Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Yezu yari atandukaniye he n’abandi mu kuntu yafata abanyamibembe?

Aho ha mbere Abayuda baratinya indwara y’imibembe yo mu gihe cabo. Iyo ndwara iteye ubwoba yarashobora gutera udusunwa tw’udutsi nsozabwenge tw’uwuyirwaye bigatuma twononekara ubutakivayo n’isura yiwe igahinduka. Iyo ndwara ntiyavurwa. Abayirwaye bashirwa ukwa bonyene kandi bategerezwa kumenyesha abandi ko bayirwaye.​—Abalewi 13:45, 46.

Indongozi z’idini ry’Abayuda zarashingiye abarwaye imibembe amategeko arenze ku yo Imana yatanze, ivyo bikaba vyarongereza amaganya yabo. Nk’akarorero, amategeko y’abigisha b’Abayuda bitwa abarabi yavuga ko umuntu akwiye gusigaza n’imiburiburi amatambwe 4 (nk’imetero 2) hagati yiwe n’umunyamibembe. Ariko igihe haba hari umuyaga, yategerezwa gusigaza n’imiburiburi amatambwe 100 (nk’imetero 45). Itegeko Imana yatanze ry’uko abarwaye imibembe baba “hanze y’ikambi,” hari abahinga mu vy’amategeko y’Abayuda bavuze ko risobanura yuko abanyamibembe badakwiye kuba mu bisagara bikingijwe ibihome. Ni co gituma umurabi umwe abonye umunyamibembe mu gisagara yaca amutera amabuye akamubwira ati: “Va ng’aha usubire iwawe ureke guhumanya abantu.”

Yezu we si ukwo yafata abanyamibembe! Aho kubahinda yarabakorako abikunze akanabakiza.​—Matayo 8:3.

Indongozi z’idini ry’Abayuda zemerera umuntu kwahukana ku mvo izihe?

Icete c’ukwahukana co mu 71-72 inyuma ya Kristu

Kwahukana ni ikibazo catera ibihari mu ndongozi z’idini mu kinjana ca mbere. Ni co gituma umusi umwe Abafarizayo bagerageje gutega Yezu mu kumubaza bati: “Vyoba vyemewe ko umugabo yirukana umugore wiwe ku mvo iyo ari yo yose?”​—Matayo 19:3.

Itegeko rya Musa ryavuga ko umugabo ashobora kwahukana n’umugore wiwe igihe yaba “yamubonyeko ikintu kitabereye.” (Gusubira mu vyagezwe 24:1) Mu gihe ca Yezu, iryo tegeko abarabi bamwe barisigura uku abandi kuriya. Abarabi bo mu mugwi witwa Shamayi basigura amategeko mu buryo bwitondewe. Bo babona ko imvo imwe rudende yotuma umugabo yahukana n’umugore wiwe ari “ukurenga ibigo.” Abo mu mugwi witwa Hileli bobo bavuga ko umugabo yemerewe kwahukana n’umugore wiwe igihe hari ikintu ico ari cose bapfuye naho coba ari gitoyi. Nk’akarorero, babona ko umugabo ashobora kwahukana n’umugore wiwe amuhoye gusa kuba atatetse neza canke yabonye uwundi mugore mwiza kumuruta.

None Yezu yishuye gute Abafarizayo? Yabatomoreye ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi akarongora uwundi, aba arenze ibigo.”​—Matayo 19:6, 9.