Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya ibivugako iki?

Shetani ni nde?

WOVUGA ko Shetani ari . . .

  • Umumarayika mubi?

  • Ikibi kiri mu muntu?

  • Ikintu abantu biyumviriye gusa?

ICO BIBILIYA IVUGA

Shetani yaraganiriye na Yezu yongera ‘aramugerageza.’ (Matayo 4:1-4) Uca wumva rero ko Shetani atari ikintu abantu biyumviriye gusa canke ikibi kiri mu muntu. Ni umumarayika mubi.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Mu ntango Shetani yari umumarayika mwiza, ariko “ntiyashikamye mu kuri.” (Yohani 8:44) Yahavuye aba umubeshi aca aragarariza Imana.

  • Hari abandi bamarayika bashigikiye ubugarariji bwa Shetani.​—Ivyahishuwe 12:9.

  • Shetani arahuma amaso abantu benshi kugira ntibamenye ko abaho.​—2 Abakorinto 4:4.

Shetani yoba ashobora kwigarurira abantu?

ABANTU BAMWE BABONA yuko kuvuga ko Shetani yifatira abantu ari ububeshi mu gihe abandi batinya cane kwizizirwa n’amadayimoni. Wewe ubivugako iki?

ICO BIBILIYA IVUGA

“Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yohani 5:19) Shetani arafise ububasha bukomeye ku bantu ariko ntashobora kwigarurira abantu bose.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Shetani arakoresha amayeri kugira ayovye abantu benshi.​—2 Abakorinto 11:14.

  • Amadayimoni arashobora kwizizira abantu.​—Matayo 12:22.

  • Ubifashijwemwo n’Imana urashobora ‘kurwanya Shetani.’​—Yakobo 4:7.