Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya ibivugako iki?

Ubwami bw’Imana ni iki?

ABANTU BAMWE BAVUGA ko ari ububasha bw’Imana buganza mu mutima w’umuntu. Abandi biyumvira ko ari ikintu kizova mu twigoro abantu bagira kugira ngo batume isi irangwamwo amahoro n’umwumvikano. Weho ubivugako iki?

ICO BIBILIYA IVUGA

“Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. . . . Buzojanjagura ubwo bwami bwose [bw’abantu] bubuherengeteze.” (Daniyeli 2:44) Ubwami bw’Imana rero ni intwaro ibaho koko.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Ubwami bw’Imana buganza buri mw’ijuru.​—Matayo 10:7; Luka 10:9.

  • Imana irakoresha ubwo Bwami kugira ngo ivyo igomba bikorwe mw’ijuru no kw’isi.​—Matayo 6:10.

Ubwami bw’Imana buzoza ryari?

WOKWISHURA GUTE?

  • Nta wubizi

  • Vuba

  • Nta buzoza

ICO BIBILIYA IVUGA

“Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Matayo 24:14) Iyo nkuru nziza niyamara kwamamazwa bimwe bishitse, ubwo Bwami buzoca buza gukuraho iyi si mbi.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Nta n’umwe kw’isi azi neza na neza igihe Ubwami bw’Imana buzozira.​—Matayo 24:36.

  • Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burerekana ko Ubwami bw’Imana bugiye kuza vuba.​—Matayo 24:3, 7, 12.