Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | NI HEHE WOKURA URUHOZA?

Ingene imana itanga uruhoza

Ingene imana itanga uruhoza

Intumwa Paulo yavuze ko Yehova * ari “Imana y’uruhoza rwose, iyiduhoza mu makuba yacu yose.” (2 Abakorinto 1:3, 4) Gutyo rero, Bibiliya iradukura amazinda yuko ata n’umwe Imana idashobora gufasha be n’uko ata ngorane n’imwe irengeye uruhoza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru atanga.

Ariko nimba twipfuza kuronka uruhoza Imana itanga, dutegerezwa kugira ico dukoze. None umuganga yodufasha gute tutigeze tuja kubonana na we? Ni co gituma Ivyanditswe biduhimiriza biti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”​—Yakobo 4:8.

Ni ibiki none bidukura amazinda ko Imana izotwiyegereza? Ica mbere, Imana iratubwira incuro nyinshi ko yipfuza kudufasha. (Raba  uruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro.) Ica kabiri, turafise ibimenyamenya ntaharirizwa vy’abantu bahojejwe n’Imana, haba muri iki gihe canke muri kahise.

Umwami Dawidi yari azi ico ari co ingorane, cokimwe n’abantu benshi barondera guhozwa n’Imana muri kino gihe. Igihe kimwe yatakambiye Yehova ati: “Niwumve ijwi ry’amajambo y’ukwinginga kwanje igihe ngutabaza.” None Imana yaramwishuye? Cane nyene! Dawidi yavuze ati: “Naratabawe, ku buryo umutima wanje wigina.”​—Zaburi 28:2, 7.

URUHARA RWA YEZU MU GUHOZA ABARI MU MUBABARO BOSE

Imana yarajeje Yezu uruhara rudasanzwe mu bijanye no guhumuriza abantu. Kimwe mu vyo Imana yashinze Yezu kwari “ugutubika abavunitse umutima” no “guhoza abagandaye bose.” (Yesaya 61:1, 2) Nk’uko vyari vyaravuzwe, Yezu yaritaho cane “abacumukura n’abaremerewe.”​—Matayo 11:28-30.

Yezu yarahumurije abantu mu kubaha impanuro nziza, mu kubafata mu buryo buranga ikibabarwe, mbere no mu kubakiza indwara mu bihe bimwebimwe. Igihe kimwe, hari umunyamibembe yinginze Yezu ati: “Ubishatse gusa, urashobora kumpumanura.” Yezu abitumwe n’ikigongwe, yaciye amubwira ati: “Ndabishaka. Humanuka.” (Mariko 1:40, 41) Uwo munyamibembe yaciye akira.

Naho Umwana w’Imana atakiri kw’isi kugira ngo aduhumurize imbonankubone, Se wiwe Yehova, ya “Mana y’uruhoza rwose,” arabandanya guhumuriza ababikeneye. (2 Abakorinto 1:3) Rimbura ibintu bine nyamukuru Imana ikoresha mu guhumuriza abantu.

  • Bibiliya. “Ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.”​—Abaroma 15:4.

  • Impwemu nyeranda y’Imana. Gatoyi inyuma y’urupfu rwa Yezu, ishengero ry’abakirisu ryose ryarinjiye mu kiringo c’amahoro. Uti kubera iki? Kubera ko “ryagendera mu gutinya Yehova no mu ruhoza rw’impwemu nyeranda.” (Ivyakozwe 9:31) Impwemu nyeranda, ari yo nguvu Imana ikoresha, irakomeye cane. Imana irashobora kuyikoresha mu guhoza umuntu uwo ari we wese, naho yoba afise ingorane imeze gute.

  • Isengesho. Bibiliya iduhanura iti: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe.” Ica yongerako iti: “Ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.”​—Abafilipi 4:6, 7.

  • Abo dusangiye ukwemera barashobora kutubera abagenzi nyakuri twitura mu gihe c’amagorwa kugira baduhoze. Intumwa Paulo yavuze ko abo bari basangiye ukwemera bamubereye “imfashanyo ikomeza” mu bihe vy’‘ingorane n’amakuba.’​—Abakolosayi 4:11; 1 Abatesalonika 3:7.

Mugabo none, ivyo bintu vyose neza na neza biduhumuriza gute? Reka turabe twitonze ivyashikiye abantu bahuye na za ngorane twavuga mu ntango. Cokimwe na bo, twoshobora kubona ko Imana ikibandanya gushitsa uwu muhango ukora ku mutima ugira uti: “Kurya kw’umuntu aguma ahozwa na nyina wiwe, ni ko namwe nzoguma ndabahoza.”​—Yesaya 66:13.

^ ing. 3 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.