Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Iyikuburiye ntikurya!

Iyikuburiye ntikurya!

KU WA 26 Kigarama 2004, harabaye nyamugigima ikomeye mw’izinga ryitwa Simeulue ryo muri Indoneziya. Abantu bose bari ku nkengera, baguma bitegereza ikiyaga. Amazi yariko aragabanuka bimwe bidasanzwe. Ubwo nyene baciye batangura kwiruka baja ku misozi bakoma induru bati: “Smong! Smong!” Mu rurimi rwabo iryo jambo risobanura tsunami. Haciye iminota 30, harabaye ibisebuzi bikomeye vyasambuye amazu nka yose.

Ico gisebuzi gikomeye catanguye gutera izinga rya Simeulue. Ariko mu bantu 78.000 baba kuri iryo zinga, 7 gusa ni bo cahitanye. Kubera iki ari bake cane ugereranije n’abo cahitanye ahandi? * Abantu bo kuri iryo zinga barakunze kuvuga bati: ‘Nihaba nyamugigima ikomeye, amazi yo mu kiyaga akagabanuka, uraca wirukira ku misozi, kuko kizoca gisebura.’ Bafatiye ku vyo bamaze kwibonera, ababa kuri iryo zinga baramenya ko hagira habe igisebuzi igihe hagize igihinduka kw’ibahari. Kwitwararika ico kimenyetso vyarabarokoye.

Bibiliya ivuga ko himirije kuba icago, akaba ari “amakuba akomeye atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, kandi atazokwongera kubaho.” (Matayo 24:21) Ntuzoba ari umuhero w’isi uzoterwa n’ibintu bititura ibidukikije bikorwa n’abantu canke icago c’icaduka, kuko umugambi w’Imana ari uko iyi si yamaho ibihe vyose. (Umusiguzi 1:4) Ahubwo Imana ni yo izotera ayo makuba yimirije kugira ‘ihonye abahonya isi.’ Rizoba ari iherezo ry’ububisha n’imibabaro yose. (Ivyahishuwe 11:18; Imigani 2:22) Ese ingene azoba ari umuhezagiro!

Vyongeye, uwo muhero ntuzohitana abantu ataco bazira nk’uko ibisebuzi, vya nyamugigima n’ibirunga bihora bibigira. Bibiliya ivuga ko “Imana ari urukundo.” Iyo Mana ari yo Yehova isezerana ko “abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (1 Yohani 4:8; Zaburi 37:29) None wokora iki kugira urokoke ayo makuba akomeye maze wironkere iyo mihezagiro? Ikizogufasha ni iki: kwumvira imburi!

NUBE MASO KU BINTU BIBA MURI KINO GIHE

Ntidushobora kumenya umusi n’isaha uwo muhero uzozirako kuko Yezu yavuze ati: “Ivy’uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa.” Naho ari ukwo, Yezu yaturemesheje ati: “Mugume muri maso.” (Matayo 24:36; 25:13) Twoba maso ku biki? Bibiliya iradondora uko ibintu vyobaye vyifashe kw’isi imbere y’uko Imana izana umuhero. Kurya nyene abantu b’i Simeulue baciye bamenya ko hagira hatere igisebuzi babonye amazi yo mw’ibahari agabanutse, na twebwe ibintu bidasanzwe biriko biraba kw’isi biratwereka ko iherezo riri hafi. Uruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro rurerekana ibintu bimwebimwe Bibiliya ivuga ko vyobaye.

Ni ivy’ukuri ko bimwebimwe muri vyo vyigeze kuba muri kahise mugabo ku rugero runaka. Ariko Yezu yavuze ko tubonye “ivyo bintu vyose,” twomenye ko iherezo ryegereje. (Matayo 24:33) Niwibaze uti: ‘Ni ryari ibi bintu vyose vyadondaguwe (1) vyabaye kw’isi yose, (2) bibera rimwe kandi (3) bigenda birunyuka?’ Biragaragara ko tubaye muri ico gihe nyene.

IKIMENYAMENYA C’URUKUNDO RW’IMANA

Uwahoze ari perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ati: “Ubuhinga bwo kuburira abantu burarokora.” Mu turere twaciyemwo ca gisebuzi haratunganijwe uburyo bwo kuburira abantu kugira ntihasubire gupfa benshi biramutse bisubiriye. Muri ubwo buryo nyene Imana yaratunganije ivy’uko hatangwa imburi imbere y’uko iherezo rishika. Bibiliya yari yaravuze iti: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”​—Matayo 24:14.

Mu mwaka uheze gusa, Ivyabona vya Yehova bamaze amasaha hafi imiliyaridi 2 bamamaza inkuru nziza mu bihugu 240 mu ndimi zirenga 700. Ico gikorwa kiriko kirarangurwa muri kino gihe ni ikimenyamenya gikomeye c’uko umuhero uri hafi. Babitumwe n’urukundo bakunda bagenzi babo, Ivyabona vya Yehova barakora uko bashoboye kwose mu kuburira abantu ko umusi w’Imana wo guca urubanza wegereje cane. (Matayo 22:39) Kuba ushobora kumenya ayo makuru ni ikimenyamenya c’uko Yehova agukunda. Ibuka ko ‘Imana idashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ishaka ko bose bashika ku kwigaya.’ (2 Petero 3:9) Woba uzokenguruka urukundo Imana igukunda maze ukumvira imburi?

HUNGIRA AHATAGIRA INKOMANZI!

Wibuke ko ababa mu bigwati vyari ku nkengera y’ibahari i Simeulue bakibona amazi agabanutse, baciye birukira ku misozi. Ntibarindiriye gushika amazi agarutse. Iyo ngingo bafashe yarabarokoye. Na twebwe kugira turokoke ya makuba yimirije, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, turakeneye guhungira ku misozi hatararengerana. Uti gute? Umuhanuzi Yesaya yaranditse ibijanye n’ubutumire bweza umutima bwotanzwe “mu kiringo ca nyuma c’imisi,” ari na co c’iki tubayemwo. Yavuze ati: ‘Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova azotwigisha inzira ziwe, natwe tuzogendera mu minyuro yiwe.’​—Yesaya 2:2, 3.

Kuja kw’isonga ry’umusozi vyatumye bashobora kubona neza ariko kandi birabakingira. Muri ubwo buryo nyene, kumenya impanuro Imana itanga muri Bibiliya, biriko birafasha abantu amamiliyoni kw’isi kugira amahinduka meza mu buzima bwabo. (2 Timoteyo 3:16, 17) Ivyo bituma batangura kugendera “mu minyuro yayo” maze bagatoneshwa n’Imana kandi bagakingirwa na yo.

Woba uzokwitaba ubwo butumire maze ugakingirwa n’Imana muri ibi bihe bigoye? Turagusavye usuzume witonze ibimenyamenya Bibiliya itanga biri mu ruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro vyerekana ko turi mu “misi ya nyuma.” Ivyabona vya Yehova bo mu karere iwanyu bazohimbarwa no kugufasha gutahura ibiri muri Bibiliya n’ingene wobishira mu ngiro. Canke urashobora kuronka inyishu z’ibibazo vyawe mu kuja kuri www.pr418.com. Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA.

^ ing. 3 Ico gisebuzi cabaye mu 2004 cahitanye abantu barenga 220.000. Ni kimwe mu bisebuzi vyahitanye abantu benshi kuruta ibindi kw’isi.