Yezu yagamburutse ata gahaze, Imana yamuhaye impera y’ubuzima budapfa mw’ijuru.

INGENE WOVYUNGUKIRAKO

Urupfu rwa Yezu vy’ukuri rwarabaye. Turafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera. Woba wipfuza kubaho ibihe bidahera? Yezu yarerekanye ibisabwa igihe yavuga ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”​—Yohani 17:3.

Abasohora iki kinyamakuru bakuremesheje kwiga ibindi vyerekeye Yehova Imana y’ukuri n’Umwana wiwe Yezu Kristu. Ivyabona vya Yehova b’aho iwanyu bazohimbarwa no kubigufashamwo. Urashobora kandi kuronka amakuru ngirakamaro kuri www.pr418.com.

^ ing. 8 Raba ikiganiro kivuga ngo “Itongo ry’i Edeni ryoba ryarabayeho koko?” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2011, urupapuro rwa 4.

^ ing. 13 Imana yarimuriye ubuzima bw’Umwana wayo mu nda ya Mariya, kandi impwemu nyeranda yayo yaramukingiye bituma ataragwa agasembwa ka Mariya.​—Luka 1:31, 35.