Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | NI HEHE WOKURA URUHOZA?

Uruhoza mu bihe vy’ingorane

Uruhoza mu bihe vy’ingorane

Ingorane ziza mu buryo bwinshi. Muri iki kiganiro, ntidushobora guca irya n’ino ingorane z’ubwoko bwose. Ariko rero, reka dusuzume twitonze bwa burorero bune twavuga mu ntango. Uraza kubona ingene Imana yahaye uruhoza nyakuri abantu bashikiwe n’ingorane zitandukanye.

IGIHE C’UBUSHOMERI

“Narize kutinenaguza akazi, kandi twarahagaritse kugura ibintu vyose bidakenewe.”​—Jonathan

Seth * avuga ati: “Twe n’umugore wanje batwirukaniye rimwe mu kazi.” Twamaze imyaka ibiri dutunzwe n’ivyo twahabwa n’abo mu muryango be no kuza turisumamwo. Ivyo vyatumye umugore wanje Priscilla arwara akabonge, nanje nsigara numva umengo nta co maze.

“Uti none twavyifashemwo gute? Priscilla yagumye yibuka amajambo Yezu yavuze muri Matayo 6:34. Yezu yavuze ko tudakwiye kwiganyira ku vy’ejo, kuko buri musi ufise amaganya yawo. Vyongeye, amasengesho yatura abikuye ku mutima, yatumye aronka inkomezi zo kwihangana. Jewe nanje, narahumurijwe cane n’ibivugwa muri Zaburi 55:22. Nk’uko uwanditse iyo zaburi abivuga, naratereye umuzigo wanje kuri Yehova, kandi narabonye ko yanshigikiye. Naho ubu mfise akazi, tuguma tworoheje ubuzima, nk’uko Yezu abiduhanura muri Matayo 6:20-22. Ikiruta vyose, twararushirije kwiyegereza Imana no kwiyegerezanya ubwacu.”

Uwitwa Jonathan avuga ati: “Igihe urudandaza rwacu rwahomba, sinabona ingene twobayeho. Ingorane zadutse mu vy’ubutunzi, zatumye imyaka 20 twari tumaze dukora cane iba impfagusa. Twe n’umugore wanje twaciye dutangura kutumvikana ku bijanye n’amahera.” Jonathan avuga ko batashobora no gusaba ideni, kuko batinya ko batoribaha.

Abandanya ati: “Ariko Ijambo ry’Imana be n’Impwemu yayo vyaradufashije gufata ingingo nziza. Narize kutinenaguza akazi, kandi twarahagaritse kugura ibintu vyose bidakenewe. Vyongeye, Ivyabona vya Yehova bagenzi bacu baradushigikiye. Baratumye dusubira kwumva ko turi n’ico tumaze kandi igihe twaba twaburaniwe barahaseruka.”

IGIHE UMUBANO USAMBUTSE

Umwe Raquel avuga ati: “Igihe umugabo wanje yanta ntari ndavyiteze, narababaye cane ndagira n’ishavu ryinshi. Mu nyuma, intuntu yarahatswe kunyica. Ariko nariyegereje Imana, kandi yarampumurije. Uko nasenga buri musi, ni ko numva amahoro y’Imana mu mutima. Naca numva umengo ihejeje kwegeranya umutima wanje wari wamenetse.

“Vyongeye, Ijambo ryayo Bibiliya ryaratumye ntsinda ishavu n’inzigo. Narashize ku mutima amajambo intumwa Paulo yavuze mu Baroma 12:21, ati: ‘Ntureke ngo utsindwe n’ikibi, ahubwo ugume utsinda ikibi ukoresheje iciza.’

“Mu buzima hariho igihe co ‘guheba.’ . . . Ubu narishingiye imigambi mishasha.”​—Raquel

“Hari umugenzi yamfashije kubona ko ntakwiye kugumiza ubwenge ku vyabaye. Yaransomeye Umusiguzi 3:6, maze abigiranye umutima mwiza, aca ambwira ko mu buzima hariho igihe co ‘guheba.’ Naho iyo mpanuro yari ikomeye, ni yo nyene nari nkeneye. Ubu narishingiye imigambi mishasha.”

Uwitwa Elizabeth avuga ati: “Iyo uvanye n’uwo mwubakanye, uba ukeneye uwukuba hafi. Nari mfise umugenzi somambike yambaye hafi buri musi. Yaramfasha kurira, akampoza, kandi yaratumye numva ko nkundwa aho kuba intabwa. Ndabona neza ko Yehova yamukoresheje mu kunkiza ibikomere nari mfise ku mutima.”

IGIHE C’INDWARA CANKE C’UBUSAZA

“Iyo mpejeje gusenga Imana, nca numva ko impwemu yayo indonkeje inkomezi.”​—Luis

Umwe Luis twavuga mu kiganiro ca mbere, arafise indwara y’umutima ikomeye, kandi amaze guhakwa gupfa incuro zibiri. Buri musi amara amasaha 16 mu vyuma bimufasha guhema. Avuga ati: “Ndasenga Yehova ntahengeshanya. Iyo mpejeje gusenga, nca numva ko impwemu yiwe indonkeje inkomezi. Gusenga biratuma ndonka intege zo kuguma nihangana, kubera ko ndamwizigira kandi nkaba nzi ko anyitwararika.”

Umutama w’imyaka irenga 80 yitwa Petra, avuga ati: “Hari ibintu vyinshi nipfuza gukora, ariko bikanka. Ntiworaba ingene mbabazwa no kubona inguvu ziyonga numva. Nta gatege nkigira, kandi nsigaye ntunzwe n’imiti gusa. Akenshi ndibuka ingene Yezu yasavye Se wiwe ngo nimba bishoboka, amukize ingorane yari imuhanze. Aho kuyimukiza yamuhaye inkomezi, kandi na jewe arazimpa. Isengesho ni ryo rimpa agahengwe buri musi. Iyo mpejeje gusenga, nca numva ka mitende.”​—Matayo 26:39.

Umwe Julian na we nyene yiyumva gutyo. Ubu amaze imyaka nka 30 arwaye indwara ifatira mu bwonko (sclérose en plaques). Avuga ati: “Navuye ku ntebe yo mu biro, nja ku ntebe y’ibimuga. Ariko rero, ndumva ko ngifise ico maze kuko mbayeho nkora ivyungura abandi. Gutanga birashobora kuturemurura imibabaro, kandi Yehova aguma ashitsa isezerano ryiwe mu kudukomeza igihe bikenewe. Vy’ukuri, ndashobora kuvuga nk’intumwa Paulo nti: ‘Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.’”​—Abafilipi 4:13.

IGIHE WABUZE UWAWE

Uwitwa Antonio avuga ati: “Igihe dawe yahitanwa n’isanganya ry’umuduga, sinavyumva. Sinabona ingene imodoka yogonga umuntu yariko yigira n’amaguru. Ariko rero, akaba kari kabaye. Yagiye gucikana amaze imisi itanu muri koma. Hari ukuntu niyumanganije ndi kumwe na mawe, mugabo igihe nari jenyene, naciye nturikisha ndarira. Naguma nibaza nti: ‘Ibi ni ibiki ga yemwe?’

“Muri iyo misi itoroshe, naguma nsaba Yehova ngo ampe kwigumya no gutekana mu mutima. Kandi buhorobuhoro nagiye ndatekana. Naributse ko Bibiliya ivuga yuko ‘ibishika giturumbuka’ bishobora kudushikira twese. Kubera ko Imana idashobora kubesha, ndizigiye yuko nzosubira kubona dawe niyazuka.”​—Umusiguzi 9:11; Yohani 11:25; Tito 1:2.

“Naho umuhungu wacu yahitanywe n’isanganya ry’indege, turacibuka ibihe vyiza twamaranye na we.”​—Robert

Umwe Robert twavuga mu kiganiro ca mbere, na we nyene ni ko vyamugendeye. Avuga ati: “Jewe n’umukenyezi wanje, twarironkeye ya mahoro yo mu mutima avugwa mu Bafilipi 4:6, 7, biciye ku masengesho twatura Yehova. Ayo mahoro yatumye dushobora gusigurira abamenyeshamakuru ibijanye n’icizigiro dufise c’izuka. Naho umuhungu wacu yahitanywe n’isanganya ry’indege, turacibuka ibihe vyiza twamaranye na we. Ni vyo tugerageza kugumizako ubwenge.

“Igihe Ivyabona bagenzi bacu batubwira ko batubonye kuri televiziyo turiko turasigura ibijanye n’ukwemera kwacu duturuye, twababwiye ko vyashobotse kubera amasengesho menshimenshi bagumye batura ku bwacu. Ndemera ntakeka ko Yehova yariko araturemesha abicishije ku butumwa bwabo injojo bwo kuduhoza.”

Nk’uko ubwo burorero buvyerekana, Imana iraronsa uruhoza abantu bugarijwe n’ingorane zitandukanye. Weho bite? Naho woba wugarijwe n’ingorane zimeze gute, urashobora kuronka uruhoza rugufasha muri ivyo bihe bitoroshe. * Urakira gusa kwitura Yehova. Ni “Imana y’uruhoza rwose.”​—2 Abakorinto 1:3.

^ ing. 5 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 23 Nimba wipfuza uwogufasha kwiyegereza Imana no kuronka uruhoza, turakwinginze witure Ivyabona vya Yehova bo mu karere iwanyu canke wandikire ibiro vyabo bikwegereye.