Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nutunganye ingorane mu rukundo

Nutunganye ingorane mu rukundo

“Mugumane amahoro hagati yanyu.”​—MRK. 9:50.

INDIRIMBO: 39, 77

1, 2. Ni amatati ayahe abantu bagiraniye avugwa mw’​Itanguriro, kandi kuyarimbura bidufasha gute?

WOBA urigera uzirikana ku matati abantu bavugwa muri Bibiliya bagiraniye? Rimbura ayavugwa mu bigabane bikeyi gusa vya mbere vy’igitabu c’Itanguriro. Kayini yarishe Abeli (Ita. 4:3-8); Lameki yarishe umusore umwe kuko yamukubise (Ita. 4:23); abungere ba Aburahamu baratonganye n’aba Loti (Ita. 13:5-7); Hagari yarasuzuguye Sara, na we aca ashavurira Aburahamu (Ita. 16:3-6); Ishimayeli yararwanije bose, na we arwanywa n’ukuboko kwa bose.​—Ita. 16:12.

2 Kubera iki none Bibiliya ivuga ibijanye n’ayo matati? Kimwe coco, ni ukugira ngo ifashe abantu badatunganye kubona igituma bakeneye kuguma bafitaniye amahoro. Iranatwereka ingene twobigira. Iyo dusomye muri Bibiliya inkuru zerekeye abantu bashikiwe n’ingorane, turagira ico tuhungukiye. Turagira ivyo twigiye ku twigoro bagize, maze ivyo vyigwa tukavyikorako mu bintu bimwebimwe bidushikira mu buzima. Egome, ivyo vyose biradufasha kubona ico twokora n’ico tutokora igihe turi mu ngorane zisa n’izo.​—Rom. 15:4.

3. Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro turihweza igituma abasavyi ba Yehova bakwiye gutunganya ingorane, n’ingene bobigira mu buryo bwiza. Vyongeye, turabona ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zobafasha gutorera umuti amatati maze bakaguma bafitaniye ubucuti bwiza n’abandi hamwe na Yehova Imana.

IGITUMA ABASAVYI B’IMANA BAKWIYE GUTUNGANYA INGORANE

4. Ni agatima akahe kiraye mw’isi, kandi gatuma haba iki?

4 Shetani ni we nyanduruko y’amatati n’ukutumvikana birangwa mu bantu. Muri Edeni, yavuze ko ata wukwiye kwisunga Imana mu guhitamwo ikibereye n’ikitabereye. (Ita. 3:1-5) Ingaruka ivyo vyakweze nta wutazibona. Isi yuzuye abantu barangwa n’agatima ko kwigenga gatuma bibona, bikunda bakongera bagakēbana. Umuntu wese yemera gutwarwa n’ako gatima, ni nk’aho aba yemeye iciyumviro ca Shetani c’uko bibereye ko umuntu arondera inyungu ziwe bwite, ataravye ingaruka vyogira ku bandi. Ubwikunzi nk’ubwo butuma haba amatati. Turakwiye rero kwibuka yuko “umuntu akaza ishavu avyura amahane, kandi [ko] uwo wese akunda gushangashirwa agira ibigabitanyo vyinshi.”​—Imig. 29:22.

5. Yezu yigishije gute abantu gutunganya amatati?

5 Yezu wewe yigishije abantu kurondera amahoro, n’igihe nyene kubigira vyoba bisa n’uko bibagirira nabi. Muri ya Nsiguro yashikiriza ku Musozi, Yezu yaratanze impanuro nziza cane ku bijanye no gutorera umuti amatati ashobora kwaduka. Nk’akarorero, yahimirije abigishwa biwe kuba abitonda, kuba indemeshamahoro, kwirinda ibishobora kuvyura ishavu, gutorera umuti ingorane badatebaganye no gukunda abansi babo.​—Mat. 5:5, 9, 22, 25, 44.

6, 7. (a) Kubera iki bihambaye ko dutorera umuti tudatebaganye ingorane dufitaniye n’abandi? (b) Ni ibibazo ibihe abasavyi ba Yehova bose bakwiye kwibaza?

6 Utwigoro tugira mu gutura amasengesho, mu kwitaba amakoraniro, mu kugira uruhara mu ndimiro no mu yindi mice igize ugusenga kwacu, nta co twomara mu gihe twokwanka kugiranira amahoro n’abandi. (Mrk. 11:25) Ntidushobora kuba abagenzi b’Imana mu gihe tutobabarira abandi tubikuye ku mutima.​—Soma Luka 11:4; Abanyefeso 4:32.

7 Umukirisu wese arakwiye kuzirikana yitonze kandi atihenda ku bijanye n’ingene yobabarira abandi be n’ingene yogiranira na bo amahoro. Woba ubabarira ata gahigihigi abo musangiye ukwemera? Woba uhimbarwa no kwifatanya na bo? Yehova yiteze ko abasavyi biwe bababarira abandi. Nimba ijwi ryawe ryo mu mutima rikubwiye ko hari ivyo ukwiye kuryohora muri uwo muce, nusabe Yehova agufashe kubigira! Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru azokwumva amasengesho mwene ayo tumutura twicishije bugufi yongere ayishure.​—1 Yoh. 5:14, 15.

WOBA WOKWIRENGAGIZA ICAKUBABAJE?

8, 9. Dukwiye gukora iki hagize uwutubabaza?

8 Kubera ko abantu bose badatunganye, bitebe bitebuke bizoshika hagire uwuvuga canke uwukora ikintu kikubabaza. Ivyo ni ukuvyitega. (Umus. 7:20; Mat. 18:7) None uzovyifatamwo gute? Rimbura iki kintu cabaye: Hari Ivyabona bari bahuriye hamwe kugira baryoherwe maze mushiki wacu umwe araza, aramutsa abavukanyi babiri. Umwe muri abo bavukanyi ntiyaryohewe n’uburyo abaramukije kuko yabona ko butabereye. Igihe abo bavukanyi babiri bari ukwa bonyene, yaciye atangura kunegura ivyo uwo mushiki wacu yari yavuze. Ariko mugenziwe yaramwibukije ko uwo mushiki wacu yari amaze imyaka 40 akorera Yehova adahemuka kandi atorohewe, ko rero ivyo yavuze ata mutima mubi yabivuganye. Wa muvukanyi amaze kubizirikanako gatoyi, yaciye asubizayo ati: “Ivyo uvuze ni vyo.” Ivy’iyo ngorane vyaciye bigarukira aho.

9 None ivyo vyerekana iki? Igihe habaye ikintu cotuma ubabara, ni we wihitiramwo ingene uvyifatamwo. Umuntu akunda abandi arirengagiza udukosa twabo. (Soma Imigani 10:12; 1 Petero 4:8.) Iyo ‘wirengagije ikigabitanyo,’ Yehova abona ko ari “ubwiza” kuri wewe. (Imig. 19:11; Umus. 7:9) Igihe rero umuntu agufashe mu buryo ubona ko butabereye canke butaranga icubahiro, nubanze wibaze uti: ‘Noba nshobora kuvyirengagiza? Noba koko nkwiye kubigira birebire?’

10. (a) Igihe mushiki wacu umwe yumva amajambo yo kumunegura, yabanje kuvyakira gute? (b) Ni icanditswe ikihe camufashije kuguma atekanye?

10 Igihe bakuvuze nabi, kuvyihanganira birashobora kuba urugamba. Dufate akarorero k’umutsimvyi umwe twise Lucy. Hari abigeze kunegura ukuntu yamamaza be n’ukuntu akoresha umwanya. Vyaramubabaje, aca aja gusaba impanuro abavukanyi bahumuye. Yigana ati: “Impanuro bampaye zishingiye ku Vyanditswe zaramfashije kudashira umutima ku vyo abandi bavuga maze nkagumiza mu bwenge Yehova, kuko ari we ahambaye kuruta.” Lucy yararemeshejwe no gusoma Matayo 6:1-4. (Soma.) Ico canditswe caramwibukije ko ico akwiye gushira imbere ari ukunezereza Yehova. Avuga ati: “N’igihe nyene abandi baneguye ivyo nkora, ngumana umunezero kubera nzi yuko mba ndiko nkora uko nshoboye ngo nshimwe na Yehova.” Lucy amaze gutahura ico kintu, yaciye ahitamwo kwirengagiza nya majambo yo kumunegura.

IGIHE ARI INGORANE UTOKWIRENGAGIZA

11, 12. (a) Igihe umukirisu abonye ko “hari ico apfa” na mugenzi we, akwiye gukora iki? (b) Twigira iki ku kuntu Aburahamu yatoreye umuti ingorane? (Raba ishusho itangura.)

11 “Twese dutsitara kenshi.” (Yak. 3:2) Dufate ko umenye yuko hari umuvukanyi yababajwe n’ivyo wavuze canke wakoze. None woca ukora iki? Yezu yavuze ati: “Nimba . . . uzanye ishikanwa ryawe ku gicaniro hanyuma ukahibukira ko mwene wanyu hari ico apfa nawe, nuce usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere ya nya gicaniro, hanyuma ugende; nubanze wikiranure na mwene wanyu, maze niwagaruka, ubone gushikana ishikanwa ryawe.” (Mat. 5:23, 24) Niwisunge impanuro ya Yezu, uganire n’umuvukanyi wawe. None wobigira ufise intumbero iyihe? Si ukugira ngo umwagirize, ariko ni ukugira ngo wemere uruhara wabigizemwo maze mwikiranure. Nta coza kiruta kubana amahoro n’abo dusangiye ukwemera.

12 Imwe mu nkuru zo muri Bibiliya zigana ukuntu abasavyi b’Imana batoreye umuti ingorane zari kubatandukanya, ni imwe twavuga mu ntango yerekeye Aburahamu n’umuhungwabo Loti. Abo bagabo bompi bari bafise ubusho, kandi abungere babo bariko baratata bapfa uburagiriro. Kubera ko Aburahamu yashaka amahoro, yararetse Loti aba ari we abanza guhitamwo aho yogerera n’umuryango wiwe. (Ita. 13:1, 2, 5-9) Mbega akarorero keza! Aburahamu yarondeye amahoro aho kurondera inyungu ziwe. Hari ico none yahomvye ngo ni uko yabigenjeje gutyo? Habe namba. Aburahamu akimara gutandukana na Loti, Yehova yaciye amusezeranira imihezagiro ikomeye. (Ita. 13:14-17) Iyo abasavyi b’Imana batunganije ingorane mu rukundo bisunze ingingo ngenderwako zayo, ntiyigera ireka kubashumbusha. [1]

13. Umucungezi umwe yakoze iki igihe yabwirwa amajambo ababaza, kandi akarorero kiwe katwigisha iki?

13 Ubu na ho rimbura ikintu cabaye muri kino gihe. Uwari aherutse kugenwa ngo abe umucungezi w’ihwaniro yaraterefonye umuvukanyi umwe amubaza nimba yokwitanga. Nya muvukanyi yaciye amubwira amajambo mabi hanyuma amukupirako telefone kuko yari agifitiye ishavu umucungezi yahahora. Uwo mucungezi mushasha ntiyashize umutima kuri ayo majambo, ariko kandi yabonye ko atovyirengagiza. Haciye isaha imwe, yarasubiye kumuterefona, amubwira ko batarigera babonana. Yaciye amusaba ko bohura kugira batunganye ico kibazo. Inyuma y’indwi imwe, barahuriye ku Ngoro y’Ubwami. Bamaze gusenga, baramaze isaha yose baganira, nya muvukanyi arigana ingene vyagenze. Uwo mucungezi amaze kumutega yompi n’ikibabarwe cinshi, barasomeye hamwe ico Ivyanditswe bivuga kuri iyo ngorane maze bompi bataha bashize hamwe. Mu nyuma, uwo muvukanyi yaremeye gufasha kuri iryo hwaniro kandi ubu arashimira uwo mucungezi kubona yaramwihanganiye abigiranye ubuntu.

WOBA UKWIYE KWITURA ABAKURAMBERE?

14, 15. (a) Ni ryari twokwisunga impanuro iri muri Matayo 18:15-17? (b) Ni intambwe zitatu izihe Yezu yerekanye, kandi dukwiye kuzikurikiza dufise intumbero iyihe?

14 Nyinshi mu ngorane ziba hagati y’abakirisu zirashobora gutorerwa umuti n’abo zega kandi ni ko bikwiye kugenda. Ariko rero Yezu yaravuze ko mu ngorane zimwezimwe, vyokenerwa ko umuntu yitura ishengero. (Soma Matayo 18:15-17.) Vyogenda gute none igihe uwakoze ikosa yanse kwumviriza umuvukanyi wiwe, ivyabona be n’ishengero? Akwiye gufatwa “nk’umunyamahanga n’umutozakori.” Muri iki gihe, twovuga ko akwiye gucibwa mw’ishengero. Kubera ko iyo ngingo ikomeye, vyerekana ko nya “gicumuro” ataba ari ukutumvikana gusanzwe. Ahubwo riho, kiba ari (1) igicumuro cari kwicarirwa n’abo vyega, ariko kandi kikaba ari (2) igicumuro gikomeye ku buryo cotuma umuntu acibwa mw’ishengero, mu gihe ivyaco bitotunganywa. Muri ivyo bicumuro harimwo nk’akarorero kugira forode canke kwambika ibara umuntu kugira ngo umucafuze. Intambwe zitatu Yezu yavuze ng’aha, zisungwa gusa igihe ivyo bintu ari vyo vyabaye. Ico gicumuro nticerekeza ku kurenga ibigo, ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina, ubuhuni, ugusenga ibigirwamana canke ibindi bicumuro bikomeye cane bisaba kwihwezwa n’abakurambere b’ishengero.

Vyoshobora gukenerwa ko uganira kenshi n’umuvukanyi wawe kugira ngo umugarure (Raba ingingo ya 15)

15 Yezu yatanze iyo mpanuro kugira atwereke ingene twofasha umuvukanyi wacu mu rukundo. (Mat. 18:12-14) Ubwa mbere, dukwiye kugerageza gutunganya iyo ngorane ata bandi bavyinjiyemwo. Vyoshobora gukenerwa ko tuganira kenshi n’uwaducumuyeko. Igihe ivyo vyanse, turayaga n’uwaducumuyeko turi kumwe n’ivyabona canke abandi bashobora gufasha kumenya nimba koko hari ikibi cakozwe. Igihe badufashije tugatorera umuti iyo ngorane, tuba ‘tugaruye mwene wacu.’ Ingorane ikwiye kubwirwa abakurambere igihe gusa twagize utwigoro kenshi kugira dufashe uwo mucumuzi mugabo bikaba impfagusa.

16. Ni igiki cerekana ko kwisunga iyo mpanuro ya Yezu ari ngirakamaro kandi ko biranga urukundo?

16 Ingorane zisaba gutera izo ntambwe zitatu zose dusanga muri Matayo 18:15-17, zishika gake. Ivyo birahumuriza, kuko vyerekana yuko akenshi ingorane zishobora gutorerwa umuti zitaragera ku rugero rw’uko umucumuzi abwirizwa gucibwa mw’ishengero. Kenshi, umucumuzi arabona ikosa yakoze maze akikosora. Uwagiriwe nabi yoshobora kubona ko atagifise imvo ifashe yo kwagiriza mugenziwe, maze agahitamwo kumubabarira. Uko vyoba biri kwose, ayo majambo ya Yezu yerekana ko abafitaniye ingorane badakwiye kwihutira kwitura ishengero. Abakurambere bobijamwo gusa igihe intambwe zibiri za mbere zamaze guterwa kandi hakaba hariho ibimenyamenya bihagije vyerekana neza ko ivyabaye ari igicumuro koko.

17. Ni imihezagiro iyihe tuzokwironkera ‘nitwarondera kugiranira amahoro’ n’abandi?

17 Igihe cose tuzoba tukiri muri iyi si mbi, abantu bazoguma ari abanyagasembwa kandi bagiranira ingorane. Birabereye kubona umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo, uyo ni umuntu atagira akanenge, ashoboye no kujiginyika umubiri wiwe wose.” (Yak. 3:2) Kugira ngo dutunganye ingorane, dutegerezwa kwihatira ‘kurondera amahoro no kuyakurikirana.’ (Zab. 34:14) Tubaye indemeshamahoro, turagiranira ubucuti bwiza n’abo dusangiye ukwemera kandi tugatuma mw’ishengero harangwa ubumwe. (Zab. 133:1-3) Ikiruta vyose, turagiranira ubucuti bwiza na Yehova, “ya Mana itanga amahoro.” (Rom. 15:33) Iyo mihezagiro yose igenewe abatunganya ingorane mu rukundo.

^ [1] (ingingo ya 12) Mu bandi batunganije ingorane mu mahoro, harimwo: Yakobo yikiranuye na Esawu (Ita. 27:41-45; 33:1-11); Yozefu na benewabo (Ita. 45:1-15); Gideyoni n’Abefurayimu. (Abac. 8:1-3) Urashobora kwiyumvira n’ubundi burorero nk’ubwo buvugwa muri Bibiliya.